RD Congo: Hatowe ubwoko bushasha bw'inkende z'iminwa y'ibara ry'umucungwe zari 'zihishije' mw'ishamba

    • Umwanditsi, Victoria Gill
    • Igikorwa, Umunyamakuru w'ivy'ubuhinga
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Inkende ifise iminwa idasanzwe y'ibara ry'umuyugubwe rivanze n'iry'umucungwe no mu maso hirabura, ikaba mw'ishamba ryo muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, yemejwe n'abashakashatsi ko ari ubwoko bushasha butari buzwi.

Iyo nkende ifise ubwoya bwirabura yabonywe igafatwa n'amafoto, yari yinyegeje mu mashami yo mu bushorishori bw'ibiti birebire biri mw'ishamba cimeza ry'igihugu rizwi nka 'Parc National de la Lomami', mu karere kari hagati na hagati muri ico gihugu ariko amaja mu buseruko.

Ababungabunga ibidukikije bakorera muri iryo shamba bavuga ko babonye ubwa mbere iyo nkende mu mwaka wa 2008. Ariko ico gihe bashoboye gufata ifoto imwe gusa itagaragara neza.

Basubiriye kuyibona inyuma y'imyaka 10, umurwi w'abashakashatsi mpuzamakungu waciye utangura kuyigirako ubushakashatsi. Bahavuye bemeza ko ari ubwoko bushasha bw'inkende butari bwigere bumenyekana.

Ubu ni ubwoko bugira gatanu gusa bw'inkende zo muri Afrika butowe mu myaka 75 iheze.

Junior Amboko, umunyeshure ku rwego rwa 'Doctorat' kuri kaminuza ya Florida Atlantic, yaragize uruhara rukomeye mu gikorwa c'ukuyirondera, cari kirimwo gufata amajwi n'amasanamu, hamwe no kugira ivyigwa bijanye n'uduce ndangakamere.

Ivyo ubushakashatsi bwashitseko vyarasohowe mu kinyamakuru c'ubushakashatsi citwa PLoS One.

Amboko yabwiye BBC News ati: "Vyari ibintu bitangaje cane kubona imbona nkubone igikoko ari abantu bake cane bari bazi ko kibaho."

Ubwoko bw'ibikoko bifise ubushobozi bwo kwihisha

"Gutora" ubwoko bw'igikoko mu gihe nk'iki, bisigura kubwandikisha ku mugaragaro no kwemeza ko kamere yabwo yagiye ihindagurika ku buryo bwabaye ubwoko bwisa kandi bwihariye.

Bamwe mu banyagihugu bari basanzwe bazi ko iyo nkende ibaho, kandi bayita izina risanzwe - Likweli.

Ariko Amboko agira ati: "Mu bushakashatsi bwacu, twabajije abantu bo mu mihana 52 yegeranye n'aho izo nkende ziba. Ariko abantu bo mu mihana umunani gusa ni bo bavuga ko bari bamaze kuzibona."

Amboko abandanya avuga ko izo nkende "ziba zifise isoni" zigakunda kwinyegeza, kandi akenshi ziboneka ziri hejuru cane mu mashami y'ibiti.

Umurwi w'abashakashatsi bo muri RDC, Amerika n'Ubudagi wahaye iyo nkende izina ry'ikilatini 'Colobus congoensis', mu ntumbero yo guha agaciro ubwinshi n'ubutandukane bw'ibinyabuzima biri muri iki gihugu.

Iyo nkende iri mu muryango munini w'inkende zo mu bwoko bwa colobus. Prof Kate Detwiler wo muri Kaminuza ya Florida Atlantic yagize ati: "Izi ni zimwe mu nkende mu vyukuri zidasanzwe muri Afrika, kandi aho zitandukaniye n'izindi ni uko zidafise urukumu [urutoki]."

"Ni ibikoko birya ivyatsi bikaba mu bushorishori bw'ibiti, kandi bifise uruhara rudasanzwe mu kubungabunga ibidukikije. Twiyumvira yuko zifise uruhara runini mu bijanye no guhingura imbuto n'ukumera kwazo mw'ishamba".

Prof Detwiler yibaza ko ibimenyetso vy'amabara adasanzwe biri ku maso y'izo nkende bifasha kuzimenyekanisha ku zindi nyamaswa - canke bikazituma zigira igikundiro kizizanira umukunzi - canke bikazifasha kumenyana hagati yazo.

Izo nkende kandi zifise amajwi zisangije. Amboko yavuze ati: "Akenshi urumva amajwi yazo, ariko ntuzibona."

Abashakashatsi bavuga ko ari nke cane kandi ziboneka gusa mu gice kimwe c'ishamba gifise ibifungurwa n'aho zishobora kuba neza.

Mu gihe muri aka gace inyamaswa zihigwa n'abakeneye kuzifungura, abashakashatsi bizeye ko ubu Colobus congoensis yemejwe nk'ubwoko budasanzwe kandi bwihariye, izokingirwa mu buryo bw'amategeko.

Bavuga kandi ko hakiri ibibazo vyinshi bakeneye kwishura kuri ubu bwoko bushasha bw'inkende bukunda kwinyegeza. Bategekanya kugira ubushakashatsi bwimbitse kurushiriza kugira bamenye igitigiri cazo, bongere bige ingene zibaho n'ingene zigenza.