Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abarundi bari ku mupaka wa Tanzania na Kenya barekuwe
Abarundi bagera kuri 600 bari ku mupaka wa Kenya na Tanzania barekuwe nyuma bajya iwabo nyuma yo gufatirwa ku mupaka wa Tanzania na Kenya
Incamake
- Abarundi 600 bari bagumijwe ku mupaka wa Tanzania na Kenya barekuwe
- Netanyahu: «Turi hafi yo gutembagaza ubutegetsi bwa Irani»
- Mu mafoto: Norvege yasezeye Umwami Harald V
- Igiciro c'ibitoro carengeje amadolari 100 ku kagunguru.
- Umushakashatsi: Hari amahirwe arenga 10% ko AI izoshobora kwica abantu bose
- Umunyakenya yafashwe yagirizwa amajambo y'urwanko ku Barundi.
- 'Ntimuri mwenyine mu mwijima': Perezida wa Gambia yasabye ituze nyuma y'imyigaragambyo yo kwamagana ibura ry'umuriro
- Televiziyo yo muri Ukraine yarashwe na 'drone' y'Uburusiya mu gihe batanu bishwe i Kyiv
- Israel yasubizanyije uburakari ku bihano Ubwongereza bwayifatiye mu bice yigaruriye muri Palestine
- Amerika yarashe amato ya Iran y'ibikomoka kuri peteroli mu gihe Tehran yarashe ikigo cya gisirikare cy'Amerika muri Jordan
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana na Didier Bikorimana
Abarundi 600 bari bafatiriwe ku mupaka wa Tanzania na Kenya barekuwe
Abarundi bagera kuri 600 bari ku mupaka wa Kenya na Tanzania bashyizwe mu mamodoka ya Tanzania kugira ngo basubire iwabo, nkuko byavuzwe n'umuyobozi w'abarundi baba muri Kenya.
Abo Barundi bari ku mupaka wa Sirari bari bahunze muri Kenya kubera umutekano wabo nyuma y’uko Perezida wicyo gihugu William Ruto avugiye ko abanyamahanga badafite ibyangombwa byemewe n'amategeko bahagarika imirimo yabo.
Iri tangazo ryateje ubwoba n'ihungabana mu banyamahanga bakora ubucuruzi buto muri Kenya barimo abarundi.
Amashyirahamwe aharanira uburenganzira bw'ikiremwa muntu hamwe n'ihuriro ry'abanyamategeko bo mu Muryango wa Afrika y'Uburengerazuba( EAC) yamaganye iryo tegeko ryatanzwe na perezida wa Kenya.
Nyuma Kenya yasabye imbabazi ku barundi ivuga ko ingingo yatanzwe na perezida y'umviswe nabi.
Yasabye abarundi badafite ibyangombwa kwiyandikisha kuri ambasade yabo kugirango bashobore kubona ibyangombwa bizabafasha gukomeza gukora muri icyo gihugu mu gihe bashaka ibyangombwa byo kugura muri Kenya.
Netanyahu: ''Turi hafi yo gutembagaza ubutegetsi bwa Irani''
Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yavuze ko igihugu ciwe kiri hafi yo gushika ku ntumbero yo gutembagaza ubutegetsi bwa Irani.
Netanyahu yabivugiye mu mashusho yafatiwe mu karere ka Jabal al-Sheikh ko muri Syria, kagenzurwa n’ingabo za Israel. Yari kumwe n’umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi, Israel Katz.
Netanyahu yavuze ati: «Haracariho ibintu bikeyi vyo gukora. Igikorwa nyamukuru gisigaye ni ugutembagaza ubutegetsi bw’iterabwoba bwa Irani. Turi hafi cane yo gushika kuri iyo ntumbero.»
Yongeyeko ko ico Irani n’imigwi iyishigikiye bita urunani rwo kurwanya Israel kizosenyuka cose. Muri urwo runani harimwo Hezbollah yo muri Libani, aba Houthi bo muri Yemen hamwe n’iyindi migwi yitwaje ibirwanisho yo muri ako karere.
Israel yafashe igice ca Jabal al-Sheikh kiri ku ruhande rwa Syria inyuma y’itemba ry’ubutegetsi bwa Bashar al-Assad mu mpera za 2024.
Israel ivuga ko ingabo zayo ziri muri ako karere ku mvo z’umutekano. Ariko Syria na ONU bivuga ko ukuhaba kwazo kurenga ku bwigenge bwa Syria. Icegeranyo ca ONU giheruka cavuze ko ibikorwa bimwebimwe vya Israel muri Syria bishobora kuba birenga ku mategeko mpuzamakungu.
Mu mafoto: Norvege yasezeye Umwami Harald V
Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari ku mpande z’amabarabara y’umurwa mukuru Oslo, gusezera ubwa nyuma Umwami Harald V, inyuma y’iminsi 13 igihugu kimugandariye.
Umuganwa William w’Ubwongereza, abami n’abaganwa b’i buraya hamwe n’abategetsi barimwo Umwami Abdullah II wa Jordaniya na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine, bari mu bitavye ayo maziko.
Inyuma y’imigirwa yabereye muri katedrale ya Oslo, umubiri w’Umwami Harald V wajanywe mu nyubakwa ya Akershus, ahabereye imigirwa yo kumushingura itari iyo ku mugaragaro. Yapfuye muri Myandagaro(8) afise imyaka 89, amaze imyaka 35 ku ngoma. Umuhungu wiwe yamusubiriye ku ngoma, yitwa Haakon VIII.
Igiciro c’ibitoro carengeje amadolari 100 ku kagunguru
Igiciro c’ibitoro carenze amadolari ya amerika 100 ku kagunguru kuri uyu wa gatatu, inyuma y’ibitero bishasha vyabaye mu ntambara ibandanya hagati ya Amerika na Irani, hamwe n’ibitero vy’aba Houthi muri Arabie Saoudite.
Igitoro co mu bwoko bwa Brent, gifatirwako mu gushinga ibiciro kw’isoko mpuzamakungu, cahavuye kimanuka gatoyi gishika ku madolari 99,90 ku kagunguru.
Amerika yavuze ko yateye ubwato butanu butwara ibitoro vya Irani, mu kwihora inyuma y’aho Tehran itereye bumwe mu bwato bwayo bwa gisirikare.
Muri ubwo bwato, bune bwari mu kigobe ca Oman kandi bivugwa ko bufitaniye isano n’abasirikare ba Irani bajejwe gukingira impinduka, IRGC. Ubundi bwari hafi y’izinga rya Kharg.
Irani na yo yavuze ko yarashe misile ku makambi y’abasirikare ba Amerika muri Jordaniya, ariko nyinshi zirasamburwa zitarashikira aho zari zigenewe. Tehran ivuga kandi ko yateye ubwato bubiri bwa Amerika n’ubundi umunani butwara ibitoro mu muhora wa Hormuz.
Aba Houthi bo muri Yemen, bashigikiwe na Irani, na bo barateye ibigo vy’ibitoro muri Arabie Saoudite, bongera babandanya gutera ubwato buca mu Kiyaga Gitukura.
Abahinga bavuga ko ibitero vyiyongereye mu karere k’Ubuseruko bwo Hagati bishobora gutuma igiciro c’ibitoro gisubira kuduga. Igitoro ca Brent nticari bwongere gushika ku madolari 100 kuva mu mpera za Mukakaro(7), igihe amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Amerika na Irani yasambuka.
Izindi nkuru wosoma:
Umushakashatsi: Hari amahirwe arenga 10% ko AI izoshobora kwica abantu bose
Umwe mu bashakashatsi bakuru b’umutekano w’ubwenge buhinguwe n’abantu, AI, mu kigo Anthropic, yavuze ko abona ko hari amahirwe arenga 10% y’uko ubwo buhinga bushobora guhonya abantu bose mu myaka cumi iri imbere.
Evan Hubinger yavuze kuri X ko ubwoko bwa AI buriho ubu buteza ingorane nke. Ariko yavuze ko ahagaritswe umutima n’uko bushobora gutera imbere, bukagera ku rwego rwo kwiyigisha no kwongereza ubushobozi bwabwo butagishobora gucungerwa n’abantu.
Hubinger ntiyasiguye neza uburyo AI yoshobora gutera abantu canke kubahonya.
Ayo majambo yayavuze yishura Jacob Coxon, umushakashatsi yari ahejeje guheba akazi muri Anthropic, akaba yarigeze no gukorera OpenAI.
Coxon yavuze ko ivyo bigo bibiri bitariko bikorana ubwitonzi bukwiye. Yavuze ko AI ishobora vuba kurusha ubwenge bw’abantu, ikinjira mu buhinga bwa mudasobwa butandukanye kandi ikaronka ububasha n’uburyo bwo gukora yigenga.
Hubinger yavuze ko Anthropic iriko iragerageza gukingira umutekano, ariko ko itararonka uburyo bwizewe bwo gutuma AI ifise ubwenge buruta ubw’abantu iguma ikurikiza ivyipfuzo n’inyifato runtu vy’abantu.
Mu cegeranyo c’umutekano Anthropic yasohoye muri Myandagaro(8), yavuze ko ubu ingorane y’uko AI yikura ku mabwirizwa canke igateza akaga gakomeye ikiri nto. Ariko yongeyeko ko itakivyizera nk’uko yari ivyizeye imbere, kuko hari ibimenyetso vya mbere vy’uko ubwo buhinga buriko buratera imbere ningoga.
BBC yararondeye ico Anthropic na OpenAI bibivugako ariko ntibaragira ico bashikiriza
Umunyakenya yafashwe yagirizwa amajambo y’urwanko ku Barundi
Igipolisi ca Kenya kijejwe amatohoza ku vyaha, DCI, cafashe Umunyakenya w’imyaka 32 yagirizwa kuvuga amajambo y’urwanko ku barundi bari muri Kenya.
DCI ivuga ko Kevin Odiwuor Otieno, azwi cane kw’izina rya Engineer Kevin, yavuze ayo majambo mu nama ya “Bunge la Mwananchi” yabereye ku kibuga ca Jacaranda Grounds i Kayole. Ayo majambo yarafashwe amajwi n’amashusho, aca arakwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi, bituma hatangura amatohoza.
Amatohoza y’intango yerekana ko ayo majambo yari yerekeye abarundi baba muri Kenya kandi bakora ibikorwa bitandukanye vy’ubudandaji n’ibindi bibinjiriza amafaranga.
Ayo mashusho amaze gukwiragira, umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Édouard Bizimana, yagize ico abivuzeko. Mu butumwa yashize kuri X, yavuze ati: «Abanyakenya baba mu Burundi mu mahoro. Ariko iyi mvugo y’urwanko ku Burundi ibandanije, ibintu bizohinduka ata kabuza. Reta ya Kenya ni yo ijejwe gukingira ubuzima bw’Abarundi baba muri Kenya.»
Bitegekanijwe ko ashikirizwa sentare kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 9 Nyakanga(9), yagirizwa gukoresha amajambo y’urwanko hisunzwe itegeko rya Kenya rijanye n’ubumwe n’umubano mwiza hagati y’abanyagihugu.
DCI yavuze ko ashobora kwagirizwa n’ibindi vyaha bivanye n’ivyo amatohoza azoshikako.
DCI ivuga ko uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro budaha umuntu uburenganzira bwo gukoresha amajambo y’urwanko, gukokeza urwanko rushingiye ku bwoko canke guhamagarira abantu guhohotera abandi. Ivuga kandi ko guhohotera umuntu kubera igihugu akomokamwo canke ubwoko bwiwe bitazokwihanganirwa.
DCI kandi yagabishije abanyagihugu kwirinda kwihanira canke gukora ibikorwa bishobora guhungabanya amahoro n’umutekano rusangi.
Izindi nkuru wasoma:
'Ntimuri mwenyine mu mwijima': Perezida wa Gambia yasabye ituze nyuma y'imyigaragambyo yo kwamagana ibura ry'umuriro
Perezida wa Gambia Adama Barrow yashishikarije abaturage gukomeza gutuza ku kibazo cy’ibura ry’umuriro w’amashanyarazi gikomeje kubaho, avuga ko iki gihugu atari cyo cyonyine cyugarijwe n’iki kibazo cy’umuriro w’amashanyarazi cyibasiye ibice byinshi byo muri Afurika y’uburengerazuba.
Yavuze ibyo nyuma y’imyigaragambyo yo mu ijoro ryo ku wa mbere mu murwa mukuru Banjul no mu duce tuwukikije yo kwamagana ibura ry’umuriro w’amashanyarazi abaturage bavuga ko rimwe na rimwe hari ubwo ubura mu gihe cy’amasaha agera kuri 48.
Barrow yagize ati: “Igihe muryamye mu bushyuhe no mu mwijima, mumenye ko mutari mwenyine muri uwo mwijima.” Yasezeranyije ko bitarenze mu kwezi gutaha azaba yamaze kongera ingano y’umuriro w’amashanyarazi.
Gambia yunganira umuriro w’amashanyarazi wayo ibinyujije mu gutumiza undi mu mahanga, harimo uva muri Guinea (Conakry) no muri Sénégal bituranye.
Kuva muri Kamena (6) uyu mwaka, icyo gihugu gito cyane cyo muri Afurika y’uburengerazuba cyakomeje kugira ikibazo cy’ibura ry’umuriro rya hato na hato.
Izindi nkuru wasoma:
Televiziyo yo muri Ukraine yarashwe na 'drone' y'Uburusiya mu gihe batanu bishwe i Kyiv
Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko indege nto y’intambara itajyamo umupilote (izwi nka ‘drone’) y’Uburusiya yarashe icyicaro gikuru cya televiziyo yo muri Ukraine kiri mu murwa mukuru Kyiv ku wa kabiri, ikomeretsa abantu nibura batanu mu gihe abanyamakuru bari barimo batangaza amakuru mu buryo bw’ako kanya.
Zelensky yavuze ko icyo gitero cyabaye ku manywa ari “icyiciro gishya mu iyonona ry’Uburusiya”. Amafoto yatangaje agaragaza inyubako yahirimye igice kimwe cyayo.
Abantu nibura batanu biciwe mu bitero by’Uburusiya kuri Kyiv. Abategetsi bavuze ko ikindi gitero kuri gariyamoshi itwara abagenzi mu majyepfo ya Ukraine cyishe umukozi w’umugore.
Mbere, ibi bihugu byombi byari byemeranyije guhagarika ibitero ku mirwa mikuru yabyo mu gihe cy’iminsi itatu, ubwo intumwa za Perezida w’Amerika Donald Trump zasuraga umurwa mukuru Moscow w’Uburusiya na Kyiv mu mpera y’icyumweru gishize.
Izindi nkuru wasoma:
Israel yasubizanyije uburakari ku bihano Ubwongereza bwayifatiye mu bice yigaruriye muri Palestine
Ubwongereza bwatangaje ibihano ku bice Israel yigaruriye mu buryo bunyuranyije n’amategeko muri Palestine byo mu karere ka West Bank (Cisjordanie), bushinja leta ya Israel kwirengagiza nkana "imeneshwa ry’ubwoko” rikorerwa Abanye-Palestine rikozwe n’abigaruriye ubwo butaka bakabuturaho.
Minisitiri w’ububanyi n’amahanga w’Ubwongereza Ed Miliband yavuze ko iki cyemeazo kibaye “intangiriro y’uburyo bushya” ku makimbirane hagati y’Abanye-Palestine n’Abanya-Israel, uburyo “butamagana gusa akarengane n’akababaro ahubwo bunagira icyo bukora”.
Minisitiri w’ububanyi n’amahanga wa Israel Gideon Saar yasubije amushinja gukwirakwiza “ikinyoma kirenze ukwemera”, ndetse yatangaje ingamba zo guhangana n’Ubwongereza, zirimo gufunga ibiro by’ubuhagarariye (consulat) muri Yeruzalemu y’Uburasirazuba.
Ibihano by’Ubwongereza bizabuza kugura ibicuruzwa bivuye mu bice byigaruriwe n’Abanya-Israel byo muri Palestine ndetse bifatire ingamba kompanyi n’abantu batanga serivisi zo kwagura ibyo bice byigaruriwe.
Ibyo bihano byatangajwe hamwe n’Ubufaransa na Canada. Mu itangazo bihuriyeho byasohoye, byavuze ko icyo gikorwa “kibaye indi ntambwe ikomeye itewe mu buryo bwacu bwo kurinda igisubizo [umuti] gishingiye kuri leta ebyiri”.
Gutura ku butaka wigaruriye ni ikintu kinyuranyije n’amategeko mpuzamahanga, ndetse urugomo rukorerwa Abanye-Palestine rukozwe n’abigaruriye ubutaka bwabo bakabuturaho rwariyongereye muri West Bank mu mezi ya vuba aha ashize.
Izindi nkuru wasoma:
Amerika yarashe amato ya Iran y'ibikomoka kuri peteroli mu gihe Tehran yarashe ikigo cya gisirikare cy'Amerika muri Jordan
Ingabo z’Amerika ku wa kabiri zarashe amato atanu ya Iran atwara ibikomoka kuri peteroli, bumwe burarohama, mu gusubiza ku kuba Tehran yarashe ubwato bw’intambara bw’Amerika inshuro ebyiri, nkuko byatangajwe na bimwe mu biro bikuru by’ingabo z’Amerika (CENTCOM).
CENTCOM yongeyeho ko amato ane ya Iran atwara ibikomoka kuri peteroli afitanye isano n’umutwe wihariye wo mu ngabo za Iran witwa IRGC yo mu Kigobe cya Oman na yo yarashwe, hamwe n’ubundi bwato bw’ibikomoka kuri peteroli bwari buri hafi y’ikirwa cya Kharg, ahantu h’ingenzi habikwa ibikomoka kuri peteroli hari ku nkombe ya Iran yo ku Kigobe.
Tehran yasubije igaba ibitero by’ibisasu bya misile ku kigo cya gisirikare cy’Amerika cyo muri Jordan (Jordanie), nubwo Jordan yavuze ko yahanuye 18 muri misile 20 za Iran ikoresheje ubwirinzi bwayo bw’ikirere.
Ibitero byo kwihimuranaho hagati y’ibyo bihugu bibiri byafashe indi ntera mu cyumweru gishize, nyuma y’amezi arenga atandatu Amerika na Israel bigabye ibitero kuri Iran ku itariki ya 28 Gashyantare (2) uyu mwaka.
Umuvugizi w’ingabo za Jordan yavuze ko ebyiri muri misile Iran yarashe zerekeza kuri Jordan zaguye mu duce tudatuwemo.
Nyuma yo kuburira ko uzagaba ibindi bitero byo kwihorera, ku wa gatatu umutwe wa IRGC wavuze ko wagabye ibitero ku mato abiri y’Amerika, amato umunani y’ibikomoka kuri peteroli n’amato 10 “atubarihiza amategeko” yageragezaga kunyura mu muhora wa Hormuz, nkuko byatangajwe n’igitangazamakuru cya leta ya Iran.
Ubu bushyamirane bwongeye kwiyongera nyuma yuko Iran irashe ubwato bw’intambara bw’Amerika ikoresheje misile zo mu bwoko bwa ‘ballistic’, CENTCOM ikaba yavuze ko “bwavuwemo neza” n’abari baburimo. CENTCOM yongeyeho ko nta basirikare b’Amerika bagize icyo baba muri ibyo bitero.
Mu gusubiza, Amerika yavuze ko amato atanu ya Iran atwara ibikomoka kuri peteroli yarashwe n’Amerika yari “amwe mu itsinda ry’agaciro ka za miliyari nyinshi z’amadolari ritera inkunga IRGC n’imitwe yitwaje intwaro ikoreshwa na yo yo mu karere”.
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.