IKIBIRIRAHO, Tehran yateye ibirindiro vya Amerika mu Kigobe inyuma y'uko ingabo za Amerika zigavye ibitero bishasha kuri Iran

Ubuyobozi bukuru bw’ingabo za Amerika bwavuze ko ibitero bishasha vyagabwe mu kwishura ico bwise “ubusotoranyi budafise ishingiro kandi bubandanya” bugirwa na Iran.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Inkino z'igikombe c'isi zitezwe kubamwo ugutigira kwa mbere kunini mu mateka

    Ifoto y’ikimenyetso c’igikombe c’isi ca FIFA 2026, yanditsweko mu ndome zera. Irimwo igikombe c’umupira w’amaguru c’inzahabu gifise amabara y’icatsi kibisi ku ruhande rwo hepfo.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Muri iri higanwa hazokinwa inkino zirenga 100 mu gihe iriheruka ryabereye muri Qatar hari hakinywe inkino 64

    Ihiganwa rya FIFA ry’inkino z’igikombe c’isi z’abagabo rigiye gutangura ryitezwe kubamwo ugutigira (betting) kwa mbere kunini kw’ibihe vyose, aho miriyaridi 50 z’amadolari zizoshirwa muri ico gisata ku rwego rw’isi.

    Nk’uko vyihwezwa n’isosiyete Macquarie ikorera mu gisata kijanye n’ivy’ubutunzi n’amafaranga, iryo higanwa rishobora gutuma abatigira babishiramwo miliyoni 500 z’amadolari ku rukino rumwe.

    Imiriyaridi 50 zitezwe muri rusangi, zoba ari ukwiyongera gukomeye cane ugereranije na miriyaridi 35 z’amadolari zari zashizwe mu bijanye no gutigira mu nkino z’igikombe c’isi zabereye muri Qatar mu 2022.

    Amashirahamwe akangurira abantu kwirinda ibijanye no gutigira kubera ingaruka zavyo, yibutsa ko abantu nka bose bakina ibijanye no gutigira bahomba amafaranga ku gihe kirekire.

    Ayo mashirahamwe agabisha ko abazotigira mu nkino z’igikombe c’isi z’uwu mwaka, bari mu kaga ko gukwegerwa mu nzira yo kugerageza ubundi buryo bwo gutigira bwinshi bushobora kubagirako ingaruka bukanabizizira gusumba.

    Umusesanguzi wa Macquarie, Chad Beynon, avuga ko uku kwiyongera gukomeye kw’amafaranga ashirwa mu bijanye no gutigira guterwa ahanini n’uko igitigiri c’imirwi izokina congerejwe. Cavuye ku mirwi 32 gishika kuri 48.

    Kubera iyo mvo, hazoba inkino zirenga 100 mu kiringo c’amayinga atandatu, mu gihe mw’ihiganwa riheruka ryabereye muri Qatar mu 2022 hari hakinywe inkino 64.

    Beynon yongerako ko ibiringo vyiza vy’amasaha vy’ibihugu bizokwakira iryo higanwa, ari vyo Amerika, Canada na Mexique, bizotuma abantu benshi barushiriza gukurikirana izo nkino.

    Ashimangira ko bizokwongereza n’inyota y’abatigira ku migabane ya Buraya, Afrika na Amerika y’Epfo.

    Ikindi gituma haba ukwo kuduga ni iyongerekana ry’isoko ryo gutigira muri Amerika, aho hafi 65% vy’abanyagihugu ubu bashobora gukina imikino yo gutigira, igitigiri ciyongereye kivuye kuri 40% mu 2022.

    Ivyo bisobanuye ko iri ari ryo higanwa rya mbere ry’igikombe c’isi igice kinini c’Abanyamerika bashobora gushiramwo amafaranga yo gutigira.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Umuhagarikizi yankiwe kwinjira muri Amerika yari afitaniye isano n''imigwi y'iterabwoba' – Umutegetsi wo muri Amerika

    Omar Artan akikujwe n'abantu benshi

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Artan avuga ko muri Amerika yabajijwe kw'isano yoba afitaniye n’umugwi al-Shabab wo Somalia, akaba yishuye ko ata na kimwe awuziko

    Umutegetsi wo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko umuhagarikizi w’umunya Somalia, Omar Artan, yankiwe kwinjira muri ico gihugu kubera afitaniye “isano n’abikekwa ko bari mu mirwi y’iterabwoba”.

    Artan w’imyaka 34 - yatowe nk’umuhagarikizi mwiza ku mugabane wa Afrika mu 2025 - yari agiye kuba umunya Somalia wa mbere ahagararira inkino z’igice ca nyuma mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi.

    Ariko, ku wa mbere yarankiwe kwinjira muri Amerika ageze ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Miami, n’ubwo yari afise pasiporo y’aba ‘dipolomate’ hamwe na viza imwemerera kwinjira muri ico gihugu rimwe gusa.

    Somalia iri ku rutonde rw’ibihugu 12 vyafatiwe ingingo na Perezida Donald Trump yo kwankirwa canke kugabanirizwa kwinjira muri Amerika.

    Artan yashitse muri Somalia ku wa gatatu.

    Isoko butegetsi bwa Trump ryagize riti: “Uyu muntu yariko arasaba kwemererwa kwinjira muri Amerika. Mw’igenzura ryimbitse ryagizwe n’urwego CBP [rujejwe gukingira imipaka no gusuzuma abinjira], hatowe amakuru nyandagazi amwerekeye, harimwo ko afitaniye isano n’abikekwa ko bari mu mirwi y’iterabwoba. Ivyo vyatumye atemererwa kwinjira muri Amerika hisunzwe itegeko rigenga ivy’abimukira n’ubwenegihugu (INA).

    “Uwo muntu yarankiwe kwinjira yongera ahabwa impapuro zerekana ingingo z’amategeko zisunzwe kugira yirukanwe vyihuse, hakurikijwe igice ca 8235 c’itegeko INA.

    “Ubutegetsi bwa Perezida Trump ntibuzokwigera bureka umuntu uwo ari we wese ashobora guteza akaga ku mutekano kwinjira mu gihugu cacu - akaburungu.”

    BBC Sport yaragerageje kurondera Artan kugira agire ico ashikirije ku vyo yagirizwa.

    Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru New York Times – co muri Amerika – ku wa kabiri, Artan yavuze ko yabajijwe n’abajejwe umutekano wo ku mipaka ku bijanye n’isano yoba afitaniye n’umugwi w’iterabwoba al-Shabab wo Somalia, nawe akaba yabishuye ko ata na kimwe azi kuri wo.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Trump avuga ko akunda 'izamuka ry'ibiciro' mu gihe ibiciro muri Amerika byazamutse byihuse cyane

    Perezida w'Amerika Donald Trump arimo kuvuga areba muri 'camera'. Yambaye ikositimu y'ubururu bwijimye, ishati y'umweru, na karuvati y'ubururu. Inyuma ye hahagaze abantu babiri batagaragara neza.

    Ahavuye isanamu, EPA

    Perezida Donald Trump yavuze ko akunda “izamuka ry’ibiciro”, mu gihe mu kwezi gushize ibiciro byo muri Amerika byazamutse ku kigero cya mbere cyihuse cyane kibayeho mu myaka itatu ishize.

    Imibare y’ibiro bishinzwe ibarurishamibare ryo mu rwego rw’umurimo (BLS) igaragaza ko ibiciro byazamutse ku kigero cya 4.2% muri Gicurasi (5) ugereranyije no mu mwaka ushize.

    Uko kwiyongera, kwavuye kuri 3.8% muri Mata (4), kwatewe n’izamuka ry’ibiciro by’ingufu z’amashanyarazi nyuma y’intambara y’Amerika na Israel muri Iran.

    Ubwo yari ari mu biro bye bya White House, Trump yagize ati: “Ndarikunda. Imibare yari imeze neza cyane. Murabizi icyo nkunda rwose? Nkunda izamuka ry’ibiciro.”

    Ariko yasezeranyije ko ibiciro birimo kuzamuka “bizamanuka nk’urutare” ubwo intambara na Iran izaba irangiye. Nyuma yaho ku wa gatatu, ingabo z’Amerika zarashe muri Iran.

    Ubwo ku wa gatatu yavugaga kuri iyo mibare y’izamuka ry’ibiciro, Perezida Trump yavuze ko ingabo z’Amerika zakoze ibikorwa bya gisirikare (operations) bya nijoro byo gutwara “utugunguru tubarirwa muri za miliyoni” tw’ibikomoka kuri peteroli bivuye muri Iran. Yavuze ko ibyo byagize uruhare mu igabanuka rito ry’ibiciro by’ibikomoka kuri peteroli.

    Yabwiye abanyamakuru bari bari muri White House ati: “Ubwo iyi ntambara izaba irangiye... muzabona ibiciro by’ibikomoka kuri peteroli bigabanuka bigasubira aho byahoze mbere.”

    Igiciro fatizo mpuzamahanga cy’ibikomoka kuri peteroli, Brent crude, kiracyari hejuru cyane kurusha ibipimo cyari kiriho mbere y’intambara.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Tehran yateye ibirindiro vya Amerika mu Kigobe inyuma y'aho ingabo za Amerika zigavye ibitero bishasha kuri Iran

    Ubwato bw’intambara bwa Amerika, USS Michael Murphy (DDG 112), igihe bwarasa misire zo mu bwoko bwa Tomahawk zituruka ahantu hatatomowe, mu bitero bishasha vyo mw’ijoro ku bibanza bitandukanye muri Iran

    Ahavuye isanamu, US Central command

    Insiguro y'isanamu, Ubwato bw’intambara bwa Amerika igihe bwarasa misire zo mu bwoko bwa Tomahawk, mu bitero bishasha vyo mw’ijoro, ku bibanza bitandukanye muri Iran

    Iran yateye ibirindiro vya gisirikare vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika biherereye mu Kigobe, mu kwihora ku bitero bishasha vya Amerika vyagabwe inyuma y'uko Perezida Donald Trump avuze ko ashobora gukubita “bikomeye” ico gihugu.

    Bumwe mu buyobozi bukuru bw’ingabo za Amerika buzwi nka CENTCOM bwatangaje ko bwarangije umusi wa kabiri wikurikiranije w’ “ibitero vyo kwivuna”, bikaba vyagabwe mw’ijoro inyuma y'uko Trump avuze ko Tehran “yatevye cane gushika ku masezerano” yo kurangiza intambara.

    Mu kwishura, Iran yavuze ko yateye ibirindiro vya gisirikare vya Amerika biri muri Bahreïn (Bahrain) na Koweït (Kuwait), ari na vyo nyene yari yatumberejeko ibitero vyo kwihora umusi umwe imbere y’aha.

    Uku kubandanya kw’ibitero vy’ingere ku yindi kwibonekeza muri iyi misi, gushira mu kaga agahengwe impande zompi zari zumvikanyeko muri Ndamukiza (4) uyu mwaka.

    Inyuma y’igitero caheruka ca Amerika, humvikanye uguturika mu bisagara vyo mu bumanuko bwa Iran, hafi y’umuhora wa Hormuz, aho ingabo za Amerika zatumbereje kandi ibitero ku buhinga bwo kwirinda ibitero vyo mu kirere harimwo ama ‘radar’ n’ibindi bikorwa remezo.

    Muri uku gusubira gukara kw’ibitero hagati y’ibi bihugu bibiri, ishami rya gisirikare rijejwe gukingira ubutegetsi bwa kiislam (IRGC) ryavuze ko ryarashe amato abiri manini atwara igitoro yariko aca mu muhora wa Hormuz.

    Ibi vyatangajwe n’ibinyamakuru vya reta ya Iran, n’ubwo ata yandi masoko yashotse avyemeza.

    Ivyo vyabaye inyuma y'uko ibinyamakuru vya reta ya Iran bivuze ko umuhora wa Hormuz “wugawe burundu ku bwoko bwose bw’amato”. Ariko CENTCOM yo yemeje ko “amato y’ubudandaji abandanya kurengana, yaba ayinjira canke ayasohoka, mu muhora wa Hormuz”.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.