Bakuyeko 30% vy'inzanyi yanje kugira ndokoke - ni co gituma nemeye ko ico gikorwa gifatwa amashusho

    • Umwanditsi, Catherine Lyst
    • Igikorwa, BBC Scotland
  • Igihe co gusoma: iminota 5

Igihe Alastair Munro yabona akavyimba gatoya ku nzanyi kagenda gakura, ni ho yaca abona ko afise ikibazo gikomeye.

Yaramaze amezi hafi atandatu ataja kwivuza, ariko umuganga akimubona aca amubwira ko yashobora kuba ari kanseri.

Alastair w'imyaka 49 agira ati: "Cari ikintu kitoroshe kuvuga. Narababaye cane. Ntiyashobora kuvyemeza 100% ariko yibaza ko yari kanseri.

"Inyuma y'indwi, umuganga yanonosoye ibijanye n'indwara zifatira mu nzira y'umukoyo ahitwa Raigmore na we nyene yavuze nk'uko. Rero vyumvikana ko bategerezwa kumvanako agace kugira ngo bampime".

Amezi atatu ya mbere inyuma yo kubona aka kavyimba, Alastair -injeniyeri mu vy'ubwubatsi ava ahitwa Inverness - yahawe ivyemezo ko yari kanseri y'inzanyi – indwara idakunze kuboneka, isanzwe ifata abagabo bari hagati y'imyaka 80 na 90 ku mwaka muri Ecosse, hamwe n'amajana indwi mu Bwongereza hose.

Iyi nkuru irimwo amajambo avuga ivyo kubaga.

Yabwiye BBC Scotland News, ishami rya BBC rikorera muri Ecosse ati: "Narababaye cane ariko nari nzi neza ko yari kanseri.

"Sinari bwigere numva na rimwe ubwoko bw'iyi kanseri imbere y'aha. Inyuma y'aho ibintu vyarihuse cane".

Ibipimo vyo muri radiyo vyemeje ko iyo kanseri yariko irakwiragira hose.

Ibagwa rya Alastair ryarakurikiranywe n'umurwi wa BBC ufata amashusho rikaba ryategerezwa kwerekanwa mu kiganiro co ku wa gatatu kivuga ku bahinga mu vyo kubaga: At The Edge of Life.

Muri iki gikorwa camaze amasaha indwi, bategerezwa gukuraho aka kavyimba hamwe n'ibice 30% vy'inzanyi ya Alastair.

Iyo kanseri yari yakwiye mu duhimba two mu ntantu ya Alastair, ibi bigasigura ko twategerezwa gukurwamwo. Rero bategerezwa gusanasana inzanyi yiwe bakoresheje uduhimba bakase kw'itako ryiwe.

Inyuma y'amayinga atandatu, vyabaye ngombwa ko Alastair asubira ku mbugita kugira ngo asubire kubagwa mu kiringo c'ayandi masaha atatu n'inusu inyuma y'uko ibipimo vyavuye ku kubagwa kwa mbere vyerekanye ko hari hakiri akavyimba gatoya.

Hari ivyago vy'uko iyo kanseri yari gushika no mw'itako.

Agira ati: "Ntibashobora kumenya neza ko ari kanseri gushika binjiye mu mubiri. Ico bakora ni ugukata uduce twanduye, bakatwihweza muri ako kanya. Mu vy'ukuri baba bariko bararondera aho kanseri iri hose muri wewe.

"Barabandanya gushika babonye aho kanseri igeze. Womenga ni uburyo bwa kera, ariko ivyo ni vyo bakora. Biratangaje cane".

Alastair yaciye amara ukwezi kwose avurwa hakoreshejwe imishwarara (radiothérapie/radiotherapy), hanyuma muri Ruhuhuma (2) ahabwa inkuru nziza y'uko kanseri yamuhezemwo.

Ubu ntashobora kurangura amabanga mpuzabitsina canke ngo yitume neza kubera haziyemwo ingorane izwi nka lymphœdème/lymphedema nk'ingaruka yo kubagwa be n'ubuvuzi bw'imishwarara. Ni ingorane ituma uruhu ruvyimba.

Bishoboka ko Alastair azobagwa agaterwa inyama, ikizwi nka chirurgie plastique, kugira ngo habe akarusho mu kiringo cababa umwaka.

Amaze kugabishwa ko hari ivyago vy'uko iyi kanseri ishobora kuzogaruka mu myaka ibiri.

Kwigisha abantu

Alastair avuga ko vyamugoye cane kubwira umuryango ivy'iyi kanseri, cane cane kuko yari indwara abantu benshi batari bwumve.

Ariko kandi yabwirizwa kubabwira ko kubagwa kwiwe kwariko kurafatwa amashusho ku bw'urukurikirane rw'amareresi mbarankuru (documentaire) ya BBC.

Ati: "Intumbero nyamukuru y'ibi vyose ni ukumenyesha abantu ivy'iyi kanseri ifata abagabo.

"Mu gihe hoba umuntu n'umwe afise ikibazo ku nzanyi yiwe ariko akumva isoni zo kurondera umuganga, hanyuma agakurikira iki kiganiro hanyuma akagira ati 'vyoba vyiza ngiye kwa muganga', iyi ni yo ntego nyamukuru y'ibi vyose.

"Biragoye cane kuyimenya hakiri kare. Ibimenyetso ni bike cane. Gashobora kuba ari akantu gato cane ubona ku nzanyi yawe.

"Ni hagira umuntu uwo ari we wese yibonako akavyimba canke inzanyi idahaguruka, canke akagira ikibazo c'amaraso, ja kwipimisha".

Akavyimba ka Alastair kari ku mutwe w'inzanyi yiwe. Ntikamubabaza ariko kagiye gakura, harageze n'igihe yabona hajemwo amaraso.

Alastair yabazwe n'umuhinga mu bijanye no kubaga ibihimba vy'inzira y'umukoyo, Dr CJ Shukla, ku bitaro Western General Hospital vyo mu gisagara ca Edinburgh.

Ivyo bitaro ni kimwe mu bigo bibiri gusa vyo muri Ecosse bifise ubushobozi bwo kuvura kanseri z'abagabo ziboneka gake cane.

Alastair yamaze kubona agace k'iki kiganiro.

Yagize ati: "Mvugishije ukuri, vyari biteye ubwoba. Muri ico kiganiro, ndabona ko navuye amaraso menshi. Igihe nakiraba, nagize nti 'ibi nta n'umwe yari yabimbwiye'.

"Ariko muganga yarampumurije ko atari ikibazo gikomeye, ko bishika kenshi".

Nubwo iki kiganiro kirimwo amashusho ateye ubwoba, Alastair - amaze amezi atanu n'igice asubiye ku kazi - yemera ko ashobora kuzosubira kukiraba ni caca ku mboneshakure.

Ati: "Ndashaka gushimira abaganga n'abakozi bose bo ku bitaro vya Western General i Edinburgh, hamwe n'abaforoma b'akarere.

"Ingene navuwe biratangaje cane. Nta co mbona nonegura. Simbona uko noshimira NHS bikwiye.

"Mu vy'ukuri, Dr Shukla yarandokoye".

'Inkuru ku buzima bwite'

Shukla, amaze imyaka 14 ari umuganga w'umuhinga, yavuze ko Ecosse ari yo ifise igitigiri kinini cane c'abarwara kanseri y'inzanyi mu Bwongereza.

Ati: "Ivyo tubona ni uko guhera mu mwaka wa 2030 gushika mu 2040 iyo ndwara izobandanya kwiyongera. Ni ngombwa rero ko twitegurira kwakira no kwitaho neza aba barwayi.

"Ni ibisanzwe kubona abarwayi bamara amezi abiri canke atatu bataraja kwa muganga".

Avuga ko abarwayi benshi batari bazi namba ko iyo kanseri ibaho, kandi ko no ku bijanye na kanseri ya prostate – naho isanzwe izwi cane - abagabo benshi bumva isoni zo kurondera ubufasha.

Avuga kandi ko abaganga basanzwe rimwe na rimwe bafata ukutari ko iyi kanseri bakayibona nk'ibimeme, bakamara amayinga bapfupfahaza imbere y'uko barungika umurwayi ku bitaro.

N'aho nyene, akenshi abanza kurungikwa ku bitaro vy'aho hafi, imbere y'uko arungikwa ku kigo c'abahinga.

Shukla ati: "Ni ngombwa ko abagabo bafata ingingo vuba.

"Ikibazo kihari, ni kubera iki ari twebwe tuyirwara gusumba ahandi hose mu Bwongereza?"

Avuga ko mu bituma harimwo itabi, ubuvyibuhe burenze urugero, isuku rike, hamwe n'umugera uzwi nka human papillomavirus (HPV), vyinshi muri ivyo bikaba bishobora kuba bifitaniye isano n'ubukene mu miryango.

Ariko, nk'uko abivuga, umuntu uwo ari wese arashobora kuyirwara, ata kuraba imyaka canke imibereho. Avuga ko Ecosse ikeneye abaforoma benshi hamwe n'ubufasha bwo mu mutwe ku barwayi.

Ubu ni bwo bwa mbere Shukla abonetse mu rukurikirane rw'ibiganiro ku mboneshakure.

Ati: "Ku bwanje, ikintu canteye intege ni ukugerageza kuraba nimba hari abarwayi bokwemera gusangiza abandi inkuru zabo. Alistair yarabaye intwari kuko yemeye arashira ahabona inkuru yiwe bwite.

"Ni ugusangiza abandi inkuru yiwe kugira ngo abandi bagabo bayungukireko".