Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RD Congo : 'Ni ikimenyetso c'uko atigeze akunda igihugu', Tshisekedi kuri Kabila na FRN
"Sinumva ukungene umuntu yigeze kuyobora igihugu n'amamiriyoni y'abanyagihugu ashobora gutsindwa n'ishavu, bikamunanira kwifata, agafata ibirwanisho, akabihindukiriza kuri ba bantu yayobora imyaka 18 yose".
Aya ni amajambo ya Perezida Felix Tshisekedi avuga ku wo yasubiriye, Joseph Kabila, aherutse gutangaza ko ari we arongoye urunani rushasha rwa poritike na gisirikare, rwashinzwe mu ntango z'uku kwezi kugira ngo rurwanye ubutegetsi bwa Kinshasa, rusubiriye AFC/M23.
Mw'ijambo yashikirije inama y'abashingamateka b'urunani rwiwe ruri ku butegetsi mu mpera z'indwi iheze, Perezida Tshisekedi yavuze ko adatangazwa no kubona Kabila ava mu gacerere, akavuga ariko ko akoreshwa n'Urwanda.
Kuva uno muhari mushasha utangajwe ku mugaragaro, ni bwo bwa mbere umutegetsi wa Repuburika ya Demokarasi ya Congo ( RD Congo) agize ico ashikiriza ku mugaragaro, haba kw'ishingwa ryawo canke kuri Joseph Kabila.
Reta y'Urwanda nta co iravuga kuri aya majambo ya Perezida Tshisekedi.
BBC yasavye umushikiranganji w'Urwanda ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Olivier Nduhungirehe, kugira ico ashikirije, ariko akaba yishuye mu butumwa bugufi ati "ntabwo twahora dusubiza ibyo Tshisekedi avuga ku Rwanda".
Mw'ijambo ryiwe, Perezida Tshisekedi, atarya umunwa, yagirije igihugu c'Urwanda na Perezida Paul Kagame akirongoye kugira uruhara mu ntambara ibera mu buseruko bwa Congo, kandi ko ari co kiriko gikoresha Kabila.
Ku bwiwe, ishingwa ry'umuhari FRN ni amayeri y'Urwanda mu ntumbero yo kwereka amakungu ko ari ingorane y' Abanyekongo ubwabo, akavuga ko ari inkurikizi z'ibikorwa vya diporomasi vya reta arongoye, vyo kwerekana ingene Urwanda ari rwo rupfukamye mu nda igihugu ciwe, vyatumye rufatirwa ibihano.
Ati: "Ni co gituma rwaciye rusaba umukozi warwo yakorera mu gifuri gusohoka kugira ngo afate ubuyobozi bw'ubu bugizi bwa nabi, kuko vyari ngombwa guha ico kibazo ishusho y'uko ari ikibazo c'abanyekongo ubwabo.
"Vyabaye ngombwa rero ko ava mu bwihisho, afata ibintu mu minwe, kugira ngo yerekane ko ari ikibazo kiri hagati y'abanyekongo. Imana ishimwe, nta n'umwe atabibona.
"Mbere ikintu canshimishije kuruta ibindi ni uko abenegihugu bacu, baba abanyapolitike canke abanyagihugu basanzwe, bose hamwe bahurije ku kwiyamiriza ivyo bikorwa."
Tshisekedi abona ko Kabila yahemukiye igihugu n'abenegihugu yigeze kurongora, kandi ko ari icerekana ko mu kiringo c'imyaka 18 yamaze arongoye igihugu ata rukundo yigeze agirira igihugu na beneco.
Yongeyeko ati: "Kuko iyo ukunda igihugu n'abanyagihugu baco, ntushobora kuja mu bintu nk'ivyo. Jewe nifatiyeko akarorero, nanje narabaye mu bihe nk'ivyo: igihe twarwanya intwaro z'agahotoro zitandukanye zigeze kuba muri iki gihugu, nta na rimwe twigeze twiyumvira gufata ibirwanisho ngo turwanye igihugu cacu."
Ku wa 12 z'uku kwezi kwa Gitugutu(10), ni ho hatangazwa ku mugaragaro ishingwa rya FRN kandi ko irongowe na Joseph Kabila, mu ntumbero yo gushira hamwe ico uno muhari mushasha wise "inguvu zo guhangana" kugira ngo urangize ico wise ubutegetsi bw'agahotoro no gushiraho umurongo mushasha wa poritike y'igihugu.
Imbere y'uko Perezida Tshisekedi agira ico ashikirije kuri Kabila na FRN yiwe, reta ntiyari bwigere ishikiriza ku mugagararo aho ihagaze, uretse bamwe mu banyaporitike bakorana na yo bagiye banegura ingingo ya Joseph Kabila yo kurongora uno muhari wasubiriye AFC/M23.
Eka n'Ububirigi, igihugu cahoze kirongoye RD Congo mu gihe c'ubukoloni, bwariyamirije ishingwa ry'uno muhari, aho Maxime Prévot, umushikiranganji w'imigenderanire, yavuze ko "bibabaje cane" kubona umuntu yahoze arongoye igihugu akaba na we nyene muri ico gihe yarahuye n'ingaruka z'imirwi yitwaje ibirwanisho ahitamwo "kuba indongozi y'umurwi wa politike na gisirikare urondera gushika ku butegetsi ukoresheje ibirwanisho".