Yarakara aho ategerezwa gukara ahandi naho yarakunda gutera inkuru – Denise yibuka umugabo wiwe Pierre Nkurunziza yahoze arongoye Uburundi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uno musi imyaka itandatu irarumanye kuva Pierre Nkurunziza yahoze arongoye Uburundi apfuye.
Mu kumwibuka, umutambukanyi wiwe Denise Nkurunziza yashinze intahe abicishije muri videwo yatangaje ku rubuga rwa Facebook, aho agaruka ku buzima bwabo mu muryango, igihe Perezida Nkurunziza yari akiriho.
Denise Nkurunziza avuga ko umugabo wiwe yakunda rwose kwicarana n’umuryango harimwo n’abana bagatera inkuru.
Agira ati: “Burya yaranatwenza. Akadutera inkuru tukanezerwa.”
“Muri uwo mutima wa kivyeyi, yarakara aho ategerezwa gukara, mugabo ahandi naho yarakunda gutera inkuru abana.”
Perezida Pierre Nkurunziza yapfuye ari kuwa mbere itariki nk'iyi ya 8 Ruheshi mu mwaka wa 2020, inyuma y’umutaga. Inkuru yatangajwe bukeye bwaho, mw’itangazo rya reta ryavuga ko yahitanywe n'indwara yatumye umutima uhagarara.
Mu 2003 ni ho umuhari CNDD-FDD, wahoze urwanya ubutegetsi bw’ico gihe, washira umukono ku masezerano y’amahoro ya Arusha. Pierre Nkurunziza ni we yari awurongoye, aca agirwa umushikiranganji w'intwaro ibereye.
Igenekerezo rya 19 Myandagaro (8) mu 2005, yatowe ku rugero runini n'abari bagize inama nshingamateka, aca arahira ku wa 26 z'uko kwezi nyene, aba umukuru w'igihugu agira umunani w'Uburundi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu 2015, yitoreje ikiringo kigira gatatu, ingingo yateye impari n’intureka za politike ziciwemwo abantu, bituma amakungu afatira Uburundi ibihano. Inyuma y'umwaka wa 2020, vyarakuweho.
Itariki ya 8, reta y’Uburundi yahavuye iyigira umusi wahariwe kugunda igihugu, igasigura ko ari mu ntumbero yo gutsimbataza iragi Pierre Nkurunziza yasigiye igihugu.
Kuri uyu musi, mu butumwa yatangaje ku rubuga rwa X, Perezida Évariste Ndayishimiye yasavye indongozi kuba hafi abanyagihugu no kubabera "umuco umurikira ku mbonakazoza y'Uburundi".
Izindi nkuru wosoma:







