Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Sentare yanse igisabo c'aba Rasta co kwemeza urumogi mu mategeko
Muri Kenya, sentare nkuru yanse ibisabwa n'umuryango w'Aba Rasta barondera ko urumogi rukoreshwa mu buryo bwemewe n'amategeko ku mvo z'idini.
Umuryango w'Aba Rasta wari wavuze ko kubuzwa kwihereza urumogi bihonyanga uburenganzira bwawo bwo kugira umwidegemvyo wo gusenga no kwizera, nk'uko bitegekanijwe mw'ibwirizwa nshingiro.
Mu rubanza rw'imbonekarimwe, umucamanza Bahati Mwamuye yavuze ko uwo muryango utashoboye gutanga ivyemezo ko amategeko abuza ibiyayuramutwe ahonyanga ibwirizwa nshingiro. Ariko yemeye ko hakenewe ibiganiro vyagutse ku rwego rw'igihugu ku bijanye n'ikoreshwa ry'urumogi.
Muri Kenya, akamo gasaba ko urumogi rwokwemererwa gukoreshwa mu buryo bwemewe n'amategeko karabandanya gaterwa. Ababishigikiye bavuga ko kururima no kurudandaza mu buryo bugenzurwa n'amategeko vyotuma haboneka akazi, bikinjiriza reta amakori menshi, bikanafasha mu bikorwa vy'inganda n'ubuvuzi.
Hakurikijwe itegeko rya Kenya ku biyayuramutwe n'ibindi biyovyabwenge bihindura ingene ubwonko bukora, gutwara canke gusanganwa urumogi biracari icaha.
Umuntu yagiriwe n'icaha c'uko yari afise urumogi rwo gukoresha ku giti ciwe, ashobora gupfungwa imyaka igera kuri itanu canke agatangishwa ihadabu rigera ku madolari 800.
Kurima urumogi bishobora guhanishwa ihadabu ry'amadolari 1.900, canke incuro zitatu z'agaciro k'urwo rumogi kw'isoko, hisunzwe igitigiri kiruta ikindi muri ivyo, canke umuntu agapfungwa gushika ku myaka 20.
Abagiriwe n'icaha co kudandaza urumogi canke ibindi vyaha bifitaniye isano n'ibiyayuramutwe bahanishwa ibihano biremereye gusumba.
Mu gisabo cawo, umuryango w'Aba Rasta wo muri Kenya wavuze ko urumogi ari ikintu ceranda mu kwizera kwabo. Usaba ko abayoboke bawo bokwemererwa kururima, kurutunga no kurukoresha ahantu atari ku mugaragaro igihe baba bariko barasenga, baticura gufatwa.
Ushimangira ko utariko usaba ko urumogi rwemererwa bose, ahubwo ko bohabwa uburenganzira butagutse cane kandi bugenzuwe bwo kurukoresha mu bikorwa vy'idini, mu nzu zabo canke mu bibanza vyagenwe gusengeramwo.
Mu vyo bashikirije sentare, Aba Rasta bavuga ko kwihereza urumogi ari kimwe mu bigize idini ryabo kandi ko bikwiye kwubahirizwa no kwemerwa.
Ariko reta yararwanije ico gisabo. Ivuga ko kwemerera idini rimwe gukoresha urumogi vyotuma bigorana gushira mu ngiro amategeko arwanya ibiyayuramutwe muri Kenya kandi vyonacira inzira abagira urudandaza rw'urumogi mu buryo bunyuranye n'amategeko.
Umucamanza Mwamuye yavuze ati: "Dukwiye kuganira ata guhishanya ku kibazo c'urumogi no ku nzira igihugu gikwiye gufata".
Yongeyeko ati: "Iki si ikibazo c'Aba Rasta bonyene. Ni ikibazo c'igihugu cose, kiraba abantu bo mu mice yose y'igihugu cacu".