RDC: Sentare nkuru ya gisirikare yatanguye kuburanisha abasirikare icenda n’umusivire umwe ku vyaha bitandukanye

Ahavuye isanamu, DRC Presidency
Sentare nkuru ya gisirikare muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) yaratanguye kuburanisha umurwi w’abasirikare icenda n’umusirive umwe bakurikiranwa ku vyaha bitandukanye.
Iburanisha ryatanguye ku wa kane ku murwa mukuru, Kinshasa, rikaba ritegekanijwe kubandanya ku wa 25 Ruheshi (6), 2026. Umushikirizamanza wa gisirikare, Lucien-René Likulia Bakumi, ni we yashikirije sentare iberego ‘bikomeye’ abo bantu 10 bakurikiranwako.
Mu bagirizwa harimwo Christian Tshiwewe Songesa, yahoze ari umukuru w’ingabo za RDC, yabogojwe muri Kigarama (12) 2024. Imbere y’ifatwa ryiwe muri Mukakaro (7) 2025, yari asanzwe ari umuhanuzi wa gisirikare w’umukuru w’igihugu.
Yagirizwa gutunga ibirwanisho mu buryo bunyuranye n’amategeko, kurenga ku mabwirizwa ya gisirikare no gutegura umugambi wo guhirika inzego z’igihugu, hamwe n’ibindi vyaha.
Uwundi musirikare mukuru akurikiranwa ni John Numbi Banza Ntambo. Na we ahanganye n’ibirego bisa n’ivyo, harimwo guhemukira igihugu no guta amabanga y’igisirikare ari mu mahanga. Aburanishwa atahari kubera yavuye mu gihugu mu mwaka wa 2021.
Abandi bari ku rutonde rw’abakurikiranwa ni Maurice Nyembo Kufi, Chinyabuuma Kamukinde, John Ngoy Wa Kabila na John Sangwa Muhemedi. Harimwo n’abakoloneli batatu: Guy Mukombozi Zahinda, Pathy Sangwa Lumbu na Christophe Tshibangu Kenge.
Uru rubanza rwarimwo umusivile umwe, Pascal Nyembo Muyumba, ariko araronderwa kuko yahunze ubutungane.
Umushikirizamanza avuga ko abo bose bakurikiranwa kandi ku vyaha bifitaniye isano no gukwiragiza ibihuha, iterabwoba, hamwe no gukwegera abasirikare gukora ibinyuranye n’amabanga yabo, n’indero ya gisirikare.
Iyi Sentare nkuru ya gisirikare ni yo nyene yaciriye urubanza uwahoze ari Perezida w’iki gihugu asanzwe ari we wenyene akiriho, Joseph Kabila, muri Nyakanga (9), 2025.
Yamwagirije ivyaha vy’ubuhemu ku gihugu, ivyaha vy’intambara no gutegura umugambi wo guhungabanya igihugu, akaba yaburanishwa atahari, maze acirwa igihano co gupfa.
Izindi nkuru wosoma:






