Ihiganwa rya FIFA ry’inkino z’igikombe c’isi z’abagabo rigiye gutangura
ryitezwe kubamwo ugutigira (betting) kwa mbere kunini kw’ibihe vyose, aho miriyaridi
50 z’amadolari zizoshirwa muri ico gisata ku rwego rw’isi.
Nk’uko vyihwezwa n’isosiyete Macquarie ikorera mu gisata kijanye n’ivy’ubutunzi
n’amafaranga, iryo higanwa rishobora gutuma abatigira babishiramwo miliyoni 500
z’amadolari ku rukino rumwe.
Imiriyaridi 50 zitezwe muri rusangi, zoba ari ukwiyongera gukomeye
cane ugereranije na miriyaridi 35 z’amadolari zari zashizwe mu bijanye no gutigira
mu nkino z’igikombe c’isi zabereye muri Qatar mu 2022.
Amashirahamwe akangurira abantu kwirinda ibijanye no gutigira kubera
ingaruka zavyo, yibutsa ko abantu nka bose bakina ibijanye no gutigira bahomba
amafaranga ku gihe kirekire.
Ayo mashirahamwe agabisha ko abazotigira mu nkino z’igikombe c’isi z’uwu
mwaka, bari mu kaga ko gukwegerwa mu nzira yo kugerageza ubundi buryo bwo
gutigira bwinshi bushobora kubagirako ingaruka bukanabizizira gusumba.
Umusesanguzi wa Macquarie, Chad Beynon, avuga ko uku kwiyongera gukomeye
kw’amafaranga ashirwa mu bijanye no gutigira guterwa ahanini n’uko igitigiri c’imirwi
izokina congerejwe. Cavuye ku mirwi 32 gishika kuri 48.
Kubera iyo mvo, hazoba inkino zirenga 100 mu kiringo c’amayinga atandatu,
mu gihe mw’ihiganwa riheruka ryabereye muri Qatar mu 2022 hari hakinywe inkino 64.
Beynon yongerako ko ibiringo vyiza vy’amasaha vy’ibihugu bizokwakira
iryo higanwa, ari vyo Amerika, Canada na Mexique, bizotuma abantu benshi barushiriza
gukurikirana izo nkino.
Ashimangira ko bizokwongereza n’inyota y’abatigira ku migabane ya Buraya,
Afrika na Amerika y’Epfo.
Ikindi gituma haba ukwo kuduga ni iyongerekana ry’isoko ryo gutigira
muri Amerika, aho hafi 65% vy’abanyagihugu ubu bashobora gukina imikino yo
gutigira, igitigiri ciyongereye kivuye kuri 40% mu 2022.
Ivyo bisobanuye ko iri ari ryo higanwa rya mbere ry’igikombe c’isi igice
kinini c’Abanyamerika bashobora gushiramwo amafaranga yo gutigira.