IKIBIRIRAHO, Harry Kane abaye Umwongereza wa mbere utsindiye Ballon d'Or nyuma y'imyaka 25

Harry Kane abaye Umwongereza wa mbere utsindiye igihembo cy’uwahize abandi mu mupira w’amaguru ku isi cya Ballon d’Or kuva Michael Owen agitsindiye mu mwaka wa 2001.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Ukraine: Hatanguye agahengwe mu gisagara casinzikajwe n'intambara, inyuma y'uko bitangajwe na Melania Trump

    Abaharanira uburenganiza bafise ivyapa biriko ivyivugo bitandukanye mu myiyerekano yo gushigikira abanyagihugu bo mu gisagara ca Oleshky, co muri Ukraine, kiri mu minwe y’Uburusiya.
    Insiguro y'isanamu, Uburusiya bwigaruriye Oleshky mu misi ya mbere y’intambara yeruye bwashoje kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022

    Agahengwe katanguye mu gisagara ca Oleshky co muri Ukraine kiri mu minwe y’Uburusiya, inyuma y’indwi gatangajwe n’umugore wa Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Melania Trump.

    Ako gahengwe gashizwe mu ngiro mu ntumbero yo kworohereza igikorwa co gushikana imfashanyo mu banyagihugu no kuvana abasivire muri ico gisagara.

    Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya, bubicishije ku rubuga rwa Telegram, bwatangaje ko bwahagaritse kurasa ku gisagara ca Kherson co muri Ukraine kiri hakurya y’uruzi ugereranije na Oleshky, isaha cumi z’igitondo ku masaha y’i Moscou (isaha icenda z’ubucagucagu zo mu Burundi no mu Rwanda), mu kwitegurira ibikorwa vyo gufasha no kugarukira ku bari mu kaga.

    Oleshky iherereye ku nkombe yo mu bumanuko y’uruzi Dnipro. Urwo ruzi ni rwo rugize umurongo utandukanya impande zirwana mu karere ka Kherson. Abanyagihugu bagumye muri ico gisagara bamaze igihe babayeho mu buzima bugoye cane, kubera kubura ibifungurwa n’ibindi vya nkenerwa.

    Dmytro Lubinets, umukuru w’igisata co mu nama nshingamateka ya Ukraine kijejwe agateka ka zina muntu, yemeje na we nyene ko ako gahengwe katanguye, nk’uko bigaragara mw’itangazo yashize ku mbuga ngurukanabumenyi.

    Yanditse kuri Facebook ati: “Ndi umukuru w’umurwi wa Ukraine ujejwe ibiganiro, ndemeza ko uruhande rwa Ukraine ruriko rurubahiriza ivyo rwiyemeje.”

    Uburusiya bwigaruriye Oleshky mu misi ya mbere y’intambara yeruye bwashoje kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022.

    Abanyagihugu baheze muri ico gisagara bagumye bugarijwe n’ingorane zo kuronka ibifungurwa bihagije, kubera bari hagati y’ibirindiro vya Ukraine biri hakurya y’uruzi Dnipro n’ingabo z’Uburusiya ziri hakuno.

    Imbere y’intambara, ico gisagara cari kirimwo abantu 24.000. Ubu, Ukraine igereranya ko muri co no mu micungararo yaco hasigaye abantu bagera ku 6.000, harimwo abana 200.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Harry Kane abaye Umwongereza wa mbere utsindiye Ballon d'Or nyuma y'imyaka 25

    Harry Kane arimo gusoma igihembo cya Ballon d'Or

    Harry Kane abaye Umwongereza wa mbere utsindiye igihembo cy’uwahize abandi mu mupira w’amaguru ku isi cya Ballon d’Or kuva Michael Owen agitsindiye mu mwaka wa 2001, igihembo yashyikirijwe mu birori byabereye i London ku wa mbere.

    Uyu rutahizamu w’imyaka 33 ukinira ikipe yaBayern Munich abaye Umwongereza wa gatanu muri rusange utsindiye icyo gihembo. Abandi Bongereza bagitsindiye ni Stanley Matthews mu 1956, Bobby Charlton mu 1966 na Kevin Keegan mu 1978 no mu 1979.

    Denis Law wo muri Scotland wagitsindiye mu 1964 na George Best wo muri Ireland ya Ruguru (Northern Ireland) wagitsindiye mu 1968 ni bo bandi bagitsindiye bo mu Bwami bw’Ubwongereza.

    Rutahizamu wa Real Madrid n’uw’Ubufaransa Kylian Mbappé yarangije ku mwanya wa kabiri, mu gihe Lamine Yamal wa Barcelona na Espagne yarangije ku mwanya wa gatatu.

    Kane yabwiye igitangazamakuru Dazn ati: “Si abantu benshi bari kubitekereza, ndetse wenda nanjye sinari no gutekereza ko nagera kure nk’aha.”

    “Byansabye kunyura mu bihe byiza n’ibibi, cyane cyane mu ntangiriro y’umwuga wanjye. Sinigeze na rimwe mba umuntu abantu batekerezaga ko yaba icyamamare cyane nkuko bamwe bameze ubu.”

    Alexia Putellas, ukinira London City Lionesses na Espagne, ni we watsindiye igihembo cya Ballon d’Or mu bagore.

    Kane yatsinze ibitego 61 mu mikino 51 ya ‘club’ mu mwaka ushize w’imikino, bikaba ari byo bya mbere byinshi umukinnyi wa Bayern atsinze mu mwaka umwe w’imikino. Ubariyemo n’imikino yakiniye Ubwongereza, ni ibitego 73 yatsinze – hamwe n’imipira umunani yatanze yavuyemo ibitego – mu mikino 65.

    Umukinnyi umwe wenyine wo muri 'club' yo muri shampiyona eshanu za mbere z’i Burayi ni we wigeze atsinda ibitego byinshi kuruta ibyo mu mwaka umwe w’imikino.

    Uyu kapiteni wa Three Lions – nkuko ikipe y’igihugu y’Ubwongereza yitwa – abaye umukinnyi wa mbere wa Bayern utsindiye Ballon d’Or kuva Karl-Heinz Rummenigge ayitsindiye mu mwaka wa 1981.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.