IKIBIRIRAHO, Igisirikare ca Israel cagavye ibitero vyo kwihora kuri Iran inyuma y'ibitero vya Iran mu buraruko bwa Israel

Israel igavye ibi bitero inyuma y'uko mw'ijoro ryakeye Iran ivuze ko ingabo zayo zagavye ibitero kuri Israël hakoreshejwe ama misire.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Isesangura: Umwitwarariko wa Trump ni uko Israel ishobora guhungabanya ibiganiro hagati ya Amerika na Iran

    Abajejwe umutekano n'abatabazi bo muri Israel bahagaze iruhande y'igice c'igisasu caguye hasi inyuma y'igitero ca misire cagabwe na Iran

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Ukurasana hagati ya Iran na Israel guteye umutima uhagaze Perezida Donald Trump muri iki gihe yipfuza cane gushika ku masezerano na Iran

    Ibitero vya Israel vyagabwe n’ubwo Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yari yasavye umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, kutihora, nk'uko vyihwezwa n'umunyamakuru mukuru wa BBC muri Amerika ya Ruguru, Sarah Smith.

    Trump yari asanzwe ashavujwe n'uko Netanyahu yirengagije akamo yari yamuteye ko kutagaba ibitero ku gisagara ca Beirut muri Libani.

    Igituma Trump afise umutima uhagaze ni uko ibikorwa vya Israel bishobora kuburabuza ibiganiro biriko biraba hagati ya Amerika na Iran.

    Umutegetsi umwe wo muri Amerika, asubirwamwo n'urubuga rw'amakuru Axios News, yavuze ko Trump yabwiye Netanyahu kurindira gato kuko, nk'uko yabivuze, "turi hafi yo gushika ku kintu ciza mu bijanye n'amasezerano".

    Mu ndwi iheze, abo bategetsi babiri bagiranye ikiganiro kuri terefone kirimwo ishavu ryinshi. Trump ntiyahakanye inkuru zivuga ko yakariye kandi agatuka Netanyahu kubera ukuntu Israel yongereje ibitero kuri Libani.

    Imbere y'aho, perezida wa Amerika yabwiye ikinyamakuru Financial Times co mu Bwongereza ko Netanyahu azobwirizwa kwemera amasezerano yose Amerika yoshikako na Iran kuko "ata yandi mahitamwo azoba afise".

    Avuga kuri Netanyahu, Trump yagize ati:

    "Ni jewe mfata ingingo zose. Si we afata ingingo."

    Trump yasubiriye kwumvikanisha ko Amerika na Iran bari hafi cane yo gushika ku masezerano.

    Ni ikintu amaze kuvuga incuro nyinshi, ariko gushika ubu nta masezerano arashikwako ku mugaragaro.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Kim n'umugore we bahaye ikaze Xi ubwo yari ageze muri Koreya ya Ruguru

    Kim Jong Un n'umugore we Ri Sol Ju bakoma amashyi ndetse bamwenyura. Barareba umuntu utaboneka mu ifoto. Inyuma n'iruhande rwabo hari abashinzwe umutekano bambaye amakositimu.

    Ahavuye isanamu, CCTV

    Umutegetsi wa Koreya ya Ruguru Kim Jong Un n’umugore we Ri Sol Ju bagaragaye baha ikaze Perezida w’Ubushinwa Xi Jinping ubwo yari ageze muri icyo gihugu.

    Amashusho yatangajwe n’igitangazamakuru CCTV cya leta y’Ubushinwa abagaragaza bakoma amashyi banamwenyura.

    Iyo videwo igaragaza umucyeka utukura urimo kuramburwa ndetse n’abasirikare ba Koreya ya Ruguru batonze umurongo ku mpande zombi zawo.

    Ayo mashusho y’igitangazamakuru CCTV ntarimo Xi n’abamuherekeje, nubwo ku ruhande ibiro ntaramakuru Xinhua byatangaje ko Kim na Xi bahanye ikiganza, ndetse ko n’abana bo muri Koreya ya Ruguru bahaye indabo Xi n’umugore we Peng Liyuan.

    Amakuru mashya ni bwo arimo kugenda amenyekana – ibitangazamakuru bya leta y’Ubushinwa n’ibya leta ya Koreya ya Ruguru ntibiratangaza ku mugaragaro ibyo abategetsi bombi barimo gukora ubu – ariko turabagezaho amakuru mashya uko tugenda tuyabona.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Ibiciro vy'igitoro vyaduze inyuma y'aho Iran irashe misire kuri Israel

    Ishusho mbarankuru igaragaza amaboko y'umuntu afise ipompo, kuri sitasiyo y'igitoro. Yambaye umupira w'amaboko maremare, w'icatsi kibisi.

    Ahavuye isanamu, Anadolu via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Kuva agahengwe kumvikanyweko muri Ndamukiza (4), ibiciro vy'igitoro, gaz n'ayandi masoko ntanganguvu, vyagiye biduga cane vyongera bimanuka

    Ibiciro vy'igitoro vyaduze mu gitondo co kuri uwu wa mbere muri Aziya, inyuma y'aho Iran igavye ibitero vya misire kuri Israel ku ncuro ya mbere kuva habaye agahengwe kagoyagoya kari kumvikanyweko hagati y'ivyo bihugu bibiri hamwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Ndamukiza (4) uyu mwaka.

    Igiciro c'igitoro co ku rwego mfatirwako kw’isi c'ubwoko bwa Brent, caduze ku rugero rwa 2,6%, gishika ku madorari 95,50 ya Amerika, ku kagunguru kamwe.

    Igitoro gicuruzwa muri Amerika caduze ku rugero rwa 2,5%, gishika ku madorari 92,75 ku kagunguru.

    Kuva agahengwe kumvikanyweko mu kwezi kwa kane, ibiciro vy'amasoko ntanganguvu – harimwo ibitoro na gaz – vyagiye biduga cane vyongera bimanuka.

    Mu ndwi iheze, ibiciro vyagumye bizunguruka hafi y'amadorari 95 ku kagunguru, mu gihe abadandaza bariko baragerageza gupima ingaruka z'igihe kirekire iyo ntambara ishobora kugira kw’itembera n’ihanahanwa ry’amasoko ntanganguvu kw’isi yose.

    Iyi ntambara yatanguye kw'itariki ya 28 Ruhuhuma (2), igihe Amerika na Israel vyagaba ibitero kuri Iran.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Xi Jinping yageze muri Koreya ya Ruguru guhura na Kim Jong Un mu ruzinduko rudakunze kubaho

    Indege iri ku kibuga itwara Perezida w'Ubushinwa, aha yari igeze muri Koreya ya Ruguru, nkuko byatangajwe n'ibiro ntaramakuru Xinhua bya leta y'Ubushinwa.

    Ahavuye isanamu, Xinhua News Agency

    Perezida w’Ubushinwa Xi Jinping yageze muri Koreya ya Ruguru, mu ruzinduko rwe rwa mbere muri icyo gihugu guhera mu mwaka wa 2019.

    Uruzinduko rwa Xi rukurikiye izindi nama yagiranye i Beijing, mu murwa mukuru w'Ubushinwa, mu bihe binyuranye, na Perezida w’Amerika Donald Trump na Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin mu kwezi gushize kwa Gicurasi.

    Kureka ibisasu kirimbuzi bya nikleyeri, umubano n’Amerika hamwe n’amakimbirane hagati ya Koreya zombi ni ingingo zishobora kuganirwaho hagati ya Xi na Kim.

    Minisitiri w’ububanyi n’amahanga w’Ubushinwa Wang Yi yagiriye uruzinduko i Pyongyang, umurwa mukuru wa Koreya ya Ruguru, muri Mata (4) uyu mwaka. Muri urwo ruzinduko, Kim yagaragaje ubushake bwo kunoza itumanaho hagati ya Koreya ya Ruguru n'Ubushinwa.

    Umunyamakuru wa BBC mu Bushinwa Laura Bicker avuga ko uru ruzinduko rwa Xi rubaye mu gihe Beijing igerageza kongera gushimangira kugira ijambo kuri uyu mufatanyabikorwa wayo w’ingenzi cyane ariko ukunze guhindagurika cyane, warushijeho kwegera Uburusiya.

    Uvuye ibumoso ujya iburyo: Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin, Perezida w'Ubushinwa Xi Jinping n'umutegetsi wa Koreya ya Ruguru Kim Jong Un, barahagararanye, bambaye amakositimu yijimye. Putin na Kim barareba ku mpande, mu gihe Xi areba imbere.

    Ahavuye isanamu, POOL / AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Kim (iburyo) na Xi (hagati) baherukaga guhura muri Nzeri (9) mu 2025, ubwo Kim yasuraga Ubushinwa mu birori by'akarasisi ka gisirikare ko kwizihiza isabukuru y'imyaka 80 yari ishize intambara ya kabiri y'isi irangiye, byanitabiriwe na Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin (ibumoso)

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Nta burere bubamwo abasivire bwo muri Tehran bwatewe - Ibinyamakuru vyo muri Iran

    Abantu banshi bari mu myiyerekano muri Iran. Imbere yabo hari umugore yadugije mu kirere ibendera rya Iran n'iry Hezbollah, umuhari wo muri Libani ufise uruhara mu vya politike no mu vya gisirikare, ukaba ushigikiwe na Iran.

    Ahavuye isanamu, AFP

    Insiguro y'isanamu, Gushika ubu, ivyononekaye ntibiramenyekana

    Ibimenyeshamakuru vyo muri Iran bivuga ko ata bibanza bibamwo abasivire ku murwa mukuru Tehran vyarashwe mu bitero Israël yagavye ku bice vyo hagati no mu burengero bwa Iran.

    Vyisunze amakuru yatanzwe n'urwego rujejwe kuzimya umuriro i Tehran, ivyo binyamakuru bivuga ko humvikanye n'imiburiburi ibiturika bibiri mu bice vy'uburengero bw'umurwa mukuru wa Iran mu masaha ya kare yo kuri uyu wa mbere.

    Nk’uko twabibashikirije mu mwanya uheze, ukundi guturika kwumvikanye mu bisagara vya Tabriz na Isfahan, hamwe no mu micungararo y'igisagara ca Karaj.

    Urugero rw'ivyononekaye kubera ivyo bitero ntiruramenyekana.

    Babicishije mu binyamakuru vya reta, abategetsi bo mu ntara ya Isfahan bavuze ko ata bantu bahasize ubuzima canke ngo bakomereke.

    Nta yandi makuru arashikirizwa ku vyabaye ku bundi burere.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Igisirikare ca Israel cagavye ibitero vyo kwihora kuri Iran inyuma y'ibitero vya Iran mu buraruko bwa Israel

    Umurongo w'igisasu mu kirere ca Israel mw'ijoro, hejuru y'inyubakwa nyinshi ziriko amatara

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Ifoto mbarankuru yo mu bubiko igaragaza ikirere ca Israel

    Tereviziyo ya reta ya Iran imenyesha ko habaye uguturika mu bisagara bitatu vy’ico gihugu, inyuma y'aho Israël itangarije ko indege zayo z'intambara zagavye ibitero ku bigo vya gisirikare biri hagati no mu burengero bwa Iran.

    Tereviziyo ya reta yanditse ku rubuga rwa Telegram iti: "Humviswe ibiturika vyinshi muri Tehran, i Tabriz no muri Isfahan."

    Amakuru kandi avuga ko ibiturika vyumvikanye hafi y'igisagara ca Karaj, kiri hagati mu gihugu.

    Mw’ijoro ryakeye, ishami rya gisirikare rijejwe gukingira ubutegetsi bwa kiislam muri Iran, IRGC, ryari ryatangaje ko ingabo z’ico gihugu zagavye ibitero kuri Israël hakoreshejwe ama misire.

    Iryo tangazo ryagira riti: “Ibisata vyacu bijejwe misire na drones vyagavye igitero gikomeye, categuwe neza kandi cashizwe mu ngiro n’imigwi itandukanye ikoreye hamwe, catumberejwe ku bice nyamukuru vy’ibisagara vyo mu buraruko bwa Israël."

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.