RD Congo: Reta isaba gusubizwa amafaranga y'amatike y'igikombe c'isi inyuma y'ikiza ca Ebola

    • Umwanditsi, Celestine Karoney
    • Igikorwa, BBC Sport Africa
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 5

Repubulika ya Demokarasi ya Congo yasavye FIFA gusubiza amafaranga y'amatike y'igikombe c'isi co mu 2026 yari yaguzwe n'abakunzi b'umupira, ubu batagishobora kwinjira muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kubera amategeko yo gukingira igihugu ajanye n'ikwirakwira rya Ebola.

Ingwe (izina ry'umurwi nserukiragihugu wa RDC ), Léopards, ziriko zigaruka mu gikombe c'isi c'umupira w'amaguru ku ncuro ya mbere kuva mu 1974, ariko igihe kidasanzwe catangajwe n'Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu, OMS/WHO, ku wa 16 Rusama, kiriko gituma abakunzi b'umupira w'amaguru bo muri Kongo badashobora kwinjira muri Amerika.

Abategetsi bavuga ko hamaze kuboneka abantu barenga 900 bikekwako banduye Ebola muri Afrika yo hagati no mu buseruko, hamwe n'abantu 223 bikekwako bishwe n'ico kiza kuva cadutse.

Benshi muri abo banduye canke bapfuye ni abo muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, kandi ubuserukizi bwa Amerika i Kinshasa bwarahagaritse ibikorwa vyo gutanga impusha zo kwinjira muri Amerika (Visa).

N'ubwo OMS itarasaba ko hashirwaho amategeko abuza ingendo, Amerika yarabujije kwinjira abantu batari Abanyamerika baba canke baciye muri Congo, Uganda canke Sudani y'Epfo mu misi 21 iheze.

Veron Mosengo-Omba, umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Congo (Fecofa), yabwiye BBC Sport Africa ati:

"Twabajije FIFA nimba bishoboka ko bofata iki kibazo nk'icihutirwa, kuko ayo matike azimvye cane."

"Abakunzi bacu bariko barahanwa kandi badashobora kuja gushigikira umugwi wabo mu gikombe c'isi muri Amerika."

"Ntidushaka ko abakunzi b'umupira, abakunda igikombe c'isi, batakaza vyose."

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizokwakira igikombe c'isi yose hamwe na Canada na Mexique, amatike akaba azimvye incuro indwi ugereranije n'igikombe c'isi co mu 2022 cabereye muri Qatar, kubera uburyo bwa FIFA bwo guhindagura ibiciro hakurikijwe ingene abantu babisaba.

Ingwe zo muri congo zizohura na Portugal mu rukino rwayo rwa mbere rwo mu mugwi K itariki 17 z'ukwezi kwa gatandatu, bisigura ko abakunzi b'umupira w'amaguru bose bava muri RDC bagiye kuraba urukino i Houston bategerezwa kuva mu gihugu ku musi wa kabiri kugira bashobore gukurikiza amabwiriza yo kwinjira muri Amerika.

Mu kwishura ubusabe bwa Fecofa, FIFA yabwiye BBC ko "izovyihweza mu gihe gikwiye".

Amategeko asanzwe ya FIFA avuga ko amatike asubirizwa kugurishwa canke agahabwa uwundi muntu aho gusubizwa amafaranga, kiretse mu bihe bidasanzwe nko guhagarika urukino.

Urukino rwa kabiri rw'umugwi wa RDC na Colombia ruzobera i Guadalajara, kandi benshi mu bakunzi b'umupira w'amaguru muri Kongo vyitezwe ko basubira mu migambi yabo bakerekeza muri Mexique.

Kubera ko urukino rwa nyuma ruzobahuza na Ouzbékistan ruzobera kandi muri Amerika, i Atlanta, abakunzi b'umupira bizeye ko umugwi uzorangiza uri mu bibanza bibiri vya mbere kugira uzobone itike yo gukina mu cicaro ca 1/16 kizobera i Toronto muri Canada.

N'aho abakunzi b'umupira w'amaguru bahagaritswe, uwo mugwi ubwawo ntiwahungabanijwe n'amategeko yo kwinjira muri Amerika.

Abakinyi 26 bose bari mu mugwi wa Sebastien Desabre, hamwe n'abakozi benshi mu vy'ubuhinga, baba hanze y'igihugu.

Abategetsi b'umugwi bakomoka muri RDC baramaze kuva mu gihugu kugira bubahirize amategeko y'iminsi 21 yo kwiyugarana.

Abakinyi b'umugwi wa Léopards kandi vyabaye ngombwa ko bahagarika umwiherero wo kwitegurira ihiganwa wari kubera i Kinshasa. Ubu bariko bawugirira mu Bubiligi mu nkino za kivandimwe imbere y'uko uwo mugwi uja ku kibuga cabo muri Texas.

FIFA yabwiye BBC ko iri mu "biganiro vya hafi" na Fecofa, hamwe na reta zakiriye igikombe c'isi n'inzego z'amagara y'abantu, kugira hubahirizwe amategeko y'ubuvuzi n'umutekano.

Ukurundira imyaka mirongo itanu

RDC ifise ikibanza c'iteka mu mateka kuko ari co gihugu ca mbere co munsi y'ubugaragwa bwa Sahara cigeze gukina igikombe c'isi, mu 1974 igihe igihugu cari kicitwa Zaïre.

Kuri Mosengo-Omba, ukugaruka kwabo inyuma y'imyaka 52 ata gikombe c'isi bakinye ni nk'ukuzuka gushasha.

Yavuze ati: "Uku ni ukuzuka kw'umupira w'amaguru muri iki gihugu."

"Abantu ubu baribagira ingorane zabo bagakurikira Léopards. Uwo mugwi utegerezwa gushika mu cicaro gikurikira c'igikombe c'isi."

Mosengo-Omba yatowe kuba umukuru wa Fecofa muri uku kwezi, inyuma yo kuva mu mabanga yo kuba umunyamabanga mukuru w'Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika (CAF).

Yavuye kuri ayo mabanga muri Ntwarante(3), inyuma y'amatati yakurikiye umukino wa nyuma w'igikombe ca Afrika 2025 (Afcon), aho yari yarigeze kunegurwa ko yagumye ku butegetsi arengeje imyaka 63 y'akaruhuko itegekanijwe na CAF.

Ariko Mosengo-Omba, yahora ari umuyobozi ajejwe amashirahamwe y'abanywanyi muri FIFA, aranezerejwe cane n'ayo mabanga mashasha.

Yagize ati: "Hamwe n'abarongozi bashasha, turiko turaduza umupira w'amaguru w'iki gihugu ku rwego rwo hejuru cane."

"Ntidushaka kuvuga ko tuzotsinda Afcon canke igikombe c'isi, ariko tuzokwubaka umushinge ukomeye wa kazoza."

'Isi ntidukwiye gutinya'

Ico kibazo ca diplomasi kiriko kiba mu gihe isi yose itewe ubwoba n'iyindi ndwara ya Ebola yongeye kwaduka, aho RDC ari yo imaze kwizizirwa nayo incuro nyinshi kuva umugera wayo wica ubonetse mu myaka ya 1970.

Ariko Mosengo-Omba yavuze ko uburyo abantu babona iyo ndwara buriko butera ubwoba budakenewe.

Yagize ati: "Hari abantu bibaza ko Ebola iva mu maraso y'umuryango canke ko umuntu ayandura ubwo nyene."

"Ni ukutamenya neza iyi ndwara."

"Ego, hari Ebola muri RDC, mu ntara ya Ituri no mu bice vyo mu mitumba. Ariko Congo ni igihugu kinini cane, si uko uri Umunye Kongo baca bavuga ko ufise Ebola."

"Igihugu co kw'isi gifise ubumenyi bwinshi mu kurwanya iyi ndwara ni Congo kuko twahanganye na yo incuro nyinshi."

"Isi ntikwiye kugira ubwoba."

Ariko ubu bwoko bushasha bw'iyo ndwara bwatewe n'ubwoko bw'umugera wa Bundibugyo budasanzwe, bumaze imyaka irenga cumi butigeze buboneka.

Kubera ko ata rucanco rwo kwikingira uwo mugera ruraboneka, biragora cane kuwuvura.

Ivyo vyiyongera ku kutizigirana hagati y'abanyagihugu n'abajejwe amagara y'abantu, hamwe n'intambara ziriko zirabera mu buseruko bwa RDC, zimaze kwimura abantu ibihumbi n'ibihumbi, bikaba vyatumye bigorana guhagarika irandagata ry'iyo ndwara.

Ubu rero, iyo ndwara iriko ibangamira ibihe vy'iteka vy'umupira w'amaguru igihugu cari kimaze imyaka myinshi gitegereje.