Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskiy, avuga ko abasirikare ba Koreya
ya Ruguru bashika ku 50,000 bashobora kurungikwa mu Burusiya kugira bafashe ico
gihugu mu ntambara kirimwo muri Ukraine, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru
Reuters.
Agirako atera akamo Koreya y’Epfo gufasha Ukraine mu kuyironsa ubuhinga
bwo kwirinda ibitero vyo mu kirere.
Mu butumwa yacishije ku rubuga X ku wa gatandatu, Zelenskiy yavuze ko “hafashwe
ingingo yo kurungika Abanyakoreya ya Ruguru bari hagati ya 30,000 na 50,000 ku
butaka bw’Uburusiya”.
Ico gitigiri kiruta ico yari yashikirije muri Mukakaro (7), aho yagereranya
ko abo basirikare bazoba ari ibihumbi 30,000 gusa.
Uwo mutegetsi wa Ukraine ntiyasiguye iyo yakuye ayo makuru. Gusa, yemeza
ko Kyiv yasanze zimwe muri misire za Koreya ya Ruguru ku butaka bwa Ukraine,
ariko ntitomora uburere nyezina zagaragayemwo.
Agira ati: “Biraboneka neza ko Koreya ya Ruguru izobandanya kwungukira
ubumenyi mu ntambara z’iki gihe, ikanaronka impusha mu buhinga bugezweho
n’ubwoko bwose bw’ibikoresho vya gisirikare biva mu Burusiya.”
Zelenskiy yavuze ko Ukraine “yipfuza cane kuronka imfashanyo ya Koreya
y’Epfo mu gisata ifisemwo ubukene”. Aha, yashimikira ku gisata co kwikingira
ibitero vy’indege.
Yongeyeko ati: “Turiteguriye no kugirana amasezerano ajanye n’ama ‘drones’
hamwe n’ibindi bisata.” Yavuze ko abadiplomate ba Ukraine “bariko baravugana”
n’abategetsi ba Seoul kugira bateze imbere ayo masezerano ashobora kubaho.
Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, n’umukuru wa Koreya ya Ruguru, Kim
Jong Un, bashize umukono ku masezerano yo gukorera hamwe mu vy’ubuhinga
n’imigambi ya politike mu rugendo Putin yagize i Pyongyang muri Ruheshi (6) 2024.
Ayo masezerano arimwo ingingo yo gufashanya mu gihe kimwe muri ivyo
bihugu cotera canke kigaterwa n’ikindi gihugu.Koreya ya Ruguru yavuze ko
kurungika abasirikare bayo mu Burusiya ari ingingo yafashwe muri iyo ntumbero.
Kugeza ubu, bivugwa ko Koreya ya Ruguru imaze kurungika abasirikare
bagera ku 14,000 mu karere ka Kursk mu Burusiya kuva mu 2024. Kandi barafashije cane ingabo z’Uburusiya gusubiza
inyuma igitero gikomeye c’ingabo za Ukraine muri ako karere.
Muri uku kwezi, umukozi wo mu gisata c’iperereza mu gisirikare ca Ukraine yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters
ko umurwi w’abasirikare ba Koreya ya Ruguru bakoresha misire utanguye kwerekeza
mu burengero bw’Uburusiya, kandi ko ushobora kuba ufise misire zigera ku 120
zishika kure hamwe n’ibikoreshwa mu kuzirasa. Yemeza ko bishobora kuzokoreshwa
kuri Ukraine.
Ukraine irafise ikibazo gikomeye c’ibikoresho vyo kwikingira ibitero vy’indege,
kandi Uburusiya bwaboneyeho akaryo ko guca bukoresha kuri yo misire nyinshi zigera
ku ntera ndende, kuko bigoye cane kuzihagarika canke kuzirasira mu kirere.