Burundi: Igitera imiriro mu masoko kizomenyekana ryari?

Inama nkuru y'umutekano mu Burundi isaba reta gutegekanya agashimwe k'imiriyoni 500 z'amarundi kazohabwa umuntu azotanga amakuru y'ukuri ashobora gufasha kumenya abagira canke bagize uruhara mw'iturirwa ry'inyubako rusangi n'iz'ubudandaji.
Biri mw'itangazo iyo nama yasohe inyuma y'urukurikirane rw'imiriro imaze imisi yaduka mu masoko no mu bibanza vy'ubudandaji bitandukanye igatikiza ibitari bike.
Imiriro ya vuba yatumye abarundi batari bake bagira ubwoba n'amakenga, ni iyadutse kw'igenekerezo rya 21 Myandagaro (8) uwu mwaka wa 2026 mu nyubwa zibiri nini z'ubudandaji zo mu gisagara ca Bujumbura: "Galerie Ndayizamba" na "Le Parisien".
Mbere n'inyuma y'ivyo vyago, hari iyindi miriro yagiye yaduka mu bindi bibanza mu buryo bw'amayobera, harimwo isoko rya Kinindo mu gisagara ca Bujumbura nyene, n'ubwo ho abatabara bashoboye kuyizimya itaronona vyinshi.
Iyo miriro yatumye bamwe n'abandi mu Burundi bibaza cane ku coba kiyitera no ku kungene umutekano utunganijwe mu masoko no mu bibanza vy'ubudandaji muri iki gihugu.
Yamara, bisa nk'aho inama nkuru y'umutekano idafise inyishu itomoye ku nkomoko y'iyo miriro.
Itangazo ryasomwe na Alfred Innocent Museremu, umunyamabanga ntayegayezwa wayo, rigira riti: Inama nkuru y'umutekano imenyesha ko hataragera gutangaza nimba izo mpanuka z'umuriro ari amasanganya asanzwe, ubugizi bwa nabi canke ibindi bikorwa vy'iterabwoba".
Iyo nama yakoranye mu buryo bw'ihuta ku musi wa kane irongowe n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye kugira yige icokorwa.
Zimwe mu ngingo yafashe, ni uko reta yoshiraho "akoshamusyi k'imiriyoni 500 z'amafaranga y'amarundi", azohabwa "uwo wese azotanga amakuru y'ukuri kugira hafatwe abagize uruhara mw'iturirwa ry'inyubako rusangi n'iz'ubudandaji".
Reta isabwa kwihutira gushiraho ivyihutirwa kugira ayo mafaranga atangwe, na cane cane igashiraho "uburyo bwo gukingira abazoba batanze amakuru".
Itangazo ry'inama nkuru y'umutekano ntiritomora ukwo bizogenda hamwe hoboneka abantu benshi batanga amakuru. Ntirivuga nimba umwe wese yohabwa imiriyoni 500 ku giti ciwe canke bogabura izo nyene bose.
Gusa, rishimangira ko hokorwa ibishoboka vyose kugira " ntihagire abatanga amakuru y'ububeshi canke yo kugirira nabi abandi".
Muri uwu mwaka wa 2026, mu Burundi hamaze gusha amasoko n'ibibanza vy'ubudandaji bitari bike mu buryo gushika ubu busa n'ubw'amayobera.
Aha umuntu yovuga isoko rikuru rya Ngozi, isoko ry'imbaho ryo kw'I Jabe mu gisagara ca Bujumbura, isoko ryo mu Cibitoke (Cibitoke ca Rugombo), irya Kinama mu gisagara ca Bujumbura, ikibanza kidandarizwamwo imbaho impande y'isoko aho bita kwa Siyoni mu gisagara ca Bujumbura, "Galerie Ndayizamba" na "Le Parisien", hamwe rero n'isoko rya Kinindo.
"Galerie Ndayizamba" na "Le Parisien" zirafise ikintu zisangije. Ni zimwe mu nyubakwa z'ubudandaji zikomeye zavutse inyuma y'uko isoko rikuru rya Bujumbura rihiye mu 2013, ivyatumye abadandaza ibihumbi n'ibihumbi basigara mu kangaratete. Bamwe muri bo, bari baciye bimukira muri ivyo bibanza bishasha kugira babandanye imirimo yabo.
Ngo amagorwa ntasiga ayandi! Umuriro waraye usubiriye kubahekura.
Inama nkuru y'umutekano isaba reta y'Uburundi kuraba ingene ivyura abahuye n'ivyo vyago vy'umuriro biherutse kuba ariko "habanje gukorwa amatohoza y'ukuri kuri abo badandaza hamwe n'ivyo bahahombeye".
Itangazo ryayo ryongerako riti: "Ibanki nkuru y'igihugu, amabanki y'ubudandaji hamwe n'ibindi bigega vyo kuguranana bisabwe kwiga ingene hotangwa mu buryo budasanzwe ingurane zitavuna 'facilités exceptionnelles de financement' kugira abahuye n'ivyago banaguke".
Iyo nama nkuru y'umutekano yategetse ko habandanya amatohoza yimbitse kandi ashingiye ku buhinga, agakorerwa ahashoboka hose harimwo no ku bijanye na ba nyene ibibanza bigaragara ko umuriro uba waturutsemwo.
Isaba kandi ko umutekano utsimbatazwa mu bibanza birangurirwamwo imirimo y'ubudandaji, reta ikongerereza ubumenyi n'ubuhinga igipolisi kijejwe gukinga impanuka, hamwe n'uko amasoko yotunganywa gushasha.












