Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Putin avuga ko yibaza ko intambara na Ukraine 'igiye kurangira'
- Umwanditsi, Claire Keenan
- Igikorwa, BBC News
- Igihe co gusoma: iminota 3
Umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin yavuze ko yibaza ko intambara na Ukraine igiye kurangira, igihe yariko araha ikiganiro abamenyeshamakuru inyuma ya defire ya gisirikare yagizwe nto mu birori vyo kwibuka intsinzi y'aba Soviet mu ntambara ya kabiri y'isi.
Putin yagize ati ''Nibaza ko ico kibazo kigiye kurangira,'' ashaka kuvuga ''igikorwa kidasanzwe ca gisirikare'' muri Ukraine, aho muri uwo mwanya nyene yiyamirije imfashanyo y'abanyaburaya na Amerika kuri reta ya Ukraine.
Iyo defire ngarukamwaka y'Uburusiya ntibayemwo iy'ibiduga vy'intambara n'ibisasu vya misire nk'uko vyahora, kubera impungenge ku mutekano mu gihe abategetsi bari bafise ubwoba ko Ukraine ishobora gutera n'amadrone ikibanza ca Place Rouge.
Agahengwe mu ntambara ku munota wa nyuma hagati y'Uburusiya na Ukraine, ku buhuza bwa prezida wa Amerika Donald Trump, karagabanuye ubwoba bw'uko hashobora kuba ibitero maze defire iraba irahera ata nkomanzi.
Amajambo ya Putin yayashikirije haheze amasaha make akoresheje ijambo ryiwe ryo ku munsi w'intsinzi kugira ashigikire iyo ntambara.
Muri iryo jambo yavuze ko Uburusiya burwana intambara ''y'ukuri'' aca yita Ukraine ''ingabo z'agasomborotso'' zihabwa ''ibigwanisho kandi zishigikiwe n'ibihugu vyose vya Otan''.
Mu nyuma, abajijwe mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku kibazo c'imfashanyo Amerika na Buraya baha Ukraine, Putin yavuze ati: ''Bemeye (Abanyaburaya na Amerika) gufasha baca batangura guhangana n'Uburusiya kandi gushika n'uyu munsi birabandanya. Nibaza ko ico kibazo kigiye kurangira, ariko ni kibazo gikomeye.''
Ingabo z'Uburusiya zafashe Crimee n'ibice bimwe bimwe vy'Ubuseruko bwa Ukraine mu 2014, hanyuma zitanguza intambara ku gihugu cose ca Ukraine mu 2022.
Putin yavuze ko azohura n'umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky igihe gusa hazoba habonetse kandi hemejwe amasezerano y'amahoro.
''Guhurira mu kindi gihugu navyo birashoboka, ariko mu gihe honyene amasezerano ntabanduka azoba yashitsweko mu ntumbero ya kazoza karekare, kugira twitabe gushirako umukono [ku masezerano], ariko itegerezwa kuba intambwe ya nyuma,'' nk'uko yabandanije avuga.
Putin avuga ko amaze kwumva ko Zelensky yiteguriye kubonana na we amaso mu yandi ariko yongeyeko ko ''ubu atari ubwa mbere twumvise bene ayo majambo''.
Putin yavuze ko ashobora kwemera ibiganiro vy'indinganizo nshasha y'umutekano w'Uburaya kandi ko uwo yifuza ko boganira ari uwahoze ari Chancellier [umushikiranganji wa mbere] w'Ubudagi Gerhard Schröder.
Schröder ni umuntu azwi ko ari umugenzi wa Putin kuva kera, kandi atavugwako rumwe kubera akazi yahora akorera kompanyi za reta y'Uburusiya mu gisata c'amasoko ntanganguvu.
Ku ndwi iheze, umukuru w'inama nkuru ya Buraya António Costa yavuze ko bishoboka ko haba ibiganiro n'Uburusiya, kandi ko Zelensky ashigikiye iyo ngendo. Asubirwamwo n'ikinyamakuru Financial Times, Costa yavuze ko ariko arahanuza abategetsi b'ishirahamwe rya Buraya ku ''co dukeneye neza na neza kuvugana n'Uburusiya igihe ciza ni cagera co kubikora''.
Muri ako gahengwe mu ntambara ku buhuza bwa Amerika, Ukraine n'Uburusiya bumvikanye gukaba imbohe z'intambara 1.000 muri buri gihugu. Ariko Putin yavuze ku wa gatandatu ko ataco arumva kuri Ukraine ku vyekeye uko guhana imbohe.
Ubwa mbere mu myaka hafi 20 nta bikoresho vya gisirikare vyagaragaye muri defire yo kuri Place Rouge, nk'uko Uburusiya busanzwe buvyerekana mu kugaragariza isi ububasha bwa gisirkare.
Hari kandi abamenyeshamakuru bake cane kurusha uko vyahora, vyinshi mu binyamakuru mpuzamakungu bikaba vyarimwe impusha zo kuja muri urwo rubanza.