Ingenzi amajana zabuze uko zigira ku kibuga mpuzamakungu
Jomo Kenyatta, JKIA, i Nairobi, inyuma y’aho abakozi bo mu gisata c’indege babandanirije
guhagarika akazi ku munsi wabo ugira kabiri.
Abanywanyi b’ishirahamwe ry’abakozi bo mu vy’indege muri
Kenya, KAWU, batanguye guhagarika akazi ku w’Imana. Ivyo vyahungabanije
ibikorwa ku kibuga mpuzamakungu Jomo Kenyatta no ku bindi bibuga vy’indege
hirya no hino mu gihugu.
Iryo shirahamwe rivuga ko Reta n’inzego zijejwe
ivyo indege, bananiwe gutorera umuti ibibazo birimwo amasezerano ajanye n’akazi
n’imishahara atarashirwako umukono.
Umukuru wa KAWU, Walter Ongeri, yavuze ko Reta itashize mu
ngiro amasezerano bari bumvikanyeko mu kwezi kw’indwi, yari yatumye ihagarikwa
ry’akazi riba rirabangiriye.
JKIA ni kimwe mu bibuga vy’indege bikuru bihuza ingendo
z’indege mu karere. Ku munsi w’Imana,
ikigo kijejwe ibibuga vy’indege muri Kenya hamwe na Kenya Airways vyari
vyagabishije ko indege zishobora gucerezwa.
Abakozi bo mu gisata c’indege muri ico gihugu bariko
barakora buhorobuhoro, basaba kunagurirwa uburyo bakoramwo n'ishirwa mu ngiro ry’amasezerano bari barumvikanyeko.
Ibiganiro hagati y’amasendika n’abayobozi
b’ibibuga vy’indege bitegekanijwe kubandanya kuri uyu munsi wa mbere, inyuma y’uko
ibiganiro vyo ku w’Imana birangiriye ata mwumvikano ubonetse.
Kenya Airways
yavuze ko ihagarikwa ry’akazi ry’abagenzura uruja n’uruza rw’indege ryatumye
ingendo zimwe zicerezwa amasaha arenga atandatu, izindi zirahagarikwa. Yemereye
ingenzi guhindura amatariki y’ingendo atamande babarihishije.
RwandAir na yo nyene
yahagaritse ingendo zibiri kuri uyu wa mbere, inyuma y’izindi zari zahagaritswe
ku w’Imana.
Ingenzi yitwa Mendel
Goldman yabwiye Reuters ati: “Ndahamaze amasaha 12 ndindiriye,” inyuma y’uko
indege yiwe ihagaritswe.
Umwaka uheze,
JKIA yakiriye ingenzi imiliyoni icenda, nk’uko abategetsi ba Kenya babivuga.
Iri hagarikwa
rikurikiye irindi ryamaze imisi ibiri mu kwezi kwa kabiri , mu gihe abakozi
babandanya gusaba ko uburyo bakoramwo bunagurwa.