Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Espagne: Nibura abantu 68 baguye mu mpanuka ya gari ya moshi, abandi benshi barakomereka bikomeye

Abantu n’imiburiburi 68 bahitanywe n’impanuka yabaye inyuma y’aho gari ya moshi zibiri z'umuvuduko munini zigonganiye mu bumanuko bw’umugwa mukuru wa Espagne, Madrid.

Incamake

  • Amerika yatangaje ibindi bihano ku Rwanda ku mvo zo kugumiza ingabo muri RD Congo
  • Imikino yose y'Igikombe cya Espagne yasubitswe nyuma y'impanuka ya gari ya moshi yahitanye abantu 68
  • Perezida wa AU asaba Uburusiya kongera ishoramari muri Afurika
  • Espagne mu gahinda inyuma ya gari ya moshi zibiri zagonganye, abababa 68 bakaba bapfuye
  • Indege yari itwaye Favio Bolsonaro yahagaze muri Ecuador/Equateur
  • Kenya: Iyunguruzwa ry'urubanza rw'umusirikare w'Ubwongereza yagirizwa ubwicanyi ntiryakiriwe neza
  • Uganda: Gen Muhoozi avuga ko yakoroye amapete uwahoze ari icegera c'umukuru w'igisirikare
  • Zimbabwe: Uwahoze ari umugore w'icegera ca perezida yarekuwe inyuma y'imyaka apfunzwe
  • Mbappé yasavye imbabazi ku majambo 'atabereye' yavuze kuri Mao, inyuma y'ukwiyamirizwa mu Bushinwa
  • Flávio Bolsonaro watsinzwe mu matora ya perezida yageze muri Amerika nyuma yuko Brésil iburijemo pasiporo ze

Amakuru y'ikibiriraho

Anne-Marie Niwemwiza, Bernard Banklukira, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu na Gisele Berwa

  1. Ni hano turangirije amakuru twariko turabashikiriza mu buryo bw'ikibiriraho, tuzosubira ejo mu gitondo

  2. Amerika yatangaje ibindi bihano ku Rwanda ku mvo zo kugumiza ingabo muri RD Congo

    Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje ko zashize mu bihano ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu Rwanda kubera ugufata mu mugogongo umugwi wahora ugwanya reta ya Congo, M23 ubu wunjiye mu runani rushasha, FRN.

    Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe ikigega, zashize mu bihano kandi banki itanga ingurane ntonto Zigama Credit and Saving Society kubera izo mvo nyene.

    Amerika ivuga ko iyo ngingo yafashwe kubera reta y’Urwanda itubahiriza amasezerano hagati y’Urwanda na Repuburika ya Demokarasi ya Congo bakuru b’ivyo bihugu bashizeko umukono mu kwezi kwa 12 mu 2025 bahagarikiwe n’umukuru wa Amerika Donald Trump.

    Amerika yagiriza Urwanda kuba rwagumije ingabo zarwo ku butaka bwa Congo, mu ntara za Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo no gushigikira ibikorwa vya girikare vy’uwo mugwi.

    Amerika ivuga ko yubahirije isezerano ryayo ry’uko Urwanda rubazwa ivyo rwiyemeje hisunzwe amasezerano ya Washington.

    “Urwanda rutegerezwa guhagarika gushigikira M23 no kuvana ingabo zarwo mu buseruko bwa Congo” niko bigwa n’umushikiranganji wa Amerika ajejwe ikigega ca reta Scott Bessent, muri iryo tangazo.

    Ayandi makuru:

  3. Imikino yose y'Igikombe cya Espagne yasubitswe nyuma y'impanuka ya gari ya moshi yahitanye abantu 68

    Imikino 24 yose y'irushanwa ry'Igikombe cya Espagne (Coupe du Roi/Copa del Rey) yari iteganyijwe kuba kuri uyu wa Gatatu yasubitswe mu rwego rwo guha icyubahiro abaguye mu mpanuka ya gari ya moshi yabereye hafi ya Madrid, igahitana abagera kuri 68

    Abagenzi barenga 500 bari muri za gari ya moshi ebyiri zagonganye mbere yo guta umuhanda wa gari ya moshi mu gace ka Toledo.

    Mu itangazo ryashyizwe ahagaragara n'Ishyirahamwe ry'Umupira w'Amaguru muri Espagne (RFEF), abayobozi bavuze ko iki cyemezo cyafashwe mu rwego rwo kwifatanya n'imiryango y'ababuze ababo muri iyi mpanuka.

    Amakipe atanu akina mu cyiciro cya mbere cya shampiyona ya Espagne, ari yo Levante, Alaves, Valencia, Celta Vigo na Real Betis, yari afite imikino y'icyiciro cya mbere cya Copa del Rey kuri uyu wa gatatu.

    Ikipe ya Barcelona na Real Madrid, zihanganishije imiryango y’ababuze ubuzima muri iyi mpanuka, hamwe n’abakunzi babo, kandi zinavuga ko zifatanyije n'abakomeretse ndetse n'abandi bose bagizweho ingaruka n’iyi mpanuka.

    Imikino yari iteganyijwe gukinwa ku wa Kane ntacyo yahindutseho. Ishyirahamwe rya RFEF ntiriratangaza gahunda nshya y'imikino yo ku wa Gatatu yasubitswe.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Perezida wa AU asaba Uburusiya kongera ishoramari muri Afurika

    Perezida Evariste Ndayishimiye w’u Burundi, ari na we Perezida w’Umuryango w'Ubumwe bwa Afurika (AU), yatangaje ko Afurika irimo gushaka kwagura ubufatanye bwayo n’ibihugu bitandukanye ku rwego mpuzamahanga, anasaba amasosiyete y’ Uburusiya gushora imari mu bisata by’ingufu, ibikorwa remezo, inganda ndetse n’ikoranabuhanga.

    Mu ijambo yagejeje ku bitabiriye inama rusange y’Ihuriro ry’Ubukungu n’Ubutabazi hagati y’u Burusiya na Afurika ryabaye kuri uyu wa gatatu, Ndayishimiye yashimangiye ko hakenewe ubufatanye bungana kandi bushingiye ku kubahana no kwizerana.

    Iyi nama yafunguye ibikorwa by’inama ya gatatu ihuza u Burusiya na Afurika, irimo kubera i Moscow ikaba izamara iminsi ibiri.

    Ndayishimiye yavuze ko umubano hagati y’u Burusiya na Afurika ufite amahirwe menshi yo gutezwa imbere, ati: “Tugomba kurushaho gushimangira ubu bufatanye, bukava ku guhanahana gusa ibikoresho fatizo, bukibanda ku kubitunganyiriza imbere muri Afurika, guteza imbere inganda, guhererekanya ikoranabuhanga, kongerera abaturage ubumenyi no guhanga imirimo.”

    Yongeyeho ko umutungo kamere wa Afurika ugomba kubyazwa umusaruro mu buryo burambye kandi bugirira akamaro abaturage b’aho uherereye, aho kungukira uruhande rumwe gusa.

    Ku ruhande rwe, Perezida w’u Burusiya Vladimir Putin, ushaka gukomeza kwagura uruhare rw’u Burusiya muri Afurika, yavuze ko iyi nama ari intambwe ikomeye mu guhangana n’ubutegetsi bw’ibihugu by’ibihangange byo mu Burengerazuba bw’Isi ku mikorere mpuzamahanga.

    Yagize ati: “Igihe cyo kuba iherezo ry’imigabane yose y’Isi ryaragenwaga n’agatsiko gato k’ibihugu kirimo kugana ku musozo ku buryo budasubirwaho.” Yanasabye ko havugururwa uburyo ikigega mpuzamahanga cy’imari (IMF) na Banki y’Isi bikora.

    Yongeyeho ko igihugu cye cyiteguye kongera ibyo cyohereza muri Afurika birimo ingano n’ifumbire mvaruganda, ashimangira ko u Burusiya busanzwe bugemurira ibyo bicuruzwa ibihugu bya Afurika birenga 40.

    Hagati aho, ikibazo cy’abanyafurika binjizwa mu ngabo zirwana ku ruhande rw’u Burusiya mu ntambara buhanganyemo na Ukraine cyakomeje guteza impungenge mbere y’iyi nama.

    Imiryango iharanira uburenganzira bwa muntu yasabye abayobozi ba Afurika kubaza Putin kuri iki kibazo no kumusaba guhagarika ikoreshwa ry’Abanyafurika nk’abacanshuro.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Ikigo gishinzwe kurwanya no gukumira indwara muri Afurika cyatumije inama idasanzwe kuri Ebola

    Iyi nama yabaye kuri uyu wa gatatu, tariki 28 Ukwakira (10), yahuje abaminisitiri b'ubuzima b'ibihugu bitandukanye bya Afurika, ikaba yabaye hifashishijwe uburyo bw’ikoranabuhanga.

    Ni inama yatangajwe mu cyumweru gishize nyuma gato y'uko habonetse umuntu wanduye virusi ya Ebola muri Nigeria, nk’uko bitangazwa na Radio mpuzamahanga y’abafaransa (RFI)

    Ije mu gihe icyorezo cya Ebola giterwa na virusi ya Bundibugyo cyamaze kugaragara mu bihugu bintyuranye bya Afurika nko muri RDC, Uganda, Kenya na Nigeria.

    Nyuma y'amezi atanu icyorezo gitangiye, umubare w'abamaze kwemezwa ko banduye Ebola wamaze kurenga 10,000.

    Nk'uko Africa CDC ibivuga, iyi nama igamije "gusuzuma uko ikibazo gihagaze, kumvikana ku ngamba zikwiye gufatwa, gushimangira ubufatanye hagati y'ibihugu bihana imbibi, kwihutisha ubufasha ku bihugu byibasiwe no kongera ubushobozi bwo kwitegura no kuyikumira, ku rwego rw'umugabane wose." Bongeyeho ko iyi nama kandi itegura izayikurikira izitabirwa n’abakuru b’ibihugu.

    Ku wa kabiri tariki ya 27 Ukwakira, inzego z'ubuzima zatangaje ko umubare w'abanduye Ebola bamaze kwemezwa urenga 10,000, abapfuye bo ni 5000, kandi abenshi muri bo bakaba bari muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC).

    Muri Kenya, abantu bahuye n'abarwayi bakomeje gukurikiranwa n'inzego z'ubuzima nyuma y'uko habonetse abantu icyenda banduye Ebola, muri bo hakaba hamaze gupfa babiri.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Amatora ya Israël: Urunani rw'imigambwe y’Abarabu rwiteguriye gukorana n’uwoshaka gusezerera Netanyahu

    Mu gihe guharura amajwi mu matora rusangi ya Israël biri hafi kurangira, kandi bikaba biragaragara ko ata n’umwe yayatsinze, Perezida Isaac Herzog yahamagariye imigambwe gukora ibishoboka vyose kugira ngo igihugu ntigisubire mu yandi matora.

    Perezida Herzog avuga ko yiteze kwakira ibiharuro ntabanduka vy’ivyavuye mu matora kandi vyemewe n’amategeko mu ndwi iza, ari na ho azoca atangura imibonano na buri mugambwe ufise abawuserukira mu nama nshingamateka ya Israël (Knesset).

    Urunani rurongowe n’umugambwe Likud wa Benjamin Netanyahu rwongereje amajwi, gushika ku ntebe 54, ibi bikerekana ko rusumvya intebe zitanu urunani rurongowe na Gadi Eisenkot, ariko rukaba rugikeneye intebe indwi kugira nog rugire ubwiganze bukenewe muri Knesset.

    Imigambwe y’Abarabu bo muri Israël ni yo yahungukiye cane kuruta mu yandi matora, ibi bigasigura ko ishobora kugira uruhara rukomeye mu gushinga reta nshasha.

    Umukuru w’urunani Joint List rurwiriyemwo Abarabu, Yousef Jabareen, avuga ko umuntu wese ashaka gutanga iyindi nzira nyayo kandi y’ukuri itandukanye n’ico yise “reta ya Netanyahu yuzuye amaraso”, azobwirizwa “kuganira natwe”.

    Ibi bisigura ko Gadi Eisenkot afise igikorwa kitoroshe co kurondera ingene yokwiyegereza imigambwe y’Abarabu, atabangamiye abo bari kumwe muri poritike, na bo bakaba badashigikiye ugukorana na bo uko ari ko kwose.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  7. Indege yari itwaye Flavio Bolsonaro yahagaze muri Ecuador/Equateur

    Indege yari itwaye Flavio Bolsonaro, umukandida watsinzwe mu matora ya perezida wa Brasil yahagaze akanya gato muri Ecuador, mu gihe hakomeje urujijo ku gihugu yari igiye kugeramo.

    Iyo ndege yahagurutse mu majyaruguru ya Argentine mu ijoro ryo ku wa Kabiri, irenga ku mabwiriza y’urukiko.

    Abashinzwe abinjira n’abasohoka muri Argentine batangaje ko Bwana Bolsonaro n’umuryango we bambutse umupaka bafite ibyangombwa by’inzira byemewe, mbere yo gufata indege yihariye.

    Urukiko rw’Ikirenga rwa Brasil rwari rwarategetse ko impapuro ze z'inzira ziteshwa agaciro kugirango rumubuze kuva mu gihugu, mu gihe ari gukorwaho iperereza ku birego bimushinja kunyereza amafaranga. Ibyo birego we arabihakana.

    Abantu bahafi y’uyu musenateri wo mu ishyaka ritavuga rumwe n'ubutegetsi bari bavuze ko yari yamaze kugera muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kuwa Kabiri.

    Icyakora, biracyatekerezwa ko ari cyo gihugu agambiriye kugeramo.

    Izindi nkuru wasoma:

  8. Espagne mu gahinda inyuma ya gari ya moshi zibiri zagonganye, abababa 68 bakaba bapfuye

    Abategetsi b’intara ya Castilla-La Mancha muri Espagne batangaje ko abantu n’imiburiburi 68 bahitanywe n’impanuka yabaye inyuma y’aho gari ya moshi zibiri z'umuvuduko munini zigonganiye mu bumanuko bw’umugwa mukuru Madrid.

    Iyo mpanuka yarimwo gari ya moshi yari ivuye i Madrid itera ija i Séville, hamwe n’iyindi bivugwa ko yari ihagaze. N’imiburiburi wagons zibiri za gari ya moshi zaratiriganye zita inzira, abahakomerekeye bakaba bariko baravurirwa hafi yaho.

    Reta ibona ko iyo mpanuka ishobora kuba yatewe n’ikosa ryavuye ku kwihenda kw’umuntu mu buryo bwo kuyobora uruja n’uruza rwa gari ya moshi.

    Umushikiranganji wa Mbere wa Espagne, Pedro Sanchez, avuga ko yababajwe cane n’iyo mpanuka.

    Umukuru w’igisagara kimwe co muri ako karere yavuze ko abajejwe ubutabazi bamusavye gutegura inyubakwa y’imikino kugira ngo yakire abakomerekeye muri iyo mpanuka.

    Ayandi makuru:

  9. Kenya: Iyunguruzwa ry’urubanza rw’umusirikare w’Ubwongereza yagirizwa ubwicanyi ntiryakiriwe neza

    Umuryango w’umugore wo muri Kenya bivugwa ko yishwe n’umusirikare w’Ubwongereza mu myaka 14 iheze, wagaragaje umubabaro n’agahinda inyuma y’uko iburanishwa rijanye no kumurungika muri Kenya ryungururijwe muri Rusama (5) 2027.

    Abagize umuryango wa Agnes Wanjiru – ikiziga ciwe catowe mu kinogo gishikiramwo ibivuye mu tuzu twa surwumwe hafi y’ikambi igisirikare c’Ubwongereza kigiriramwo imyimenyerezo muri Kenya mu 2012-, badondoye ukwongereza ico kiringo nk’ikintu « kidashobora kwihanganirwa na gato», bongera bagiriza abategetsi ko batagumye babamenyesha amakuru ajanye n’ico kibazo.

    Iburanishwa rya Robert James Purkiss, yahoze ari umusirikare w’Ubwongereza yagirizwa kwica Wanjiru- ico gihe uyu yari umukenyezi w’imyaka 21 akaba yari afise n’umwana –, ryari ritegekanijwe kuba mu kwezi kuza.

    Purkiss yatawe muri yompi mu Bwongereza mu kwezi kwa Munyonyo (11) guheze, akaba ariko aragwanya ingingo yerekeye kumurungika muri Kenya kugira aburanishirizweyo ku caha co kwica.

    Kandi, arahakana ivyo yagirizwa.

    Esther Njoki, mwishwa wa Wanjiru, yabwiye BBC ko umuryango wamenye ko iburanishwa ryungurujwe biciye kuri ambasade y’Ubwongereza, kandi ko ata nsiguro wahawe icese.

    Mw’itangazo yasohoye yagize ati: «Tumaze imyaka myinshi twihangana kandi tubayeho mu kudatahura neza uko ibintu bizogenda, ariko ubu turabona ko ukwihangana kwacu kuriko kurafatwa nk’akaryo ko kuturenganya.»

    Abandanya ati: «Agnes arakwiye kurenganurwa. Umukobwa wiwe Stacy arakwiye guhabwa inyishu ku vyabaye. Natwe nk’umuryango, turakwiye gufatwa mu buryo bw’iteka no kumenyeshwa ibijanye n’ingingo zikora, mu buryo bukomeye, ku buzima bwacu.»

    Uwo muryango wavuze ko wari waramaze kwegeranya amahera no gutegura urugendo rwo kuja mu Bwongereza kwitaba iryo buranisha, ryari ritegekanijwe mu ndwi zitatu.

    Ubu usaba abategetsi kurwihutisha, ukibutsa ko ukwongereza ico kiringo bisigura ko hagiye guca imyaka 15 urubanza rutaracibwa.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Uganda: Gen Muhoozi avuga ko yakoroye amapete uwahoze ari icegera c'umukuru w'igisirikare

    Umukuru w’igisirikare ca Uganda, Jenerale Muhoozi Kainerugaba, yatangaje ko yakoroye amapete Lt Gen Peter Elwelu yahoze ari icegera c’umukuru w’igisirikare c’ico gihugu, amusubiza ku rwego rw’umusirikare wo hasi cane, nk’uko bigaragara kuri konte yiwe ya X.

    Amenyesha kandi ko inzego z’umutekano zataye muri yompi abahoze ari abasirikare barenga 20.

    Mu butumwa yashize kuri konte yiwe ya X ku wa kabiri, Jenerale Muhoozi yise Elwelu “umuhemu” maze ashimangira ko akorowe amapete.

    Yagize ati: “Arakorowe ku rwego rw’umusirikare asanzwe”.

    Nta co Elwelu yari bwatangaze ku mugaragaro.

    Uwo mukuru w’igisirikare ca Uganda ntavuga mu buryo butomoye icaha Elweru yakoze. Gusa, abicishije kuri konte yiwe ya X, avuga ko hafashwe ibirwanisho n’amasasu Elweru “yari yanyegeje” muri imwe mu nzu ziwe mu karere ka Teso, nko ku birometero 300 mu buraruko bushira ubuseruko bwa kampala.

    Jenerale Elwelu ntaco aravuga ku mugaragaro ku bishikirizwa n’umukuru w’igisirikare ca Uganda.

    BBC yandikiye umuvugizi w’igisirikare ca Uganda kugira atange umuco utomoye ku vyo uwo yahoze ari umutegetsi muri ico gisirikare yagirizwa, ariko ntarishura.

    Amafoto Jenerale Muhoozi Kainerugaba yashize kuri konte yiwe ya X agaragaza inkoho zine n’ibikono vy’amasasu birenga 20, avuga ko vyafatiwe mu nzu ya Elwelu.

    Muhoozi abandanya agira ati: “Afise igihe c’amasaha ngo yishikane, atari uko naho tukamufata nk’umuroberi kandi duca duhangana nawe ukwo nyene”.

    Avuga ko abandi barenga 20 bafashwe ari abahoze mu gisirikare ca Uganda igihe Elwelu yari akiri mu mabanga. Ariko na bo nyene ntatomora ico bagirizwa.

    Yavuze ko “bariko bakorana neza” n’inzego z’igihugu.

    Mu gushimangira ko Elwelu ategerezwa kwishikana, mu bundi butumwa bwo kuri X, Jenerale Muhoozi yavuze ko umugore wiwe yafashwe.

    Ibinyamakuru vyo muri Uganda vyasubiyemwo amajambo yo mw’itegeko rigenga igisirikare ca Uganda, ryasubiwemwo mu 2025, aho rivuga ko kugira umusirikare akororwe amapete bisaba kwitonderwa cane hisunzwe inzira z’ubutungane n’amategeko zikaze kugira ntihagire uwurenganywa.

    Lt Gen Peter Elwelu asanzwe ari ku bihano vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yafatiwe muri Rusama (5) 2024, ku ruhara yagirizwa mu bwicanyi ndengerabutungane bwakozwe n’igisirikare ca Uganda mu gihe c’intureka zabaye mu 2016 i Kasese, mu burengero bw’ico gihugu.

    Yari yashizwe mu kiruhuko c'ubukukuruke mu 2025.

    Izindi nkuru wosoma:

  11. Zimbabwe: Uwahoze ari umugore w'icegera ca perezida yarekuwe inyuma y'imyaka apfunzwe

    Marry Mubaiwa, uwahoze ari umugore w’icegera ca Perezida wa Zimbabwe, yararekuwe inyuma y’imyaka indwi yari amaze apfunzwe mu gihe yariko aburana ku caha co kugerageza kwica uwo bahoze bubakanye.

    Mubaiwa yagirijwe ico caha mu 2019, inyuma y’uko uwari umugabo wiwe ico, Jenerali Constantino Chiwenga, amwagirije kugerageza kubuza ko ahabwa ubuvuzi yari akeneye muri Afrika y’Epfo.

    Ikinyamakuru The Herald ca reta ya Zimbabwe kivuga ko umucamanza yategetse ko Mubaiwa arekurwa, aho yasiguye ko runo rubanza rwamugizeko ingaruka mbi haba ku magara yiwe yo mu mutwe, haba mu bijanye n’inyifato no mu vy’ubutunzi.

    Iyo ngingo yafashwe inyuma y’uko ubushikirizamanza busavye ko urubanza rwigizwa inyuma ukwezi kumwe kugira ngo bubanze kuvugana n’ivyabona.

    Umushingwamanza wiwe avuga ko iyo ngingo ari intsinzi ije itevye cane. Yemeza ko uburenganzira bw’umukiriya wiwe bwari bwarahonyanzwe kubera uguteba kw’urubanza.

    Avugira hanze y’inyubakwa ya sentare mu murwa mukuru Harare ku wa kabiri, uwo mushingwamanza yongeyeko ko niyo ubushikirizamanza bwasaba ko urubanza rusubira kuburanishwa, bazovyihweza ico gihe.

    Mubaiwa yagirijwe ko yagerageje kwica Chiwenga igihe yari mu bitaro i Pretoria. Inyuma y’aho, ico cegera ca Perezida yahavuye aja mu Bushinwa aho yamaze amezi ane ariko aravurwa.

    Mubaiwa yari yaciye apfungwa mu kurindira ko urubanza rwiwe ruburanishwa, kandi bari baranse kumurekura vy’agateganyo.

    Urubuga rw’amakuru rwa New Zimbabwe ruvuga ko Mubaiwa yashimye irekurwa ryiwe, avuga ko ubutungane bwashitse, yongera ashimira umushingwamanza wiwe.

    Mu 2017, Chiwenga yagize uruhara rukomeye mu guhirika Robert Mugabe wari Perezida wa Zimbabwe ico gihe.

    Izindi nkuru wosoma:

  12. Mbappé yasavye imbabazi ku majambo 'atabereye' yavuze kuri Mao, inyuma y'ukwiyamirizwa mu Bushinwa

    Kylian Mbappé yasavye imbabazi ku majambo “atabereye” yavuze ku wahoze ari umukuru w’igihugu w’Ubushinwa, Mao Zedong, yatumye kompanyi zikomeye zo muri ico gihugu zimuheba.

    Bivugwa ko Mbappé yavugiye mu kiganiro co ku mboneshakure y’Abafaransa citwa The Bridge, ati: “ ‘meme’ intwenza kurusha izindi… ni imwe ya videwo ubonamwo umugabo, nibaza ko ari umunyagitugu w’Umushinwa...." Mbappé yaciye atwenga, maze iyo videwo ica ihagarara ku gicapo cerekana isura yiwe yageretswe kw’ifoto isa n’iya Mao.

    Iyo ‘meme’ iri mu rukurikirane rw’izindi zikunda gukorwa ku bijanye n’umukinyi atera imbere mu mupira w’amaguru mu ntumbero yo gutwenza, aho uwo musatarizi wa Real Madrid n'Ubufaransa afatwa nk''umunyagitugu' kubera ububasha n’ijambo bikomeye afise mu mupira w’amaguru.

    Mu butumwa yashize ahabona, Mbappé yagize ati: “Amajambo navuze ntiyari abereye, kandi ubu ndatahura ko yababaje abantu benshi mu Bushinwa, hamwe n’Abashinwa baba mu bindi bice vy’isi.”

    Yongeyeko ati: “Ndasavye imbabazi uwo wese amajambo yanje yababaje.”

    Shampiyona y’umupira w’amaguru muri Espagne, La Liga, na yo nyene yasavye imbabazi, ivuga ko yicuza cane "ibikomere amajambo ya Mbappé yateye ku bafana b’Abashinwa."

    Ukwo gutebura ntikwakiriwe neza mu Bushinwa, aho Mao yubashwe cane n’Umugambwe w’aba ‘Communistes’ uri ku butegetsi, n’ubwo ubutegetsi bwiwe bwaranzwe n’umukazo watumye abantu amamiliyoni bahasiga ubuzima.

    Hari abantu bake bagaragaje ko bashigikiye Mbappé ku mbuga ngurukanabumenyi zo mu Bushinwa. Ariko ico ni ikintu kidakunze gushika, kubera ko internet yo mu Bushinwa igenzurwa cane, kandi abantu bakaba bahatirwa kugendera ku murongo w’umugambwe n’uw’intwaro ku bibazo bifatwa nk’ibikomeye.

    Izindi nkuru wosoma:

  13. Flávio Bolsonaro watsinzwe mu matora ya perezida yageze muri Amerika nyuma yuko Brésil iburijemo pasiporo ze

    Flávio Bolsonaro, watsinzwe mu matora ya perezida muri Brésil, yageze muri Amerika, nyuma y’amasaha igihugu cye kiburijemo inzandiko z’inzira (pasiporo) ze, nkuko abantu babibwiye BBC.

    Uwo mukandida, wo mu murongo w’ibitekerezo bya politike byo gukomera ku bya kera, yavuye mu gihugu cye nyuma yuko urukiko rw’ikirenga rwa Brésil rutegetse ko atanga pasiporo ze, mu gihe hari gukorwa iperereza ku rivugwa ko ari iyezandonke. Bolsonaro nta birego yashyiriweho ndetse yahakanye ibyo ashinjwa.

    Pasiporo ze zateshejwe agaciro ku wa kabiri nyuma yuko adakurikije igihe ntarengwa cyo kuziha abategetsi, bituma habaho guhwihwisa henshi ko ashobora kuba yavuye muri Brésil.

    Abantu babwiye amashami ya BBC ya BBC Brasil – itangaza amakuru kuri Brésil – na BBC Mundo – itangaza amakuru mu rurimi rw’Icyespanyole – ko Bolsonaro yahuye na murumuna we, Eduardo, muri leta ya Florida muri Amerika – nubwo inzira nyirizina yanyuzemo ava muri Brésil ajya muri Amerika idasobanutse.

    Nta n’umwe muri abo bavandimwe wahise uboneka ngo agire icyo abivugaho.

    Uko kugera muri Amerika kwe kuvugwa kwabaye hashize amasaha umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru mu butegetsi bw’Amerika yemeje ko minisiteri y’ububanyi n’amahanga y’Amerika izaha viza (visa) Bolsonaro n’umuryango we kugira ngo bashobore kwinjira muri icyo gihugu.

    BBC yasabye ibiro bya perezida w’Amerika (White House), minisiteri y’ububanyi n’amahanga y’Amerika hamwe n’ambasade zombi zo muri Amerika no muri Brésil kugira icyo zibivugaho, ntizasubije.

    Ku wa mbere, urukiko rw’ikirenga rwa Brésil rwategetse Bolsonaro gutanga pasiporo ze akaziha polisi mu gihe kitarenze amasaha 24, bijyanye n’iperereza ryayo ku rivugwa ko ari iyezandonke.

    Flávio Bolsonaro ntiyemeye ko yatsinzwe mu matora na Luiz Inácio Lula da Silva ndetse yasabye ko amatora aburizwamo.

    Izindi nkuru wasoma:

  14. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.