Impfungwa y’umugore yibungenze yatorokanye imodoka y’ibohero muri Amerika

Ahavuye isanamu, New Mexico Corrections Department
Mu ntara ya New Mexico muri Amerika, umugore yibungenze yari apfunzwe yatorotse inyuma yo kwigarurira imodoka yari imusubije mw’ibohero avuye kwa muganga kwipimisha imbanyi yiwe, nk’uko urwego rujejwe amabohero muri iyo ntara rubivuga.
Rebecca Taylor w’imyaka 26 yigaruriye imodoka yo mu bwoko bwa Dodge Journey aca arayitorokana, igihe abari bamucungereye bari bahagaze kugira bagure ivyo kurya mu gisagara ca Albuquerque, nk’uko vyavuzwe n’ibinyamakuru vyo muri ako karere.
Urwego rujejwe amabohero muri New Mexico ruvuga ko iyo modoka hamwe n’impuzu z’impfungwa Taylor yari yambaye vyabonetse mu nyuma, ariko ko we akaba atabonetse.
Uru rwego ruvuga ko yari apfunzwe ku vyaha vyinshi birimwo ubusuma na rusenyanzugi.
Ibinyamakuru vyo muri ako karere vyatangaje ko hari n’iyindi mpfungwa y’umugore yari kumwe na Taylor, nayo nyene yari ivuye kwa muganga gupimisha imbanyi yayo, yashoboye gupiruka muri iyo modoka igihe Taylor yayigarurira ku wa gatatu.
Abajejwe amabohero batangaje ko inzego zitandukanye z’umutekano ziri mu gikorwa co guhiga Taylor.
Ikinyamakuru Albuquerque Journal kivuga ko imbanyi ya Taylor igeze mu gice ca kabiri. Umuvugizi w’urwego rujejwe amabohero, Brittany Roembach, yavuze ko ari co gituma atashizweko amapingu igihe bamutwara kwa muganga.
Yavuze ati: “Uko vyumvikana gushika ubu, hari umupolisi umwe yari kumwe n’iyo modoka, ariko ntiyari ayirimwo igihe ivyo vyaba.”
Amabohero yose yo muri New Mexico yaciye ashirwa mu bihe bidasanzwe inyuma y’itoroka rya Taylor, gusa iyo ngingo yarakuweho ku wa kane mu gitondo.
Ariko ibohero rya Western New Mexico Corrections Facility, aho yari apfungiwe, ribandanya riri mu bihe bidasanzwe, kandi nta bashitsi bakirwa muri iki gihe.
Abategetsi basavye abanyagihugu kudahirahira ngo begere Rebecca Taylor mu gihe boramuka bamubonye, ahubwo bace bihutira kumenyesha igipolisi.
Ayandi makuru ushobora gusoma:


