Igitero ku bwato bw'Uburusiya muri Libya coba kivuga iki ku ntambara yo muri Ukraine?

Ahavuye isanamu, UGC/State Security of Ukraine
- Umwanditsi, Frank Gardner
- Igikorwa, Umunyamakuru mu vyo umutekano
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Igihe bwari buhagaze ku kivuko co mu Kiyaga ca Mediterane ku birometero birenga 3.200 uvuye i Moscou, umudereva mukuru w'ubwato bw'intambara bw'Uburusiya bwitwa Merkury ashobora kuba yibaza ko butekanye, ko ata gitero cari gushobora kubushikira, ariko siko vyagenze.
Ico gitero c'ubutwari budasanzwe cakozwe mw'ijoro n'ingabo za Ukraine zifashanije n'urwego rw'igendereza (SBU) i Benghazi, cateje ikibazo kigaragara: ubwo intambara hagati ya Ukraine n'Uburusiya ntiyoba iriko irakwigira hanze y'imbibe za Ukraine?
Inyishu ni ego, kuko n'imbere y'iki gitero, iyo ntambara yari yatanguye gukwira ahandi. Ariko ico gikorwa Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yise "igikorwa c'akarorero" kirashobora gutuma ibintu birushiriza gukomera.
Mu gihe ata gahengwe buha Ukraine mu bitero vyabwo vy'urutavanako bukoresheje indege zitajamwo abadereva (drone) n'ibisasu vya misire kugira ngo bugondoze abanyagihugu bayo ngo bemere bamanike amaboko, Uburusiya buvuga ko ico gitero ari "igikorwa giteye impungenge gituma ibintu vyunyuka".
Ni igitero gikurikiye ikindi cikekwa ko cagabwe n'amadrone ya Ukraine ku bwato bw'Uburusiya butwara imizigo mu Kigobe ca Finlande mu mpera z'indwi iheze. Kremlin ( ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) yavuze ko ico cari igitero c'iterabwoba.
Imbere y'aho, amadrone ya Ukraine yari yarashe ikigo c'igitoro c'Uburusiya kiri ahitwa Ust-Luga ku nkengera z'Ikiyaga ca Baltique.
Bimwe mu bitero bikomeye cane vya Ukraine bikorwa n'izo ndege, ivyo Zelensky akunda kwita "ibihano bishika kure", vyashitse no ku bibanza biri kure cane y'imbibe za Ukraine n'Uburusiya, mbere no hagati muri Siberia.
Kimwe muri ibi ni ico bise Operation Spider's Web co mu mwaka uheze, carimwo ikamyo yahinduwe mu buryo bwihariye yageze hafi y'ikibuga c'indege z'intambara zirekura ibibombe vya nikleyeri vy'Uburusiya maze irekura amadrone menshi yikoreye ibiturika, yonona canke asambura indege nyinshi z'agaciro kanini.
End of podcast promotion
Ukraine yarakoze n'ibindi bitero muri Afrika, aho ingabo zayo zateye abarwanyi b'abacangero b'Uburusiya bo mu murwi wa Africa Corps, wasubiriye umurwi Wagner wagirizwa kuhonyanga uburenganzira bwa muntu incuro nyinshi.
Si Uburusiya bwonyene butewe ubwoba n'iki gitero ca vuba ku kivuko ca Benghazi. Ubutumwa bwa ONU muri Libya na bwo nyene bwagaragaje "impungenge zikomeye".
Abategetsi ba Libya bavuga ko igihugu cabo kitari mu ntambara iri hagati y'Uburusiya na Ukraine, naho ubwato Merkury hamwe n'ubundi bwato bwari butwaye imizigo bwatewe mu buseruko bwa Libya, agace kagenzurwa na Khalifa Haftar, uyu akaba ari intwazangabo isanzwe ari somambike n'Uburusiya.
Muri uno mwaka, Ishirahamwe Mpuzamakungu rishinzwe uruja n'uruza rwo mu mazi (IMO) ntiryahengeshanije kwiyamiriza ibitero vyose vyagabwa ku mato y'ubudandaji aca mu Muhora wa Hormuz, abakora mu bijanye kwunguruza ibintu mu mazi kw'isi yose bakaba bibaza nimba ico gitero kitoba kigiye gutanga akarorero kabi gashobora gutuma n'ahandi hagabwa ibitero nk'ivyo ku mato y'ubudandaji.
Nimba Ukraine ishobora gutegura no gushira mu ngiro igitero nk'iki ku mato y'Uburusiya ari ku kivuko gifatwa nk'ikitagira uruhande cegamiye kandi kiri kure cane, ikibazo ni iki: ivyo bizogarukira hehe?
Ingaruka mu bindi bihugu vya Buraya
Mu gihe hasigaye igihe gito ngo imyaka itanu ihere kuva Uburusiya butanguye intambara yabwo yeruye kuri Ukraine, iza yamaze gukwira no mu bindi bice vy'Uburayi.
Ku wa gatanu, ibisasu vyinshi vy'Uburusiya vyaguye muri Pologne, hirya cane nko ku bilometero 100 gusa uvuye ahabera imyimenyerezo rusangi y'ingabo z'Ubwongereza n'iz'Ubufaransa zitegurwa kuzorungikwa muri Ukraine mu gihe hoba amasezerano yo guhagarika intambara.
Umushikiranganji wa mbere wa Pologne Donald Tusk yavuze ko ako ari "agasotoro" kakozwe n'Uburusiya n'ibigirankana.
Si ubwa mbere ibisasu vy'Uburusiya biguye muri Pologne, ni ukuvuga mu karere ka OTAN, abakurikiranira hagufi ibintu bakavuga ko Uburusiya buriko buvogera n'ibigirankana imbibe za OTAN kugira ngo burabe ingene ivyifatamwo, bamwe bagasaba ko ifata ingingo ruhasha.
Ariko rero Uburusiya bumaze gufatirwa ibihano vyinshi n'ibihugu vy'Uburengero, aho Uburaya bumaze kugabanya igice kinini c'igitoro na gaze bwakura mu Burusiya, naho butabihagaritse vyose. Rero bituma inzira zo kwihora ivyo bihugu vyofata ziba nke cane, kiretse kwinjira mu ntambara, ivyo ata gihugu na kimwe gishaka.
Ibihugu vya Romania na Moldavie na vyo vyisanga biriko biraterwa n'amadrone y'Uburusiya avogera ikirere cavyo aja gutera ibivuko vya Ukraine ku Kiyaga Cirabura, mu gihe amato y'ubudandaji ya Bulgaria na Romania na yo yagiye aterwa n'amadrone yo mu mazi hafi y'inkengera zavyo mu Kiyaga Cirabura.
Muri Romania, umunywanyi wa OTAN, vyabaye ngombwa ko indege z'intambara zirungikwa mu bubangutsi kugira ngo zizibire amadrone y'Uburusiya avogera ikirere cayo, kandi atari mu buryo bw'impanuka, ahubwo ko bwayarungika n'ibigirankana.
Ibihugu bitatu vya Baltique, ari vyo Estonia, Lettonie na Lituanie, vyose bisangiye imbibe n'Uburusiya kandi vyose vyifata ko biri ku murongo w'imbere muri iyi ntambara.
Hagiye haba ibitero bitamenyekanye amamuko yavyo ku nganda za gisirikare muri ivyo bihugu, bigashirwa ku gatwe k'abantu bakorera Uburusiya.
Ku ruhande rwabwo, Uburusiya bwikeka ko Estonia ifasha Ukraine mu bitero vy'amadrone ku karere ka Baltique aciye mu kirere ca Estonia.
Ibitero vy'uruvangatirane
Intambara y'uruvangatirane si ikintu gishasha, ariko iriko yiyongera.
Iyi iba mu gihe uruhande rumwe rukoresha uburyo rwihishwa kandi bugoye kumenya neza uwuri inyuma yayo, nko mu gukora ibitero vyo kuri internet, guturira ibibanza bibikwamwo ibikoresho vya gisirikare, canke gukoresha amadrone, yaba aya maneko canke yikoreye ibiturika.
Mu gihe c'iremba giheze, ikibuga c'indege ca Leipzig-Halle mu Budagi, gikoreshwa mu gupakira imizigo ija muri Ukraine, caratewe n'amadrone atatu yari yikoreye ibiturika, ariko akaba yabonywe imbere y'uko akora ibara.
Hari n'ibindi vyabaye hirya no hino ku mugabane wa Buraya, aho ibiboho vyari vyikoreye ibiturika vyarungitswe mu bihugu bitandukanye, cane cane mu Budagi, muri Pologne no mu Bwongereza. Uburusiya burahakana uruhara rwabwo,














