Ubwongereza: Ica gatatu c'urwaruka ntibarigera bagira imibonano mpuzabitsina, ariko benshi bararaba amasanamu y'ubusambanyi

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Michelle Roberts
- Igikorwa, Umwanditsi mukuru wa BBC ku buzima
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Ubushakashatsi bushasha bwerekana ko Abongereza, na cane cane imiyabaga n'urwaruka, bagira imibonano mpuzabitsina gake canke ntibayikore na gato ugereranije na bakuru babo. Ariko benshi bararaba amashusho y'ubusambanyi, bakongera bagahanahana ubutumwa buyaga ivy'igitsina.
Ni ubwa mbere ubushakashatsi bwa Natsal, bwiga ubuzima bw'abantu mu vy'imibonano mpuzabitsina, bubajije abantu ku vyo bakorera kuri internet.
Umwe kuri babiri mu bafise imyaka iri hagati ya 16 na 24 yararungitse canke yararonse amafoto ajanye n'igitsina kuri terefone mu mwaka uheze. Umukobwa umwe kuri babiri n'abahungu hafi icenda kuri cumi bavuga ko baravye amashusho y'ubusambanyi (porno).
Ariko umwe kuri batatu muri abo bafise imyaka iri hagati ya 16 na 24 ntarigera arangura amabanga y'abubatse. Mu bushakashatsi bwaheruka gukorwa haciye imyaka 12, yari umwe kuri batanu.
Abantu bakuze batarashikana imyaka 45 na bo basigaye bagira imibonano mpuzabitsina gake. Muri rusangi, bayigira incuro zibiri ku kwezi, ugereranije n'incuro imwe mu ndwi mu 1990.
Imibonano mpuzabitsina mike, amashusho y'ubusambanyi menshi?
Abakenyezi barenga umwe kuri batatu, ni ukuvuga ibice 37%, bavuze ko baravye amashusho y'ubusambanyi mu mwaka uheze.
Mu bagabo, ni hafi bane kuri batanu. Ni ukuvuga ibice 81%.
Mu bafise imyaka iri hagati ya 16 na 24, igice c'abakobwa hamwe na 86% vy'abahungu bavuze ko baravye ayo mashusho.
End of podcast promotion
Kuraba ayo mashusho no kwikinisha vyaboneka gake mu batarigera bagira imibonano mpuzabitsina. Abakoze ubwo bushakashatsi bavuga ko ivyo bishobora gusigura ko kwikinisha canke kuraba amashusho y'ubusambanyi kuri internet bitariko birasubirira imibonano mpuzabitsina y'abantu bari kumwe. Ariko ntibarashobora kuvyemeza neza.
Ntibabajije ku buhinga bw'ubwenge bukorano, AI, canke ku migenderanire y'urukundo abantu bashobora kugirana n'amaporogarama ayaga na bo. Ariko babona ko bakwiye kuzobibaza mu bushakashatsi buzokurikira.
Soazig Clifton, umwe mu bakora ubushakashatsi bwa Natsal akaba akorera muri University College London, yavuze ati: "Igihe twegeranya amakuru hagati ya 2022 na 2024, ivyo vyasa n'ibintu vyo mu nkuru z'ivyiyumviro (science-fiction)."
Yongeyeko ati: "Muri kazoza, dushobora kuzokwihweza ingaruka AI igira ku nyifato y'abantu mu vy'imibonano mpuzabitsina no ku migenderanire yabo, nk'igihe baganira n'amaporogarama ya AI nk'aho ari abagenzi babo."
Ibiganiro vyugurutse cane ku kwemeranya
Umwe mu bakoze ubwo bushakashatsi, Pr Wendy Macdowall wo muri London School of Hygiene & Tropical Medicine (LSHTM), avuga ko n'ubwo vyoroshe kwiyumvira ko umwanya abantu bamara baraba muri terefone no mu bindi vyuma ari wo utuma imibonano mpuzabitsina igabanuka, hashobora kuba hari izindi mvo nyinshi, na cane cane mu rwaruka.
Nk'akarorero, urwaruka rwo muri iki gihe runywa inzoga nke ugereranije n'urwo mu myaka iheze. Benshi kandi baracaba muhira ku bavyeyi babo.
Ukwiyongera kw'ingorane zo mu mutwe na kwo gushobora kuba kuri mu vyabiteye, hamwe n'ikiza ca Covid-19 catumye abantu batakibasha gusohoka ngo bahure n'abandi.
Pr Macdowall avuga ko ibiganiro ku bijanye no kwemeranya gukora imibonano mpuzabitsina bishobora gutuma urwaruka rushobora guhitamwo neza nimba ruyikora n'igihe ruyikorera.
Ariko hari abatanezerewe n'ubuzima bwabo mu vy'imibonano mpuzabitsina.
Umukenyezi umwe kuri indwi, ni ukuvuga 14%, yavuze ko agifitiye umubabaro canke ishavu abandi kubera ivyo bamukoreye mu bijanye n'imibonano mpuzabitsina muri kahise.
Igitigiri nk'ico c'abagabo na co cavuze ko giterwa isoni na bimwe mu vyiyumviro canke ivyipfuzo vyabo bijanye n'igitsina.
Gutenyenya ku mibonano mpuzabitsina
Ubu bushakashatsi bwa kane bwa Natsal bwerekana ingene ibintu vyagiye birahinduka, ariko ntibushobora gusigura neza imvo zabitumye.
Ubwaheruka, bwakozwe mu 2010, bwerekanye ko kwihutira kugira imibonano mpuzabitsina ari co kintu urwaruka rwinshi rwicuza ku bijanye n'igihe rwabikora ubwa mbere.
Ubu, biboneka ko benshi bahitamwo kurindira igihe kirekire.
Hafi abakobwa babiri kuri batanu, ni ukuvuga ibice 38%, hamwe n'abahungu barenga umwe kuri bane, ni ukuvuga ibice 28%, bavuga ko batarigera bakora imibonano mpuzabitsina. Mu bushakashatsi bwo mu 1990, 2000 no mu 2010, bari hafi umwe kuri batanu.
Mu bakuze bagira imibonano mpuzabitsina, benshi basigaye bayigira gake. Kera bayigira rimwe mu ndwi, ariko ubu ni rimwe mu ndwi zibiri.
Ivyavuye muri ubwo bushakashatsi buheruka vyasohowe mu kinyamakuru c'ubuvuzi The Lancet. Bishingiye ku nyishu z'abantu 6.700 bafise imyaka iri hagati ya 16 na 59, batowe ata kurobanura, mu Bwongereza.
Ubwo bushakashatsi bwerekana ko:
- Abantu bakuze batatu kuri bane bagize imibonano mpuzabitsina mu mwaka uheze.
- Ku rugero, umuntu agira abo bagirana imibonano mpuzabitsina batanu mu buzima bwiwe.
- Ku rugero, abakenyezi bagira imibonano mpuzabitsina incuro imwe ku kwezi, abagabo na bo incuro zibiri.
- Abagabo n'abakenyezi bavuga ko bagize imibonano mpuzabitsina n'abo basangiye igitsina bariyongereye, ariko urugero rw'iryo yongerekana ntiruramenyekana neza.
Ntibikingira ariko benshi ntibashaka abana
Ibiharuro vyerekana ko Abongereza benshi, na cane cane urwaruka, bagira imibonano mpuzabitsina idakingiye, ishobora gutera imbanyi n'indwara zifatira mu bihimba vy'irondoka.
Ikoreshwa ry'ibinini vyo kwirinda gusama na ryo ryaragabanutse mu bakobwa n'abakenyezi bakiri bato.
N'ubwo biri uko, abakenyezi bavuga ko badashaka kuvyara bariyongereye incuro zibiri mu myaka cumi iheze. Mu bafise imyaka iri hagati ya 16 na 44, bavuye kuri 8% bashika kuri 17%.
Dr Laura Oakley wo muri London School of Hygiene & Tropical Medicine avuga ati: "Ubushakashatsi n'ingingo za reta bikwiye kwihutira kumenya ibituma ivyo bihinduka: nimba ari ingorane z'ubutunzi, impungenge z'ihindagurika ry'ibihe canke ihinduka ry'ivyo abantu bashira imbere mu buzima. Ivyo birahambaye kuko bigira ingaruka ku gutunganya ibijanye n'amagara y'abantu, ivyo kwitaho abanyagihugu, n'ibijanye n'ingo n'imiryango."














