Ebola: Uganda ivuga ko iki kiza carangiye, ariko muri RD Congo ho nta gahengwe
Nubwo reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo ifise icizere ko ikwirakwira ryayo ryatanguye kugabanuka kubera itararenga uturere 48 isanzwe irimwo mu ntara zitanu gusa, abakozi b’amashirahamwe atanga imfashanyo bagabisha ko uno mugera uriko urakwirakwira ku muvuduko udasanzwe kurusha uko abari mu rugamba rwo kuyirwanya bashobora kuyihagarika.
Ibiharuro vya vuba bitangwa n’ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru, vyerekana ko,hamaze kwemezwa abarwayi barenga 3200 banduye iyo ndwara, abamaze guhitanwa n’iyi ndwara bakaba barenga 1480.
Mu gihe iyi ndwara yo nyene ubwayo ari ikibazo kidasanzwe, abajejwe ubuvuzi bahanganye naho bahura n’inzitizi zikomeye, zirimwo intambara z'imirwi yitwaje ibirwanisho, ukutizigirana hagati y abo n'abanyagihugu, hamwe n'igisata c’amagara y’abantu gisanzwe kigoyagoya.
Ibi vyose biriko bituma ibintu birushiriza kugorana mu bijanye no gukurikirana abahuye n'abanduye, gutandukanya abanduye n'abatanduye, no gutanga ubuvuzi nkenerwa.
Gushika ubu, intara zitanu ni zo zibangamiwe, ari zo Ituri --ri naho yatanguriye kandi ari na yo igeramiwe gusumba izindi - Kivu ya Ruguru, Kivu y’Epfo, Haut-Uélé hamwe na Tshopo.
Hagati aho, ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi (OMS/WHO) rivuga ko ryamenyeshejwe na reta ya Uganda ko iki kiza carangiye mu gihugu.
Ni inyuma y’uko ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri co gihugu bitangaje ko umurwanyi wa nyuma - uyu akaba yamuka muri RD congo – aviriye mu bitaro ku wa 16 z’uku kw’indwi.