‘Mazutu, mazutu, mazutu’ Trump asaba ashimitse Zelensky kureka ibitero ku nganda z’igitoro z’uburusiya-ibinyamakuru
Ikinyamakuru Financial Times co mu Bwongereza hamwe na Axios co muri Amerika, bisubiramwo amasoko yabibwiye ko, mu kiganiro co kuri terefone Donald Trump na Volodymyr Zelensky bagiranye ejo ku wa 20 Nyakanga (9), umukuru w’igihugu ca Amerika yasavye ashimitse Ukraine guhagarika ibitero vyayo ku nganda z’Uburusiya zitunganya igitoro.
Abategetsi ba Amerika na Ukraine ntibaragira ico batangaje kuri ano makuru.
Perezida Zelensky wa Ukraine avuga ko yemeye kuzohura na mugenziwe wa Amerika mu nama rusangi y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, izotangura ku wa kabiri i New York.
Axios na Financial Times bitangaza ko muri ico kiyago, Trump yasubiyemwo incuro nyinshi abwira Zelensky ko igisirikare ca Ukraine gikwiye guhagarika ibitero ku bigo vy’Uburusiya bitunganya igitoro, harimwo n’ibitunganya mazutu.
Ku wa 13 Nyakanga, Trump yavuze ko ibiciro vya mazutu kw’isi yose vyariko biraduga kubera intambara hagati y’Uburusiya na Ukraine, atari kubera intambara ya Amerika na Israel kuri Irani. Yanasavye Zelensky gukora “ikintu kimwe”: guhagarika ibitero ku nganda z’Uburusiya zihingura mazutu.
Bukeye bwaho, Trump yanditse ku rubuga nyagiro rwiwe rwa Truth Social ko Ukraine n’Uburusiya vyari vyumvikanye guhagarika ibitero vyose ku bigo ntanganguvu. Ariko yaba Moscow (ubutegetsi bw’Uburusiya) canke Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine), nta ruhande na rumwe rwemeje ayo makuru.
Mw’ijoro ryo ku wa gatandatu buca ari ejo ku wa Mungu, ingabo za Ukraine zarateye uruganda rutunganya igitoro rwa Moscou ruherereye i Kapotnya, mu gitero cakozwe ku ntara ya Moscou, abategetsi b’Uburusiya bavuga ko ari co gitero gikomeye kuruta ibindi vyose kuri Moscou kuva intambara itanguye.
Kuri uno wa mbere, Perezida Trump wa Amerika yongeye kugira ico avuga ku bitero vya Ukraine, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Truth Social, aho yanditse ati: “Ikibabaje ni uko Uburusiya bwatakaje ububasha bwo kugenzura inganda zabwo zihingura igitoro ca mazutu kubera intambara burimwo na Ukraine”.
Yongeye ati: “Ibigo vyinshi bitunganya mazutu vyarasambuwe kandi ntibiriko birakora. Iyi ntambara y’ubujuju kandi idahera hagati y’Uburusiya na Ukraine ikwiye guhagarara. Isi yose iri mu ngorane, kandi abantu 25.000, benshi muri bo bakaba ari abasirikare, baricwa buri kwezi”.
Abanyamakuru ba Financial Times bavuga ko bavuganye n’umutegetsi wo hejuru wa Ukraine yari ahari igihe Trump na Zelensky bavugana kuri terefone ku wa Mungu. Yagize ati: “Ubutumwa nyamukuru bwa Perezida wa Amerika bwari ‘mazutu, mazutu, mazutu’ - hamwe no gusaba ko igisirikare gihagarika ibitero vy’ama-drone n’ibisasu vya misire”.
Ayandi makuru ushobora gusoma: