Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO , Ubwato bw’intambara bw’Uburusiya bwononekaye cane mu gitero bikekwa ko cakozwe na drone muri Libya

Abategetsi ba Libya ntibavuga uwoba ari inyuma y’ico gitero, ariko amakuru avuga ko abahinga ba Ukraine mu vy'amadrone bariko bakorera mu buseruko bwa Libya.

Incamake

  • Amatora mu Burundi 2027: 10 ni bo batanze ibisabwa kugira bitoze
  • FBI mu iperereza ku gitero cy'ikoranabuhanga cyagabwe ahabikwa amakuru y'abakekwaho ibyaha
  • Minisitiri w'intebe w'Ubwongereza yemeza ko amasezerano na EU ashobora gutuma imyaka 10 iri imbere irushaho kuba myiza
  • Ubwato bw'intambara bw'Uburusiya bwononekaye cane mu gitero bikekwa ko cakozwe na drone muri Libya

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Anne-Marie Niwemwiza

  1. Trump: Iran yarekuye amadrone n’amamisire menshi kuruta ikindi gihe cose mu ndwi imwe kiringo c'umwaka

    Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko mu ndwi iheze Iran yarekuye indege zitajamwo abadereva (drone) n’ibisasu vya misire vyinshi kuruta ikindi gihe cose muri uno mwaka kuva intambara itanguye.

    Trump ntiyerekanye icegeranyo yisunze mu kuvuga ibi, ariko yavuze ko ukwiyongera kw’ivyo bitero bifitaniye isano n’intsinzi y’umugambwe w’Abademokarate mu matora y’abashingamateka n’abakenguzamateka aheruka muri Amerika.

    Yagize ati: “Ubwa mbere, naravuze ko mu gihe umugambwe w’Abademokarate woramuka utsinze amasoko y’imigabane azoca amanuka, kandi vyarabaye. Ubwa kabiri, naravuze ko Repubulika ya Kisilamu ya Irani – gushika ubu imaze kwica abantu 81.000 bari mu myiyerekano – yoca yongereza ibitero vyayo, kandi na vyo nyene vyarabaye.”

    Perezida Trump yongeyeko ati: “Mu ndwi iheze, Iran yagomoye amadrone irasa n’ibisasu vya misire vyinshi kuruta ikindi gihe cose, mu kiringo kirenga umwaka kuva intambara itanguye.

    “Ariko ntimusimbwe n’umutima, vyose vyasamiwe mu kirere birasamburwa ataco vyononye”.

    Trump avuga ko impamvu ari uko “abategetsi ba Iran babona ko Abademokarate bafise intege nke, badafise ubushobozi kandi bariko baronona igihugu, ariko sinzoreka ngo ivyo bibe!”

    Yongerako ati: “Abademokarate na Iran baragerageje uko bashoboye kwose kugumiza igiciro c’igitoro hejuru. Ariko kuva amatora abaye, igiciro c’igitoro caragabanutse gushika ku rugero rutari bwigere rubaho. Birababaje kubona abatoye batabimenye imbere yo gutora, ariko ayo matora yose yari ‘amayobera’.

    “Impera n’imperuka, Amerika izotsinda!”

    Yavuze aya majambo inyuma y’akanya gato uwundi mukandida w’Umudemokarate atsindiye intebe y’abashingamateka muri Caroline du Nord, ivyatumye umugambwe w’Abademokarate ushikana intebe 258 mu nama nshingamateka.

    Ni ntsinzi izotuma Abademokarate bashobora gukoresha ububasha bwabo mu guhangana na Trump mu myaka ibiri isigaye y’ikiringo ciwe kigira kabiri.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  2. Amatora mu Burundi 2027: 10 ni bo batanze ibisabwa kugira bitoze

    Ikiringo co kwiyandikisha ku bipfuza kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora atetekanijwe mu mwaka uza mu Burundi caraye kirangiye. Abakandika cumi ni bobiiyandikishije.

    Muri aba, harimwo batandatu baserukira imigambwe.Evariste Ndayishimiye aserukira CNDD-FDD, Abel Gashatsi aserukira UPRONA, Gabriel Banzawitonde aserukira APDR, Francis Rohero aserukira FPI-Ineza. Harimwo kandi Nestor Girukwishaka aserukira CNL na Valentin Kavakure aserukira umugambwe FPN-Imboneza .

    Mu ba kandida biyandikishije ku giti cabo, harimwo Aloys Kamenyero, Patiri atakiri mu mabanga Abel Nduwimana, Dieudoné Nahimana hamwe na Agathon Rwasa yakuwe uburongozi bw’umugambwe CNL yari yatanguje mu 2018.

    Si bwo bwa mbere Dieudoné Nahimana si bwo bwa mbere azoba yitoje, aho mu matora ya 2020 aherukamwo yaronse amajwi arenga gato 18.700, bivuga 0.43%

    Eka na Agathon Rwasa si bwo bwa mbere yitoreza ico kibanza, buzoba bugize gatatu ariko buri gihe yamye avuga ko yibwe amajwi.

    Inyuma y’indyane zadutse hagati y’umugambwe CNL mu 2022, vyagiye kurangira akuwe ku burongozi mu 2024, mw’ikoraniro kaminuza avuga ko ritakurikije amategeko. Yarashingishije urubanza ubu rugeze muri sentare ntahinyuzwa. Gutyo hari ibibaza ko kuba atarava icese muri CNL bishobora gutuma amategekoatamwemerera kwitoza nk'uwigenga. Ariko we yasiguye ko yayasomye agasanga birashoboka.

    Hari benshi babona ko mu gihe yokwemererwa kwitoza, urukino ruzoba ruri hagati ya we na Perezida Evariste Ndayishimiye asanzwe arongoye igihugu, akaba yarashigikiwe n’iyindi migambwe 11.

    Prosper Ntahorwamiye arongoye umurwi ujejwe amatora mu Burundi CENI, avuga ko umurwi ajejwe uzomenyesha abazoba bemerewe kuzokwitoza ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 27 Munyonyo (11) 2026.

    Igice ca mbere c’aya matora gikegekanijwe ku wa 3 Rusama (5) 2027, hagashobora kuba igice ca kabiri ku wa 1 Ruheshi (1), mu gihe atawoshikana amajwi 50% mu gice ca mbere.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  3. FBI mu iperereza ku gitero cy’ikoranabuhanga cyagabwe ahabikwa amakuru y’abakekwaho ibyaha

    FBI irimo gukora iperereza ku makuru avuga ko ububiko-shingiro bwayo bw’amakuru y’abakekwaho ibyaha n’ibyemezo byo kubata muri yombi bwaba bwarinjiriwe n’abagizi ba nabi bo mu ikoranabuhanga, nk’uko ibitangazamakuru byo muri Amerika bibitangaza.

    Ububiko-shingiro bwitwa National Crime Information Center (NCIC) bukoreshwa n’inzego z’umutekano za leta n’iz’ibanze muri Amerika mu guhanahana amakuru ajyanye n’impapuro zo guta muri yombi abantu ndetse no kugenzura amakuru yabo y’ibanze.

    BBC yagerageje kuvugisha FBI, ariko ntirayisubiza.

    Abajijwe kuri iki kibazo mu kiganiro cya Fox News ku wa gatandatu, Perezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko ari bwo yabyumva.

    Yagize ati: "Ibyo mbyumvise ubu ngubu. Icyo navuga ni uko atari ibintu byiza. Sinabyishimiye."

    Yongeyeho ati: "Ariko bishobora kudufasha kumenya ibintu tutari kuzamenya mu bundi buryo."

    Aya makuru aje nyuma y’uruhererekane rw’ibibazo by’imikorere y’ikoranabuhanga byibasiye amabanki, urwego rugenzura ingendo z’indege n’izindi serivisi muri Amerika mu cyumweru gishize.

    Abayobozi bavuze ko ibyo bibazo bitatewe n’ibitero by’ikoranabuhanga, ariko byatumye abagize Inteko Ishinga Amategeko batangira kubigenzura byimbitse.

    Muri iki cyumweru kandi, umuyobozi ushinzwe umutekano wo mu rwego rw’ikoranabuhanga muri White House, Sean Cairncross, yirukanywe ku kazi, aho Trump yavuze ko atakoraga neza inshingano ze.

    Muri Nzeri, FBI yatangaje ko iri gukora iperereza ku gitero cy’ikoranabuhanga cyaba cyaragabwe n’itsinda ry’abajura bo kuri internet rizwi nka ShinyHunters, ryavugaga ko ryibye amakuru y’ibanga y’abakozi ba FBI 38,000.

    Nyuma y’icyo gitero, umwe mu bahoze ari abakozi ba FBI yabwiye BBC ko ahangayikishijwe n’umutekano w’abakozi bakiri muri urwo rwego, kuko amakuru yabo bwite ashobora gushyirwa kuri internet maze akagerwaho n’abagizi ba nabi cyangwa abakora ubutasi ku nyungu z’ibihugu by’amahanga.

    Mu yindi nkuru ifitanye isano n’iki kibazo, televiziyo NBC yatangaje ko na Minisiteri y’Ubuhinzi ya Amerika (USDA) yaba yaribasiwe n’igitero cy’ikoranabuhanga.

    Nk’uko NBC ibivuga, abakozi b’iyo minisiteri babwiwe ku wa kane ko sisiteme ikoreshwa mu kwishyura inkunga z’abahinzi yibasiwe n’abajura bo mu ikoranabuhanga.

    USDA na yo, ntiragira icyo itangaza ku mugaragaro kuri ayo makuru.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza yemeza ko amasezerano na EU ashobora gutuma imyaka 10 iri imbere irushaho kuba myiza

    Minisitiri w’Intebe Andy Burnham byitezwe ko ajya gusobanurira Inteko Ishinga Amategeko kuri uyu wa mbere, uko amasezerano yise "ay’amateka" yagiranye n’umuryango w’Ubumwe bw’Uurayi (EU) atanga icyizere gifatika ko imyaka icumi iri imbere ishobora kuzaruta cyane iyabanje.

    Burnham yagize ati: "Ubushobozi bwo guca umurongo ku myaka icumi yaranzwe no kudatera imbere no kwicamo ibice buri mu maboko yacu, kandi nemera ko dukwiriye kubikora."

    Aranasobanura kandi ko ayo masezerano ari yo ngamba ikomeye kurusha izindi zose zo kuzamura ubukungu yashyizweho muri manda y’iyi Nteko, kuko ashobora kongerera ubukungu bw’Ubwongereza miliyari 17 z’amapawundi.

    Ku wa gatanu, Burnham yavuze ko ayo masezerano ari inyungu ku mpande zombi mu bijyanye no kohereza ibiribwa mu mahanga, ubucuruzi bw'uburenganzira bwo kohereza imyuka ihumanya ikirere na gahunda zifasha urubyiruko kwimenyereza imirimo no kubona uburambe mu kazi.

    Yunzemo avuga ko, uyu ari umwanya Mwiza wo kugaragaza ko ari amahitamo hagati yo kugabanya igitutu cy’ibiciro by’imibereho cyangwa kurekera ibiciro by’ibiribwa bigakomeza kuzamuka, ndetse no guhanga amahirwe ku rubyiruko cyangwa kuyarwima.

    Avuga ko ubushakashatsi bw’ibitekerezo by’abaturage bwerekana ko abongereza bashaka umubano wa hafi na EU, kandi ko ayo masezerano ari cyo gisubizo kuri icyo cyifuzo.

    Cyakora ibyo binengwa n’abatavuga rumwe na we.

    Umuyobozi w’Ishyaka ry’Aba-Conservatives, Kemi Badenoch, yavuze ko ayo masezerano arenganya abahinzi b’Ubwongereza kuko bazasabwa gukurikiza amabwiriza afatirwa i Brussels.

    Ku rundi ruhande, umuyobozi wa Reform UK (ishyaka riharanira ivugururwa ry'Ubwongereza) , Nigel Farage, yavuze ko ayo masezerano ari "intsinzi cyane kuri EU", yongeraho ati: "uyu ni umunsi mwiza wo gusuzuguza igihugu rukumbi cyagize ubutwari bwo kuvuga ko kidakeneye kuba muri uwo muryango kandi gishobora kwiyobora ubwacyo."

    Theresa May, wayoboye ibiganiro bya Brexit imyaka itatu akiri ku butegetsi, yavuze ko ayo masezerano yamutunguye cyane kandi asaba Burnham kureba ibindi bibazo akemura aho gukomeza gutsimbarara kuri Brexit.

    Tony Blair we yabwiye ikinyamakuru The Sunday Times ko Ubwongereza bwakongera kwinjira muri EU gusa, ari uko uwo muryango ubanje kuvugururwa kandi ugatanga umwanya munini ku guhanga udushya mu ikoranabuhanga.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Ubwato bw’intambara bw’Uburusiya bwononekaye cane mu gitero bikekwa ko cakozwe na drone muri Libya

    Ubwato bw’intambara bw’Uburusiya bwari buhagaze ku kivuko ca Benghazi mu buseruko bwa Libya bwononekaye cane mu gitero abategetsi bavuga ko gishobora kuba cakozwe n’indege itajamwo umudereva (drone).

    Reta igenzura ubuseruko bwa Libya yatangaje ko ibiturika vyumvikanye ejo ku wa Mungu ku bwato bw’Uburusiya bwari ku kigo c’ingabo zo mu mazi hafi ya Benghazi. Amafoto yafashwe n’ibigendajuru yerekana ko ubwo bwato bwahengamye cane kandi buri hafi yo kwibira, hasigaye igice c’imbere gusa kigaragara hejuru y’amazi.

    Ubwo bwato bwamenyekanye kw’izina rya Merkury, Ubwato buto bw’intambara bufitaniye isano n’amato y’intambara y’Uburusiya akorera mu Kiyaga Cirabura. Abategetsi ba Libya bavuga ko bwari bwahagaze i Benghazi kugira bunywe igitoro bwongere bupakire imizigo hanyuma busubire mu Burusiya.

    Abategetsi bakeka ko muri ico gitero hakoreshejwe amadrone yo mu mazi yari atekeye ibiturika, ariko nta ruhande na rumwe ruraciyitirira. Uburusiya na bwo nyene ntiburagira ico bubivugako.

    Amakuru ava mu buvuzi avuga ko ata wapfuye muri ico gitero, ariko ko abantu nka 10 bahakomerekeye.

    Mu kindi gitero cabaye ejo nyene, ubwato bw’ubudandaji bufise ibendera rya Malte na bwo bwaratewe hafi y’inkombe za Benghazi. Abategetsi bavuga ko abasare bose barokowe n’ingabo za Libya zirwanira mu mazi.

    Ibinyamakuru vyo muri Libya vyavuze ko inzego z’umutekano zasamiye mu kirere amadrone ashika 12 yari atekeye ibiturika hejuru ya Benghazi mu gihe haba ivyo bitero.

    Ubutegetsi bwo mu buseruko bwa Libya bwateye ivyatsi ivyo bitero, ivuga ko bihonyanga ubugusire n’umutekano wo mu mazi vy’ico gihugu, bushimangira kandi ko Libya idakwiye guhinduka urwasiro rw’intambara mvamahanga.

    Abategetsi kandi bashimangira ko Libya ata ruhande urwo ari rwo rwose yegamiye mu ntambara hagati y’Uburusiya na Ukraine.

    Ntibatangaje uwoba ari inyuma y’ivyo bitero, ariko amakuru avuga ko abahinga ba Ukraine mu gukoresha no kuyobora amadrone bariko bakorera mu buseruko bwa Libya.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  6. Mwaramutse.

    Kaze dutangurane ino ndwi tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.