Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
EU na OTAN byasezeranyije kongera igitutu ku Burusiya nyuma yuko 'ibintu bifashe indi ntera' mu Budage
Uburusiya bushinjwa kuba burimo kurushaho kutagira icyo bwitaho nyuma yuko Ubudage bwegetse ku Burusiya igitero cya 'drone' cyapfubye ku kibuga cy'indege cya Leipzig.
Incamake
- Ishusho ya Trump yabonetse ku giceri ca Amerika ku ncuro ya mbere
- ONU iragabisha kuri 'El Niño' ikomeye cane mu gihe ibihugu biriko biritegurira ingaruka zayo
- DR Congo: Amakuru yo mu materefone ariko arakoreshwa mu gukurikirana ikwiragira rya Ebola
- Uburusiya bwiyamirije igisabo ca Amerika co kwitandukanya na Irani
- Uber yaretse gukorera muri Uganda na Nigeria
- Rosenberg: Inkeke iteruye ya Putin ku Bwongereza iri muri gahunda y'Uburusiya yo guhangana n'Uburengerazuba
- Arabie Saoudite ivuga ko igitero cya Iran ku bwato bwayo cyishe abasare babiri bo muri Philippines
- EU na OTAN byasezeranyije kongera igitutu ku Burusiya nyuma yuko 'ibintu bifashe indi ntera' mu Budage
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana na Didier Bikorimana
Ishusho ya Trump yabonetse ku giceri ca Amerika ku ncuro ya mbere
Ishusho ya Perezida Donald Trump yabonetse ku giceri ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ni bwo bwa mbere mu myaka ijana iheze ishusho y’umukuru w’igihugu akiri muzima ishirwa ku giceri c’ico gihugu.
Ku wa gatatu, urwego rwa Amerika rujejwe guhingura ibiceri, US Mint, rwarashize ahabona igiceri c’urwibutso rw’idolari rimwe kiriko ishusho ya Trump hamwe n’amajambo agira ati: “Twizigiye Imana”. Ico giceri cashizwe ahabona mu ntumbero yo kwitegurira isabukuru y’imyaka 250 Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimaze zikukiye.
US Mint ivuga ko ico giceri cakozwe kugira kigaragaze “umutima, icubahiro n’iragi” vy’ico gihugu mu gihe cegereza iyo sabukuru.
Ivyo biceri vyagurishwa amadolari 61 y’Abanyamerika ku dupaki tw’ibiceri 25, hamwe n’amadolari 154 n’amasenti 50 ku dupaki tw’ibiceri 100. Ariko amakuru avuga ko vyaheze ku rubuga rwa US Mint mu masaha makeyi gusa inyuma y’aho bitanguriye kugurishwa.
BBC yarandikiye US Mint, ubushikiranganji bw’ikigega ca reta hamwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika, isaba izindi nsiguro.
N'aho ivyo biceri bisa n’inzahabu, nta nzahabu nyayo irimwo. US Mint ivuga ko 88,5% vy’ico giceri ari umujumpu, ibice bisigaye bikaba bigizwe n’uruvange rwa zinc, manganese na nickel.
ONU iragabisha kuri ‘El Niño’ ikomeye cane mu gihe ibihugu biriko biritegurira ingaruka zayo
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, António Guterres, yagabishije ko isi yinjiye mu bihe bigoye cane, mu gihe ingaruka za El Niño zatanguye kwibonekeza hirya no hino kw’isi.
Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ivy’ikirere, WMO, ryasohoye amakuru mashasha yerekana ko iyi El Niño ishobora kuba ikomeye kuruta izindi zimaze kuba mu myaka irenga 70. Bitegekanijwe ko ishobora kubandanya gushika n’imiburiburi muri Ruhuhuma(2) mu 2027.
El Niño irahindura ibihe mu bice bitandukanye vy’isi. Hari aho itera uruzuba, mu gihe ahandi hashobora guterwa n’imiyaga ikomeye hamwe n’imyuzure.
Abahinga mu vy’ikirere bavuga kandi ko El Niño izotuma ubushuhe bwiyongera mu bice bimwe bimwe. Ibi bije gusongera, kubera ubushuhe bw’isi busanzwe buriko buraduga bivuye kw'ihindagurika ry’ibihe riterwa n’ibikorwa vy’abantu.
Guterres yavuze ati: “El Niño iriko irakomera tubibona. Ubumenyi buratomora ko ata gukekeranya: isi igeze mu bihe itari imenyereye, kandi ubushuhe buriko burabandanya kwiyongera.”
Ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, harimwo Uburundi n’Urwanda, na vyo ntibisizwe inyuma. Bishobora gushikirwa n’ingaruka za El Niño, ari co gituma bisabwa gukomeza uburyo bwo kugabisha abantu hakiri kare no kwitegurira ibiza.
BBC yaravuganye n’intwaro hamwe n’abahinga ku ngingo ziriko zirafatwa hirya no hino kw’isi kugira impfu zigabanuke, kwimurwa kw’abantu no kwononekara kw’ibidukikije.
Uburyo bwo kugabisha abantu hakiri kare bwarakomejwe, imfashanyo z’ubuvuzi na zo zirarungikwa imbere y’igihe. Ariko ubukomezi bw’iyi El Niño burateye impungenge, na cane cane ku bantu basanzwe babayeho mu buzima bugoye.
Umunyamabanga mukuru wa WMO, Celeste Saulo, yagabishije ati: “El Niño irashobora gukubita bikomeye abantu hamwe n’ubutunzi bw’ibihugu hirya no hino kw’isi.”
DR CONGO : Amakuru yo mu materefone ariko arakoreshwa mu gukurikirana ikwiragira rya Ebola
Abajejwe amagara y’abantu bariko barwanya ikiza ca Ebola mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, bariko bakoresha amakuru(batabwiye banyene amatelefone) akurwa mu materefone ngendanwa, kugira bamenye aho abantu baja n’aho uwo mugera ushobora gukwiragira.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, OMS, rivuga ko ubwo buhinga ari bwo bwa mbere bukoreshejwe mu kurwanya Ebola. Burafasha abajejwe amagara y’abantu kumenya aho bokwongera abakozi n’ibikoresho, na cane cane ko bisanzwe ari bike.
Kuva ico kiza gitangajwe itariki ya 15 ukwezi kwa Rusama(5), abantu barenga 6.250 baramaze kwandura, 3.039 na bo barapfa. Ebola imaze kuboneka mu ntara zitandatu.
Ayo makuru atangwa n’ishirahamwe Flowminder ryo muri Suwede, rikoresheje amakuru akorakoranywa kandi aterekana ba nyeneyo ava mw’ishirahamwe rya Vodacom. Abashakashatsi bararaba ingene amaterefone afatana n’iminara yo gutumatumanako iri ahantu hatandukanye, kugira bamenye ingene abantu biyunguruza.
Ubwo bushakashatsi bwerekanye ingendo zihuza ahibasiwe na Ebola n’ibindi bibanza, harimwo Kisangani na Kinshasa. OMS ivuga ko ayo makuru yafashije gukomeza ibikorwa vyo kugenzura Ebola i Kisangani imbere y’uko haboneka abarwayi ba mbere.
Izindi nkuru wosoma :
Uburusiya bwiyamirije igisabo ca Amerika co kwitandukanya na Irani
Uburusiya bwiyamirije imburi yatanzwe n’umushikiranganji w’ubutunzi wa Amerika, Scott Bessent, isaba ibindi bihugu guhagarika gushigikira Irani, no kwitandukanya na yo.
Uwo mushikiranganji aherutse kuvuga ati: «Turiko turafatira Irani ibihano bikomeye bitari bwigere bifatwa... Inzira yihuta yo guhagarika aya matati ni uko ata n’umwe yobandanya gushigikira intwaro ya Irani.»
Ariko ubwo busabe bwateye ishavu ibihugu bimwe bimwe, birimwo Ubushinwa n’Uburusiya.
Nk’uko vyatangajwe n’itororokanirizo ry’amakuru Interfax, umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya, Dmitry Peskov, yavuze ku wa kane ati: «Turafise abo dusanzwe dukorana n’abagenzi bacu. Tuzobandanya kuzigama no gutsimbataza imigenderanire y’ubugenzi n’ugufashanya dufitaniye na bo.»
Peskov yongeye kuvuga ko Amerika idashobora kuba yonyene ifise uburenganzira bwo kugena imigenderanire ibindi bihugu bigirana.
Izindi nkuru wosoma :
Uber yaretse gukorera muri Uganda na Nigeria
Kompanyi ya Uber yo gutega imodoka hifashishijwe uburyo bw’ikoranabuhanga yatangaje ko yafunze ako kanya ibikorwa byayo muri Nigeria – iguhugu cya mbere gituwe n’abaturage benshi muri Afurika – no muri Uganda.
Uber yavuze ko yageze kuri icyo “cyemezo kigoye” nyuma y’isuzuma ryimbitse ry’ubucuruzi bwayo. Yatangiye gukorera muri Nigeria mu mwaka wa 2014, no muri Uganda mu mwaka wa 2016.
Abashoferi ba ‘taxi’ ba Uber bo muri Nigeria bari bamaze igihe kirekire binubira ko ibiciro byo kuri iyo porogaramu (app) biri hasi cyane ugereranyije n’igiciro cy’ibikomoka kuri peteroli gikomeza kwiyongera, ndetse ko amafaranga baha iyo kompanyi – azwi nka komisiyo – ari hejuru cyane. Iyo kompanyi yanahuye n’igitutu cy’izindi kompanyi zikora muri urwo rwego.
Uber yabitangaje mu gihe umuyobozi mukuru wayo Dara Khosrowshahi yavuze ko igiye kugabanyaho 10% abakozi bayo ku isi.
Mu mwaka ushize, Uber yanaretse gukorera muri Côte d'Ivoire no muri Tanzania.
Ibi bishya itangaje bivuze ko Misiri, Ghana, Kenya n’Afurika y’Epfo ari byo bihugu byonyine byo muri Afurika ubu iyi kompanyi isigaye ikoreramo.
Izindi nkuru wasoma:
Rosenberg: Inkeke iteruye ya Putin ku Bwongereza iri muri gahunda y'Uburusiya yo guhangana n'Uburengerazuba
Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin yasubije mu nteruro ngufi ubwo yari abajijwe mu kiganiro n'abanyamakuru niba Moscow ishobora kurasa ku bigo bya gisirikare by'Ubwongereza mu gusubiza ku ntwaro Ubwongereza buha Ukraine.
"Iryo ni ibanga. Ibanga rya gisirikare."
Inkuru irambuye hano
Izindi nkuru wasoma:
Arabie Saoudite ivuga ko igitero cya Iran ku bwato bwayo cyishe abasare babiri bo muri Philippines
Arabie Saoudite yamaganye icyo yise igitero cya Iran ku bwato rutura bwayo butwara ibikomoka kuri peteroli cyabaye ku wa mbere nijoro kikica abasare babiri bo muri Philippines.
Kompanyi y’igihugu ya Arabie Saoudite y’ubwikorezi bwo mu mazi magari, yitwa Bahri, ku wa gatatu yemeje ko ubwato bwayo bwitwa Sidr “bwagize ikibazo cy’umutekano ubwo bwanyuraga mu Muhora wa Hormuz”.
Kompanyi z’umutekano wo mu nyanja zavuze ko ubwato Sidr bwakubiswe n’ibiturika ubwo bwari bugeze mu majyaruguru y’umwigimbakirwa wa Musandam wo muri Oman.
Amakuru avuga ko ubwato rutura bwa Koreya y’Epfo, bwitwa Senegal Prosperity, na bwo bwakubiswe n'ibiturika bugeze mu burasirazuba bw’uwo mwigimbakirwa hafi mu gihe kimwe.
Iran ntiyasubije kuri ibi ishinjwa na Arabie Saoudite. Ariko mbere yavuze ko amato abiri atwara ibikomoka kuri peteroli yahiye nyuma yuko akubise ku bisasu bya mine ubwo yari arimo kunyura mu nzira itemewe ica mu Muhora wa Hormuz.
Amakuru y’impfu z’abo basare atangajwe nyuma yuko ingabo z’Amerika zigabye urukurikirane rw’ibitero byo mu kirere kuri Iran ndetse ingabo za Iran zikarasa ku bigo bya gisirikare by’Amerika byo mu bihugu by’Abarabu byo muri ako karere zikoresheje ibisasu bya misile n’indege nto z’intambara zitajyamo umupilote (drones).
Ni ko kurasana kwa mbere gukomeye cyane kubayeho hagati y’Amerika na Iran guhera muri Nyakanga (7) uyu mwaka.
Ku wa gatatu, minisiteri y’ubuzima ya Iran yavuze ko abantu 18 bishwe naho abandi 108 barakomereka muri ibyo bitero by’Amerika. Iran yashinje Amerika gukora “icyaha cyo mu ntambara” kubera igitero cyishe abantu bane barimo abana babiri mu birori by’ubukwe mu mujyi wa Sirik mu majyepfo ya Iran. Ingabo z’Amerika zavuze ko zirimo gusuzuma ayo makuru.
Izindi nkuru wasoma:
EU na OTAN byasezeranyije kongera igitutu ku Burusiya nyuma yuko 'ibintu bifashe indi ntera' mu Budage
Umukuru w’umuryango wo gutabarana w’Uburayi n’Amerika (OTAN/NATO) n’umukuru wa komisiyo y’Ubumwe bw’Uburayi (EU/UE) baburiye ko Uburusiya burimo kurushaho kutagira icyo bwitaho (kutagira icyo bwitondera) ndetse basezeranyije gusubiza ku “bishya birimo guhinduka ibisanzwe”.
Ku wa gatatu, umunsi umwe nyuma yuko Ubudage bwegetse ku Burusiya igitero cya ‘drone’ cyapfubye cyabereye ku kibuga cy’indege cya Leipzig mu kwezi gushize, Perezida wa komisiyo ya EU Ursula von der Leyen yagize ati: “Iby’i Leipzig ni ukuba ibintu bifashe indi ntera ku butaka bw’Ubumwe bw’Uburayi bikozwe n'Uburusiya mu buryo butaziguye.”
Von der Leyen yagize ati: “Tugomba gufata iya mbere kandi ibyo bivuze kuba twiteguye gusubiza byihuse cyane kandi neza cyane ku kuba Uburusiya butagize icyo bwitayeho.”
Umunyamabanga mukuru wa OTAN Mark Rutte yavuze ko uwo muryango wose, urimo n’Amerika, wifatanyije “byuzuye n’Ubudage”.
Uburusiya bwahakanye ibyo bushinjwa n’Ubudage ko ku itariki ya 4 Kanama (8) indege nto y’intambara itajyamo umupilote (drone) yari itwaye ibiturika yari igambiriye ku bushake indege ya Ukraine itwara imizigo.
Iyo ‘drone’ yacomokowe na robo ku kibuga cy’indege cya Leipzig/Halle ndetse ‘drone’ ya kabiri byibazwa ko yagonganye n’indi ndege itwara imizigo.
Amakuru avuga ko ‘drone’ ya gatatu yabonywe kuri icyo kibuga cy’indege iminsi 10 nyuma yaho. Icyo kibuga ni ihuriro ry’ingenzi rya OTAN ndetse gikoreshwa mu buryo buhoraho n’indege z’ubwikorezi za Ukraine zo mu bwoko bwa Antonov.
Ku wa kabiri ni bwo leta y’Ubudage yavuze ko amaperereza ya polisi hamwe n’ibyo ubutasi bwagezeho byagaragaje ko Uburusiya ari bwo buri inyuma y’ibyabaye.
Minisitiri w’ubutegetsi bw’igihugu yavuze ko imiterere ya ‘drone’, ibizikoze, ibiturika hamwe n’icyo kuzituritsa byose bizwi mu bindi bikorwa bya gisirikare by’Uburusiya bikomatanya uburyo bunyuranye (hybrid operations).
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.