IKIBIRIRAHO, Amasezerano yo kurangiza intambara na Iran aregereje – Trump inyuma yo kwisubirako ku bitero

N’ubwo biri uko, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire wa Iran, Esmail Baghaei, yabwiye imboneshakure ya reta ko ayo makuru yerekeye amasezerano ari “ivyiyumviro vy’ugukekeranya gusa” kandi ko “ata na kimwe kiratungana.”

Incamake

Amasezerano yo kurangiza intambara na Iran aregereje – Trump inyuma yo kwisubirako ku bitero

Amakuru y'ikibiriraho

Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo

  1. Amasezerano yo kurangiza intambara na Iran aregereje – Trump inyuma yo kwisubirako ku bitero

    Perezida wa Amerika Donald Trump ariko aratanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru, mu biro vy’umukuru w’igihugu, Bureau ovale

    Ahavuye isanamu, EPA

    Insiguro y'isanamu, Si ubwa mbere Trump avuze ko Amerika na Iran begereje gushika ku masezerano yo kurangiza intambara

    Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yavuze ko amasezerano y’ibanze agamije kurangiza intambara na Iran yegereje, inyuma y’aho atangarije ko yahagaritse ibitero bishasha vyari bitegekanijwe kugabwa kuri ico gihugu.

    Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru bari mu biro vy’umukuru w’igihugu (Bureau ovale) ku wa kane, yagize ati: “Twarashitse ku masezerano meza cane yo guhagarika intambara na Iran.”

    N'ubwo biri uko, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire wa Iran, Esmail Baghaei, yabwiye imboneshakure ya reta ko ayo makuru yerekeye amasezerano ari “ivyiyumviro vy’ugukekeranya gusa” kandi ko “ata na kimwe kiratungana.”

    No mu bihe vyaheze, Trump yarigeze kuvuga ko Amerika na Iran vyegereje gushika ku masezerano yo guhagarika intambara.

    Amasaha make imbere y’iri tangazo, yari yavuze ko Amerika igiye gusubira gutera Iran “mu buryo bukomeye cane.”

    Ku wa 28 Ruhuhuma (2), Amerika na Israel bagavye ibitero bikomeye kandi vyagutse mu bice bitandukanye vya Iran.

    Iran mu kwivuna, yateye Israel n’ibihugu vyo mu kigobe bicuditse na Amerika, yongera irabuza canke iragabanya cane uruja n’uruza rw’amato muri Hormuz, umuhora uhambaye cane kubera ari ho haca igice kitari gito c’igitoro na gaz bikoreshwa kw’isi.

    N’ubwo muri Ndamukiza (4) bari bumvikanye ku gahengwe, Amerika na Iran bagiye barasana, aho muri iyi ndwi ho habaye ibitero bikomeye vy’ingere ku yindi. Muri ico gihe nyene, Trump yagumye avuga ko hari amahirwe menshi yo gushika ku masezerano na Iran.

    Inyuma y’iri tangazo rya vuba rya Perezida Trump, igiciro c’igitoro mfatirwako ariko kidahinguye kizwi nka ‘Brent crude’ caciye gikoroka gishika hafi ku madorari 89 ku kagunguru, aho cagabanutse ku rugero rwa 4,4 kw’ijana kuri uwo musi.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.