Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Iran yihimuye, irasa ku kigo cy’ingabo za Amerika
IRGC ntabwo yavuze aho icyo kigo kiri, ariko Kuwait, ifite iki cy’ingabo za Amerika, yavuze ko yashwanyaguje za “misile na drones” byayirashweho.
Incamake
- France: Ubu niho bagiye gufuta ubucakara mu bitabo vy'amategeko
- "Amerika na Israel bagamije kudurumbanya Iran nyuma yo gutsindwa" – Ubutumwa 'bwa Mojtaba Khomenei'
- Iran yihimuye, irasa ku kigo cy'ingabo za Amerika
- Umukuru wa OMS yitezwe muri RD Congo mu gihe abikekwa ko banduye Ebola barenze 1000
- Videwo: Reba ibitero bikomeye bya Israel byibasiye amajyepfo ya Libani nyuma yaho abaturage bahawe amabwiriza menshi yo kwimuka
- Koweït ivuga ko ubuhinga bwayo bwo gucungera ikirere buriko buhangana n'ibitero vya misire na 'drone' vy'umwansi
- Abanyeshuri 16 bapfuye nyuma y'inkongi y'umuriro yadutse ku ishuri ryisumbuye ryo muri Kenya
- Reba: Abashinzwe umutekano muri Kenya bahamagara ababyeyi kwinjira mu kigo cy'ishuri ahabaye inkongi y'umuriro
- Kenya: Croix-Rouge ivuga ko ifite impungenge ko abanyeshuri benshi bapfiriye mu nkongi yadutse ku icumbi ryabo
- Jill Biden avuga ko yatekereje ko umugabo we yari yaturitse udutsi tw'ubwonko mu kiganiro mpaka cyo mu 2024
- Amerika yagavye ibindi bitero mu duce tumwe tumwe twa Iran ku ncuro ya kabiri mu minsi itatu
- Uganda yafunze umupaka wayo na DR Congo mu gukumira Ebola
Amakuru y'ikibiriraho
Didier Bikorimana, Dinah Gahamanyi, Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo
Amafoto ya ‘Mayor’ wa New York mu 'ikanzu' ya Arsenal agiye gusenga ku irayidi akomeje gutangaza benshi
Umukuru wa New York - umwe mu mijyi izwi cyane ku isi – yambaye umwambaro ujya kuba nk'ikanzu idasanzwe ku wa gatatu agiye mu masengesho y’umunsi mukuru wa Eid al-Adha mu gace ka Bronx k’uwo mujyi ategeka.
Amashusho n’amafoto ya Zohran Mamdani uyu mwenda uzwi nka kurta w'amabara n'ibirango bya Arsenal akomeje gukwirakwira henshi, by’umwihariko mu bafana b’iyo kipe yo mu Bwongereza bakiri mu byishimo by’igikombe cya shampiyona, kandi bizeye ko bashobora no kwishima kurushaho vuba aha.
Mamdani yavukiye kandi akurira muri Uganda ariko mu Ugushyingo(11) gushize yabaye umusilamu wa mbere n’umunyamerika ukomoka muri Aziya watorewe gutegeka New York.
Uyu mugabo w’imyaka 34 mbere yavuze ko yatangiye gufana Arsenal ku myaka 10 ubwo sewabo yamuguriraga ‘sumaku’ (magnets) bashyira kuri frigo ziriho amashusho y’abakinnyi nka Sylvain Wiltord, David Seaman, Sol Campbell na Thierry Henry.
Uku kuboneka kwe mw’ikanzu ya Arsenal kwatumye bamwe bibaza iki kibazo: Azambara ate Arsenal niramuka itwaye igikombe cya Champions League?
Ku wa gatandatu tariki 30 Gicurasi saa 18:00 i Budapest, i Gitega n’i Kigali, Arsenal izakina na Paris St-Germain mu mukino wa nyuma w’iryo rushanwa rikomeye kurusha ayandi mu makipe y’i Burayi.
France: Ubu niho bagiye gufuta ubucakara mu bitabo vy’amategeko
Inama nshingamateka y’Ubufaransa yatoye yemeza ata n’umwe avuyemwo ifutwa ry’itegeko ryo mu gihe c’ubukoloni ryatunganya ubucakara.
Ubufaransa bwafuse ubucakara mu turere twose tw’isi twabwegukira mu mwaka w’1848, ariko iri tegeko ryari rizwi nka Code Noir ntiryigeze rikurwa mu bitabo vy’amategeko yari asanzwe ahari.
Umushingamateka ava muri Guadeloupe yashikirije integuro yo gufuta iri tegeko, Max Mathiasin, avuga ko ari uguha icubahiro abagabo, abagore n’abana bose bagizwe abacakara.
Ni ingingo yashigikiwe na Perezida Emmanuel Macron, avuga ko kubona iri tegeko ryari rikiri mu bitabo - naho ritari rigikoreshwa - ari uguhemukira indangagaciro z’Ubufaransa.
Ubucakara bwashinzwe n’ibihugu vy’iburaya kuva mu kinjana ca 16 gushika mu ca 19 bwatumye abanyafurika bashika imiliyoni 12 bakurwa iwabo batwarwa ku mugabane wa Amerika gukorera abazungu ku nguvu canke ku bubeshi.
Izindi nkuru:
“Amerika na Israel bagamije kudurumbanya Iran nyuma yo gutsindwa” – Ubutumwa ‘bwa Mojtaba Khomenei’
Itangazamakuru muri Iran uyu munsi, ku wa kane, ryatangaje ubutumwa bwanditse rivuga ko ari ubwa Mojtaba Khamenei, umutegetsi w’ikirenga wa Iran bugira buti:
“Amerika na Israel barashaka gupfukamisha igihugu no kudurumbanya Iran nyuma yo gutsindwa mu bya gisirikare”.
Muri ubwo butumwa, Mojtaba w’imyaka 56 utaraboneka mu ruhame kuva yajya ku butegetsi, yasabye abatuye iki gihugu gukomeza ubumwe bwabo.
Yabasabye “kwibanda ku bintu bikomeye, by’umwihariko ubukungu, imibereho, kongera umusaruro, no kurema icyizere cy'ejo hazaza muri sosiyete”.
Iran, muri iki gihe iri mu bibazo bikomeye by’ubukungu, no gusenyuka kw’ibikorwaremezo by’inganda kubera ibitero bya Amerika na Israel, gufunga internet igihe kirekire, no kuzamuka kw’ibiciro kwashyize abaturage mu bibazo bikomeye by’imibereho.
Iran yihimuye, irasa ku kigo cy’ingabo za Amerika
Umutwe wa ‘Islamic Revolutionary Guard Corps (IRGC)’ w’ingabo za Iran watangaje ko warashe ku kigo cy’ingabo za Amerika mu karere, nyuma y’ibitero bya Amerika mu majyepfo ya Iran.
IRGC ntabwo yavuze aho icyo kigo kiri, ariko Kuwait, ifite iki cy’ingabo za Amerika, yavuze ko yashwanyaguje za “misile na drones” byayirashweho.
Igisirikare cya Amerika cyavuze ko Iran yarashe misile ‘balistique’ kuri Kuwait yashwanyagujwe neza n’ingabo za Kuwait, kitavuze niba iyo misile yari igambiriye ikigo cyayo.
Ibitero bya Iran byabaye mu gusubiza ibitero bya Amerika ku gace kari i Bandar Abbas, umujyi wo ku cyambu mu majyepfo ya Iran.
Iyi mirwano ya hato na hato ije kurushaho kubangamira agahenge kadakomeye hagati ya Washington na Tehran.
Ni ubwa kabiri mu minsi itatu Amerika iteye Iran – ivuga ko yakoze ibyo bitero mu kwirengera.
IRGC ivuga ko ibitero yakoze ku kigo cy’ingabo za Amerika byabaye mu gitondo kuri uyu wa kane kandi aho bateye ari ho ibitero bya Amerika kuri Iran byaturukaga, nk’uko igitangazamakuru cya leta IRIB kibivuga.
Umukuru wa OMS yitezwe muri RD Congo mu gihe abikekwa ko banduye Ebola barenze 1000
Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu (OMS), Tedros Adhanom Ghebreyesus, yitezwe kugendera Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (DRC) kuri uwu wa kane ku mugoroba, mu gihe igitigiri c’abikekwa ko banduye ikiza ca Ebola camaze kurenga 1000.
Bitegekanijwe ko urugendo aruhera ku mugwa mukuru Kinshasa, hama ku wa gatanu ace agendera Bunia, igisagara co mu ntara ya Ituri mu majaruguru ashira ubuseruko, ciziziwe cane na Ebola.
Urugendo rwiwe rwasibijwe incuro nyinshi muri iyi ndwi.
Mu gihe gushika ubu abantu 238 ari bo bikekwa ko bamaze kwicwa n’ico kiza, kikabandanya kinarandagata, ibihugu bitandukanye bikomeje gukaza ingingo zo kuzibira no kwikingira.
Ku wa gatatu, Uganda yugaye umupaka ihana na DRC, mu gihe kandi habandanya kuvugwa amakuru y’umugambi w’ishirwaho ry’ikigo c’Amerika, muri Kenya, kizovurirwamwo Abanyamerika bashobora kwandura Ebola.
Uwu mugambi uriko utera impari muri Kenya, aho bamwe mu baganga bo muri iki gihugu bibaza ku kamaro canke ku vyiza vyawo.
Muri DRC, aho Ebola yatanguriye, abategetsi b’amagara y’abantu barabandanya ibikorwa vyo kwubaka ibigo vyihariye vyo kuvuriramwo abayirwaye mu ntara ya Ituri. Ariko bagabisha ko bizosaba indwi zitari nke kugira ibikorwa remezo vyose bikenewe bishirweho neza, gutyo ikwirakwira ry’iyo ndwara rihagarare.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Marco Rubio, yavuze ko Amerika itazokwemera ko umuntu wese ashobora kuba yarahuye n’uwo mugera yinjira muri Amerika.
Izindi nkuru wosoma:
Videwo: Reba ibitero bikomeye bya Israel byibasiye amajyepfo ya Libani nyuma yaho abaturage bahawe amabwiriza menshi yo kwimuka
Koweït ivuga ko ubuhinga bwayo bwo gucungera ikirere buriko buhangana n'ibitero vya misire na 'drone' vy'umwansi
Igisirikare ca Koweït catangaje ko kuri uwu wa kane ubuhinga bwaco bwo kwirinda ibitero vyo mu kirere bwariko buratangira ibitero vy’ama misire n’ama ‘drones’ vy'umwansi, nk'uko itororokanirizo ry'amakuru Reuters ribitangaza, ariko nticatomoye iyo vyazananye.
Ico gisirikare cavuze ko amajwi y’uguturika yumvikanye mu gihugu yaturutse kuri ubwo buhinga bwariko buratangira ivyo bitero, gica gisaba abanyagihugu gukurikiza amabwirizwa y’umutekano no kwikingira yatanzwe n’abategetsi.
Iri tangazo ryasohotse inyuma y’ibitero Amerika yagavye kare ku vyo yavuze ko ari ibikorwa vy’ama ‘drones’ vya Iran bishobora gushira mu kaga abasirikare bayo hamwe n’uruja n’uruza rw’amato mu muhora wa Hormuz.
Iran yemanze ico gitero kuri Amerika aho yavuze ko yarashe ku kibuga c'indege za gisirikare ca Amerika, igihe c’isaha cumi zo mu gitondo n’iminota 50 (4:50). Ntiyavuze aho ico kibuga c'indege za gisirikare za Amerika giherereye.
Iran ivuga ko ibi yabikoze inyuma y’ico yasobanuye ko ari igitero ca Amerika cagabwe mu gitondo ca kare hafi y’ikibuga c’indege ca Bandar Abbas.
Koweït, igihugu kirimwo ikibuga c'indege za gisirikare ca Amerika, ntiyatomoye nimba ivyo bitero vyaturutse muri Iran.
Ibihugu vyo mu kigobe, harimwo Koweït, vyarahuye n’ibitero vy’ama misire n’ama ‘drones’ mu gihe c’intambara Amerika na Israel vyashoje kuri Iran.
N’ubwo ibikorwa vy’intambara vyagabanutse kuva agahengwe gatanguye gukurikizwa mu kwezi kwa kane, ama ‘drones’ yo yabandanije arungikwa mu bihugu vyo mu kigobe, harimwo Arabie Saoudite na Koweït, avuye muri Iraq.
Izindi nkuru wosoma:
Ivy'akakanya, Abanyeshuri 16 bapfuye nyuma y'inkongi yadutse ku ishuri ryisumbuye muri Kenya
Abanyeshuri batari munsi ya 16 bemejwe ko bapfuye nyuma y'inkongi y'umuriro yibasiye ishuri ryisumbuye ry'abakobwa rya Utumishi Girls Academy i Gilgil, mu karere ka Nakuru, mu burengerazuba bwa Kenya, mu ijoro ryo ku wa gatatu rishyira kuri uyu wa kane.
Polisi ya Kenya yavuze ko uyu muriro wadutse ahagana saa saba za nijoro ku isaha yo muri icyo gihugu (1:00), ni ukuvuga ahagana saa sita z’ijoro ku isaha yo mu Rwanda no mu Burundi, utwika inzu bararamo yitwa Meline Waithera Block, yari icumbikiye abanyeshuri bagera hafi kuri 220, barimo abanyeshuri bo mu mwaka wa 10, uwa gatatu n'uwa kane.
Minisitiri w’uburezi wa Kenya Julius Ogamba yavuze ko iryo shuri ryigamo abanyeshuri 815, muri bo 808 bakaba ari bo bari bari ku ishuri ubwo iyo nkongi yadukaga, mu gihe amakuru avuga ko abandi barindwi bari bari iwabo.
Yagize ati: “Twapfushije abantu 16, imyirondoro yabo ikaba izamenyekana. Igikorwa cyo kubamenya kizakorwa n’abakora iperereza bacu.”
Abanyeshuri 79 bakomeretse bihutanwe bajyanwa kuvurirwa ku bitaro binyuranye.
Abanyeshuri 71 muri bo bamaze gusezererwa mu bitaro nyuma yo kuvurwa.
Abanyeshuri barindwi baracyari mu bitaro, mu gihe undi munyeshuri umwe yahawe umubyeyi we akajya kumwitaho.
Abategetsi bavuga ko amaperereza akomeje kugira ngo hamenyekane icyateje iyo nkongi, mu gihe hakomeje ibikorwa byo kumenya abanyeshuri bose byagizeho ingaruka no kwita ku miryango yabo.
Raporo ya polisi igaragaza ko umuyobozi w'ishuri yabimenyesheje abategetsi ahagana saa kumi n’igice za mu gitondo (4:30), bituma habaho ubutabazi bwihuse.
Umuryango mpuzamahanga utabara imbabare wa Croix-Rouge, ishami ryawo ryo muri Kenya, watangaje ko ibi byabaye byari byamenyekanye mbere ahagana saa cyenda n’igice za mu gitondo (3:30) kuri uyu wa kane.
zindi nkuru wasoma:
Reba: Abashinzwe umutekano muri Kenya bahamagara ababyeyi kugira ngo binjire mu kigo cy'ishuri ahadutse inkongi y'umuriro
Ivy'akakanya, Kenya: Croix-Rouge ivuga ko ifite impungenge ko abanyeshuri benshi bapfiriye mu nkongi yadutse ku icumbi ryabo
Umuryango wa utabara imbabare wa Croix-Rouge(Red Cross) muri Kenya uvuga ko wageze aho inkongi y'umuriro yatwitse inzu yo kuraramo y’abanyeshuri b’abakobwa i Gilgil, mu karereka Nakuru, aho uvuga ko ufite impungenge ko hari abanyeshuri benshi bapfuye.
Croix-Rouge ivuga ko iyo nkongiy'umuriro yatangiye ahagana saa cyenda n'igice z'ijoro ku wa kane.
Mu itangazo ryayo, Croix-Rouge yavuze ko abatabazi bayo ba mbere, itsinda ry'imbangukiragutabaran’inzoberemu bujyanama mu by'ubuzima bwo mu mutwe bahageze, bakaba barimo gufasha abanyeshuri bagizweho ingaruka n'ibyabaye ndetse ko hari n'abandi bakozi bo mu nzego zibishinzwe.
Ibikorwa byo gutabara no gusuzuma ibyabaye biracyakomeje mu gihe hagikorwa iperereza ku cyateye inkongi.
Umuyobozi wa polisi mu karere ka Rift Valley, Samuel Ndanyi, yavuze ko abanyeshuri nibura icumi bataramenyekana aho baherereye.
Yagize ati: “Amatsinda yacu ari aho hantu kugira ngo akusanye amakuru menshi kandi amenye abanyeshuri bose nk'igice cy'iperereza kuri iki kibazo. Hari abapfuye kandi ni ngombwa ko imiryango ibanza kumenyeshwa.”
Ababyeyibiraye mu marembo y'ishuri nyuma y'uko inkuru y'ibyabaye ikwirakwiriye i Gilgil n'uturere tuyikikije, aho polisi yabujije abanyeshuri benshi kwinjira mu ishuri ndetse yemerera ababyeyi gusa kwinjira mu ishuri, mu gihe ibikorwa byo gutabara bigikomeje.
Abanyeshuri bakomeretse bajyanywe mu bitaro byitiriwe Mutagatifu Yozefu birii Gilgil aho barimo kuvurirwa.
Izindi nkuru wasoma:
Jill Biden avuga ko yatekereje ko umugabo we yari yaturitse udutsi tw'ubwonko mu kiganiro mpaka cyo mu 2024
Jill Biden, umugore w’uwahoze ari Perezida w’Amerika Joe Biden, avuga ko yatekereje ko umugabo we yari arimo kugira ikibazo cy’iturika ry’udutsi two mu bwonko (stroke) ubwo yari mu kiganiro mpaka nk’umukandida perezida, yagaragajemo gushidikanya n’intege nkeya, cyo mu mwaka wa 2024.
Jill Biden yabwiye igitangazamakuru CBS News, gikorana na BBC muri Amerika, ati: “Nagize ubwoba, kuko sinari narigeze na rimwe mbona Joe ameze kuriya mbere yaho cyangwa kuva kiriya gihe.”
Yagize ati: “Sinzi uko byagenze.”
“Ubwo nari ndimo kukireba, naribwiye nti, ‘Mana yanjye, arimo guturika udutsi two mu bwonko’. Kandi byanteye ubwoba byo gupfa.”
Perezida Biden yocyejwe igitutu cyinshi na bagenzi be bo mu ishyaka ry’abademokarate kugira ngo ave mu byo kwiyamamaza nk’umukandida ubahagarariye, nyuma y’icyo kiganiro mpaka yitwayemo nabi, aho yari ahanganye na Donald Trump, icyo gihe wari umukandida w’abo mu ishyaka ry’abarepubulikani.
Amaherezo Biden yavuye mu byo kwiyamamaza, nuko aharira umwanya we Kamala Harris, icyo gihe wari Visi Perezida.
Icyo kiganiro Jill Biden yagiranye n’umunyamakuru Rita Braver utangaza ikiganiro cyitwa CBS News Sunday Morning, kizatangazwa ku cyumweru.
Jill Biden yabaye iruhande rw’umugabo we mu gihe cyose cy’akazi ke ka politike yamazemo imyaka ibarirwa muri za mirongo, kuva igihe yari senateri uhagarariye leta ya Delaware kugeza abaye perezida.
Uyu mugore yafatwaga ko yari umwe mu bajyanama bakomeye cyane b’umugabo we mu gihe yari perezida, ndetse yabaye n'umwe mu bagezeho bakamugira inama yo kuva mu byo kwiyamamaza mu 2024.
Izindi nkuru wasoma:
Amerika yagavye ibindi bitero mu duce tumwe tumwe twa Iran ku ncuro ya kabiri mu minsi itatu
Igisirikare ca Amerika cagavye ibindi bitero kuri Iran, vyatumberejwe ku kigo ca gisirikare giherereye i Bandar Abbas, igisagara co ku cambu gifise akamaro kanini.
Bumwe mu buyobozi bw’ingabo za Amerika buzwi nka CENTCOM, bwavuze ko ingabo zabwo zarashe kandi zakoroye 'drone' zine za Iran zagenewe guturikira ku co zirashweko. Ubwo buyobozi busigura ko zari drone “zishobora guteza akaga mu karere k’umuhora wa Hormuz”.
CENTCOM yavuze ko ico kibanza co muri Bandar Abbas carashwe igihe cagira gikoreshwe mu kurungika 'drone' ya gatanu. Ibinyamakuru vyo muri Iran vyatangaje ko humvikanye ibisasu mu buseruko bw’ico gisagara.
Ivyo bitero bibaye mu gihe hari agahengwe k’intambara katifashe neza hagati ya Amerika na Iran, hamwe n’ibiganiro bimaze igihe kirekire bigamije guhagarika intambara imaze amezi atatu yatumye uruja n’uruza rw’amato mu muhora wa Hormuz ruhungabana, ibiciro vy’ibitoro na gaz na vyo biraduga cane.
Ni ubwa kabiri mu minsi itatu Amerika iteye ibibanza biri muri Iran, ivuga ko ivyo bitero vyagabwe mu kwivuna umwansi.
Kuba hasubiriye kwaduka imishamirano, bishobora guhungabanya ako gahengwe k’intambara. CENTCOM yasiguye ko ivyo yakoze vyari “bipimye neza, bigamije kwikingira gusa no kugumizaho agahengwe k’intambara”.
CENTCOM yavuze kandi ko ivyo bitero vyari bigamije “gukingira abasirikare bacu ku ngorane zishobora guturuka ku ngabo za Iran”.
Iran yiyamirije ivyo bitero ivuga ko ari "ihonyanga rikomeye cane ry'agahengwe" ndetse yasezeranije ko reta ya Iran itazoreka "igikorwa ico ari co cose c'intambara kitishuwe".
Ku wa kabiri w’iyi ndwi, ishami ry’ingabo zidasanzwe zijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kiislam muri Iran, ryitwa IRGC mu mfunyapfunyo y'Icongereza, ryavuze ko ryakoroye 'drone' ya Amerika, ryongera rirasa indege y’intambara hamwe n’iyindi 'drone' rivuga ko vyinjiye mu kirere ca Iran, ariko ntiryatomoye igihe ivyo vyabereye.
Izindi nkuru wosoma:
Uganda yafunze umupaka wayo na DR Congo mu gukumira Ebola
Abategetsi bo muri Uganda baraye batangaje ko bafunze by’agateganyo ingendo zinyura ku mupaka wayo na Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) mu rwego rwo gukumira ikwirakwira ry’ikiza cya Ebola.
Abategetsi b’ubuvuzi muri Uganda bavuga ko bafashe icyo cyemezo nyuma y’icyo bise “ibyago biri hejuru cyane” by’ubwandu bwa Ebola bunyuze ku mupaka ibihugu byombi bisangiye kubera icyo kiza kiri muri DRC, nubwo muri Uganda na ho cyamaze kuhagaragara.
Umugaba mukuru w’ingabo za Uganda Jenerali (Gen) Muhoozi Kainerugaba, akaba n’umuhungu wa Perezida Yoweri Museveni, yatangaje ku rubuga nkoranyambaga rwa X ko ingabo zirimo kudadira umupaka icyo gihugu gihana na DRC “kugeza hatanzwe andi mabwiriza”.
Gen Muhoozi yaburiye ko “kugerageza kurenga kuri iri tegeko bizashyira ubuzima bwawe mu kaga”.
Nta cyo leta ya DRC yahise itangaza ku mugaragaro ku ifungwa ry’uyu mupaka ihana na Uganda.
Ifungwa ryawo ryahise ritangira gukurikizwa ndetse rireba ingendo zose z’abagenzi hagati y’ibihugu byombi.
Ariko bicye by’ingenzi cyane bizakomeza kwemererwa kwambuka umupaka mu buryo bwitondewe cyane. Abo barimo nk’amatsinda y’abahanganye na Ebola, abakora ibikorwa by’ubutabazi, ibiribwa, n’abashoferi batwara imizigo, hamwe n’abashinzwe umutekano.
Abategetsi muri Uganda bavuga ko abantu bose bazemerwa kwinjira bazategekwa kubanza gupimwa Ebola, bakuzuza inyandiko zigaragaza aho bazaba baherereye ndetse bakemera gukurikiza uburyo bwo kubagenzura mu bice byagenwe byo kwinjiriramo.
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.