Isesangura: Umwitwarariko wa Trump ni uko Israel ishobora guhungabanya ibiganiro hagati ya Amerika na Iran

Ahavuye isanamu, Reuters
Ibitero vya Israel vyagabwe n’ubwo Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yari yasavye umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, kutihora, nk'uko vyihwezwa n'umunyamakuru mukuru wa BBC muri Amerika ya Ruguru, Sarah Smith.
Trump yari asanzwe ashavujwe n'uko Netanyahu yirengagije akamo yari yamuteye ko kutagaba ibitero ku gisagara ca Beirut muri Libani.
Igituma Trump afise umutima uhagaze ni uko ibikorwa vya Israel bishobora kuburabuza ibiganiro biriko biraba hagati ya Amerika na Iran.
Umutegetsi umwe wo muri Amerika, asubirwamwo n'urubuga rw'amakuru Axios News, yavuze ko Trump yabwiye Netanyahu kurindira gato kuko, nk'uko yabivuze, "turi hafi yo gushika ku kintu ciza mu bijanye n'amasezerano".
Mu ndwi iheze, abo bategetsi babiri bagiranye ikiganiro kuri terefone kirimwo ishavu ryinshi. Trump ntiyahakanye inkuru zivuga ko yakariye kandi agatuka Netanyahu kubera ukuntu Israel yongereje ibitero kuri Libani.
Imbere y'aho, perezida wa Amerika yabwiye ikinyamakuru Financial Times co mu Bwongereza ko Netanyahu azobwirizwa kwemera amasezerano yose Amerika yoshikako na Iran kuko "ata yandi mahitamwo azoba afise".
Avuga kuri Netanyahu, Trump yagize ati:
"Ni jewe mfata ingingo zose. Si we afata ingingo."
Trump yasubiriye kwumvikanisha ko Amerika na Iran bari hafi cane yo gushika ku masezerano.
Ni ikintu amaze kuvuga incuro nyinshi, ariko gushika ubu nta masezerano arashikwako ku mugaragaro.
Izindi nkuru wosoma:






