Menya bamwe mu banegura ubutegetsi bw'Urwanda impfu zabo zateye ibibazo n'amakenga

Robert Kabera yahoze ari umusirikare w'Urwanda, yambaye umupira w'imbeho n'inkofero bigomba kwirabura, ariko araba ahantu hatagaragara.
Insiguro y'isanamu, Robert Kabera, yahoze afise ipete rya Sergeant Major mu ngabo z'Urwanda, yiciwe muri Uganda mu ndwi iheze aciwe umutwe
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 9

Igandagurwa rya Robert Kabera, yahoze ari umusirikare w'Urwanda w'ipete rya Sergeant Major akaba kandi yakunda kunegura ubutegetsi bw'ico gihugu, riherutse kubera muri Uganda iyo yari yarahungiye, ryongeye kuvyura amakenga ku bijanye n'umutekano w'abanegura ubutegetsi bw'Urwanda baba mu mahanga.

Mu myaka iheze, impfu z'abantu bamwe bamwe banegura ubutegetsi bw'Urwanda canke bari baragaragaje icese ko batumvikana n'abategetsi b'ico gihugu, ziri mu zakurikiranywe cane n'amakungu.

Mu bihe bimwe bimwe, abategetsi b'Urwanda baratanze insiguro ku vyateye izo mpfu canke bagashikiriza ibiriko birakorwa. Yamara, imwe mu miryango iba yabuze hamwe n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, bagiye berekana amakenga ku nsiguro zaba zatanzwe mbere bagasaba ko hakorwa amatohoza yigenga.

Reta y'Urwanda yagiye ihakana ivy'uko yoba ifise uruhara mu mpfu z'abayinegura, igashimangira ko ivyo yagirizwa bidafise ivyemezo. Amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu akunze kugaragaza amakenga afatiye ku gipfungu kiba kirimwo n'ingene izo mpfu ziba zagenze.

Ng'aba bamwe mu banegura ubutegetsi bw'Urwanda bapfuye, urupfu rwabo rugateza ibibazo, impari canke hakaba ugusaba ko hakorwa ayandi matohoza atandukanye n'uko inzego zibijejwe ziba zabisobanuye.

Robert Kabera, mu 2026

Sergeant Robert, yari mu giteramo mu Rwanda, yambaye umwambaro wa gisirikare, inkofero y'igisirikare y'urwatsi rubisi, akaba afise micro mu kuboko kw'ibubamfu. (Ifoto mbarankuru)
Insiguro y'isanamu, Sergeant Robert yamenyekanye cane mu ndirimbo yaririmba ari wenyene canke akaririmbana n'abandi bo mu murwi wa RDF uzwi nka 'Army Jazz Band'

Robert Kabera yahoze ari umusirikare w'ipete rya Sergeant Major akaba n'umuririmvyi yamenyekanye cane mu murwi w'umuziki wo mu ngabo z'Urwanda (RDF). Yahora aba mu buhungiro muri Uganda kuva mu mwaka wa 2020, akaba yakunda gutunganya ibiganiro vya politike canke binegura ubutegetsi bw'Urwanda vyaca kuri shene yiwe yo kuri YouTube.

Kw'igenekerezo rya 17 Gitugutu (10), yatowe yagandaguwe yaciwe umutwe. Kandi umuryango wiwe umenyesha ko umutwe batari bwawutore. Vyabereye nko ku birometero 45 mu bumanuko bushira uburengero bw'umurwa mukuru Kampala.

Iri gandagurwa ryaravuzwe cane mu binyamakuru mpuzamakungu, ivyatumye bamwe n'abandi basubira kugira amakenga ku bijanye n'umutekano w'abanegura ubutegetsi bw'i Kigali baba mu buhungiro.

Umuvugizi w'igipolisi ca Uganda, Kituuma Rusoke, yavuze ko igipolisi c'ico gihugu catanguye amatohoza kuri urwo rupfu.

Kabera yari umwe mu bantu ba vuba banegura ubutegetsi bw'Urwanda ku mugaragaro, akaba yari amaze kwiyubakira urugero runini rw'abamukurikira ku mbuga ngurukanabumenyi no kuri YouTube.

Sergeant Robert yavuga ko yari anafitaniye isano na Jenerali Majoro Fred Rwigema ari mu batanguje urugamba rwiswe urwo kubohora Urwanda mu 1990, rwashikanye FPR/RPF ku butegetsi mu 1994.

Aimable Karasira, mu 2026

Aimable Karasira mu mwambaro wo mw'ibohero, yabanze ingumu y'ukuboko kw'iburyo, ariko araba ahantu hatazwi.

Aimable Karasira yahoze ari umwigisha wa Kaminuza y'Urwanda mu gisata c'ubuhinga bwa mudasobwa, akaba yasesangura ibibazo vy'imibano akaba n'uwanegura ubutegetsi bw'Urwanda. Yamenyekanye cane biciye ku mavidewo yakunda gutangaza ku mbuga ngurukanabumenyi na YouTube, aho kenshi yagaruka ku bijanye n'umuryango wiwe hamwe na jenoside yabaye mu 1994 no mu myaka yakurikiye.

Mu 2021, Karasira, yari yararokotse jenoside, yatawe muri yompi yagirizwa ivyaha bitari bike, harimwo ibijanye n'ivyo abategetsi bavuze ko ari ugukwegera abantu mu macakubiri no guhakana jenoside. Mu nyuma, yakatiwe igihano c'imyaka itanu y'umunyororo, mu gihe ubushikirizamanza bwabandanije kwunguruza urubanza ku bindi birego bimwe bimwe.

Muri Rusama (5) mu 2026, ku musi yagira arekurirweko kuko yari arangijeumunyororo yari yaciriwe, Karasira yatangajwe ko yapfuye. Urupfu rwiwe rwaravyuye impari mu Rwanda no hanze yarwo, aho abarwanira agateka ka zina muntu basavye ko hatangwa insiguro zitomoye ku vyerekeye ukuntu yapfuye.

Urwego rujejwe amabohero mu Rwanda (RCS) rwavuze ko Karasira yari yajanywe kwa muganga inyuma yo gufatwa ariko "anywa ingano irengeje igipimo cy'imiti ye y'uburwayi asanganywe".

Nta ruhande rwigenga rwakoze itohoza kuri ibi.

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch (HRW), ryavuze ko hari imvo zituma abantu bibaza ibibazo kuri urwo rupfu. Ryafatira ku bimenyetso rivuga ko ryari rifise vyerekana ko imyaka yamaze ari mu minwe y'inzego z'igihugu yahohoterwa, agaterwa ubwoba akongera agasinzikarizwa ubuzima.

Ivyo, Urwanda ruvyamirira kure.

HRWyasavye ko hakorwa amatohoza yigenga, aho yavuze ko reta itegerezwa kwerekana ukwo vyagenze.

Kubera iki urupfu rwiwe rwateye ibibazo?

Karasira yapfuye ku musi yari yitezwe ko arekurwa. Ivyo vyatumye abaharanira agateka ka zina muntu hamwe n'abasesanguzi b'ivya politike barushiriza kwibaza ibibazo. Urupfu rwiwe rwabaye kandi inyuma y'imyaka itari mike yari amaze afitaniye amatati na bamwe mu bategetsi kubera ivyiyumviro yagenda arashikiriza ku mugaragaro.

Kizito Mihigo, mu 2020

Kizito Mihigo yambaye ikoti yirabura, musi hariyo ishati igomba kwera, n'umugufu uriko umusaraba mw'izosi.

Kizito Mihigo yari umwe mu baririmvyi b'indirimbo mpimbazamana bari bazwi cane mu Rwanda. Yari azwi kandi ku butumwa bwiwe bwo kuremesha ubwiyunge inyuma ya jenoside yo mu 1994. Kubera ko ari umwe mu barokotse iyo jenoside, indirimbo ziwe zashimikira cane ku guharira/kubabarira, ubwiyunge hamwe n'ubumwe no gukira ibikomere.

Yatanguye kuja mu ngorane amaze gusohora ururirimbo "Igisobanuro cy'Urupfu", reta yafashe nk'uruteye kubiri n'insiguro itanga ku mugaragaro ku bijanye na jenoside. Mu 2014, yaratawe muri yompi. Mu 2015, yakatiwe gupfungwa imyaka 10 yagirijwe ivyaha birimwo kugerageza kugirira nabi Perezida w'Urwanda Paul Kagame no guhamagarira abanyagihugu kugarariza ubutegetsi.

Mu nyuma yararekuwe ku kigongwe c'umukuru w'igihugu.

Muri Ruhuhuma (2) mu 2020, igipolisi c'Urwanda catangaje ko Kizito Mihigo yapfuye yiyahuye. Vyavugwa ko indwi imwe imbere y'aho, yoba yari yafashwe n'abanyagihugu bemeza ko bamusanze ariko agerageza kujabuka umupaka yerekeza mu Burundi ari kumwe n'uwundi mugabo. Bivugwa ko abo banyagihugu baciye babashikiriza inzego z'Urwanda.

Kubera iki urupfu rwiwe rwateye ibibazo?

Kizito Mihigo yari umuririmvyi yari afise ijambo rikomeye kandi yari yubashwe mu Rwanda no hanze yarwo. Urupfu rwiwe ari mu minwe y'igipolisi, hamwe n'uko hari ukutumvikana hagati yiwe n'abategetsi ku bijanye n'amwe mu majambo yiwe, vyatumye amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu abandanya kwibaza ibibazo ku kuntu yapfuye, agasaba ko hakorwa amatohoza yigenga.

Patrick Karegeya, mu 2013

Patrick Karegea yambaye amarori n'ikositime y'utubara twera n'utwirabura.

Patrick Karegeya yahoze ari umukuru w'urwego rw'iperereza rw'Urwanda, w'ipete rya Koloneri, mu nyuma aza kuryamburwa n'urukiko rwa gisirikare mu Rwanda.

Yari mu banywanyi b'umuhari RPF (Rwandan Patriotic Front) bafashe ubutegetsi inyuma ya jenoside yo mu 1994. Yamaze imyaka irenga cumi agenda arashingwa amabanga atandukanye akomeye mu rwego rw'iperereza, imbere y'uko agirana amatati n'ubutegetsi bw'Urwanda, harimwo no gupfungwa. Yaratswe amwe mu mabanga, yagirizwa ivyaha bitandukanye.

Mu 2007 yahavuye ahungira muri Afrika y'Epfo, aho yahavuye aba umwe mu banegura cane ubutegetsi bw'Urwanda, bahavuye banashinga umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Urwanda witwa RNC (Rwanda National Congress), ukorera hanze y'Urwanda.

Ku wa 31 Kigarama (12) 2013, Karegeya yasanzwe yapfiriye mu cumba c'ihoteri mu gisagara ca Johannesburg. Urupfu rwiwe rwaravuzwe cane mu binyamakuru mpuzamakungu, kandi na rwo nyene ruri mu mpfu zavyuye amakenga ku bijanye n'umutekano w'abanegura ubutegetsi bw'Urwanda baba mu buhungiro.

Inyuma y'urwo rupfu, Perezida Kagame nta kintu kinini yakoze mu kwitandukanya n'ubu bwicanyi, mu gihe ahakana ku mugaragaro ko ata ruhara afise.

Haciye akanya, yabwiye ikoraniro ry'amasengesho i Kigali ati: "Ntuzagambanira u Rwanda ngo ubikire.

"Uwo ari we wese, n'ukiriho, bizamugaruka… Uwo ari we wese. Ni igihe gusa. Buri wese."

Mu 2019, inzego zibijejwe muri Afrika y'Epfo zafashe urupfu rwa Karegeya nk'ubwicanyi zongera zisohora umutahe wo guta muri yompi Abanyarwanda babiri, bikekwa kugira uruhara mw'iyicwa ryiwe. Gushika ubu ntibarafatwa.

Abdallah Seif Bamporiki, mu 2021

Abdallah Seif Bamporiki yari umwe mu banyapolitike bazwi cane batavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Urwanda, akaba n'umunywanyi w'umugambwe RNC. Yiciwe muri Afrika y'Epfo arashwe, mu 2021. Yari asanzwe ari impunzi muri ico gihugu.

Indwi imwe imbere y'ukwicwa kwiwe, Bamporiki yari yagaragaye arongoye igikorwa co kwibuka abarwanira impinduka mu Rwanda bishwe mu mihingo itandukanye y'isi.

Révocat Karemangingo, mu 2021

Umugabo yambaye ikoti yirabura ariko avugira muri mikoro. Ku ruhande n'inyuma yiwe hari abandi bantu, bamwe ntibaboneka neza.

Umudandaza w'umutunzi Révocat Karemangingo yatewe n'abantu bitwaje inkoho bamurasira hafi yo muhira iwe mu gisagara ca Maputo, muri Mozambique, muri Nyakanga (9) mu 2021. Karemangingo yarakunda kunegura Perezida w'Urwanda Paul Kagame ku mugaragaro. Reta y'Urwanda yavuze ko ata ruhara yagize muri ubwo bwicanyi.

Imbere y'uko yicwa, hari haciye igihe abariye igipolisi ca Mozambique ko hari hariho umugambi wo kumugandagura.

Révocat Karemangingo yahoze ari umusirikare w'ipete rya Lieutenant mu zahoze ari ingabo z'Urwanda (FAR) zo ku butegetsi bw'uwari Perezida w'Urwanda Juvénal Habyarimana.

Cassien Ntamuhanga, mu 2021

Umumenyeshamakuru Cassien Ntamuhanga yaburiwe irengero mu gisagara ca Maputo muri Rusama (5) mu 2021, inyuma y'uko afashwe n'igipolisi ca Mozambique.

Kuva ico gihe nta kiyambu ciwe. Hari ibihuha bivuga ko yoba yashikirijwe Urwanda, ariko rwo rurabihakana.

Anselme Mutuyimana, mu 2019

Ni umwe mu bahoze bakorana vya hafi na Victoire Ingabire, umunyapolitike arongoye umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Urwanda witwa DALFA-Umurinzi, utemewe n'ubutegetsi bw'Urwanda, ubu Ingabire akaba yarongeye gupfungwa mu 2025 yagirizwa ibirego birimwo kugira umugambi wo guhirika ubutegetsi bw'Urwanda, we akaba abihakana.

Ikiziga ca Mutuyimana, yari amaze amezi atandatu apfunguwe, catowe hafi y'ishamba rya Gishwati, mu burengero bw'Urwanda, muri Ntwarante (3)mu mwaka wa 2019.

Mu 2018, Mutuyimana yari yarekuwe ava mw'ibohero inyuma yo kurangiza igihano c'imyaka itandatu yari yaciriwe ku caha gifitaniye isano no guhamagarira abantu kuja mu migumuko, inyuma y'uko yari yitavye inama y'umugambwe FDU-Inkingi ico gihe wayoborwa na Victoire Ingabire.

Camir Nkurunziza, mu 2019

Umugabo yambaye ikoti yirabura, inyuma yiwe hari amazi n'inyubakwa nyinshi zitaboneka neza.

Camir Nkurunziza yahoze mu ngabo zicungera umukuru w'igihugu c'Urwanda. Yiciwe kw'ibarabara i Cape Town muri Afrika y'Epfo, muri Rusama (5) mu 2019.

Ico gihe, umwe mu bakuru ba RNC muri Cape Town hamwe n'igipolisi babwiye BBC Gahuzamiryango ko Nkurunziza yishwe ari ku mugoroba, mu kurasana kwabayeho hagati y'igipolisi hamwe n'abantu bamunyuruje bamuvanye mu modoka ikora taxi ya Uber yatwaraga.

Nkurunziza yahoze ari umunywanyi wa RNC, akaba yari amaze imyaka umunani ari impunzi muri Afrika y'Epfo.

Jean Damascène Habarugira, mu 2017

Uwo munyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Urwanda yabuzwe irengero inyuma y'amakuru yavuga ko yahamagawe n'umwe mu bajejwe umutekano ku rwego rw'ibanze mu Rwanda, mu karere yabamwo ka Ngoma mu buseruko bw'igihugu.

Inyuma y'imisi mikeya, abategetsi babwiye umuryango wa Habarugira kuja gutora ikiziga ciwe mu bitaro vya Nyamata mu karere ka Bugesera, gahana urubibe imbibe n'aka Ngoma. Reta y'Urwanda yagumye ihakana kugira uruhara muri urwo rupfu.

Théogène Turatsinze, mu 2012

Uyu yahoze arongoye Ibanki y'Iterambere y'Urwanda (BRD), akabogozwa kuri uwo mwanya mu 2007, ikiziga ciwe catowe mu ruzi ruri hafi y'igisagara ca Maputo muri Gitugutu (10) mu mwaka wa 2012, inyuma y'imisi mikeya abuzwe irengero.

Vyibazwa ko Théogène Turatsinze yari yahungiye muri Mozambique atwaye urutonde rwerekana amafaranga yagiye ararihwa mw'ibanga abategetsi bo hejuru muri reta y'Urwanda. Amwe mu makuru BBC itashoboye kugenzura avuga ko rwoba rwari urwandiko bitarekuwe ko ruja ahabona.

Charles Ingabire, mu 2011

Charles Ingabire yari umumenyeshamakuru. Ni we yari yatanguje urubuga rushikiriza amakuru rwitwa Inyenyeri News, rwakunda gutangaza amakuru anegura ubutegetsi bw'Urwanda.

Ingabire yishwe arashwe kw'itariki ya mbere Kigarama (12) mu 2011, hanze y'akabare ko ku nkengera y'umurwa mukuru Kampala wa Uganda.

Yaba muri Uganda nk'impunzi, inyuma yo guhunga Urwanda mu 2007 aho yari asanzwe ari umumenyeshamakuru.

André Kagwa Rwisereka, mu 2010

Uwo yari icegera c'umukuru w'umugambwe Democratic Green Party of Rwanda utavuga rumwe n'ubutegetsi mu Rwanda, yaba mu Rwanda, yishwe muri Mukakaro (7) mu 2010, hasigaye hafi ukwezi kumwe ngo habe amatora ya perezida yo muri uwo mwaka. Uwo mugambwe wari washinzwe umwaka umwe imbere yaho.

Ikiziga ciwe catowe umutwe waciwe usigaye gato cane ku gihimba ciwe, mu gishanga kiri ku birometero bikeya uvuye mu gisagara ca Butare, mu bumanuko bw'Urwanda. Casanzwe hafi y'ahari imodoka yiwe yari yasizwe aho ukwa yonyene, inyuma y'umusi aburiwe irengero.

Ico gihe, mu kiganiro n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, umuvugizi w'igipolisi c'Urwanda yavuze ko Rwisereka ashobora kuba yishwe n'abasuma, avuga ko abari bamubonye iryo joro bamubonanye amahera menshi.

Amatohoza yakozwe n'urwego rw'ubugenzacyaha mu Rwanda bivugwa ko atigeze atanga umuco usobanutse.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu avuga ko urupfu rwa Rwisereka rushobora kuba rwavuye ku mvo za politike.

Rwisereka yahoze ari umunywanyi ukomeye wa RPF akaba n'umunyemari. Uwo mugambwe musha yari arongoye ntiwabaye ugishobora kwiyandikisha mu matora ya perezida yo muri uwo mwaka.

Jean-Léonard Rugambage, mu 2010

Jean-Léonard Rugambage yari umwanditsi mukuru w'agateganyo w'ikinyamakuru Umuvugizi, catangaza inkuru zinegura ubutegetsi bw'Urwanda.

Yishwe arashwe muri Ruheshi (6) mu 2010, igihe yari atwaye imodoka yinjira mu rugo rwiwe mw'ijoro i Nyamirambo mu gisagara ca Kigali, inyuma gato yo gutangaza ku rubuga ngurukanabumenyi inkuru yavuga kw'igerageza ryo kwicira mu buhungiro muri Afrika y'Epfo uwahoze arongoye igisirikare c'Urwanda, Faustin Kayumba Nyamwasa, yahoze afise ipete rya Lieutenant Général mu ngabo z'Urwanda, akaza kuryamburwa n'urukiko rwa gisirikare mu Rwanda.

Amakuru avuga ko igihe yicwa, Rugambage yitegurira guhungira muri Uganda, inyuma yuko yari akomeje kwikeka ko hari abantu bamugenza aho agiye hose ndetse akakira n'amaterefone yo kumutera ubwoba.

Inyuma y'iyicwa ryiwe, abategetsi bataye muri yompi abantu babiri bikekwa kumwica. Ico gihe, uwari umushikiranganji w'umutekano mu gihugu yavugiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ko umwe muri abo babiri yemeye icaha. Mu nyuma bagiriwe n'icaha co kwica Rugambage. Gusa abamenyeshamakuru bagaragaje amakenga cane kuri iyo dosiye no kuri abo bantu babiri.