Kenya: Habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza umugambi wa US wo kwubaka ikigo ca Ebola
Bamwe mu banyagihugu bo muri Kenya bahuriye mu gisagara ca Nanyuki, mu ntara ya Laikipia iri hagati muri Kenya, mu myiyerekano yo kwiyamiriza umugambi wa Reta zunze Ubumwe za Amerika wo kwubaka aho hantu ikigo kizotaramurirwamwo Abanyamerika banduye Ebola canke bikekwa ko begereye abayirwaye.
Abantu amajana ni bo bagaragaye muri iyo myiyerekano yabereye nko ku birometero umunani uvuye ku kigo c’ingabo za Kenya zo mu kirere muri Laikipia, ari na ho hategekanijwe kwubakwa ico kigo.
Mu ndwi iheze, sentare yo muri Kenya yarahagaritse ibikorwa vyo kwubaka ico kigo mu gihe irindiriye kuburanisha urubanza rwashingishijwe n'abaharanira ko uwo mugambi ufutwa.
N’ubwo biri uko, ibinyamakuru vyo muri Kenya vyatangaje ko ejo k'uwa Mungu indege zibiri za gisirikare za Amerika zashikanye ku kibuga c’indege ca Laikipia abaganga b’abanyamerika hamwe n'ibikoresho vy'ubuvuzi.
Uwo mugambi wo kwubaka ikigo co gutaramuriramwo abarwaye Ebola warateye impari zikomeye mu baganga n’abanyagihugu bo muri Kenya, igihugu gushika ubu kitarigera gitorwamwo umurwayi wa Ebola.
Izindi nkuru wosoma: