Habonetse urucanco 'rwa mbere kw'isi' rwakozwe hifashishijwe AI

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abashakashatsi bavuga ko ubwenge bw’ubukorano (AI) bwakoreshejwe mu gukora ubwoko "bushasha bw'intago" bw'urucanco, rushobora gukingira indwara nyinshi ziterwa n’imigera, mbere rukanafasha gukinga ibiza bikomeye bishobora kwaduka kw'isi yose.
Umurwi w'abashakashatsi bo muri Kaminuza ya Cambridge mu Bwongereza uvuga ko ari ubwa mbere igihimba/igice nyamukuru c'urucanco gishushanijwe kandi kigakorwa cose na AI, hanyuma kikageragerezwa ku bantu.
Urwo rucanco rwakozwe kugira ngo rukore ku bwoko bwose bw’imigera yo mu muryango wa ‘Coronavirus’, harimwo ubwoko bwose bwa Covid-19 bwagiye burahindagurika, hamwe n’imwe mu migera yanduza ibikoko muri iki gihe ariko ishobora kuzotandukira abantu maze ikadukamwo ikiza c'isi yose mu bihe biri imbere.
Naho ubu bushakashatsi bukiri mu ntango, uwo murwi watanguye no gukora izindi ncanco zigenewe kurwanya ibicurane hamwe na Ebola.
Incanco zigisha umubiri w'umuntu kumenya no gutahura indwara yawinjiyemwo kugira ngo wongereze ubushobozi bwo kwirwanira.
Ariko rero, hari imigera imwe imwe ishobora kugenda ihindagura kamere, bigatuma incanco zakozwe imbere zica zitakaza ubushobozi bwo kuyikinga neza. Ni co gituma incanco za Covid-19 n'iz'ibicurane vyo mu gihe c'imbeho zikeneye kwama zisubirwamwo.
Prof Jonathan Heeney wo muri Kaminuza ya Cambridge yagize ati:
"Twama turi inyuma y'ihindagurika ry’imigera.”
“Ico turiko turagerageza gukora ni ukuyitanga imbere."
Ashimangira ko intumbero ari ugukora incanco zishobora gukinga n'ubwoko bushasha bw’imigera butarabaho, kugira zifashe kwirinda ingwara z’ibiza nshasha zishobora kurandagata kw'isi yose.
Inzindi nkuru wosoma:





