Amatora mu Burundi 2027: 10 ni bo batanze ibisabwa kugira bitoze

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ikiringo co kwiyandikisha ku bipfuza kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora atetekanijwe mu mwaka uza mu Burundi caraye kirangiye. Abakandika cumi ni bobiiyandikishije.
Muri aba, harimwo batandatu baserukira imigambwe.Evariste Ndayishimiye aserukira CNDD-FDD, Abel Gashatsi aserukira UPRONA, Gabriel Banzawitonde aserukira APDR, Francis Rohero aserukira FPI-Ineza. Harimwo kandi Nestor Girukwishaka aserukira CNL na Valentin Kavakure aserukira umugambwe FPN-Imboneza .
Mu ba kandida biyandikishije ku giti cabo, harimwo Aloys Kamenyero, Patiri atakiri mu mabanga Abel Nduwimana, Dieudoné Nahimana hamwe na Agathon Rwasa yakuwe uburongozi bw’umugambwe CNL yari yatanguje mu 2018.
Si bwo bwa mbere Dieudoné Nahimana si bwo bwa mbere azoba yitoje, aho mu matora ya 2020 aherukamwo yaronse amajwi arenga gato 18.700, bivuga 0.43%
Eka na Agathon Rwasa si bwo bwa mbere yitoreza ico kibanza, buzoba bugize gatatu ariko buri gihe yamye avuga ko yibwe amajwi.
Inyuma y’indyane zadutse hagati y’umugambwe CNL mu 2022, vyagiye kurangira akuwe ku burongozi mu 2024, mw’ikoraniro kaminuza avuga ko ritakurikije amategeko. Yarashingishije urubanza ubu rugeze muri sentare ntahinyuzwa. Gutyo hari ibibaza ko kuba atarava icese muri CNL bishobora gutuma amategekoatamwemerera kwitoza nk'uwigenga. Ariko we yasiguye ko yayasomye agasanga birashoboka.
Hari benshi babona ko mu gihe yokwemererwa kwitoza, urukino ruzoba ruri hagati ya we na Perezida Evariste Ndayishimiye asanzwe arongoye igihugu, akaba yarashigikiwe n’iyindi migambwe 11.
Prosper Ntahorwamiye arongoye umurwi ujejwe amatora mu Burundi CENI, avuga ko umurwi ajejwe uzomenyesha abazoba bemerewe kuzokwitoza ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 27 Munyonyo (11) 2026.
Igice ca mbere c’aya matora gikegekanijwe ku wa 3 Rusama (5) 2027, hagashobora kuba igice ca kabiri ku wa 1 Ruheshi (1), mu gihe atawoshikana amajwi 50% mu gice ca mbere.
Ayandi makuru ushobora gusoma:




