Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Kuva hatanguye ukuzibira ibivuko vya Iran, twahinduje inzira ubwato 55 duhagarika bubiri - CENTCOM

CENTCOM imenyesha ko ubwato bumwe bujejwe gukingira ubundi hamwe n’ubundi bw’intambara burenga 20 ari bwo buri mu bikorwa vya gisirikare mu Buseruko bwo Hagati, harimwo gushira mu ngiro umugambi wo kwugariza ibivuko vya Irani.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Gildas Yihundimpundu

  1. Abasirikare ba Koreya ya Ruguru bagera ku 50,000 bashobora kurungikwa mu Burusiya - Zelensky

    Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskiy, avuga ko abasirikare ba Koreya ya Ruguru bashika ku 50,000 bashobora kurungikwa mu Burusiya kugira bafashe ico gihugu mu ntambara kirimwo muri Ukraine, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.

    Agirako atera akamo Koreya y’Epfo gufasha Ukraine mu kuyironsa ubuhinga bwo kwirinda ibitero vyo mu kirere.

    Mu butumwa yacishije ku rubuga X ku wa gatandatu, Zelenskiy yavuze ko “hafashwe ingingo yo kurungika Abanyakoreya ya Ruguru bari hagati ya 30,000 na 50,000 ku butaka bw’Uburusiya”.

    Ico gitigiri kiruta ico yari yashikirije muri Mukakaro (7), aho yagereranya ko abo basirikare bazoba ari ibihumbi 30,000 gusa.

    Uwo mutegetsi wa Ukraine ntiyasiguye iyo yakuye ayo makuru. Gusa, yemeza ko Kyiv yasanze zimwe muri misire za Koreya ya Ruguru ku butaka bwa Ukraine, ariko ntitomora uburere nyezina zagaragayemwo.

    Agira ati: “Biraboneka neza ko Koreya ya Ruguru izobandanya kwungukira ubumenyi mu ntambara z’iki gihe, ikanaronka impusha mu buhinga bugezweho n’ubwoko bwose bw’ibikoresho vya gisirikare biva mu Burusiya.”

    Zelenskiy yavuze ko Ukraine “yipfuza cane kuronka imfashanyo ya Koreya y’Epfo mu gisata ifisemwo ubukene”. Aha, yashimikira ku gisata co kwikingira ibitero vy’indege.

    Yongeyeko ati: “Turiteguriye no kugirana amasezerano ajanye n’ama ‘drones’ hamwe n’ibindi bisata.” Yavuze ko abadiplomate ba Ukraine “bariko baravugana” n’abategetsi ba Seoul kugira bateze imbere ayo masezerano ashobora kubaho.

    Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, n’umukuru wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un, bashize umukono ku masezerano yo gukorera hamwe mu vy’ubuhinga n’imigambi ya politike mu rugendo Putin yagize i Pyongyang muri Ruheshi (6) 2024.

    Ayo masezerano arimwo ingingo yo gufashanya mu gihe kimwe muri ivyo bihugu cotera canke kigaterwa n’ikindi gihugu.Koreya ya Ruguru yavuze ko kurungika abasirikare bayo mu Burusiya ari ingingo yafashwe muri iyo ntumbero.

    Kugeza ubu, bivugwa ko Koreya ya Ruguru imaze kurungika abasirikare bagera ku 14,000 mu karere ka Kursk mu Burusiya kuva mu 2024. Kandi barafashije cane ingabo z’Uburusiya gusubiza inyuma igitero gikomeye c’ingabo za Ukraine muri ako karere.

    Muri uku kwezi, umukozi wo mu gisata c’iperereza mu gisirikare ca Ukraine yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko umurwi w’abasirikare ba Koreya ya Ruguru bakoresha misire utanguye kwerekeza mu burengero bw’Uburusiya, kandi ko ushobora kuba ufise misire zigera ku 120 zishika kure hamwe n’ibikoreshwa mu kuzirasa. Yemeza ko bishobora kuzokoreshwa kuri Ukraine.

    Ukraine irafise ikibazo gikomeye c’ibikoresho vyo kwikingira ibitero vy’indege, kandi Uburusiya bwaboneyeho akaryo ko guca bukoresha kuri yo misire nyinshi zigera ku ntera ndende, kuko bigoye cane kuzihagarika canke kuzirasira mu kirere.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Ingabo za Israel zahohoteye abamenyeshamakuru incuro 108 mu kw’indwi – Sendika y’abamenyeshamakuru muri Palestina

    Sendika y’abamenyeshamakuru bo muri Palestina yatangaje ko yaharuye ibikorwa vy’ihohotera n’iburabuzwa 108 vyagizwe n’ingabo za Israel ku bamenyeshamakuru n’abakozi b’ibimenyeshamakuru muri uku kwezi kw’indwi guheze.

    Nk’uko biri mu cegeranyo yasohoye, mu bikorwa vy’ihonyangwa ry’agateka k’abamenyeshamakuru vyabaye harimwo “gufatwa, gukubitwa, gupfungwa, kubuzwa gukurikirana no gukora amakuru y’ibiriko biraba, ibitero bigirwa n’abanya Israel bigaruriye ubutaka muri Palestina, gusaka inzu n’ibigo vy’ibimenyeshamakuru, hamwe no kunyaga canke gusambura ibikoresho.”

    “Gufatwa no kubuzwa gukora amakuru” ni vyo biza imbere y’ibindi, aho vyabaye incuro 58. Bikurikirwa n’ibikorwa bijanye no “gushira abamenyeshamakuru mu kaga k’imyuka y’amabombe no kuyaturikiriza impande yabo”. Ibi vyabaye incuro 12. Ibitero bigirwa n’abanya Israel bigaruriye ubutaka muri Palestina vyabaye incuro 11. Ugukubitwa kw’abamenyeshamakuru kwabaye incuro 6.

    Iyo sendika ivuga kandi ko abamenyeshamakuru bane bakomerekejwe n’ibimanyu vy’amabombe, igihe bariko baregeranya amakuru mu karere ka Gaza.

    Iyi sendika isaba ko abamenyeshamakuru bakingirwa n’ababagirako ibitero bakabibazwa.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Trump avuga ko Washington irimo guhangana "mu ituze" na Irani

    Perezida wa Amerika, Donald Trump, yatangaje ku Cyumweru ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zikomeje gushyira igitutu ku bukungu bya Irani, aho gutangiza igikorwa gishya cya gisirikare, mu gihe Tehran ikomeje guhangana na Washington ku ngingo nyinshi, harimo no kwanga gufungura uruzitiro rwa Hormuz.

    Mu magambo yatangajwe n'urubuga rwa interineti rw'Abanyamerika Axios ubwo yavuganaga narwo kuri telefoni, Trump yavuze ko Washington "iri gukemura ikibazo ituje," asobanura ko Amerika irimo kugirana ibiganiro bike na Irani.

    Trump yongeyeho ko Irani ihanganye n' "izamuka ry'ibiciro rikabije" n'ikibazo gikomeye cy'ubukungu, avuga ko "igeze mu bihe bibi cyane by'ubukungu" kandi ko idafite amafaranga ahagije yo kwishyura ingabo zayo.

    Ibi Trump yavuze nyuma y'icyumweru kimwe nyuma y'ibimenyetso byerekana ko arimo gutekereza gutegeka ko ibikorwa bikomeye by'intambara bisubira mu ntambara yo kurwanya Irani, mbere yo guhitamo guhagarika ibikorwa by'intambara . Itangazo rye riheruka ntabwo ryari rikubiyemo iterabwoba rishya ry'ibikorwa bya gisirikare.

    Ku bijyanye n'umuhora rwa Hormuz, Trump ntiyigeze agaragaza uburakari ku mugaragaro ku gutinda kumvikana hagati ya Irani na Oman ku bijyanye no kongera gufungura iyi nzira.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Iran ihagaze he mu masezerano na Pakisitani, Arabiya Sawudite, na Turukiya?

    Abasesenguzi bavuga ko aya masezerano atari ikibazo gikomeye kuri Irani muri iki gihe, aho abayobozi ba Irani bibanda ku masezerano no gukemura ibibazo ifitanye na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

    Amasezerano y’ibihugu bitatu yatangajwe nyuma y’amezi arenga atanu Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Israel bitangiye ibitero by’indege kuri Irani, byateje intambara yageze vuba muri leta zo mu kigobe cy’inyanja inahagarika urujya n’uruza rw’amato mu nzira ya Hormuz.

    Ariko, Pakisitani, Arabiya Sawudite na Turukiya byitondeye cyane kudahungabanya cyangwa ngo bivuguruze igihugu icyo aricyo cyose mu karere cyangwa ku isi mu gihe basoza aya masezerano, bavuga ko ari umusaruro w'imyaka myinshi y'akazi n'ibiganiro.

    Bashimangiye ko ayo masezerano, adasobanura by’umwihariko ikibazo cy’umutekano, adateganyirijwe igihugu runaka, cyane cyane Irani, kandi ko adakuraho cyangwa ngo asimbure andi masezerano yari yagiranye n’ibindi bihugu.

    Kugeza ubu abayobozi ba Tehran bashimangira ubufatanye mu karere no mu idini ry’Abayisilamu, ndetse n’icyo babona nk’ikimenyetso cy’igabanuka ry’imbaraga za Amerika muri ibi bihugu.

    Minisitiri w’Ububanyi n’Amahanga wa Irani, Abbas Araghchi, yavuze ku wa Gatanu ko "iyo Abayisilamu bishyize hamwe, dushobora guhangana n’imbogamizi iyo ari yo yose haromo no kudaterwa n’imbaraga mbi ziturutse hanze."

    Yanditse kuri blog ye ya X ati: "Igihe kirageze ngo twishingikirize kuri buri wese no kugira ubuvandimwe nyakuri," ntavuze mu buryo butaziguye amasezerano y’ibihugu bitatu yasinywe na Arabiya Sawudite, Pakisitani na Turukiya''.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Irani yashyizeho umuyobozi mushya w'Inama Nkuru y'Umutekano w'Igihugu

    Irani yashyizeho umuyobozi mushya w’Inama Nkuru y’Umutekano w’Igihugu. Izi n'impinduka zikomeye mu buyobozi mu gihe igihugu kirimo guhangana n’amakimbirane hagati yacyo naa Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Israel

    Mohsen Rezaei, wahoze ari umuyobozi w’umutwe w’ingabo zirinda impinduramatwara za kisilamu, yashyizweho kuri uyu mwanya, uzagira uruhare runini mu kugena uburyo Irani izahangana n’ikibazo.

    Rezaei yari yavuze mbere ko Irani ikwiye gukomeza kugenzura Strait of Hormuz, avuga ko ibyo ari ingenzi kuruta gutunga intwaro za nikleyeri.

    Bitewe n'amateka ye maremare yo kuba mu myanya ikomeye muri guverinoma, ishyirwaho rye risa n'aho rigaragaza ko abanyapolitiki bakuze bo muri Irani bagikomeje kugira ingaruka zikomeye ku buyobozi bw'igihugu.

    Ariko, byavuzwe ko abanyapolitiki bakiri bato bashobora gutangira guhabwa imyanya ikomeye mu buyobozi bwa Irani.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Canada : Abanyagihugu baburirwa kwitegurira ibihe bibi cane, mu gihe umuriro w’icaduka ubandanya gukara

    Muri Canada hatangajwe ibihe bidasanzwe inyuma y’uko abantu ibihumbi n’ibihumbi bakuwe mu zabo, kubera umuriro w’icaduka uriko urarandagata wihuta cane mu burengero bw’ico gihugu.

    Uwu muriro warongerekanye ku rugero runini cane kuva wadutse ku wa gatanu. Abategetsi bavuga ko wirwije na kabiri.

    Igipolisi kimenyesha ko umuntu umwe yapfuye ahitanywe n’uwo muriro, umaze gushwara uburinganire bwa kirometero kwadarato 136, mu karere ka Summerland no mu tundi turere twa British Columbia.

    Kivuga ko uwo yapfuye ari umutamakazi w’imyaka 80, kikemeza ko yashengeye ku wa Mungu igihe yariko agerageza guhunga inzu yiwe ari kumwe n’umwe mu bagize umuryango wiwe.

    Cavuze ko “cemera ko urupfu rwiwe rwatewe n’umuriro w’icaduka.”

    Umuyobozi w’igisagara ca Summerland, Doug Holmes, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ati: “Dutegerezwa kwitegurira ibihe bibi kuruta ibindi.”

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Kuva hatanguye ukuzibira ibivuko vya Iran, twahinduje inzira ubwato 55 duhagarika bubiri - CENTCOM

    Bumwe mu buyobozi bw’igisirikare ca Amerika bwitwa CENTCOM bwavuze ko kuva hasubiriye gutangura ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo gusugereza Iran mu gutangira ubwato buva canke bwerekeza mu bivuko vyayo, ingabo za Amerika zimaze guhinduza inzira ubwato bw’ubudandaji 55, ubundi bubiri nabwo burahagarikwa bubanje kuraswa.

    Mu butumwa CENTCOM yacishije ku rubuga rwa X, yamenyesheje ko ubwato bwa Amerika ‘USS Ross’ bujejwe gukingira ubundi hamwe n’ubundi bw’intambara burenga 20 ari bwo buriko bukorera mu karere k’Ubuseruko bwo Hagati mu gushigikira ibikorwa vya gisirikare, harimwo gushira mu ngiro bikomeye umugambi wo kwugariza ibivuko vya Irani.

    CENTCOM kandi ivuga ko muri iki gikorwa co gushira mu ngiro umugambi wo gutangira ubwato buva canke bwinjira mu bivuko vya Irani, ingabo za Amerika zimaze no kwinjira mu bwato bubiri ku nguvu kugira zisuzume ivyo butwaye.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.