Burundi: Kubera iki abanyororo barekurwa ariko ibitigiri mu mabohero bikaguma ari umurengera?

    • Umwanditsi, Patrick Wasso
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Bujumbura
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

N'ubwo kuva muri 2023 umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yagiye afata ingingo zitandukanye zo gutezurira abanyororo ibihumbi n'ibihumbi mu ntumbero yo kugabanya ibitigiri vy'umurengera mu mabohero y'Uburundi, bisa nk'aho n'ubu ingorane ikiri ya yindi nyene.

Mbere, igisata kijejwe amabohero n'ubusho mu Burundi gisaba ko congerwa amafaranga yo guhangana n'umurengera w'abapfunzwe, nk'uko vyashikirijwe n'umushikiranganji w'Ubutungane, Alfred Ahigejeje, ejo ku wa gatatu, igihe yariko yishura ibibazo vy'abashingamateka.

Uno mutegetsi avuga ko mu mabohero amwe amwe mbere ibitigiri biri ku rugero rw'amajana atatu kw'ijana ugereranije n'abo yategerezwa kwakira.

None ingorane ihagaze he?

Umushikiranganji ajejwe ubutungane, Alfred Ahigejeje, yari yatumiwe mu nama nshingamateka kugira avuge ku cegerenyo ca sentare ijejwe kugenzura ikoreshwa ry'uburyo bwa reta mw'ibohero rya Bubanza (intara ya Bujumbura).

Yamara, ibibazo vyahavuye bihindukira biraba uko ikibazo c'amabohero cifashe muri rusangi mu gihugu cose.

Mu gihe avuga ko hakenewe uburyo bwo gutezurira amabohero, umushikiranganji yabwiye abashingamateka ko ahubwo uburyo ahabwa bwo gukoresha muri ico gisata bwagabanutse cane muri iyi myaka iheze.

N'ubwo atatanze ibitigiri nyezina, yagize ati: "Mu mabohero uyu musi hariyo abantu usanga ari umurengera, amafaranga akagenda agabanuka, iyo ikaba ari ingorane".

Mu gihe abashingamateka bagiye barondera gutahura igituma ibi bitigiri biguma ari umurengera, umushikiranganji asigura ko zimwe mu mvo ari uko hakiri ingendo yo kudindiza ingingo zo gutezurira abapfunzwe.

Hambavu y'ivyo, asa n'uwushimangira mbere ko hari abapfungirwa ahantu hasa n'aho adafiseko ububasha.

"Ni ibibazo vy'inkoramutima. Hariho ikibazo co kudafata ingingo. Mu bantu bapfungwa, twibukanye kandi yuko uretse abaca mu ma parake, hari abandi bapfungwa baciye mu zindi nzego nko mu rwego rw'iperereza".

Abashikiranganji boba bananizwa?

Inyishu z'umushikiranganji zisa n'izitanyuze abashingamateka.

Mw'ijwi ryumvikanamwo agashavu, umukuru w'inama nshingamateka Daniel Gélase Ndabirabe yamusavye kuvugisha ukuri no gutomora abo bantu badindiza ibintu abo ari bo.

"Mbega abashikiranganji iyo bashitse mu biro baca bategekwa n'abakozi? Iki ni co umuntu akwiye kwibaza.

"Kumbure hariho abantu badashaka ko ibintu bihinduka. Nimba ari ivyo, kubera iki abashikiranganji batavuga kugira ngo abo bakozi babavemwo?

"None bizogenda gute?"

Kuri ivyo, umushikiranganji w'ubutungane aremeza ko hari abantu bamwe bamwe batinya gufata ingingo kugira abafungwa batezurirwe.

Ariko ntatomora uwo batinya uwo ari we.

Kuva umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye atanguye igikorwa co gutezurira abanyororo, amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yagiye yiyamiriza ico yise "amanyanga" aho yashira ku mugaragaro dosiye zerekana ko hari abejejwe n'ubutungane, abarangije ibihano baciriwe canke abakwije ica gatatu c'umunyororo, ariko batigeze barekurwa.

Umushikiranganji Ahigejeje yabwiye abashingamateka ko dosiye mwene izo zikihari. Asaba guhabwa ikiringo c'amezi abiri kugira ategure icegeranyo cerekana abakwiye gutunganirizwa.

Uburundi bufise amabohero 11 hamwe n'ibigo 2 vyahariwe abana bafitaniye ingorane n'ubutungane.