Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kubera iki abavyeyi b'ubu bumva ko babura itiro gusumba ba sokuru bacu?
- Umwanditsi, Amanda Ruggeri
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 10
Mu bihe vya kera cane, birashoboka ko abavyeyi batigeze bababazwa cane n'ukubura itiro, ibi bikaba vyatumye abashakashatsi bamwe bamwe bihweza gushasha impanuro abavyeyi b'ubu bohabwa muri iki gihe kugira ngo bashobore gusinzira.
Kwitwa umuvyeyi biruhisha ku rugero rungana gute? Igihe umwe yubahuka akabaza iki kibazo ku rubuga rwa Reddit ruvuga ku vyo kurera abana, yaronse inyishu zirenga 400 mu kanya gato. Umwe yaranditse ati: "Birarenze urugero. Biraruhisha bidasanzwe kandi NTA KURUHUKA". Iki ciyumviro casubiwemwo n'abandi amajana.
Hari imvo nyinshi zituma abavyeyi bo muri iki gihe bumva bananiwe cane, kandi zose ntizijanye n'ukubura itiro. Nk'akarorero, imiryango myinshi irera abana bayo idafashijwe n'ikibano, kandi akenshi abavyeyi bafatanya akazi kabo no kurera abana.
Ivyo gusinzira kw'abarera abana biza guhinduka inyuma yo kuvyara, haba ku mvo z'uko ategerezwa kwonsa umwana mw'ijoro, canke iyo ategerezwa kuvyuka isaha cumi n'imwe z'agatondo gutegura umwana ngo aje kw'ishure.
Bivanye n'uko ivyo kurera abana bihari kuva kiremwa muntu abayeho, womengo ni ibisanzwe gufata ko kubura itiro ku bavyeyi ari ikintu kimaze imyaka ibihumbi. Ariko ivyemezo dufise birerekana ko ibi bishobora kuba atari vyo. None basokuru bacu băkora iki gitandukanye n'ubu? Hari ikindi kintu twoshobora kwigira kuri bo muri iki gihe?
None abavyeyi basinzira ikiringo kingana gute?
Mu biyago vya buri musi, kuba umuvyeyi n'ukubura itiro vyama bifatwa nk'ikintu kimwe. Ariko ivyigwa vyerekana ko urugero rw'itiro abavyeyi babura inyuma yo kuronka umwana rutandukanye, kandi bikavana n'imico n'imigenzo.
Nk'akarorero, bumwe mu bushakashatsi bwerekanye ko mu Budagi, abakenyezi bibarutse ku ncuro ya mbere batakaza isaha imwe yo gusinzira buri joro mu mezi atatu ya mbere inyuma y'ivuka ry'umwana ugereranije n'uko vyari bimeze imbere yo gusama. Abagabo na bo batakaza ica gatatu c'isaha. Naho igihe co gusinzira cagiye ciyongera inyuma y'ugushika ku rugero rwo hasi cane mu mezi atatu ya mbere, nta n'umuvyeyi n'umwe - umugabo canke umugore - yari bwashobore gusubirana neza urugero rwo gusinzira uko yasinzira imbere y'imbanyi inyuma y'imyaka itandatu.
Ariko muri rusangi, itandukaniro riri hagati y'abafise abana n'abatabafise, mu gihe c'inyuma yo kwibaruka (post partum), si rinini nk'uko ushobora kuba uvyibaza. Ku rugero rusanzwe, ubushakashatsi bwo mu Budagi bwakorewe ku bantu hafi 40.000, bwerekanye ko abavyeyi bafise nibura umwana umwe ari musi y'imyaka itandatu basinzira hafi amasaha indwi buri joro. Abadafise abana bongerako iminota 10 buri joro ku bagore, n'iminota 14 ku bagabo.
Hagati aho, ivyavuye mu mwihwezo wo mu 2024 muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyasanze abavyeyi bafise abana batarenza imyaka itandatu, baryama, ku rugero rusanzwe, hagati y'amasaha umunani n'icenda buri joro - urugero rwiza rusabwa n'abahinga. Muri urwo rwego nyene, ubushakashatsi bwakorewe mu Bufaransa bwakurikiranye imiryango irenga 400 y'abubakanye mu mezi 36 inyuma yo kwibaruka, bwasanze abavyeyi b'abagore n'abagabo bompi baryama ku rugero rw'amasaha umunani canke ayarenga mu bihe vyose (naho hari abaryama amasaha make, nk'amasaha 4 n'iminota 15 buri joro, abandi bakagera no ku masaha 12).
Gusa ikiriho ni uko aya ari amakuru yatangwa n'abantu ubwabo, ibi bigasigura ko hari aho bashobora kurenza urugero canke naho bakagabanya urugero rw'amasaha baryama – nk'akarorero, bagatangura guharura amasaha kuva igihe binjiriye mu gitanga, aho guhera igihe itiro ribafatiye.
Ariko gusa muri rusangi, ayo makuru yerekana ko abavyeyi benshi basinzira amasaha akwiye, nubwo hariho itandukaniro rinini hagati y'umwe n'uwundi. Iyo abashakashatsi basuzumye ingene abantu ba kera cane baryama - ibi bikaba bifasha gutahura uko ba sokuru bacu bashobora kuba barabayeho – ivyo batora basanga bidatandukanye cane. Nk'akarorero, icigwa kimwe ku miryango itatu y'abahigi casanze abantu bakuze (harimwo n'abavyeyi), bamara hagati y'amasaha 6 n'iminota 54 gushika ku masaha 8 n'iminota 30 buri joro mu gitanga. Ariko kubera bavyuka kenshi, amasaha basinzira yari hagati y'amasaha 5 n'iminota 42 gushika ku masaha 7 n'iminota 6.
Gusa, igikomeye cane ni uko abavyeyi ba none baba mu bihugu biteye imbere mu nganda bakunze kuvuga ko bumva uburuhe bwinshi kandi bananiwe kurusha aba kera. Abahinga baracabandanya barondera gutahura ico kintu gitangaje gituma biba uko.
Uko itiro rifatwa
Mu bantu babeshejweho n'uruhigi, abakuze hafi bose – benshi muri bo bakaba bafise abana – bavuga ko itiro baronka rikwiye, nk'uko bivugwa na David Samson, umuhinga mu bijanye n'imico kama y'abantu, akaba arongoye igisata ciga ibijanye no gusinzira, Sleep and Human Evolution Lab, ca Kaminuza ya Toronto, akaba n'umwanditsi w'igitabu The Sleepless Ape: The Strange and Unexpected Story of How Social Sleep Made Us Human.
Samson yamaze amezi atatu abana n'Abahadza, abantu babeshejweho n'uruhigi mu buraruko bwa Tanzania, kugira yige ibijanye n'ingene basinzira. Ati: "Ugiye mu Bahadza ukababaza uti: 'Musinzira neza canke nabi?' bagusubiza bati: 'Neza'."
Ku rundi ruhande, iyo abavyeyi ba none, mu bihugu biteye imbere mu nganda, babajijwe uko ivyo gusinzira bihagaze, bakunze kuvuga ko ata kigenda. Muri ca cigwa co mu Budagi, nk'akarorero, urugero rwo gusinzira ku bavyeyi b'abakenyezi ruri kuri 6,57 ku gipimo ca 0 gushika kuri10; mu gihe urw'abagabo na rwo ruri kuri 7,03. Muri ca cigwa co mu Bufaransa, hafi batatu ku bakenyezi bane bafise abana b'amezi atatu bavuze ko biyumvamwo ko bataronka itiro rihagije.
Si ukuvuga ko abavyeyi ba kino gihe bavyuka kenshi mw'ijoro kurusha abandi. Ubushakashatsi bwakozwe na Samson n'abandi bwerekanye ko abantu bo mu miryango y'abahigi basanzwe bavyuka incuro nyinshi mw'ijoro kurusha twebwe.
Kimwe mu bituma ni uko ivyo kwihweza ibijanye n'ugusinzira twatanguye kuvyitaho kuva habaye iterambere mu vy'inganda, nk'uko bivugwa na Helen Ball, umuyobozi w'ikigo ciga ku bana bato n'itiro c'ahitwa Durham (Durham Infancy and Sleep Centre) mu Bwongereza, akaba kandi n'umwanditsi w'igitabu How Babies Sleep: A Factful Guide to the First 365 Days and Nights. Iki ntikirakwiragizwa hose kw'isi. Aherutse kuyobora ubushakashatsi ku kungene urwaruka rwo mu bigwati bibiri vyo mu misozi muri Mexique rusinzira ugereranije n'abo mu gisagara ca Mexico. Muri ibi bigwati vyo mu misozi, "ico ciyumviro co gusinzira nk'igishitsi ntikimenyerewe", niko avuga. "Mu gisagara ca Mexico honyene niho iki ciyumviro cari gisanzwe kimenyerewe".
Abakurambere bacu bashobora kuba batari bafise impamvu nyinshi zari kubatuma gusinzira ata gucishamwo ngo bavyuke. Ball agira ati: "Nta kibazo bari bafise co gukora akazi kuva isaha zitatu gushika isaha cumi n'imwe, canke kuva isaha zibiri gushika isaha cumi n'imwe kari kubasaba ko basinzira amasaha kanaka mw'ijoro kugira bashobore gukora neza bukeye kandi badashize ubuzima bwabo mu kaga. Nta mamodoka banyonga. Nta mashini ziremereye bakoresha. Ni ukuvuga ko ibi bintu biduhangayikisha ubu, kuri bo ntivyari ikibazo".
Nyina ni we gatutu k'umwana
Ariko hariho ukundi abavyeyi ba kera bifata mu bijanye n'ugusinzira mu buryo butandukanye n'uko benshi muri twebwe tuvyifatamwo muri iki gihe.
Igihe Samson yabana n'aba Hadza, yarabasigurira imigenzo isanzwe ihari muri Amerika, nk'uguhimiriza abana bato gusinzira ukwabo, kure y'abarezi babo. Avuga ati: "Bambona nk'umusazi. Bambaza bati 'Kubera iki? Kubera iki? Kubera iki?'… Na jewe narumva bintera isoni kubazwa ico kibazo."
Abavyeyi b'abakenyezi b'aba Hadza, nk'uko biri no mu mico myinshi yo kw'isi ndetse no mu miryango myinshi y'abahigi imaze gukorwako ubushakashatsi, basangira uburiri n'abana babo kandi bakabonsa ijoro ryose. Kubigenza gutyo vyahawe izina rya "breastsleeping", n'umuhinga mu vy'imico n'imibereho, James McKenna, yatanguje laboratware yiga ibijanye n'ugusinzira kw'abana na ba nyina babo, Mother-Baby Behavioral Sleep Laboratory, kuri kaminuza Notre Dame mu mu ntara ya Indiana, muri Amerika.
McKenna avuga ati: "Ntushobora gutandukanya ugusinzira kw'umwana na nyina, canke konsa canke kutonsa. Vyose ni nk'ikintu kimwe. Umubiri w'umukenyezi ni yo nzu y'umwana".
Ivyavuye mu bushakashatsi ku ngaruka breastsleeping ishobora kugira kuri nyina w'umwana ni uruvangatirane. Ariko ubushakashatsi bumwebumwe bwerekana ko ishobora kugira ico ihinduye ku kuntu abavyeyi bumva baruhutse.
Ubushakashatsi bumwe bwasanze igihe co gusinzira c'ukuri kitandukana cane hagati y'abavyeyi basangira uburiri n'abana babo n'ababaryamika ukwabo. Abavyeyi basangira uburiri n'abana babo bakunze kwikangura mw'ijoro kenshi gusumba, ariko bagasa n'abadateba gusinzira. Ariko gusa, itandukaniro riravana n'ingene bafata ibintu.
Nk'uko Ball abivuga, "abamama ntibazi neza incuro boba bonsa mw'ijoro, canke incuro baraba abana babo". Bashobora kwonsa bari mu bitirotiro, canke bakanibagira ko bavyutse. Iki gishobora kuba ari ikintu gishobora kubatuma bumva bagononokewe bukeye.
Ibi birajana n'ubushakashatsi ku kungene tubona ingene itiro rishobora guhindura ingero z'intege zacu. Kutarazwa ishinga n'ukungene dusinzira bishobora kudufasha kuruhurira umutwe mw'ijoro, ariko kandi ntitwumve ko tunaniwe cane ku murango, n'aho twoba tutasinziriye neza mw'ijoro.
Kubera ko abavyeyi bonsa basinziriye baba koko bariko bonsa abana babo aho gukoresha amata y'ifu, bishobora kubabera kirumara mu gusinzira kwabo kubera umusemburo uzwi nka prolactin, wiyongera igihe bonsa ukaba ushobora no gutuma umumama ashaka gusinzira cane. Ubushakashatsi bwakozwe ku bamama 133 bwasanze abonsa baronka iminota iri hagati ya 40 na 45 y'ugusinzira gusumba abakoresha amata y'ifu, mu gihe ubundi bushakashatsi ku bamama 120 bwasanze abonsa gusa baronka iminota igera kuri 30 y'iyongera mu gusinzira buri joro mu kwezi kwa mbere umwana avutse.
Eka na Samson na we nyene aremeza iki kintu. We n'umugore wiwe bamaze amezi atatu ya mbere y'umukobwa wabo bibagora gusinzira bihagije, gushika bagerageje bwa buryo bwa "breastsleeping" yari yabonye mu ba Hadza, inyuma y'amabwirizwa ngenderwako mu vy'amagara y'abantu yerekana ingene bashobora gusangira uburiri n'umwana mu buryo bwiza bushoboka.
Avuga ati: "Ubuzima bwacu bwarahindutse cane. Ntiyari agitegerezwa kwicara, ntiyari agitegerezwa kuvyuka; yaramenya gusa ati 'oh, umwana ariko aronka' – ubwo nyene agaca asubira gusinzira. Ibi vyahinduye ibintu vyose".
Si ubushakashatsi bwose bwerekana ko gusinzirira hafi y'umwana bifasha umuvyeyi gusinzira neza kurusha. Nk'akarorero, ubushakashatsi bumwe bwakurikiranye imiryango 139 mu mwaka wa mbere w'umwana kuva avutse bwerekanye ko abamama basangira icumba canke igitanda n'abana babo bagira ingorane nyinshi mu gusinzira kurusha abatabigira. Naho ari uko, abana babo ntibikangura cane.
Ariko gusa, biragoye gutandukanya imvo n'ingaruka zavyo. Birashoboka ko abavyeyi bitwararika cane, ari na bo bashobora kuba bikangura kenshi mw'ijoro, ari bo bakunda kwiyegereza cane abana babo igihe basinziriye aho kubashira kure yabo.
Kuba maso bigira ico bihindura
Ingene abavyeyi bikangura n'ingene baba maso muri ico gihe bishobora kugira uruhara. Fata nk'akarorero impanuro rusangi ko umwana akwiye kuryamikwa mu gatanda kiwe canke mbere no mu kindi cumba; ko umuvyeyi ategerezwa kuguma ari maso igihe ariko aronsa canke ariko arasubiza umwana mu kibanza, mbere naho hoba ari ugukwega terefone; hamwe no gukurikirana neza ibihe vyo kuvyuka no kwonsa – nta na kimwe muri ivyo ba sokuru bacu b'abahigi bari gukora.
Nk'uko bisigurwa na Pamela Douglas, umwigisha mukuru muri kaminuza ya Queensland muri Australia, ivyo vyose ni ibintu bituma umuntu avyuka koko.
Mu vy'ukuri, iki ni co kintu nyamukuru mu bihe bimwe bimwe. Nk'akarorero, iyo agatiro kagufashe ugasinzirana umwana mu kibanza kitagenewe gusinziriramwo muri babiri – nk'akarorero ku ntebe – birashobora guteza ivyago vyo gupfa kw'umwana bukwi na bukwi ku rugero rw'incuro 67 gusumba. Ni co gituma abahinga bamwebamwe mu vy'amagara y'abantu bahanura abavyeyi gukora uko bashoboye kwose kugira ngo babe maso koko mu gihe bikanguye kugira ngo bonse abana mw'ijoro.
Ikibazo ni uko atariko vyama bigenda, aho rimwe na rimwe abavyeyi bashobora gufatwa n'agatiro bari muri ibi bibanza bidatekanye. Ikindi na co ni uko bishobora gutuma abavyeyi bibagora gusubira kuronka itiro inyuma yo kwonsa umwana – ibi na vyo bikaba bishobora gutuma badashobora gusinzira uko bikwiye, nk'uko abashakashatsi babivuga.
Kugira ngo abavyeyi n'abana babe mu mutekano, ubushakashatsi ku bijanye n'ingene abavyeyi basinzira buriko bwiyongera, Douglas yatanguje umugambi wo gufasha mu bijanye no gusinzira wiswe "Possums". Uwo mugambi uhimiriza uburyo bwo kuruhurira umutwe no gutuza, kandi ukagira inama abavyeyi ko batogendereza cane ibihe umwana avyuka canke yonswa. Boreka kandi abana bakonka gushika basinzire.
Abantu baremewe kubura itiro…babifashijwemwo
Kiremwamuntu aratangaje cane: ugereranije n'ibindi biremwa, abana bacu bavuka batarakura na gato, bigasaba ko bitabwaho cane n'abarezi babo, nk'uko bivugwa na Sarah Blaffer Hrdy, umwigisha mu vy'ingene kiremwamuntu yagiye arabaho (anthropology ) kuri Kaminuza ya California-Davis muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, akaba n'umwanditsi w'ibitabo bitari bike bivuga uburezi. Ariko rero, ubuzima bw'uruhigi abakurambere bacu babayemwo mu myaka ibihumbi n'ibihumbi bwari bugoye cane, aho abantu bătegerezwa gukoresha inguvu nyinshi n'umwanya munini mu kurondera ibifungurwa.
Bitandukanye n'uko bimeze ubu ariko, bari bafise ubufasha bwinshi cane bwatuma baronka umwanya uhagije n'uburyo bwose bwo kwitaho buri mwana, kandi bakagira abana benshi bihagije kugira ngo bashobore gusubirira abandi.
Hrdy avuga ati: "Nta kuntu abantu batari kuzimangana, kandi nta kuntu imiryango yari kubandanya irondoka, iyo abavyeyi bari kuba badafise abandi bantu babafasha kurera abana, hampande y'ukwitabwaho n'abavyeyi gusa".
Muri aba bantu bandi babafasha kurera abana harimwo abanyamuryango, cane cane ba inakuru n'abavukanyi bakuze canke n'abandi bantu bo mu kibano.
Nk'akarorero, ubushakashatsi bwakozwe ku bwoko bwitwa Efé bwo muri Afrika yo hagati bwerekanye ko abana bafise amayinga 18 bamara 60% vy'umwanya wabo barezwe n'abandi bantu atari ba nyina, ndetse kenshi bakonswa n'abandi atari ba nyina babo.
Ariko mu bihugu vyateye imbere, iyo ngendo yaragabanutse cane. Ikintu ca hafi cayisubiriye, ibigo vy'uburezi birihwa amafarana, na vyo bishobora guteza ibindi bibazo, harimwo n'ivy'amafaranga.
Muri iki gihe, imiryango myinshi ikora "ubuzi bubiri": kurera abana no gukorera hanze y'i muhira. Muri Amerika, uyu musi mu ngo zirenga zitanu kuri cumi zifise abana, abavyeyi bompi barakora, mu gihe mu Bumwe bwa Bulaya zirenga zitandatu kuri cumi (6/10). Hariho kandi itandukaniro rishingiye ku gitsina rikibandanya kugaragara, aho akenshi ibikorwa vyo kurera abana no kubuganbunga urugo biri ku gatwe k'umugore – ibi bigatuma abamama cane cane bumva uburuhe.
Ugereranije n'imico y'abahigi, birasanzwe kandi kugira abana benshi batandukana imyaka mike. Abahinga mu mico y'abantu, harimwo na Hrdy, basanze mu mico y'ababeshejweho n'uruhigi, abana bari bakunze kuvuka batandukanywa hafi imyaka ine ine. Ibi vyaje guhinduka igihe abantu batangura kurima, bakaba ahantu hamwe, ari ho abagore baca batangura kuvyara kenshi kandi vuba gusumba. Rero ku bakurambere bacu bari babeshejweho n'uruhigi, kugira umwana umwe gusa canke uruyoya rumwe rukeneye kurerwa vyarafashije kugabanya uburuhe.
Kubera ivyo, birashoboka ko ihindagurika mu vyo gusinzira n'imibereho ari ryo ryatumye abavyeyi ba kino gihe bumva ko barengewe kandi badasinzira bihagije, aho kuba ukubura itiro ukwabwo.
Naho biri uko, abahinga bamwebamwe bavuga ko twahindutse kugira ngo dushobore kwihanganira umubabaro wo kubura itiro mu myaka ya mbere yo kwitwa umuvyeyi, kubera ari igihe nkenerwa c'impinduka kugira ngo ubwoko bwa kiremwamuntu ntibuhone.
"Twaremwe kugira tugende turahinduka kugira tujane n'ibihe, kugira twihangane, kugira dushobore guhangana n'ingorane, no guca mu bihe bitandukanye mu buzima", ni ko Samson avuga.
Samson abona ko hari ibihe vy'ubuzima usanga kubura itiro ari ngombwa, cane cane mu bijanye no kurera no kwibaruka.
None hoba hari ibihe ukubura itiro ari nkenerwa?
"Ku bw'abahinga mu vy'imico y'abantu - ego ni vyo ijana kw'ijana".