Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yavuze ko amasezerano
y’ibanze agamije kurangiza intambara na Iran yegereje, inyuma y’aho atangarije
ko yahagaritse ibitero bishasha vyari bitegekanijwe kugabwa kuri ico gihugu.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru bari mu biro vy’umukuru w’igihugu (Bureau
ovale) ku wa kane, yagize ati: “Twarashitse ku masezerano meza cane yo
guhagarika intambara na Iran.”
N'ubwo biri uko, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire wa Iran, Esmail Baghaei,
yabwiye imboneshakure ya reta ko ayo makuru yerekeye amasezerano ari
“ivyiyumviro vy’ugukekeranya gusa” kandi ko “ata na kimwe kiratungana.”
No mu bihe vyaheze, Trump yarigeze kuvuga ko Amerika na Iran vyegereje gushika ku
masezerano yo guhagarika intambara.
Amasaha make imbere y’iri tangazo, yari yavuze ko Amerika igiye gusubira
gutera Iran “mu buryo bukomeye cane.”
Ku wa 28 Ruhuhuma (2), Amerika na Israel bagavye ibitero bikomeye kandi vyagutse mu
bice bitandukanye vya Iran.
Iran mu kwivuna, yateye Israel n’ibihugu vyo mu kigobe bicuditse na
Amerika, yongera irabuza canke iragabanya cane uruja n’uruza rw’amato muri Hormuz,
umuhora uhambaye cane kubera ari ho haca igice kitari gito c’igitoro na gaz bikoreshwa
kw’isi.
N’ubwo muri Ndamukiza (4) bari bumvikanye ku gahengwe, Amerika na Iran
bagiye barasana, aho muri iyi ndwi ho habaye ibitero bikomeye vy’ingere ku
yindi. Muri ico gihe nyene, Trump yagumye avuga ko hari amahirwe menshi yo
gushika ku masezerano na Iran.
Inyuma y’iri tangazo rya vuba rya Perezida Trump, igiciro c’igitoro mfatirwako
ariko kidahinguye kizwi nka ‘Brent crude’ caciye gikoroka gishika hafi ku
madorari 89 ku kagunguru, aho cagabanutse ku rugero rwa 4,4 kw’ijana kuri uwo
musi.