Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igikombe c'Isi: Uko umupira w'amaguru wafashije abimukira kwemerwa mu kibano muri Amerika
- Umwanditsi, Celestine Karoney
- Igikorwa, Umunyamakuru w'inkino wa BBC
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 6
Ububasha bwo guhuza abantu bw'Igikombe c'isi c'umupira w'amaguru ca FIFA bwarasubiriye kwigaragaza mu nkino za nyuma z'uyu mwaka. Kandi ikibuga c'umupira kiri mu karere ka Nouvelle-Angleterre (akarere gaherereye mu buraruko bushira uburengero bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika) kirerekana ingene urwo rukino rushobora guhindura ubuzima bw'abantu n'ubwo akenshi bitamenyekana cane.
Ku bimukira n'impunzi bakina umupira nk'ukwinezereza kuri Kennedy Park i Portland, muri reta ya Maine, umupira w'amaguru ni co kintu kibahuza bose.
Ariko rero, ubucuti n'isano bubatse biciye kuri urwo rukino buherutse kuja mu bigeragezo vy'ihindagurika rya politike muri Amerika, aho ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump buriko bushira mu ngiro amategeko akaze yerekeye abimukira mu kiringo ciwe ca kabiri.
Ururimi rutahurwa n'isi yose
Ku bw'umuyabaga George Lusolo, umupira w'amaguru cari co kintu conyene yari amenyereye muri iki gihugu gishasha.
Ubu afise imyaka 19. Yashitse muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuye muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo mu 2018, aje gusaba ubuhungiro ari kumwe na nyina.
Yabwiye BBC Sport Africa ati: ''Nta rurimi nari nzi. Nta n'abantu nari nzi.''
''Nari nkiri umwana, kandi vyose vyari bigoye cane kuri jewe na mama.''
Inyuma yo kumara igihe mu kigo abaho atarekuriwe gusohoka muri Texas, mu nyuma akaja kuba mu kindi cakira impunzi i New York, George yahavuye yimukira i Portland.
Mu gihe ubusabe bwiwe bw'ubuhungiro bwariko burigwa mbere bikaza kurangira neza, yabonye ku mbuga hwaniro amatangazo yerekeye urukino rw'umupira w'amaguru.
Uwo musore yavuze ati: ''Ikintu canezereje cane ni ukubona abantu bameze nka jewe bariko barakinira kuri ico kibuga.''
''Naraje hano, ndakina. Vyari biryoshe cane.''
''Umupira w'amaguru ni umuti wanje wo mu mutima. Nawukinye kuva nkiri umwana i Kinshasa.''
''Iyo ukina n'abantu muva hamwe, mwaciye mu ngorane zimwe, biba bihimbaye rwose.''
Icatanguye ari uguhurira bisanzwe ku kibuga c'ikaburimbo ca Kennedy Park cahindutse umuryango w'abantu baturuka mu bihugu mirongo basangiye urukundo rw'umupira w'amaguru.
Nk'uko bivugwa na Deji Kuribanza, uwundi mwimukira w'Umunye-Congo yashitse muri Amerika aciye muri Angola, abo bantu bariko bararonka aho bahurira biciye ku rurimi rusangi rw'umupira w'amaguru.
Uwo musore w'imyaka 18 yagize ati: ''Si ngombwa ko abantu bose bavuga ururimi rumwe.''
''Birahagije kwerekana ibirenge vyawe canke igice c'umubiri wawe ugasaba umupira. Ni ikintu ciza cane.''
Inyishu rusangi kw'ihohotera
Mu mwaka uheze, imiryango y'abimukira yo muri Maine yarahungabanijwe n'ibikorwa vyo guhiga no gufata abimukira vyakozwe n'urwego rw'Amerika rujejwe ivy'abimukira na duwane(ICE).
Ikigo cigenga giharanira guteza imbere politike yerekeye abimukira no kubinjiza mu kibano, kigakora kandi ivyigwa kuri bo (Migration Policy Institute), kivuga ko abantu bashika 400.000 ari bo bamaze gufatwa na ICE kuva muri Nzero(1) 2025.
Reta ya Amerika ivuga ko abo yibandako ari abantu bageramira umutekano rusangi n'uw'igihugu, mu gihe ubushikiranganji bw'umutekano - ari na bwo bugenzura ICE - buvuga ko abantu bari muri ico gihugu mu buryo bwemewe ''ata co botinya''.
Ariko rero, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko ivyo bikorwa vyo guhiga abimukira vyagize ingaruka ku bantu ata caha bafise kandi batanabangamiye umutekano.
Ivyo ni vyo vyabaye i Kennedy Park.
Anthony Fiori, umuhuzabikorwa w'inkino zo kwinezereza, yavuze ati: ''Abakinyi n'imiryango yabo bari bafise ubwoba bwinshi bwo kuva mu mihana iwabo kubera akaga katewe na ICE.''
''Abanyeshure baramaze indwi zibiri bataja ku mashure kubera ivyo.''
''ICE yateye ubwoba abantu. Yarononye cane umuryango w'abantu ba hano.''
Ariko umuryango w'abakunzi b'umupira w'amaguru waragize ico ukoze, utegura gutanga ibiribwa incuro zirenga 70 ku batinya gusohoka mu gihe ivyo bikorwa vyo gufata abantu vyari bikaze cane.
Kennedy Park kandi yaratunganije isekeza ryo gusaba ko Joel Andre, umusore w'imyaka 17 yakunda kwitaba inkino, hamwe n'umuryango wiwe bari bapfunzwe, barekurwa.
Barashoboye kubishikako inyuma y'amezi ane, ariko aracafise ingaruka zo mu mutwe zatewe n'ivyamushikiye.
Todd Pomerleau, umushingwamanza yakurikiranye urubanza, yabwiye BBC ati: ''Bari mu kigo aho ibifungurwa bitari bihagije kandi aho ivyumba bimwe bimwe vyari bikanye cane.''
''Joel ni rurangiranwa mu mupira w'amaguru muri Maine, ni umuhungu afise ubwenge. Afise icizere kinini ku bijanye n'ubuzima bwiwe bwo muri kazoza.''
''Ariko biraboneka ko atazosubira kuba wa wundi.''
''Sinibaza ko umuntu wese aciye mu ngorane nk'izi ashobora kuzivamwo akomeye neza. Akeneye ubufasha bw'amagara yo mu mutwe, bw'ugusenga, bw'abagenzi n'umuryango.''
Igisabo ca mbere c'ubuhungiro c'umuryango wa Joel, ukomoka muri DRC, caranswe na reta ya Amerika.
Mu nyuma uwo muryango wagiye muri Canada gusaba ubuhungiro, utazi ko amasezerano ari hagati y'ibihugu vyompi ategekanya ko umuntu adashobora gusaba ubuhungiro ica rimwe muri ivyo bihugu bibiri.
Ivyo vyatumye umuryango utabwa muri yompi na ICE. Ubu rero warunguruje urubanza muri sentare.
Indoto yo gushika ku rwego rw'isi
Hambavu y'ivyo, abimukira n'impunzi biyumvira ko kuboneka bariko barakina umupira w'amaguru bishobora kubafasha kwemerwa muri Amerika.
Deji yavuze ati: ''Nibaza ko abantu bamwe babona abimukira nk'abantu badafise iyo baja, baza mu gihugu cabo bakaguma bareze amaboko.''
''Abanyamerika benshi baraturaba turiko turarengana, bakabona abimukira bariko baraganira, banezerewe kandi bari mu gihe ciza.''
''Nibaza ko ivyo vyahinduye, mu mitima yabo, ishusho babonamwo abimukira.''
Umuryango wa Anthony muri Maine ugeze ku bisekuruza icenda uhaba, kandi abona ko ivyiza biva mu muryango wa Kennedy Park bigaragara rwose.
Yagize ati: ''Kugira ahantu abantu bava mu mico itandukanye, mu bihugu bitandukanye no mu bisekuruza bitandukanye bashobora guhurira, bakagira imigenderanire kandi bakaba abagenzi, ni ikintu kidasanzwe, na cane cane muri reta nka Maine muri rusangi idafise ubudasa bwinshi.''
Indoto ya Amerika, kumbure ntimeze uko abimukira bari bayibaza, ariko kubera ko Igikombe c'Isi kiriko kibera muri Amerika, bamwe muri bo baracarota ibintu bikomeye.
Deji yavuze ati: ''Kubona inkino z'Igikombe c'Isi zibera muri reta ziri hafi y'aho mba, sinari bwigere mbona ikintu nk'ico.''
''Mfise icipfuzo gikomeye co kubamwo.''
''Kandi ni imwe mu ndoto zanje, kuba ku rwego rw'isi.''
George na we afise intumbero yo gukina nk'umukinyi yabigize umwuga no guhagararira RD Congo.
Kubera urugendo rw'umurwi nserukiragihugu wa DRC, Leopards, gushika mu gice ca 16 c'inkino z'igikombe c'isi, inyuma y'imyaka irenga 50, abakinyi bo kuri Kennedy Park bari bafise imvo nyinshi zo kunezerwa muri ayo mahiganwa.
Kuko zaba inkino zo mu gikombe c'isi canke urukino rukinirwa ku kibuga gisanzwe, umupira w'amaguru uguma ari wa wundi nyene aho umuntu yoba aturuka hose.