Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Iran irasaba isi kutemera ibitero ku nyubako zayo za nikleyeri

Iran irasaba ibihugu byose ku isi kutemera ibitero ku nyubako za nikleyeri zikoreshwa mu bikorwa by'amahoro, ivuga ko kurinda ibikorwa remezo nk'ibyo ari inshingano z'umuryango mpuzamahanga.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira, Didier Bikorimana, Dinah Gahamanyi na Gildas Yihundimpundu

  1. Mwakoze kubana natwe uyu munsi. Aha ni ho turangirije amakuru yacu yo mu buryo bw'aka kanya y'uyu munsi. Ni ah'ejo.

  2. Iran irasaba isi kutemera ibitero ku nyubako zayo za nikleyeri

    Iran irasaba ibihugu byose ku isi kutemera ibitero ku nyubako za nikleyeri zikoreshwa mu bikorwa by'amahoro, ivuga ko kurinda ibikorwa remezo nk'ibyo ari inshingano z'umuryango mpuzamahanga.

    Mu itangazo ryashyizwe ahagaragara n’ishami ry'umuryango w’abibumbye rishinzwe ingufu za nikleyeri IAEA, Tehran ivuga ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zarashe ibisasu bya nikleyeri aho uruganda rw’ingufu za nikleyeri rwa Karun (Darkhovin) rwarimo rwubakwa mu gitondo cyo ku ya 18 Nyakanga(7).

    Iran yavuze ko uyu mushinga ari "ikimenyetso cy'icyubahiro n'ubwigenge bwa siyansi bw'igihugu cya Iran."

    Yavuze kandi ko nubwo yiteguye gufata ingamba zose zikenewe kugira ngo irengere inyungu z'igihugu n'uburenganzira buteganywa n'Itegeko Nshinga, gukumira ibitero ku nyubako za nikleyeri zigenzurwa na IAEA kandi zigakoreshwa mu mahoro ari inshingano z'umuryango mpuzamahanga.

    Ariko, ubuyobozi bukuru bwa gisirikare muri Amerika, CENTCOM, bwavuze ko bwagabye igitero ku bice byinshi bya gisirikare muri Iran, harimo ahagenewe ibisasu bya misile, indege zitajyamo abadereva (drones) n'umutungo w'umutwe w'ingabo zirinda impinduramatwara za kisilamu, IRGC, hatitawe ku nyubako y'ingufu za Darkhovin.

    Ku ruhande rwayo, IAEA yavuze ko irimo gukora iperereza ku bivugwa ko hari igitero cyagabwe ku ruganda rw'ingufu za nikleyeri ruri kubakwa, ariko ntabwo iratanga raporo yigenga yemeza ibyabaye.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. FIFA yatangiye iperereza kuri Argentine nyuma y'umukino wa nyuma w'igikombe cy'isi

    FIFA yatangiye iperereza ku bikorwa by'urugomo byabaye nyuma y'umukino wa nyuma w'igikombe cy'isi hagati ya Argentine na Espagne.

    Komite ya Fifa ishinzwe imyitwarire yashyizeho ushinzwe gukora iperereza ku byabaye nyuma y’uko umusifuzi avugije ifirimbi ya nyuma kuri sitade ya MetLife muri New Jersey.

    Mu gihe abakinnyi cyangwa abayobozi ba tekiniki bagaragaye ko bagize uruhare muri iki kibazo, bashobora guhagarikwa kwitabira imikino, mu gihe Ishyirahamwe ry'Umupira w'Amaguru muri Argentine (AFA) naryo rishobora gucibwa ihazabu.

    Nyuma y'uko Argentine itsinzwe na Espagne igitego 1-0, bamwe mu bakinnyi ba Argentine n'abayobozi ba tekiniki bahanganye n'abakinnyi ba Espagne bishimira intsinzi yabo.

    Nahuel Molina, Leandro Paredes, Thiago Almada n'umutoza wungirije Roberto Ayala bagaragaye bagize uruhare muri ayo makimbirane.

    Mbere na mbere, urwego rw'amakuru rwa FIFA rwatangaje ko Leandro Paredes yahawe ikarita itukura n'umusifuzi Slavko Vinčić nyuma yo gufata Eric García wo muri Espagne ku ijosi. Ariko, nyuma byaje kugaragara ko atari byo.

    Ubwo ifirimbi ya nyuma yavugaga, bamwe mu bakinnyi ba Argentine, barimo na Lionel Messi, bicaye ku kibuga bihebye, abandi bahagarara bucece ubwo abakinnyi ba Espagne birukaga mu kibuga bishimira kwegukana igikombe cy'isi.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Trump yashyizeho imisoro ya 50% ku bicuruzwa bya Canada mu gihe Minisitiri w'intebe Carney yasezeranyije 'kongera' ibiganiro

    Perezida w’Amerika Donald Trump yashyizeho imisoro ya 50% ku bicuruzwa binyuranye bitumizwa muri Canada, mu kwihorera ku cyo yise “uburyo butangana” bufatwamo imodoka, ibikomoka ku mata hamwe n’inzoga by’Amerika.

    Ibicuruzwa bicyenerwa buri munsi birimo nka divayi hamwe n’ibyo mu nganda nka sima biri mu byibasiwe n’iyo misoro. Ariko ibindi byinshi byoherezwa mu mahanga birimo nk’ingufu, amabuye y’agaciro acyenerwa cyane hamwe n’amafi byo ntibirebwa n’iyo misoro.

    Minisitiri w’intebe wa Canada Mark Carney yasubije avuga ko igihugu cye cyiteguye “kongera” ibiganiro by’ubucuruzi n’Amerika mu byumweru biri imbere.

    Ibiro bya perezida w’Amerika – White House – byavuze ko iyo misoro izatangira kwishyuzwa mu minsi 30 iri imbere. Uku kubaye gufata indi ntera kw’ubushyamirane mu bucuruzi kw’aba baturanyi bo muri Amerika ya Ruguru.

    Ubushyamirane mu bucuruzi bwakomeje gututumba kuva Trump asubiye ku butegetsi muri Mutarama (1) mu 2025 agatangiza gahunda y’imisoro inyuranye ku bicuruzwa byinjira muri Amerika biturutse mu bice bitandukanye ku isi, rimwe na rimwe agamije kugera ku ntego zidafitanye isano itaziguye n’ubucuruzi.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Ghana: Uburakari nyuma yuko umunyapolitike ukomeye utavuga rumwe n'ubutegetsi akatiwe gufungwa imyaka 20 kubera ubucukuzi butemewe

    Ishyaka rya mbere rikomeye ritavuga rumwe n’ubutegetsi muri Ghana ryarakajwe n’igihano cyo gufungwa imyaka 20 cyakatiwe umwe mu bategetsi bakomeye baryo, kiri kumwe no gukora imirimo y’agahato, nyuma yuko urukiko rumuhamije ibyaha by’ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro bunyuranyije n’amategeko.

    Ishyaka NPP ryavuze ko iryo ryakitwa rya mbere ribayeho mu mateka muri urwo rwego rya Bernard Antwi Boasiako, umukuru w’iryo shyaka mu karere ka Ashanti, rishingiye ku mpamvu za politike.

    Boasiako, uzwi cyane ku izina rya "Chairman Wontumi", ni we mutegetsi wa mbere wo ku rwego rwo hejuru muri Ghana uhamijwe ibyaha by’ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro bunyuranyije n’amategeko kuva leta itangiye guhashya ubucukuzi nk’ubwo mu mwaka wa 2017.

    Uretse gukatirwa icyo gifungo, Boasiako, wari wahakanye ibyo aregwa, yanategetswe kuriha amande arenga 10,000 y’amadolari y’Amerika, ni ukuvuga arenga miliyoni 14 uyavunje mu mafaranga y’u Rwanda.

    Yagaragaye aguye mu kantu ubwo ku wa mbere umucamanza yamukatiraga icyo gihano mu rukiko rwo mu murwa mukuru Accra.

    Uwo munyapolitike wo mu ishyaka NPP yahamwe no “gutanga ibyemezo byo gucukura amabuye y’agaciro nta ruhushya” no “korohereza igikorwa cy’ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro kidafite uruhushya” abinyujije muri kompanyi ye y’ubucukuzi, Akonta Mining.

    Ghana ni cyo gihugu cya mbere gicukurwamo zahabu nyinshi muri Afurika ariko igice kinini cy’amazi n’ibidukikije byayo cyahumanyijwe n’ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro bunyuranyije n’amategeko, ibizwi muri icyo gihugu nka "galamsey".

    Mu myaka ishize, ubutegetsi bwa Ghana uko bwagiye busimburana bwagerageje guhangana n’icyo kibazo, ndetse bugaba n’ingabo muri icyo gikorwa, ariko nta kintu kinini ibyo byagezeho.

    Nyuma yuko Boasiako ahamwe n'icyaha, umunyamabanga mukuru w’ishyaka NPP, Justin Kodua Frimpong, yabwiye abanyamakuru ati:

    “Urugamba rwo kurwanya ubucukuzi bunyuranyije n’amategeko ntirushobora kwizerwa igihe gusa rugambirira abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri politike badafitiwe ibimenyetso byuko hari ikibi bakoze.”

    Yavuze ko umucamanza yirengagije “ibimenyetso bigaragara” byari kuba byaratumye Boasiako akurwaho icyaha.

    Abashinjacyaha bavuga ko uwo munyapolitike wo mu ishyaka NPP yemereye abantu babiri, Henry Okum na Michael Gyedu Ayisi, gukora ibikorwa by’ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro mu kirombe cya kompanyi Akonta Mining nta ruhushya babifitiye rwa minisitiri w’ubutaka n’umutungo kamere.

    Impirimbanyi ziharanira ibungwabungwa ry’ibidukikije zishimiye icyo gifungo yakatiwe ku wa mbere, zivuga ko kizabera isomo abandi banyapolitike n’abacuruzi batanga amafaranga mu bikorwa by’ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro binyuranyije n’amategeko.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Liban: Igisirikare catangaje irungikwa ry’abasirikare mu "karere k’igerageza" inyuma y'uko ingabo za Israel zihavuye

    Igisirikare ca Liban cavuze ko catanguye kurungika abasirikare baco mu "karere k'igerageza" (pilot zone) kari mu bumanuko bw'igihugu, inyuma y'uko ingabo za Israel zihavuye hisunzwe amasezerano ahagarariwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika yashitsweko mu kwezi guheze.

    Mw'itangazo bwasohoye, ubuyobozi bw'igisirikare ca Liban bwavuze ko ku wa kabiri mu gitondo, imirwi y’abasirikare yinjiye mu gace ka Zawtar al-Gharbiyeh gaherereye mu karere ka Nabatieh.

    Ku wa mbere ku mugoroba, igisirikare ca Israel caremeje ko hatanguye gushirwa mu ngiro umugambi w’akarere k’igerageza. Uwo mugambi utegekanya ko ingabo za Israel ziva mu gice gito c'ubutaka bwa Liban zari zarigaruriye mu ntambara na Hezbollah, hamwe no kwaka ibirwanisho uwo muhari ushigikiwe na Iran.

    Ivyo bibaye mu gihe bitegekanijwe ko Perezida wa Amerika Donald Trump abonana na mugenzi we wa Liban, Joseph Aoun, i Washington. Vyitezwe ko Perezida Aoun asaba Trump gutera igitsure Israel kugira ikure ingabo zayo mu bindi bice vyose vyo mu bumanuko bwa Liban, no gufasha igisirikare c’ico gihugu kugira gishobore kugenzura neza uturere Hezbollah ifisemwo ububasha.

    Ku wa mbere, ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Amerika bwatangaje ko “ibikorwa vy'akarere k'igerageza" vyatanguye muri Zawtar al-Gharbiyeh no mu yindi mitumba ibiri ya Liban, ari yo Froun na Srifa, hisunzwe amasezerano y’inyabutatu ahuriweko na Israel, Liban na Amerika.

    Ubwo bushikiranganji bwavuze ko iyo ntambwe “idasanzwe” yavuye mu biganiro vyabaye mu ndwi iheze i Roma, hagati y'abaserukira Israel na Liban.

    Mu nyuma ku wa mbere, umwe mu bategetsi b'igisirikare ca Israel yemeje ko ico gisirikare kizokwigizayo ibirindiro vy’ingabo zaco muri kamwe muri utwo turere tw'igerageza kugira zihe igisirikare ca Liban akaryo ko gukora igikorwa caco.

    Ariko yavuze ko zizobandanya gucungera umutekano w'abasirikare ba IDF no kugumana uburenganzira bwo kwivuna no gukuraho ivyoshobora kubashira mu kaga.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Ibitero vya Ukraine vyishe abantu icenda muri iyi misi ibiri

    Buramatari mfatakibanza w’intara wa Belgorod mu Burusiya ihana urubibe n’uburaruko bushira ubuseruko bwa Ukraine, avuga ko abasivire icenda bamaze kwicwa mu bitero vya Ukraine mu misi ibiri iheze.

    Alexander Shuvayev yavuze kandi ko hafi indege zitajamwo abadereva (drones) 200 za Ukraine zarasiwe mu kirere.

    Iri tangazo rije mu gihe Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rivuga ko igitigiri c’abasivire baguye mu ntambara hagati y’Uburusiya na Ukraine caduze ku rugero rurenga ica gatatu mu gice ca mbere c’uyu mwaka.

    Umukuru w’ubutumwa bwa ONU bukurikirana ivy’uburenganzira bwa muntu muri Ukraine avuga ko baharuye abasivire barenga 1.400 bo mu bihugu vyompi, Uburusiya na Ukraine, bapfuye.

    Hagati aho, impande zompi zirabandanya ziterana ibisasu, aho igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere kivuga ko mw’ijoro ryakeye Uburusiya bwateye ico gihugu bukoresheje amadrone 58, 46 muri yo arasirwa mu kirere. Ni inyuma y’uko ubushkiiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi butangaje ko bwakoroye amadrone 209 ya Ukraine mw’ijoro ryakeye.

  8. CBS: Pentagon ivuga ko ingabo za Amerika hafi 100 zakomerekeye mu bitero vya Irani mu ndwi zibiri ziheze

    Abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika babwiye imboneshakure CBS News ko abasirikare b’Abanyamerika bashika kw’ijana100 bakomerekeye mu bitero vy’indege vyakozwe na Irani ku birindiro vya gisirikare vya Amerika mu Buseruko bwo Hagati muri uku kwezi.

    Sean Parnell, umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi (Pentagon), yemeje ayo makuru mw’itangazo yahaye CBS News, ikimenyeshamakuru gikorana na BBC muri Amerika.

    Yavuze ko gushika ku wa 7 Mukakaro (7) 2026, abantu bashika ku 100 bari bamaze gukomereka ku rugero rutandukanye, ariko ko 96% muri bo basubiye mu bikorwa.

    Yagize ati: "Barerekanye ishaka ryo gusubira ku rugamba. Kuri benshi kwabaye uguhungabana gutoya mu mutwe”.

    Aya makuru aje mu gihe icuka kibi hagati ya Amerika na Irani kibandanya ciyongera inyuma y’ugusenyuka kw’amasezerano yo guhagarika intambara yamaze igihe gito.

    Igisirikare ca Amerika kimaze imisi 10 kidasiba kurekurira kuri Irani ibibombe ijoro ku rindi, kivuga ko intumbero y’ibi bitero ari ukurondera guhasha Irani kugira ngo ntibandanye n’ibitero vyayo ku mato y’ubudandaji aca mu Muhora wa Hormuz.

    Ku ruhande rwayo, Irani yihorera ku bihugu bibanyi muri ako karere, mu gukora ibitero ku bigo vya Amerika biri mu bihugu nka Yorodaniya, Koweit na Bahrain.

    Ayandi makuru:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  9. Amerika iriyamiriza Ubushinwa bwagirizwa gukomeretsa umusare wa Philippines

    Reta Zunze Ubumwe za Amerika zateye ivyatsi Ubushinwa, zibwagiriza ko bwakomerekeje umusare (uwutwara ubwato) wa Philippines yari mu bwato mu karere gateye impari mu Kiyaga c’Ubushinwa bw’Ubumanuko (South China Sea). Itangazo rya Amerika rivuga ko ivyakozwe n’Ubushinwa ari bibi kandi ko ari agasotoro.

    Igisirikare ca Philippines cagirije ingabo z’Ubushinwa zijejwe umutekano w’ikiyaga ko zakubise inkoni mu mutwe uno musare ku wa Mungu, igihe zegereza ubwato bw’igisirikare ca Philippines mu bikorwa vyo gucungera umutekano.

    Ubushinwa buvuga ko ico gihugu ari co casomborokeje imishamirano mu gutera umukozi wo mu ngabo z’Ubushinwa zijejwe umutekano w’ikiyaga.

    Pékin/Beijing (Ubutegetsi bw’Ubushinwa) yaciye itumako uwuserukira Philippines mu Bushinwa kuri iyi mishamirano yabaye ejo ku wa mbere.

    Harakunze kuba imishamirano hagati y’Ubushinwa na Philippines muri ako karere buri ruhande rwiyitirira. Ubushinwa buvuga ko ico gice c’ikiyaga hafi cose ari icabwo.

    Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Marco Rubio, ari i Manille/Manila (umugwa mukuru wa Philippines) aho yagiye mu nama y’abashikiranganji bajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu Bumanuko bushira Ubuseruko bwa Aziya (ASEAN).

    Avuga ko yiteguriye guhura na mugenzi we w’Ubushinwa, Wang Yi, hampande y’ino nama.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  10. Ubwato bw'intambara bw'Uburusiya bwagize imyimenyerezo yo kurasa hafi y'inkombe y’igisagara ca Plymouth c’Ubwongereza

    Ubwato bw'intambara bw'Uburusiya bwakurikiranywe n'ubw'igisirikare kirwanira mu mazi c'Ubwongereza (Royal Navy), bwaragize ejo ku wa mbere imyimenyerezo yo kurasa vya muzinga, ku birometero bishika 74 mu bumanuko bwa Plymouth, igisagara c’Ubwongereza.

    Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Ubwongereza bujejwe kwivuna abansi avuga ko igisirikare cabwo kirwanira mu mazi cakurikiranye iyi myimenyerezo kandi ko kibandanya "gukurikiranira hagufi ibikorwa vy'ubwo bwato".

    Ubwo bwato bw'Uburusiya buzwi nka Neustrashimy bwakurikiranywe kandi n'indege y'igisirikare c'Ubufaransa. Mbere, iyo ndege yaravuganye n'ubwo bwato biciye ku maradiyo y’itumatumanako ibusaba gusigura imigambi yabwo, nk'uko BBC yabimenyeshejwe.

    BBC yahawe amakuru ko imbere y'uko ubwo bwato bw'Uburusiya butangura kurasa, bwari bwabwiye ubw'igisirikare c’Ubwongereza bucungera inkengera, HMS Tyne, ko hagiye kuba imyimenyerezo yo kurasa.

    Ubwo bwato bw'Uburusiya bwasavye HMS Tyne kwigira kure hashobora kuba hatekanye kurushiriza, kandi buno bwato bwaravyubahirije.

    Iyi myimenyerezo yo kurasa y'Uburusiya yabereye mu mazi mpuzamakungu kandi yamaze iminota 30.

    Ibi bibaye mu gihe umushikiranganji wa mbere mushasha w’Ubwongereza yaraye ashikirijwe amabanga.

    Mu kwezi guheze, abakomando b’igisirikare c’Ubwongereza kirwanira mu mazi baruriye ubwato bw'igitoro bw'Uburusiya bukorera mu kinywabi mu Muhora w’Ubwongereza (English Channel), mu gikorwa camaze amasaha atandatu, bukaba bwari bwo bwa mbere ingabo z'Ubwongereza zikoze ikintu nk’ico.

    Muri Ruheshi (6) kandi, umugabo n'umugore b'Abongereza bari mu mazi mpuzamakungu muri English Channel bahuye n'ubwato bw'intambara bw'Uburusiya bwitwa Admiral Grigorovich, buri ku birometero 37uvuye kw’izinga rya Isle of Wight.

    Ubwo bwato bwarashe amasasu yo kugabisha igihe Jane na Alan Kelvey bariko bagendesha ubwato bwabo bwo kwinezereza (yacht) mu co ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwavuze ko ryari "isugereza riteye akaga", ariko bobo bakaba bavuze ko batari mu nzira yari gutuma bagongana n'ubwo bwato.

    Amato y’intambara y’Uburusiya arakunze kuboneka aca mu mazi mpuzamakungu muri uwo muhora, ariko mu ruhande rw’amazi ategukira Ubwongereza canke Ubufaransa.

    Ayandi makuru:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  11. Amerika ntirashira hasi mu bitero vyayo kuri Irani, mu gihe Trump yaburiye uguhora ingabo zishwe

    Mw’ijoro rigira cumi ubudasiba, igisirikare ca Amerika kivuga ko cagavye ibindi bitero kuri Irani, kikavuga ko ari uguhasha iki gihugu kugira ngo gihebe gutera amato aca muri wa Muhora wa Hormuz.

    Ibi bitero vyabaye inyuma y’aho Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ahigiye Irani ko azotegerezwa guhora urupfu rw’abasirikare ba Amerika.

    Mu kwihora, Irani ivuga ko yaciye irasa amato abiri atwara igitoro muri iyo nzira yo mu mazi, hamwe no ku bigo vya gisirikare vya Amerika muri Bahrain na Koweit, nk’uko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta IRNA. Perezida Masoud Pezeshkian avuga ko ubu Irani iri mu “ntambara yuzuye” na Amerika.

    Ubuyobozi bw’igisirikare ca Amerika mu karere (Centcom) bwanditse kuri X ko ivyo bitero bishasha vyagabwe ku “bigo vy’ubuyobozi bwa gisirikare, ibigo vy’ingabo zirwanira mu mazi, ibibanza birasiramwo ibisasu vya misire be n’ibirungikirwako za ndege zitajamwo abadereva [drone], hamwe ibigo vy’ingabo zirwanira mu kirere” vya Irani.

    Centcom ivuga kandi ko amato y’ubudandaji yabandanije ingendo mu Muhora wa Hormuz.

    Hagati aho, ikigo c’Ubwongereza kijejwe umutekano w’ingendo z’ubudandaji zo mu mazi (UKMTO) kivuga ko ubwato bumwe bwariko buca mu Muhora wa Hormuz bwamenyesheje ko bwarashwe igisasu kitamenyekanye, bituma abari muri bwo babuvamwo baja mu bwato bw’ubutabazi.

    Ntivyamenyekanye neza nimba ubwo bwato buvugwa na UKMTO ari bumwe muri ayo Irani yavuze ko yarashe.

    Ahandi muri ako karere, igisirikare ca Yorodaniya cavuze mu masaha yitereye y’ejo ku wa mbere ko camanuye ibisasu vya misire vya Irani bitatu, mu gihe inzamba zo kugabisha ibitero vya misire zumvikanye mu gihugu cose aburira ko hari ibitero vyariko biraza.

    Imbere y’aho, igisirikare ca Koweit cavuze ko cakoroye amadrone ya Irani.

    Bahrain na yo ivuga ko ama-drone yarungitswe na Irani yari atumbereye ubuhinga bwayo bwo kuyobora uruja n’uruza rwo mu kirere, ariko ko ingendo z’indege zitahungabanye.

    Ayandi makuru kuri iyi ntambara:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  12. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.