Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ivyo ukeneye kumenya ku Gikombe ca Afrika mu mupira w'amaguru w'abagore 'CAN 2026'
Ihiganwa ry'Igikombe ca Afrika mu mupira w'amaguru w'abagore (CAN) 2026, ryari ryigijwe inyuma, ubu rigiye gutangura. Maroc ni yo izokwakira igice ca nyuma ku ncuro igira gatatu yikurikiranya.
Mu ntango, iri higanwa ryari ritegekanijwe kuba kuva ku wa 17 Ntwarante(3) gushika ku wa 3 Ndamukiza(4), ariko ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika (CAF) ryahavuye riryigiza inyuma hasigaye iminsi 12 gusa ngo ritangure.
CAN y'uyu mwaka, ibaye haciye amezi 12 gusa habaye ihiganwa rya CAN 2024 - na ryo nyene ryari ryigijwe inyuma - izotangura ku wa Mungu, igenekerezo rya 26 Mukakaro (7). Izokwugururwa n'urukino ruzohuza Algérie na Sénégal i Rabat, igihe c'isaha imwe z'ijoro (ku masaha yo mu Burundi no mu Rwanda).
Ishirahamwe CAF ryavuze ko ukwigizwa inyuma kw'iri higanwa kwatewe n'"ibintu bitari vyitezwe". Ariko rero, kuryigiza inyuma vyabaye hasigaye igihe gito ngo ritangure vyatumye haboneka umwanya wo kuritegura neza, na rirya ubu imirwi izoryitaba yongerejwe ishika kuri 16, rikazobamwo inkino 34. Igice ca nyuma gitegekanijwe kuba ku wa Mungu, igenekerezo rya 16 Myandagaro(8).
CAN y'abakenyezi y'uyu mwaka ifise akamaro kihariye. Ni yo izorondererwamwo itike yo kwitaba Igikombe c'Isi c'umupira w'amaguru w'abakenyezi ca FIFA 2027. Imirwi ine izoshika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, izoca ironka uburenganzira bwo kuja muri Brésil.
Imirwi ine izokurirwamwo mu gice ca kane gishira ica nyuma na yo, izoca ikina inkino zo gukuranamwo kugira ihiganire ibibanza bibiri bizoba bisigaye vy'iryo higanwa mpuzamigabane.
None inkino nyamukuru zizoba ni izihe? Ihiganwa rizoba rimeze gute? Inkino zizobera hehe, zitangure isaha zingahe?
Igisata ca BBC kiraba ibijanye n'amakuru y'inkino, BBC Sport Africa, kirabashikiriza amakuru mukeneye kumenya imbere y'uko hatangura iri higanwa rigira 14 rikomeye kurusha ayandi yose mu mupira w'amaguru w'abakenyezi, ku rwego rwa Afrika.
Imirwi ni iyihe ?
Imirwi (Equipes) 16 yagabuwe mu mitigiri ine. Buri mutigiri ugizwe n'imirwi ine.
Maroc, ari na yo igiye kwakira iri higanwa, iri mu mutigiri A ikazokwugurura itana mu mitwe n'igihugu kibanyi cayo ari co Algérie, mu nyuma ikazohura na Sénégal, hama Kenya, igihugu gisubiriye kugaruka inyuma y'imyaka 10 citavye iri higanwa.
Nigeria, ifise igikombe c'ubu kandi ikaba iriko irondera gutahukana ikigira 11, yashizwe mu murwi C. Iri kumwe na Zambie, ihabwa amahirwe menshi, Misiri hamwe na Malawi yitavye iri higanwa ku ncuro ya mbere.
Afrika y'Epfo, yatahukanye igikombe mu 2022, izonyinyurana na Côte d'Ivoire, Burkina Faso na Tanzaniya mu mutigiri B.
Mu mutigiri D, Ghana izosekana na Cameroun hamwe na Mali, imirwi ibiri yaronse itike yo kwitabira iri higanwa kubera ikibanza ifise ku rutonde rw'isi rwa FIFA, hamwe n'uko hajemwo umurwi mushasha: Cap-Vert.
Imirwi ibiri iza imbere muri buri mutigiri ni yo izoronka itike yo kuja mu gice ca kane gishira ica nyuma.
Umutigiri A: Maroc (yakiriye ihiganwa), Algérie, Sénégal, Kenya.
Umutigiri B: Afrika y'Epfo, Côte d'Ivoire, Burkina Faso, Tanzaniya.
Umutigiri C: Nigeria (yatahukanye igikombe giheruka), Zambie, Misiri, Malawi.
Umutigiri D: Ghana, Cameroun, Mali, Cap-Vert.
Urutonde rw'inkino n'amasaha zizotangurirako
Inkino zizotangura isaha 1 y'ijoro (amasaha yo mu Burundi no mu Rwanda) n'isaha zine z'ijoro (amasaha yo mu Burundi no mu Rwanda), kiretse urukino rw'igice ca nyuma.
Inkino z'igice ca kane gishira ica nyuma zizoba ku magenekerezo ya 8 na 9 Myandagaro (8), mu gihe izo mu gice ca kabiri gishira ica nyuma zizoba ku wa 12 Myandagaro (8).
Urukino rw'igice ca nyuma ruzokinwa ku wa Mungu, igenekerezo rya 16 Myandagaro (8), rukazotangura isaha zitatu z'ijoro (amasaha yo mu Burundi no mu Rwanda).
CAN izobera hehe ?
Mu mwaka uheze, Maroc yakoresheje ibibuga bitandatu biri mu bisagara bitanu mu kwakira iri higanwa, ariko kuri iyi ncuro hagiye gukoreshwa ibibuga bitanu biri mu bisagara bibiri gusa.
Inkino zizobera ku murwa mukuru Rabat no muri Casablanca, mu gihe Berkane, Mohammedia na Oujda bitakiri mu bisagara bizokwakira inkino.
Mu ntango, igisagara ca Fès ni co cari gitegekanijwe kwakira inkino zo mu mutigiri D, ariko zahavuye zimurirwa i Casablanca.
Ibibuga bitatu bizokoreshwa i Rabat vyose vyarakiriye inkino z'Igikombe ca Afrika c'Ibihugu (CAN) mu 2025. Muri iki gihe, Maroc iriko irasubiramwo ibibuga bitandukanye mu kwitegurira kwakirira hamwe na Espagne na Portugal Igikombe c'Isi ca FIFA 2030.
Umurwi nserukiragihugu w'abagore wa Maroc, Lionnes de l'Atlas, uzokinira inkino zawo ku kibuga ca Moulay Hassan, ari na co kizoberamwo urukino rumwe rw'igice ca kane gishira ica nyuma n'urundi rumwe rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma.
Ikibuga kizokwakira urukino rwa nyuma ntikiramenyekana. Rushobora kubera ku kibuga ca Moulay Hassan, canke ikindi kinini citwa Prince Moulay Abdellah kiri i Rabat, ari na co cakiriye urukino rwa nyuma rwa CAN 2025. Birashoboka ko ari co kizotorwa hamwe Maroc yoshika mu gice ca nyuma.
Ibibuga bitanu vyemejwe ni ibi:
- Ikibuga Moulay Hassan, Rabat
- Ikibuga Olympique, Rabat
- Ikibuga Al Madina, Rabat
- Ikibuga Larbi Zaouli, Casablanca
- Ikibuga Moulay Rachid, Casablanca
Imirwi ihabwa amahirwe menshi ni iyihe?
Mu bihugu 16 bigiye kwitaba iri higanwa, Nigeria na Afrika y'Epfo ni vyo vyonyene bimaze gutsindira igikombe ca CAN y'abagore.
Aba Super Falcons (umurwi nserukiragihugu wa Nigeria) bagarutse muri Afrika y'Uburaruko bafise igikombe giheruka kandi bakaba ari bo mutigiri wa mbere ku mugabane wa Afrika. Bafise uburambe bukomeye, bakaba bayobowe n'umumenyereza wo mu gihugu cabo nyene, Justin Madugu.
Chiamaka Nnadozie amaze imyaka itatu atorwa nk'umunyezamu mwiza muri Afrika, mu gihe kapitene Rasheedat Ajibade yatowe nk'umukinyi mwiza w'ihiganwa rya CAN ryabaye muri Mukakaro(7) mu mwaka uheze.
Mu myaka iheze, Maroc yarashize amafaranga menshi mu kwubaka no gusubiramwo ibikorwa remezo bijanye n'umupira w'amaguru, ariko umurwi wayo w'abagore nturashobora gushika ku rugero uw'abagabo ugezeko ngo ube uwa mbere muri Afrika.
Umurwi 'Lionnes de l'Atlas' warangije ari uwa kabiri muri CAN zibiri ziheruka, kandi ufise umumenyereza yegukanye Igikombe c'isi c'abagore azwi kw'izina rya Jorge Vilda, akaba kandi yarafashije na Espagne gutwara igikombe mu 2023.
Afrika y'Epfo, isanzwe iri mu kibanza ca kabiri ku rutonde rw'imirwi ya Afrika, iracafise umumenyereza w'inararibonye Desiree Ellis, mu gihe Ghana, iyobowe na Kim Bjorkegren, yagarutse ifise icizere cinshi inyuma yo gutsindira ikibanza ca gatatu muri CAN yo mu mwaka uheze.
Zambie na yo iri mu mirwi ifise amahirwe atari make, n'ubwo mu mwaka uheze umurwi wayo 'Copper Queens' watsinzwe ibitsindo 5-0 na Nigeria mu gice ca kane gishira ica nyuma. Uwo murwi wizigiye cane kapitene wawo Barbra Banda, yatowe na BBC nk'umukinyi mwiza w'umwaka wa 2024.
Ku yindi mirwi isigaye, bizosaba akigoro kanini kugira ishobore guhangana vyukuri n'iyo mirwi ihabwa amahirwe.
Ikirangamisi c'inkino zo mu mirwi
Amasaha inkino zizotangurirako.
Ku wa Mungu, igenekerezo rya 26 Mukakaro (7)
- Umutigiri A: Algérie - Sénégal, kuri Stade Olympique, i Rabat (isaha imwe y'ijoro, ku masaha yo mu Burundi no mu Rwanda).
- Umutigiri A: Maroc - Kenya, ku kibuga Moulay Hassan, i Rabat (isaha zine z'ijoro, amasaha yo mu Burundi no mu Rwanda)
Ku wa mbere, igenekerezo rya 27 Mukakaro (7)
- Umutigiri B: Afrika y'Epfo - Tanzaniya, ku kibuga Moulay Rachid, i Casablanca (isaha imwe y'ijoro)
- Umutigiri B: Côte d'Ivoire - Burkina Faso, ku kibuga Larbi Zaouli, i Casablanca (isaha zine z'ijoro)
Ku wa kabiri, igenekerezo rya 28 Mukakaro(7)
- Umutigiri C: Zambiya - Misiri, kuri Stade Olympique (isaha imwe y'ijoro)
- Umutigiri C: Nijeriya - Malawi, ku kibuga Al Medina, i Rabat (isaha zine z'ijoro)
Ku wa gatatu, igenekerezo rya 29 Mukakaro (7)
- Umutigiri D: Ghana - Cap-Vert, ku kibuga Moulay Rachid (isaha imwe y'ijoro)
- Umutigiri D: Cameroun - Mali, ku kibuga Larbi Zaouli (isaha zine z'ijoro)
Ku wa kane, igenekerezo rya 30 Mukakaro
- Umutigiri A: Sénégal - Kenya, kuri Stade Olympique (isaha imwe y'ijoro)
- Umutigiri A: Maroc - Algérie, ku kibuga Moulay Hassan (isaha zine z'ijoro)
Ku wa gatanu, igenekerezo rya 31 Mukakaro
- Umutigiri B: Afrika y'Epfo - Côte d'Ivoire, ku kibuga Moulay Rachid (isaha imwe y'ijoro)
- Umutigiri B: Burkina Faso - Tanzaniya, ku kibuga Larbi Zaouli (isaha zine z'ijoro)
Ku wa gatandatu, igenekerezo rya 1 Myandagaro(8)
- Umutigiri C: Misiri - Malawi, ku kibuga Moulay Hassan (isaha imwe y'ijoro)
- Umutigiri C: Nijeriya - Zambiya, ku kibuga Al Medina (isaha zine z'ijoro)
Ku wa Mungu, igenekerezo rya 2 Myandagaro(8)
- Umutigiri D: Ghana - Cameroun, ku kibuga Moulay Rachid (isaha imwe y'ijoro)
- Umutigiri D: Mali - Cap-Vert, ku kibuga Larbi Zaouli (isaha zine z'ijoro)
Ku wa mbere, igenekerezo rya 3 Myandagaro
- Umutigiri A: Sénégal - Maroc, ku kibuga Moulay Hassan (Isaha zine z'ijoro)
- Umutigiri A: Kenya - Algérie, kuri Stade Olympique (Isaha zine z'ijoro)
Ku wa kabiri, igenekerezo rya 4 Myandagaro
- Umutigiri B: Burkina Faso - Afrika y'Epfo, ku kibuga Moulay Rachid (Isaha zine z'ijoro)
- Umutigiri B: Tanzaniya - Côte d'Ivoire, ku kibuga Larbi Zaouli (Isaha zine z'ijoro)
Ku wa gatatu, igenekerezo rya 5 Myandagaro
- Umutigiri C: Misiri - Nijeriya, kuri Stade Olympique (Isaha zine z'ijoro)
- Umutigiri C: Malawi - Zambiya, ku kibuga Al Medina (Isaha zine z'ijoro)
Ku wa kane, igenekerezo rya 6 Myandagaro
- Umutigiri D: Mali - Ghana, ku Kibuga Moulay Rachid (Isaha zine z'ijoro)
- Umutigiri D: Cap-Vert - Cameroun, ku kibuga Larbi Zaouli (Isaha zine z'ijoro)
Igice ca kane gishira ica nyuma
Ku wa gatandatu, igenekerezo rya 8 Myandagaro
- QF (igice ca kane gishira ica nyuma) 2: Uwatsinzwe mu mutigiri B azohura n'uwa kabiri mu mutigiri A, ku kibuga Moulay Rachid (isaha imwe y'ijoro)
- QF 1: Uwa mbere mu mutigiri A azohura n'uwa kabiri mu mutigiri B, ku kibuga Moulay Hassan (Isaha zine z'ijoro)
Ku wa Mungu, igenekerezo rya 9 Myandagaro
- QF 4: Uwa mbere mu mutigiri D azohura n'uwa kabiri mu mutigiri C, ku kibuga Larbi Zaouli (isaha imwe y'ijoro)
- QF3: Uwa mbere mu mutigiri C azohura n'uwa kabiri mu mutigiri D, ku kibuga Al Medina (Isaha zine z'ijoro)
Igice ca kabiri gishira ica nyuma
Ku wa gatatu, igenekerezo rya 12 Myandagaro
- SF 2: Uwatsinze QF 2 azohura n'uwatsinze QF 3, kuri Stade Olympique (isaha imwe y'ijoro)
- SF 1: Uwatsinze QF 1 azohura n'uwatsinze QF 4, ku kibuga Moulay Hassan (Isaha zine z'ijoro)
Igice ca nyuma
Ku wa Mungu, igenekerezo rya 16 Myandagaro
Urukino rwa nyuma: Uwatsinze muri SF 1 azohura n'uwatsinze muri SF 2, ku kibuga Moulay Hassan canke Moulay Abdellah, i Rabat (isaha zitatu z'ijoro).