Ukraine n'Uburaya batewe umutima uhagaze n'inama ya Xi, Trump na Putin

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Hari amakenga, cane cane ku mugabane wa Buraya, ko inama igiye guhuza Perezida w'Ubushinwa Xi Jinping, Perezida wa Amerika Donald Trump na Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin ishobora kuba ifitaniye isano n'Inama ya Yalta yabaye mu 1945, igihe intambara ya kabiri y'isi yose yari yegereje kurangira.
Iyo nama yaraneguwe cane kubera ingingo zayifatiwemwo zagize ingaruka kuri kazoza k'ibihugu bitobito kandi bitari vyayitumiwemwo.
Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yaragaragaje impungenge ko iyo nama ishobora gutuma hafatwa ingingo ku bijanye na Ukraine, ivyiyumviro vy’iki gihugu ciwe bidafatiweko.
Abategetsi batandukanye mu bihugu vya Buraya bagiye bashimangira akatari gake ko ata biganiro ku bijanye na Ukraine bishoboka ico gihugu ubwaco kitarimwo.
Zelensky yagabishije ko hakwiye kwirindwa inama yoba imeze nka “Yalta ya 2, iya 3 canke iya 4, aho ibihugu bikomeye vyosubira kugabanganwa ububasha bwo kugenzura ibihugu n’uburere”.
Aya makenga si ay'ubusa, na rirya kenshi Trump agira impengamiro yo kuvuga ibitari mu majambo aba yateguye gushikiriza, hamwe n'uko yaneguye ku mugaragaro Zelensky, amwagiriza ko atemeye hakiri kare ko intambara ihagarara.
Mu ntango z'iyi ndwi, imbere y'uko afata urugendo aja muri Aziya, Trump yavuze ko ibijanye na Ukraine ari ikibazo yumva yipfuza cane ko kiganirwako, kandi ko azogishikana muri iyo nama ihuza abo bategetsi batatu.
Hagati aho, vyitezwe ko abategetsi b’ibihugu bitari bike baja guhurira i Berlin mu Budagi, kugira baganire na bo ku bijanye n'ingene boshigikira Ukraine.
Izindi nkuru wosoma:




