Uganda: Kizza Besigye atavuga rumwe n’ubutegetsi ari mu ndembe inyuma yo kugwa hasi muri sentare

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w’abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi muri Uganda, Dr Kizza Besigye, yajanywe mu gice c’ibitaro cakira indembe i Kampala, inyuma y’uko aguye agata ubwenge ari muri sentare, aho yariko aburanywa ku caha c’ubuhemu, nk’uko umugore wiwe abivuga.
Uno munyapolitike w’imyaka 70 arapfunzwe kuva muri Munyonyo (11) 2024, mu kwezi guheze naho umushingwamanza wiwe mukuru na we nyene akaba yarafashwe arafungwa, yagirizwa kuba atamenyesheje ubutegetsi ibikorwa vy’uguhemukira igihugu.
Igihe yitura hasi abajejwe umutekano w’ibohero bagaca bamusimbana ku bitaro, Besigye- yaboneka afise intege nke cane – yariko yiyamiriza abashingwamanza bariko bagenwa na reta ngo babe ari bo bamwunganira.
Umugore wiwe, Winnie Byanyima, arongoye ishami rya ONU rijejwe kurwanya umugera wa SIDA (UNAIDS), yanditse ku rubuga rwa X ati: “Yataye ubwenge, ntashobora kuvuga, naho wogerageza kumutera ikintu kimutera ububabare”.
Imbere y’uko agwa hasi, mu rubanza rwariko ruraba ejo ku wa gatatu muri sentare nkuru y’i Kampala, abari bahari bavuga ko Besigye yaguma asemerera ati “hagarike!”, yiyamiriza ingene hariko hagenwa abamwunganira.
Besigye amaze guhiganwa na Perezida Yoweri Museveni incuro zine, akaba yanyururijwe muri Kenya mu 2024 hanyuma asubizwa muri Uganda.
Kuva ico gihe, apfunganywe n’umwunganirizi wiwe Obeid Lutale, bompi bakaba bagirizwa guhemukira igihugu, icaha gishobora guhanishwa igihano c’urupfu iyo uwagirizwa yagiriwe n’icaha. Bamirira kure ibi birego.
Abashikirizamanza bavuga ko Besigye n’uwo bapfunganywe bateguye umugambi wo gusenyura intwaro ya Perezida Museveni.
Umunyaporitike Bobi Wine, umwe mu batavuga rumwe na reta muri Uganda, akaba yarahunze ku mvo z’umutekano wiwe inyuma yo kwiyamiriza ivyatangajwe ko vyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka muri Nzero (1) uno mwaka, avuga ko kubona Besigye arengutswa muri sentare kandi yagaragara ko aremvye ari “ihonyangwa riteye ubwoba ry’uburenganzira shingiro bwiwe”.
Besigye yarigeze kuba umuganga bwite wa Perezida Museveni imbere y’uko bacanamwo mu 1999.
Kuva mu myaka mike iheze, asa n’uwutitayeho cane ibijanye na poritike, mbere ntiyitoje mu matora y’umukuru w’igihugu kuva mu 2021.
Ayandi makuru kuri we:




