Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO , Trump: Iyo tutaja mu ntambara, Irani iba yarateje amahano ya nikleyeri atagira izina

Trump avuga ko iyo Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitinjira mu ntambara, Irani “yari gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara igatera Israel n’akarere kose".

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Anne-Marie Niwemwiza na Bernard Bankukira

  1. Ayavugwa mu nkino: Erling Haaland ariko yiyumvira kuva muri Man City, aripfuza Barcelona, Erling Haaland ariko yiyumvira kuva muri Manchester City, Liverpool iriko irondera Jamal Musiala Manchester United na yo yerekeje amaso kuri Maxi Araujo.

    Umusatirizi rurangiranwa wa Manchester City n'umurwi nserukiragihugu wa Norvège Erling Haaland w'imyaka 26 ariko yiyumvira gusezera umurwi wiwe mu ci riza, Barcelona ikaba ari umwe mumirwi yipfuza kwimukiramwo. (El Nacional - mu ki Espagnol)

    Liverpool iriteguriye kurondera umukinyi wo hagati wa Bayern Munich, Umudagi Jamal Musiala w'imyaka 23, mu gihe yokwerekana ko akomeye neza mu mpera z'iri higanwa ry'uno mwaka w'inkino. (Football Insider)

    Manchester Unitedyerekeje amaso ku mukinyi w'inyuma wa Sporting, Umunya-Uruguay Maxi Araujo w'imyaka 26, kandi na we nyene akaba yipfuza kwimukira muri uno murwi mu kwa mbere. (Sport Witness)

    Atletico Madrid irizeye ko izoshobora kugumana umusatirizi wa Argentina Julian Alvarez w'imyaka 26, mu gihe imirwi ya Paris St-Germain na Arsenal iriko iramurondera(Teamtalk)

    Chelsea iriko irarondera ingene yogarukana Umudagi Antonio Rudiger w'imyaka 33 mu kwa mbere, ubu akaba asanzwe akinira Real Madrid. (Football Insider)

    Imirwi Leeds, Brentford na Crystal Palace yose iriko irakurikiranira hagufi umusatirizi wa Leicester City Umwongereza Bismark Owusu w'imyaka 18. (Teamtalk)

  2. Impfungwa y’umugore yibungenze yatorokanye imodoka y’ibohero muri Amerika

    Mu ntara ya New Mexico muri Amerika, umugore yibungenze yari apfunzwe yatorotse inyuma yo kwigarurira imodoka yari imusubije mw’ibohero avuye kwa muganga kwipimisha imbanyi yiwe, nk’uko urwego rujejwe amabohero muri iyo ntara rubivuga.

    Rebecca Taylor w’imyaka 26 yigaruriye imodoka yo mu bwoko bwa Dodge Journey aca arayitorokana, igihe abari bamucungereye bari bahagaze kugira bagure ivyo kurya mu gisagara ca Albuquerque, nk’uko vyavuzwe n’ibinyamakuru vyo muri ako karere.

    Urwego rujejwe amabohero muri New Mexico ruvuga ko iyo modoka hamwe n’impuzu z’impfungwa Taylor yari yambaye vyabonetse mu nyuma, ariko ko we akaba atabonetse.

    Uru rwego ruvuga ko yari apfunzwe ku vyaha vyinshi birimwo ubusuma na rusenyanzugi.

    Ibinyamakuru vyo muri ako karere vyatangaje ko hari n’iyindi mpfungwa y’umugore yari kumwe na Taylor, nayo nyene yari ivuye kwa muganga gupimisha imbanyi yayo, yashoboye gupiruka muri iyo modoka igihe Taylor yayigarurira ku wa gatatu.

    Abajejwe amabohero batangaje ko inzego zitandukanye z’umutekano ziri mu gikorwa co guhiga Taylor.

    Ikinyamakuru Albuquerque Journal kivuga ko imbanyi ya Taylor igeze mu gice ca kabiri. Umuvugizi w’urwego rujejwe amabohero, Brittany Roembach, yavuze ko ari co gituma atashizweko amapingu igihe bamutwara kwa muganga.

    Yavuze ati: “Uko vyumvikana gushika ubu, hari umupolisi umwe yari kumwe n’iyo modoka, ariko ntiyari ayirimwo igihe ivyo vyaba.”

    Amabohero yose yo muri New Mexico yaciye ashirwa mu bihe bidasanzwe inyuma y’itoroka rya Taylor, gusa iyo ngingo yarakuweho ku wa kane mu gitondo.

    Ariko ibohero rya Western New Mexico Corrections Facility, aho yari apfungiwe, ribandanya riri mu bihe bidasanzwe, kandi nta bashitsi bakirwa muri iki gihe.

    Abategetsi basavye abanyagihugu kudahirahira ngo begere Rebecca Taylor mu gihe boramuka bamubonye, ahubwo bace bihutira kumenyesha igipolisi.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  3. Zelensky agereranya Putin na Hitler, akanegura Trump avuga ko ariko atevya imfashanyo za gisirikare

    Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yagaragaje umujinya wiwe kuri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, avuga ko ugukwega amaguru mu kuronsa igihugu ciwe uburyo bwo kwivuna ibisasu vya misire kuriko kuratuma abanyagihugu ba Ukraine bahatikirira.

    Mu kiganiro yahaye BBC, Zelensky yavuze kandi ko Washington (ubutegetsi bwa Amerika) itariko iratera igitsure Moscou (ubutegetsi bw’Uburusiya) uko bikwiye mu biganiro vy’amahoro, kandi ko “bitangaje” kubona Perezida Donald Trump yita Vladimir Putin umugenzi.

    Zelensky avuga ko, naho Trump afise uburenganzira bwo kwihitiramwo ivyo akora n’ivyo yemera, bigaragara ko Perezida Putin ari “umunyakibi kandi n’umwicanyi”.

    Zelensky yagereranije Putin n’uwahoze ari indongozi y’Abanazi, Adolf Hitler, ashimika ku ruhara rwa Moscou mu ntambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine.

    Trump yavuze aya majambo anegurwa na Zelensky inyuma y’inama yahuje Perezida Xi Jinping w’Ubushinwa na Vladimir Putin, aho Perezida wa Amerika yavuze ko bayaze neza na mugenzi we w’Uburusiya, kandi ko abo bategetsi bompi bamaze imyaka myinshi bafitaniye “umubano mwiza cane.”

    Hagati aho, Trump yavuze ko yipfuza kubona Putin yitavye inama y’ibihugu 20 bitunze kurusha ibindi kw’isi (G20) itegekanijwe mu kwezi kuza muri Florida, gusa akaba yemera ko uyu mukuru w’igihugu c’Uburusiya ashobora kutazoyitaba, kandi ko hari ibihugu bimwe bimwe bitipfuza kumubona muri iyo nama.

    Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) ivuga ko ata ngingo irafatwa ku kwitaba canke kutitaba iyo nama. Putin asanzwe aronderwa na Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI/ICC) ku vyaha vy’intambara yagirizwa.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  4. Trump: Iyo tutaja mu ntambara, Irani iba yarateje amahano ya nikleyeri atagira izina

    Mu kiganiro kuri terefone yagiranye n’ingabo za Amerika ziri mu Buseruko bwo Hagati nijoro ku wa kane, mu birori vy’umusi mukuru w’amashimwe (uzwi nka Thanksgiving), Donald Trump yagarutse kenshi ku ntambara ya Irani, avuga ko “Amerika yinjiye muri iyo ntambara kandi iri muri ako karere atari kubera igitoro, ahubwo ari mu ntumbero yo gukingira Israel n’ibindi bihugu vyo muri ako karere.”

    Mu butumwa yahaye imirwi itandukanye y’ingabo za Amerika ikorera mu Buseruko bwo Hagati ari i Mar-a-Lago muri Florida, Perezida Trump yagize ati: “Ntidukeneye igitoro. Dufise ububiko bunini cane bw’igitoro, kandi hari na Venezuela, aho turonka amamiriyoni y’amatoni y’igitoro...

    “Ntitukeneye rero igitoro co mu Buseruko bwo Hagati, ariko dukeneye amahoro muri ako karere, kuko bitagenze gutyo hazoba ingorane nyinshi.”

    Trump yavuze kandi ko, uko abibona, iyo Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitinjira muri iyo ntambara, Irani “yari gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara [vya nikleyeri] igatera Israel n’akarere kose, kandi isi iba yarahuye n’amahano atagira izina atewe n’ibirwanisho vya nikleyeri.”

    Irani ntihengeshanya guhakana ivyo yagirizwa ko yoba iriko igerageza guhingura ikibombe ca nikleyeri, kandi ko umugambi wayo wa nikleyeri atari uwa gisirikare.

    Irani kandi yagiriza Amerika ko yinjiye mu ntambara iri kumwe na Israel ku mohe n’imigambi ya Israel, atari kubera ico yita “ikibazo c’umutekano wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.”

    Ni mu gihe ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi buvuga ko iyi ntambara yatanguye mu mpera za Ruhuhuma (2) uno mwaka imaze gutwara igisirikare ca Amerika hafi imiriyaridi 50 z’amadorari ya Amerika.

    Arthur Miller, ajejwe gutunganya no kugenzura amafaranga akoreshwa mu vya gisirikare, yavuze ko ayo mahera arimwo ayakoreshwa mu kugura amasasu n’ibirwanisho, ayo gusubiriza ibikoresho vya gisirikare vyononekaye canke vyakoreshejwe, hamwe n’amahera yakoreshejwe mu bikorwa vya gisirikare.

    Yasiguye ko muri ibi bitwara amafaranga menshi hatarimwo ivyononekaye mu bitero ku birindiro vya gisirikare vya Amerika biri mu Kigobe c’Abarabu, aho bimwe muri vyo vyasinzikaye cane mu bitero vy’amadrone (indege zitajamwo abadereva ) ya Irani, hamwe n’ibisasu vya misire vyarashwe na Irani muri iyi ntambara imaze amezi arenga icenda.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  5. Mwaramutse

    Kaze mu makuru y'akarere no mu makungu tubashikiriza mu buryo bw'ikibiriraho.