DR Congo: Abategetsi bavuga ko guhagarika virusi ya Ebola Bundibugyo bishobora gushika ku mezi atandatu
Abategetsi bajejwe amagara y’abantu muri Republika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) bavuga ko abantu bagera ku 1000 ari bo bagaragaza ibimenyetso bihuye n'ivya Ebola, ariko ko kugeza ubu abamaze kwemezwa n’ibipimo vyo muri laboratware ko bayanduye ari 101.
Abo bategetsi bavuga ko ibipimo bikibandanya gukorwa, aho kuva ku bice 30 gushika ku 35 kw’ijana vy'ivyafashwe bigaragaza ko abo bantu banduye.
Iki kiza kandi carateye impungenge ku bitigiri vy’abapfuye. Abategetsi bavuga ko abagera ku 220 bikekwa ko bishwe na co. Ariko 17 bonyene ni bo ibipimo vya laboratware bimaze kwemeza ko bapfuye bishwe na Ebola, ibi bikerekana ko hakiri igipfungu mu bitigiri.
Urugamba rukomeye ubu ni ugukurikirana abahuye canke bakoranyeko n’abanduye. Abantu bagera ku 3600 bamaze kumenyekana ko bahuye n’abanduye, ubu bakaba bariko barakurikiranwa cane.
Harimwo abari mu kaga gakomeye, nk’abo mu miryango yahaye indaro ikanitaho abarwayi, hamwe n’abandi bari mu kaga gasanzwe, nk’abahuye akanya gato n’abanduye.
Nta n’umwe muri abo ubu aragaragaza ibimenyetso, ariko bose barakurikiranwa.
Hambavu y’ivyo, abarwayi bagera hafi ku 230 bariko bavurirwa mu mavuriro, bagahabwa cane cane ubufasha bwo gupfupfahaza, kubera ko gushika ubu ata muti wihariye w’ubu bwoko bwa Ebola urashirwa ku rugero rwo gukoreshwa.
Ariko abategetsi bavuga ko hari imiti iriko irageragezwa, harimwo umuti wo mu bwoko bwa ‘monoclonal antibody’ wakorewe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ishobora gutangura gukoreshwa vuba mu bikorwa vyo kugeragerezwa ku barwayi.
Ku bijanye n'aho giherereye, iki kiza kigaragara cane mu ntara zitatu za RDC: Ituri, Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo. Abategetsi bashimangira ko ata bantu banduye bamaze kwemezwa n’ibipimo vyo muri laboratware hanze y’izo ntara, n’ubwo mu gihugu cose hari amakuru atandukanye y’abantu bikekwa kwandura.
Mu kwirinda irandagata ry’iki kiza, utwigoro turiko turongerezwa cane. Udukoresho two gupima duharurwa mu bihumbi turiko turakwiragizwa, aho utugera ku 2000 tumaze gutangwa n’utundi 4000 turi mu nzira.
Vyongeye, amatoni arenga 100 y’ibikoresho vya nkenerwa vyo kwa muganga ari mu nzira, mu gihe reta n’abafatanyabikorwa mpuzamakungu bariko barongereza umurindi mu bikorwa vyo guhangana n’ikwiragira ry’iki kiza.
Izindi nkuru wosoma: