Xi, Trump na Putin: Ibihugu vyacu bifise inshingano zidasanzwe ku bibazo vy'isi
Abakuru b'ibihugu vy'Ubushinwa, Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'Uburusiya basozereye inama idasanzwe yabereye mu gisagara ca Shenzhen mu Bushinwa. Iyo nama yahuje Perezida Xi Jinping, Donald Trump na Vladimir Putin ku ncuro ya mbere.
Ibiganiro vyamaze nk'isaha n'igice vyibanze ku bibazo bikomeye vy'isi birimwo intambara zo muri Ukraine na Iran, ikibazo c'ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara (canke vya nikleyeri), umutekano mpuzamakungu hamwe n'ubudandaji.
Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura inama, Perezida Xi yasavye ibi bihugu bitatu gukorera hamwe mu kubungabunga amahoro n'umutekano kw'isi. Trump na Putin bashigikiye iyo ngingo, bavuga ko ibihugu vyabo bifise uruhara rukomeye mu gukomeza ibiganiro ku bibazo biraba isi yose.
Trump yavuze ko Amerika, Ubushinwa n'Uburusiya bifise "inshingano zidasanzwe" zo kuguma bikorana no kuganira ku bibazo vyerekeye isi yose. Yasavye ivyiyumviro vya ca gihe c’intambara yo kwikekana (guerre froide/Cold War) vyoshirwa ku ruhande kandi bikirindA gucanamwo. Avuga ko guhura na Xi na Putin ari iteka rikomeye kuri we.
Ku ruhande rwiwe, Putin yibukije uruhara Uburusiya, Ubushinwa na Amerika vyagize nk'ibihugu vyatsinze intambara ya kabiri y'isi yose.
Ku bwiwe, ibi bihugu bifise inshingano zo kubungabunga amahoro n'umutekano kw'isi no kurondera inyishu ku bibazo vy'ubutunzi, vy'ibiribwa, vy'amasoko ntanganguvu hamwe n'intambara zo mu turere dutandukanye.