DR Congo: Abakozi bo kwa muganga i Bunia baratanguye guhabwa urucanco rwa Ebola

Abakozi bo kwa muganga i Bunia, ahasinzikajwe cane n’ikiza ca Ebola muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, baraye batanguye guhabwa urucanco rwa Ervebo.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana

  1. ‘Mazutu, mazutu, mazutu’ Trump asaba ashimitse Zelensky kureka ibitero ku nganda z’igitoro z’uburusiya-ibinyamakuru

    Trump na Zelensky

    Ahavuye isanamu, Getty Images/BBC

    Ikinyamakuru Financial Times co mu Bwongereza hamwe na Axios co muri Amerika, bisubiramwo amasoko yabibwiye ko, mu kiganiro co kuri terefone Donald Trump na Volodymyr Zelensky bagiranye ejo ku wa 20 Nyakanga (9), umukuru w’igihugu ca Amerika yasavye ashimitse Ukraine guhagarika ibitero vyayo ku nganda z’Uburusiya zitunganya igitoro.

    Abategetsi ba Amerika na Ukraine ntibaragira ico batangaje kuri ano makuru.

    Perezida Zelensky wa Ukraine avuga ko yemeye kuzohura na mugenziwe wa Amerika mu nama rusangi y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, izotangura ku wa kabiri i New York.

    Axios na Financial Times bitangaza ko muri ico kiyago, Trump yasubiyemwo incuro nyinshi abwira Zelensky ko igisirikare ca Ukraine gikwiye guhagarika ibitero ku bigo vy’Uburusiya bitunganya igitoro, harimwo n’ibitunganya mazutu.

    Ku wa 13 Nyakanga, Trump yavuze ko ibiciro vya mazutu kw’isi yose vyariko biraduga kubera intambara hagati y’Uburusiya na Ukraine, atari kubera intambara ya Amerika na Israel kuri Irani. Yanasavye Zelensky gukora “ikintu kimwe”: guhagarika ibitero ku nganda z’Uburusiya zihingura mazutu.

    Bukeye bwaho, Trump yanditse ku rubuga nyagiro rwiwe rwa Truth Social ko Ukraine n’Uburusiya vyari vyumvikanye guhagarika ibitero vyose ku bigo ntanganguvu. Ariko yaba Moscow (ubutegetsi bw’Uburusiya) canke Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine), nta ruhande na rumwe rwemeje ayo makuru.

    Mw’ijoro ryo ku wa gatandatu buca ari ejo ku wa Mungu, ingabo za Ukraine zarateye uruganda rutunganya igitoro rwa Moscou ruherereye i Kapotnya, mu gitero cakozwe ku ntara ya Moscou, abategetsi b’Uburusiya bavuga ko ari co gitero gikomeye kuruta ibindi vyose kuri Moscou kuva intambara itanguye.

    Kuri uno wa mbere, Perezida Trump wa Amerika yongeye kugira ico avuga ku bitero vya Ukraine, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Truth Social, aho yanditse ati: “Ikibabaje ni uko Uburusiya bwatakaje ububasha bwo kugenzura inganda zabwo zihingura igitoro ca mazutu kubera intambara burimwo na Ukraine”.

    Yongeye ati: “Ibigo vyinshi bitunganya mazutu vyarasambuwe kandi ntibiriko birakora. Iyi ntambara y’ubujuju kandi idahera hagati y’Uburusiya na Ukraine ikwiye guhagarara. Isi yose iri mu ngorane, kandi abantu 25.000, benshi muri bo bakaba ari abasirikare, baricwa buri kwezi”.

    Abanyamakuru ba Financial Times bavuga ko bavuganye n’umutegetsi wo hejuru wa Ukraine yari ahari igihe Trump na Zelensky bavugana kuri terefone ku wa Mungu. Yagize ati: “Ubutumwa nyamukuru bwa Perezida wa Amerika bwari ‘mazutu, mazutu, mazutu’ - hamwe no gusaba ko igisirikare gihagarika ibitero vy’ama-drone n’ibisasu vya misire”.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  2. Neville avuga ko Manchester United ‘iteye agahinda’ - ariko hari ababona ko yarengeje urugero

    Gary Neville

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Gary Neville yabaye kizigenza wa Manchester United imyaka itanu

    Mu rukino rw’ejo ku wa Mungu hagati ya Fulham na Manchester United (Man U), Gary Neville yaracitse intege igihe Lisandro Martinez yitsinda, inyuma y’ikiringo c’isaha yose irenga Man United yari imaze iboneka ko itari yorohewe. Inyuma y’urukino, ntiyashoboye kwigumya.

    Yagize ati: “Jewe natanguye gukurikirana Manchester United mfise imyaka itanu, iyi ni yo minota 15 ya mbere mibi mbonye mu buzima bwanje. Birateye agahinda cane.

    “Sinari bwigere mbona intege nke nk’izi. Sinzi ico [Michael] Carrick yoba yiyumvira?”

    Uno mukukuruke yahoze ari kizigenza wa Man U, Gary Neville, ni umuntu asanzwe atarya umunwa mu kunegura mu vyiyumviro vyiwe ashikiriza, ariko amajambo na yo yaraye avuze, araremereye cane.

    Ariko rero nubwo yavuze uku, uno murwi yahoze abereye kizigenza warigeze kuba utsindwa bikomeye. Neville yari mu murwi wa Man U igihe watsindwa na Fulham 3-1, mu rukino rwabereye kuri Old Trafford (ikibuga ca Man U) muri Gitugutu (10) 2003. Ni iyi Fulham nyene yariko ikina na Man U ejo ku wa Mungu.

    Mu myaka ya vuba, Man U yarigeze kandi guterwa ibitsindo 7-0 na Liverpool, hamwe na 6-1 incuro zibiri ku kibuga cayo, ikubiswe na Tottenham hamwe na Manchester City.

    Neville yavuze aya majambo amaze kubona ingene, inyuma y’iminota 15 ya mbere y’igice ca kabiri, Martinez yitsinze igitsindo, imbere y’uko ruciye mu canzo Man U igahava ikigombora, ku mupira wari utewe na Matheus Cunha ugakatishwa hanyuma ukaza kuvamwo igitsindo ku munota wa 89.

    Hari ababona ko Neville yarrengeje urugero mu majambo yiwe, ariko iki ni igihe abafana ba Man U osanzwe imenyerezwa na Michael Carrick bamaze iminsi bababajwe n’ukuntu umurwi wabo uriko uritwara.

    Hari haciye indwi imwe gusa Man U itsinzwe na mukeba wayo basangiye igisagara Manchester City, mu gihe City yamaze umwanya utari muto ikina ifise abakinyi 10 mu kibuga kuva hagati mu gice ca mbere.

    Uru rukino rwaje gukurikirwa n'urundi rwabaye mu ndwi hagati, ku wa gatatu, mw'ihiganwa ry'igikombe ca Carabao, igatsindirwa ku kibuga cayo n’umurwi wa Brighton, ku ncuro ya mbere mu myaka irenga 50, kandi yari yabanje kwinjiza ibitsindo bibiri vyose ku busa bwa Brighton, ivyatumye ishavu n’umujinya vyiyongera mu bafana bayo.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  3. Iran: Amerika niyasubira kudutera, tuzokoresha ibirwanisho bizotangaza isi

    imisile zo mu bwoko bwa balistique

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Hossein Mohebi, avugira umurwi w’igisirikare ca irana udasanzwe, IRGC, yavuze ko igihugu ciwe kizokoresha “ibirwanisho bishasha bizotangaza isi” mu gihe Amerika yosubira kugitera.

    Yavuze ko Iran yakoze ibirwanisho bishasha yongera irongereza ubushobozi bw’ivyo isanganywe, ariko bikaba bitarakoreshwa muri iyi ntambara.

    Mohebi yavuze ko bimwe ari ibirwanisho bikomeye bigenewe gukoreshwa gusa igihe bikenewe, yongerako ati: “Isi izobona ibizoba.”

    Yavuze kandi ko Iran ishobora kwagura intambara, igatera utundi turere n’ibibanza bitari bwigere biterwa. Yongeyeko ko igisirikare ca Iran citeguriye intambara yomara igihe kirekire.

    Iryo gabisha rije inyuma y’uko ibiro bikuru vy’igisirikare ca Iran, Khatam al-Anbiya, bivuze ko vyaronse amakuru y’uko Amerika yoba iriko irategura gusubira gutera Iran.

    Ivyo biro vyavuze ko Amerika na Israel vyagiranye inama n’ibihugu bimwe vyo mu karere mu gihugu kimwe c’i Buraya. Vyagabishije ko ibirindiro n’inyungu vya Amerika bizoterwa Iran niyasubira guterwa.

    Ibiro vy’igisirikare ca amerika muri ako karere, CENTCOM, vyaremeje ko abakuru b’ibisirikare vya Amerika, Israel n’ibihugu umunani vy’Abarabu bahuriye mu Budagi. vyavuze ko iyo nama yari yerekeye umutekano wo mu karere, ariko ntivyavuze ko hari igitero gishasha giteguwe kuri Iran.

  4. Uganda: Museveni avuga ko ubuganda bwubuye uburyo bushasha bwo kugura ibitoro ku mahera make

    perezida wa uganda kaguta museveni

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Perezida wa Uganda, Yoweri Museveni, avuga ko baronse uburyo bushasha buzimbutse igihugu ciwe gikoresha mu kugura ibitoro hanze.

    Mu butumwa yashize kuri X ku w’Imana, Museveni yavuze ko mu 2019 umunyapolitike wo muri Kenya yitwa Jirongo yamumenyesheje ko hari ibitari bitomoye mu buryo Uganda yagura ibitoro ibicishije muri Kenya.

    Avuga ko yaciye asaba Irene Muloni, ico gihe yari umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu, gukurikirana ico kibazo.

    Uganda yahinduye ubwo buryo mu 2023, itangura kugura ibitoro vyinshi ata bahuza icishijeko, ibifashijwemwo n’ishirahamwe mpuzamakungu Vitol.

    Museveni avuga ko ikiguzi ca mazutu cavuye ku madolari 118 kigashika kuri 83 kw’itoni, ic’igitoro ca esansi na co kiva ku madolari 97,5 kigashika kuri 61,5.

    Yashimiye Perezida wa Kenya William Ruto, avuga ko yatsinze abari barwanya uwo mugambi. Yongerako ko Kenya yemereye Uganda gukoresha imiringoti yayo y’ibitoro no kugira imigabane 20,15% muri Kenya Pipeline Company.

    Mu 2024, Kenya na Uganda zarumvikanye ko ishirahamwe rya Uganda UNOC ryokura ibitoro i Mombasa, rikabijana muri Uganda rikoresheje imiringoti ya Kenya.

    Ariko ubushikiranganji bwa Kenya bujejwe amasoko ntanganguvu bwarahakanye ko hari ibitagenda neza muri uwo mugambi w’ingene ibitoro vyagurwa ico gihe.

    Ishirahamwe ry’abatwara imiduga muri Kenya, MAK, ryasavye ko hokorwa igenzura ridasanzwe kugira hamenyekane uko uwo mugambi wakozwe.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Amnesty yagiriza AFC/M23 kwica abacukuzi no gutwara ubutare mu Rwanda

    Abarwanyi ba M23

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Icegeranyo gishasha c’ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International kivuga ko abarwanyi ba AFC/M23 bashigikiwe n’u Rwanda bagiriye nabi abacukuzi bato bato b’ubutare mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

    Ico cegeranyo kivuga ko abo barwanyi bakoze ubwicanyi, batoteza abantu, barabapfunga ata mategeko akurikijwe, babakoresha ku nguvu bongera binjiza bamwe mu mirwi yabo yo kurwana.

    BBC Gahuzamiryango yarondeye uruhande rwa M23 ariko ntibaragira ico babivugako.

    Amnesty ivuga ko ivyo vyabereye ahacukurwa coltan hafi ya Rubaya, muri Kivu ya ruguru, no ku birombwe vy’inzahabu vya Lomera, muri Kivu y’epfo.

    Bamwe mu bacukuzi ngo bategekwa kumara indwi irenga munsi y’ubutaka bariko baracukura.

    Iryo shirahamwe rivuga ko ryamenye abacukuzi 18 bishwe i Rubaya n’i Lomera. Cumi ngo bakubiswe gushika bapfuye, babiri bararaswa, abandi batandatu bari banyurujwe baza gutorwa bapfuye.

    Icegeranyo kivuga kandi ko inzahabu na coltan vyakuwe muri utwo turere vyinjizwa mu Rwanda mu buryo bwa magendu, rimwe na rimwe bifashijwemwo n’Abanyarwanda bari kuri ivyo birombe.

    Turondeye reta y’Urwanda, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ataco babivugako.

    Iryo shirahamwe ryasavye ibihugu n’amashirahamwe guhagarika kugura inzahabu na coltan biva mu Rwanda, gushika Kigali yerekanye ko ubwo butare butakiva muri DR Congo mu buryo bwa magendu.

    Amnesty yavuze ko yabajije abantu 26 yongera isuzuma amafoto n’amashusho yafatiwe kuri ivyo birombwe.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Amerika na Irani bongeye guterana ubwoba inyuma y’ibitero vy’abahouthi

    Abasirikare bo muri iran

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Amerika na Irani bongeye guterana ubwoba, mu gihe ibitero vy’Abahouthi muri Arabia Saoudite vyongereje indyane zo mu karere k’ubuseruko bwo hagati.

    Perezida wa Amerika Donald Trump yagabishije Irani ko itegerezwa kwemera amasezerano. Yavuze ko itayemeye, ubutunzi bwayo bwokwononekara canke ubutegetsi bwayo bugakurwaho.

    Ariko Trump yavuze ko ashobora kwemera guhura na Perezida wa Irani, Masoud Pezeshkian, bitegekanijwe ko aja i New York muri iyi ndwi kwitaba Inama rusangi ya ONU.

    Igisirikare ca Irani na co cavuze ko igitero gishasha cose cogabwa ku gihugu cotuma gisubiza mu kugaba ibitero vyinshi ku birindiro no ku nyungu vya Amerika. Cavuze kandi ko ibihugu vyo mu karere vyofasha Washington vyobonwa nk’ivyinjiye muri iyo ntambara.

    Irani ivuga ko ifise amakuru yerekana ko hari igitero kiriko kirategurwa, ariko ntiyasiguye aho ayo makuru yavuye.

    Hagati aho, Abahouthi bo muri Yemeni bashigikiwe na Irani bagavye ibitero vya misile n’utudege tutajamwo abadereva ku murwa mukuru wa Arabia Saoudite, Riyadh.

    Amashusho ya Reuters yerekanye umwotsi mwinshi hafi y’ikibuga mpuzamakungu c’indege ca Riyadh. Arabia Saoudite ntaco yavuze kuri ico gitero, ariko urunani irongoye rwavuze ko rwaburijemwo ibindi bitero vy’abahouthi.

    Amerika yasavye abanyagihugu bayo bari muri ako karere kuba maso, ibagabisha ko indyane zishobora kwiyongera giturumbuka, ingendo z’indege zigahagarikwa canke ibirere bimwe bikugarwa.

    Abahouthi bamaze gufata uturere two ku nkengera hafi y’umuhora wa Bab al-Mandeb, mu gihe Irani yabujije ubwato bwinshi guca mu Muhora wa Hormuz. Ivyo vyagabanije cane ibitoro biva mu Kigobe bijanwa ku masoko yo kw’isi, bituma ibiciro vyavyo bibandanya kuduga.

    Izindi nkuru wosoma

  7. Ethiopia: Imigwi 7 yitwaje ibirwanisho yunze urunani rwo gukura reta ku butegetsi

    umurwanyi wo muri tigray

    Ahavuye isanamu, AFP

    Imigwi indwi yitwaje ibirwanisho muri Ethiopia yatangaje ko yashinze urunani rugamije gukura ku butegetsi reta y'umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed.

    Urwo runani rwiyise Alliance for Survival, bisigura “Urunani rwo kurokoka”.

    Iyo migwi ivuga ko ubutegetsi bwa Abiy Ahmed butagifise uburenganzira bwo gutwara igihugu kandi ko budafise ubushake bwo kuganira n'imirwi yitwaje ibirwanisho.

    Iri tangazo rije haciye amezi abiri havuzwe ko imigwi itavuga rumwe na reta hamwe n’iyitwaje ibirwanisho yariko irategura gushinga urunani rwagutse.

    Iyo migwi ivuga ko ishaka kurwanya reta iri i Addis Ababa no guharanira ko hashirwaho reta mfatakibanza. Iragabisha ko Ethiopia ishobora gucikamwo ibice mu gihe ibibazo biri mu gihugu bitotorerwa umuti.

    Reta yo murico gihugu ntiragira ico ivuga kuri iryo tangazo ryasohowe niyo mirwi.

    Ethiopia imaze imyaka ihanganye n’intambara mu turere twa Oromia na Amhara. imishamirano yarasubiye kandi kwiyongera muriyi minsi ya vuba muri Tigray, mu buraruko bw’igihugu.

    Intambara yamaze imyaka ibiri muri Tigray yahitanye abantu ibihumbi amajana, nk’uko bivugwa n’abahinga.

    Abategetsi bo muri ako karere bagiriza reta kudashira mu ngiro amasezerano y’amahoro yo mu 2022 yari yahagaritse iyo ntambara.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. DR Congo: Abakozi bo kwa muganga i Bunia baratanguye guhabwa urucanco rwa Ebola

    abaganga bo kwa muganga

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Abakozi bo kwa muganga i Bunia, ahasinzikajwe cane n’ikiza ca Ebola muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, baraye batanguye guhabwa urucanco rwa Ervebo.

    Abahinga bariko bararaba nimba urwo rucanco rushobora gukingira ubwoko bwa virusi ya Ebola bwitwa Bundibugyo, ari bwo buriko buratera ico kiza.

    Uwo mugambi watangujwe ku wa gatandatu na Buramatari w’intara ya Ituri, Maj. Gen. Gaby Kasongo Mulumba. Na we nyene yahawe urucanco ari kumwe na bamwe mu bakozi bo kwa muganga.

    Yavuze ko abo bakozi bari imbere mu bikorwa vyo kurwanya ikiza, ari co gituma kubakingira ari ngirakamaro mu rugamba rwo guhagarika ico kiza .

    Urucanco rwa Ervebo rwemejwe gukoreshwa mu gukingira ubwoko bwa Ebola bwitwa Zaire. Kubera ko ata rucanco rwemejwe ruraboneka rwa Bundibugyo, Ervebo iriko iratangwa mu buryo budasanzwe kubera ko ico kiza kiriko kirwakwiragira cane.

    DR Congo yaronse incanco za Ervebo zigera ku 70.000. Muri zo, 50.000 zigenewe abakozi bo kwa muganga n’abandi bari imbere mu kurwanya ikiza ca Ebola. Incanco 20.000 zisigaye zizokoreshwa mu bushakashatsi bwo kumenya nimba Ervebo ishobora gukingira ubwoko bwa Bundibugyo.

    OMS ivuga ko ikiza cibasiye ahanini uburaruko bushira ubuseruko bwa DR Congo, ariko ko kibandanya gukwiragira no guhitana abantu.

    Abategetsi bavuga ko abantu barenga 7.500 bamaze kwandura, 3.639 muri bo bakaba barapfuye. OMS isaba ko hoboneka ubundi buryo bwo gufasha guhagarika ico kiza.

    Izindi nkuru wosoma:

  9. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.