Ibigwanisho vya Nikleyeri ni ‘inkota y'ibiza imanitse hejuru ya kiremwamuntu’ – Xi

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Mw’itangazo rusangi ryasohowe n’Ubushinwa, Uburusiya na Amerika, abakuru b’ibi bihugu bemeye gukomeza ibiganiro bigamije "kugabanya ingorane zituruka ku birwanisho vya nikleyeri no gukinga ikwiragira ryavyo".
Iki kibazo kiri mu bibazo nyamukuru vyaganiriweko mu nama hagati y’aba bategetsi, Perezida Xi Jinping w’Ubushinwa akavuga ko ibirwanisho vya nikleyeri ari "inkota y'ibiza imanitse hejuru ya kiremwamuntu", nk'uko vyatangajwe n'ibinyamakuru vyegamiye reta vyo mu Bushinwa.
Xi yavuze ati: "Birakwiye kubuzwa rwose kandi bikarandurwa burundu. Intambara ya nikleyeri ntishobora gutsindwa n’uruhande na rumwe kandi ntikwiye na rimwe kurwanwa."
Hagati aho, muri iyo nama y’aba bategetsi b’ibihugu rutura bitaru, Donald Trump yavuze ko ari "ngirakamaro cane" ko ivyo bihugu bikorera hamwe kugira ngo "akaga k’ikwirakwira ry'ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara mu bindi bihugu hirya no hino kw'isi".
Vyinshi kuri iyi nkuru injira hano:Ni ibiki biri mw'itangazo rusangi ryakurikiye inama idasanzwe yahuje Trump, Xi na Putin?







