Mbappé yasavye imbabazi ku majambo 'atabereye' yavuze kuri Mao, inyuma y'ukwiyamirizwa mu Bushinwa

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kylian Mbappé yasavye imbabazi ku majambo “atabereye” yavuze ku wahoze ari umukuru w’igihugu w’Ubushinwa, Mao Zedong, yatumye kompanyi zikomeye zo muri ico gihugu zimuheba.
Bivugwa ko Mbappé yavugiye mu kiganiro co ku mboneshakure y’Abafaransa citwa The Bridge, ati: “ ‘meme’ intwenza kurusha izindi… ni imwe ya videwo ubonamwo umugabo, nibaza ko ari umunyagitugu w’Umushinwa...." Mbappé yaciye atwenga, maze iyo videwo ica ihagarara ku gicapo cerekana isura yiwe yageretswe kw’ifoto isa n’iya Mao.
Iyo ‘meme’ iri mu rukurikirane rw’izindi zikunda gukorwa ku bijanye n’umukinyi atera imbere mu mupira w’amaguru mu ntumbero yo gutwenza, aho uwo musatarizi wa Real Madrid n'Ubufaransa afatwa nk''umunyagitugu' kubera ububasha n’ijambo bikomeye afise mu mupira w’amaguru.
Mu butumwa yashize ahabona, Mbappé yagize ati: “Amajambo navuze ntiyari abereye, kandi ubu ndatahura ko yababaje abantu benshi mu Bushinwa, hamwe n’Abashinwa baba mu bindi bice vy’isi.”
Yongeyeko ati: “Ndasavye imbabazi uwo wese amajambo yanje yababaje.”
Shampiyona y’umupira w’amaguru muri Espagne, La Liga, na yo nyene yasavye imbabazi, ivuga ko yicuza cane "ibikomere amajambo ya Mbappé yateye ku bafana b’Abashinwa."
Ukwo gutebura ntikwakiriwe neza mu Bushinwa, aho Mao yubashwe cane n’Umugambwe w’aba ‘Communistes’ uri ku butegetsi, n’ubwo ubutegetsi bwiwe bwaranzwe n’umukazo watumye abantu amamiliyoni bahasiga ubuzima.
Hari abantu bake bagaragaje ko bashigikiye Mbappé ku mbuga ngurukanabumenyi zo mu Bushinwa. Ariko ico ni ikintu kidakunze gushika, kubera ko internet yo mu Bushinwa igenzurwa cane, kandi abantu bakaba bahatirwa kugendera ku murongo w’umugambwe n’uw’intwaro ku bibazo bifatwa nk’ibikomeye.
Izindi nkuru wosoma:

