IKIBIRIRAHO, Zelensky yandikiye Putin amusaba ibiganiro vy'imbonankubone

Perezida wa Ukraine abwira Perezida w'Uburusiya ko amahoro ashoboka gusa biciye mu "biganiro bitaziguye" hagati y'ibihugu vyompi, mu gihe Amerika ubu iriko yitaho ikibazo ca Irani.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo

  1. RDC: Sentare nkuru ya gisirikare yatanguye kuburanisha abasirikare icenda n’umusivire umwe ku vyaha bitandukanye

    Perezida Tshisekedi hamwe na Gen Christian Tshiwewe

    Ahavuye isanamu, DRC Presidency

    Insiguro y'isanamu, Christian Tshiwewe Songesa, imbere y'ifatwa ryiwe, yari umuhanuzi wa gisirikare w’umukuru w’igihugu.

    Sentare nkuru ya gisirikare muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) yaratanguye kuburanisha umurwi w’abasirikare icenda n’umusirive umwe bakurikiranwa ku vyaha bitandukanye.

    Iburanisha ryatanguye ku wa kane ku murwa mukuru, Kinshasa, rikaba ritegekanijwe kubandanya ku wa 25 Ruheshi (6), 2026. Umushikirizamanza wa gisirikare, Lucien-René Likulia Bakumi, ni we yashikirije sentare iberego ‘bikomeye’ abo bantu 10 bakurikiranwako.

    Mu bagirizwa harimwo Christian Tshiwewe Songesa, yahoze ari umukuru w’ingabo za RDC, yabogojwe muri Kigarama (12) 2024. Imbere y’ifatwa ryiwe muri Mukakaro (7) 2025, yari asanzwe ari umuhanuzi wa gisirikare w’umukuru w’igihugu.

    Yagirizwa gutunga ibirwanisho mu buryo bunyuranye n’amategeko, kurenga ku mabwirizwa ya gisirikare no gutegura umugambi wo guhirika inzego z’igihugu, hamwe n’ibindi vyaha.

    Uwundi musirikare mukuru akurikiranwa ni John Numbi Banza Ntambo. Na we ahanganye n’ibirego bisa n’ivyo, harimwo guhemukira igihugu no guta amabanga y’igisirikare ari mu mahanga. Aburanishwa atahari kubera yavuye mu gihugu mu mwaka wa 2021.

    Abandi bari ku rutonde rw’abakurikiranwa ni Maurice Nyembo Kufi, Chinyabuuma Kamukinde, John Ngoy Wa Kabila na John Sangwa Muhemedi. Harimwo n’abakoloneli batatu: Guy Mukombozi Zahinda, Pathy Sangwa Lumbu na Christophe Tshibangu Kenge.

    Uru rubanza rwarimwo umusivile umwe, Pascal Nyembo Muyumba, ariko araronderwa kuko yahunze ubutungane.

    Umushikirizamanza avuga ko abo bose bakurikiranwa kandi ku vyaha bifitaniye isano no gukwiragiza ibihuha, iterabwoba, hamwe no gukwegera abasirikare gukora ibinyuranye n’amabanga yabo, n’indero ya gisirikare.

    Iyi Sentare nkuru ya gisirikare ni yo nyene yaciriye urubanza uwahoze ari Perezida w’iki gihugu asanzwe ari we wenyene akiriho, Joseph Kabila, muri Nyakanga (9), 2025.

    Yamwagirije ivyaha vy’ubuhemu ku gihugu, ivyaha vy’intambara no gutegura umugambi wo guhungabanya igihugu, akaba yaburanishwa atahari, maze acirwa igihano co gupfa.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Habonetse urucanco 'rwa mbere kw'isi' rwakozwe hifashishijwe AI

    Muri laboratware, umuntu yambaye itaburiya yera n'agafukamunwa gasa n'ubururu ariko agira ubushakashatsi. Afise uducupa mu ntoke, ku meza hakaba hari utundi twinshi.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Abashakashatsi bavuga ko ubwenge bw’ubukorano (AI) bwakoreshejwe mu gukora ubwoko "bushasha bw'intago" bw'urucanco, rushobora gukingira indwara nyinshi ziterwa n’imigera, mbere rukanafasha gukinga ibiza bikomeye bishobora kwaduka kw'isi yose.

    Umurwi w'abashakashatsi bo muri Kaminuza ya Cambridge mu Bwongereza uvuga ko ari ubwa mbere igihimba/igice nyamukuru c'urucanco gishushanijwe kandi kigakorwa cose na AI, hanyuma kikageragerezwa ku bantu.

    Urwo rucanco rwakozwe kugira ngo rukore ku bwoko bwose bw’imigera yo mu muryango wa ‘Coronavirus’, harimwo ubwoko bwose bwa Covid-19 bwagiye burahindagurika, hamwe n’imwe mu migera yanduza ibikoko muri iki gihe ariko ishobora kuzotandukira abantu maze ikadukamwo ikiza c'isi yose mu bihe biri imbere.

    Naho ubu bushakashatsi bukiri mu ntango, uwo murwi watanguye no gukora izindi ncanco zigenewe kurwanya ibicurane hamwe na Ebola.

    Incanco zigisha umubiri w'umuntu kumenya no gutahura indwara yawinjiyemwo kugira ngo wongereze ubushobozi bwo kwirwanira.

    Ariko rero, hari imigera imwe imwe ishobora kugenda ihindagura kamere, bigatuma incanco zakozwe imbere zica zitakaza ubushobozi bwo kuyikinga neza. Ni co gituma incanco za Covid-19 n'iz'ibicurane vyo mu gihe c'imbeho zikeneye kwama zisubirwamwo.

    Prof Jonathan Heeney wo muri Kaminuza ya Cambridge yagize ati:

    "Twama turi inyuma y'ihindagurika ry’imigera.”

    “Ico turiko turagerageza gukora ni ukuyitanga imbere."

    Ashimangira ko intumbero ari ugukora incanco zishobora gukinga n'ubwoko bushasha bw’imigera butarabaho, kugira zifashe kwirinda ingwara z’ibiza nshasha zishobora kurandagata kw'isi yose.

    Inzindi nkuru wosoma:

  3. Amerika ivuga ko yizeye ko u Rwanda rukura ingabo zarwo muri DR Congo 'mu kwezi gutaha'

    Minisitiri w’ububanyi n’amahanga w’Amerika Marco Rubio arimo gutanga ubuhamya muri komite ishinzwe ububanyi n’amahanga yo mu nteko ishingamategeko y’Amerika, umutwe w’abadepite, mu nyubako yitwa ‘Rayburn House Office Building’, i Washington DC, muri Amerika, ku itariki ya 3 Kamena (6) mu 2026. Uko kumwumva kwabaye mu rwego rwo gusuzuma ubusabe bwa minisiteri y’ububanyi n’amahanga bw’ingengo y’imari y’umwaka w’imari wa 2027. Rubio yambaye ikositimu y'ubururu bwijimye, ishati y'umweru, na karuvati irimo amabara y'ubururu n'umukara. Ikositimu ye iriho umudari muto w'ibendera ry'Amerika. Aricaye, arimo kuvugira mu ndangururamajwi y'umukara, atunze urutoko hejuru, inyuma ye hari abantu benshi bataboneka neza.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Minisitiri w'ububanyi n'amahanga w'Amerika Marco Rubio ubwo yari ari mu nteko ishingamategeko y'Amerika ku wa gatatu

    Amerika ivuga ko yizeye ko u Rwanda rukura ingabo zarwo mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) "mu gice cya kabiri cy'ukwezi gutaha", aho rushinjwa gufasha inyeshyamba za M23 zirwanya ubutegetsi bw'icyo gihugu.

    Minisitiri w'ububanyi n'amahanga w'Amerika Marco Rubio yabivuze ku wa gatatu mu buhamya yagejeje ku nteko ishingamategeko y'Amerika, muri komite ishinzwe ububanyi n'amahanga, mu kiganiro kijyanye na gahunda y'ubutegetsi bw'Amerika yo gushyira Amerika imbere mu bubanyi n'amahanga.

    Inkuru irambuye hano

  4. Dukwiye kwigisha abahungu mu buryo butandukanye n'ubw'abakobwa kugira basohore impano yabo neza – Gareth Southgate

    Gareth Southgate, agira kabiri uhereye ibubamfu, ari kumwe na Naz, Taylor na Rhys i Middlesbrough.
    Insiguro y'isanamu, Gareth Southgate (agira kabiri uhereye ibubamfu) abona ko abagabo bakuze bakwiye kwitanga kugira babe abajenama b’urwaruka

    Gareth Southgate yahoze ari umumenyereza w'umurwi w'umupira w’amaguru w'Ubwongereza avuga ko uburyo abahungu bigishwamwo mu mashure bukwiye guhindurwa kugira ngo bwisunge "itandukaniro rya kamere" riri hagati yabo n’abakobwa.

    Yabwiye BBC ko ivyo bikenewe kugira ngo hafatwe ingingo zo gutorera umuti ingorane zugarije abahungu n’abasore benshi harimwo ihungabana ry’amagara yo mu mutwe, kwumva ari bonyene canke barahebwe kandi batitahura, bakaba kandi batorohewe mu bijanye no kwiga.

    Avugira mu kiganiro citwa Today co kuri BBC Radio 4, yagize ati: "Nibaza ko uwigeze gukorana n’abahungu canke abakobwa bakiri bato azi neza ko hariho itandukaniro rya kamere hagati yabo."

    Ashimangira ko kugira urwaruka rushobore gusohora ubushobozi n’impano vyarwo mu buryo bwuzuye, "bisaba uburyo butandukanye gatoyi mu kwigisha no kurera abasore, ugereranije n’ubwo dukoresha ku bakobwa".

    Uyu mugabo w’imyaka 55 yatunganirije BBC ikiganiro co mu bwoko bwa ‘documentaire’ gisuzuma ingene abasore bafise ingorane zo kuronka akazi, cane cane abagiye baronka umwimbu udashemeye kw’ishure, bashobora guhura n’uruhererekane rw’ingorane mu buzima bwabo bw’inyuma y’ishure.

    Muri izo ngorane harimwo ihungabana ry’amagara yo mu mutwe no kutitahura.

    Ico kiganiro citwa 'Gareth Southgate: Changing the Game for Young Men'.

    Ugerageje gusobanura mu Kirundi, wovuga, 'Gareth Southgate: Guhindura uburyo urwaruka rw’abasore rufashwa canke rurerwa'.

    Ico kiganiro kizotangura kwerekanwa ku wa mbere.

    Kirihweza kandi ingene iyo ngorane yotorerwa umuti, harimwo gutuma abagabo bakuze bitanga kugira babe abajenama b’urwaruka. Kiranakangurira abagabo benshi kwinjira mu mwuga wo kwigisha.

    Kubura akarorero keza abahungu n’abasore bokwigana ni imwe mu ngorane Sir Gareth yari yashimikiyeko mu mwaka uheze, igihe yatanga ikiganiro ngarukamwaka ca BBC citwa ‘Richard Dimbleby Lecture’.

    Yaraneguye bamwe mu bantu bazwi cane ku mbuga ngurukanabumenyi, avuga ko bayovya nkana urwaruka rw’abasore kandi bakarwumvisha ko gutera imbere mu buzima bipimwa gusa n’amahera umuntu afise canke ubushobozi bwo kuganza abandi.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Tanzania: Umu 'influencer' Ashley Robinson w'Umunyamerikakazi yariyahuye – Igipolisi

    Ifoto ngufi ya Ashlee Jenae ariko araba hejuru asa n'uwuryamye ku kintu c'ibara ry'ubururu. Afise amarori mu ruhanga.

    Ahavuye isanamu, Ashlee Jenae/IG

    Insiguro y'isanamu, Kw'igenekerezo rya 5 Ndamukiza (4), McCann yari yambitse impeta Robinson amusaba ko boshinga urwabo, ariko apfa inyuma y'imisi ine

    Inyuma y'aho gisozereye amatohoza yerekeye urupfu rw'umu 'influencer' w'Umunyamerikakazi, Ashley Robinson, yari afise imyaka 31, igipolisi c'i Zanzibar muri Tanzania cemeje ko uwo mukobwa yiyahuye kubera ihungabana ryo mu mutwe.

    Robinson, yari azwi kandi kw'izina rya Ashlee Jenae, yapfuye inyuma y'ugushwana n'umukunzi wiwe kwabereye mw'ihoteri yitwa 'Zuri Hotel', aho muri Zanzibar nyene, kw'itariki ya 8 Ndamukiza(4), hafi isaha zibiri z'ijoro n'iminota 55.

    Mu nyuma vyatangajwe icese ko yapfiriye aho yariko aravurirwa mu bitaro Ampola Hospital biri mu karere ka Urban West muri Zanzibar, kw'igenekerezo rya 9 Ndamukiza (4).

    Inkuru irambuye soma ngaha

  6. Abarepubulikani bo mu nteko y'Amerika bongeye kwitandukanya na Trump batora bemeza imfashanyo igenewe Ukraine

    Ibyasenyutse ku nyubako biri mu murima nyuma y’igitero gikomeye gikomatanyije cy’Uburusiya cy’ibisasu bya misile n’indege nto z’intambara zitajyamo umupilote (drones), ku itariki ya kabiri Kamena (6) mu mwaka wa 2026, i Kyiv, mu murwa mukuru wa Ukraine.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Inteko ishingamategeko y’Amerika, umutwe w’abadepite, yemeje itegeko ryo guha Ukraine imfashanyo no gufatira ibihano Uburusiya, abarepubulikani barenga 10 bahangara ubuyobozi bwabo batora bashyigikira uwo mushinga w’itegeko.

    Ku wa kane, abarepubulikani 18 bifatanyije n’abademokarate mu gushyigikira iryo tegeko ryitwa 'Ukraine Support Act', ryatowe ku majwi 226 y’abarishyigikiye n’amajwi 195 y’abatarishyigikiye.

    Uru ni rwo rugero rwa vuba aha cyane rugaragaza abarepubulikani bitandukanya na Perezida w’Amerika Donald Trump mu gihe cya vuba aha gishize.

    Ariko ntibishoboka ko uyu mushinga w’itegeko uzahinduka itegeko, kuko unagomba kwemezwa na sena ubundi ukabona gushyirwaho umukono na Trump.

    Muri iki cyumweru, mu matora ahanini yari ikimenyetso cyo gutanga ubutumwa, abarepubulikani bacye bo mu nteko ishingamategeko, umutwe w’abadepite, bashyigikiye umwanzuro ushaka kubuza Trump kugira ikindi gikorwa cya gisirikare akora muri Iran.

    Umushinga w’itegeko 'Ukraine Support Act' watanga indi mfashanyo ya miliyari irenga imwe y’amadolari y’Amerika yo mu rwego rw’umutekano no kongera kubaka Ukraine, ndetse watanga uruhushya rw’ikoreshwa rya miliyari 8 z’amadolari y’Amerika y’inguzanyo zo gukoresha mu bikorwa bya gisirikare bya Ukraine.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Zelensky yandikiye Putin amusaba ibiganiro vy'imbonankubone

    Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky arimo kuvugira mu ndangururamajwi ebyiri akoze ikimenyetso n'ikiganza.

    Ahavuye isanamu, EPA

    Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yasavye ko habaho inama y’imbonankubone hagati yiwe na Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin, mu kongera kugerageza gutorera umuti intambara Uburusiya bwatanguje kuri Ukraine ubu haraciye imyaka irenga ine.

    Mw’ibaruwa yuguruye yandikiye Perezida w’Uburusiya, umukuru wa Ukraine yavuze ko vyoba atari vyo “kwicara gusa ukarindira” ko iyo ntambara yo ku mugabane wa Buraya isubira kwitabwaho cane na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, aho ashimangira ko amahoro ashoboka gusa biciye mu “biganiro bitaziguye” hagati ya Ukraine n’Uburusiya.

    Asaba kandi ko habaho guhagarika intambara mu gihe ibiganiro vyoba biriko biraba, ivyo Putin yanse imbere y’aho ku wa kane.

    Ku wa kane nyene, Perezida wa Amerika, Donald Trump, yavuze ko “vyoba ari vyiza cane” hamwe abo bategetsi babiri bohura.

    Ibiro vya Perezida w’Uburusiya – Kremlin – vyemeje ko vyakiriye iyo baruwa kandi ko Putin azoyimenyeshwa mu buryo burambuye.

    Imvugo yakoreshejwe muri iyo baruwa igaragaza ko Ukraine ata bwoba ifise, ku rundi ruhande ikamera nk’iyishiramwo agahemo, aho Zelensky yibukije ibitero vya vuba Ukraine yagavye ku butaka bw’Uburusiya.

    Zelensky yabwiye Putin ko “inyuma y’imyaka 26 ari ku butegetsi, imyaka iriko iramujana buhoro buhoro”.

    Iryo kete ryuguruye ryarimwo kandi ubutumire.

    Zelensky yanditse ati: “Ukraine isaba ko iyi ntambara ihagarara biciye mu biganiro bitaziguye hagati yanje nawe. Ndagusavye ko twobonana.”

    Si ubwa mbere uwo mukuru wa Ukraine ashikirije ico cipfuzo.

    Nk’uko vyagiye bigenda imbere y’aho, ibiro vya Perezida w’Uburusiya vyamwishuye ko yoza bagahurira i Moscou (Moscow), mu Burusiya.

    Ikintu gikomeye cagaragaye muri iryo kete ni uko Kyiv yemeye ku mugaragaro ko “Amerika ubu yitayeho gusumba intambara yo muri Irani.”

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.