Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibanga n'amayobera ku kibanza canke inzu Mojtaba Khamenei yoba yihishijemwo
Mu ndwi iheze, ibirori vyo kwibuka imisi 40 iheze kuva indongozi y'ikirenga ya Iran Ali Khamenei ahambanywe iteka vyabereye i Tehran, i Qom n'i Mashhad. Nk'uko vyagenze mu gihe co kumufuba, umuhungu wiwe Mojtaba Khamenei ntiyagaragaye muri ibi birori, kandi nta n'ifoto canke amajwi vyiwe vyashizwe ahabona.
Kur iyi ncuro, biratandukanye n'igihe co gufuba se wiwe. Bisa n'uko ata bantu benshi bari biteze kubona uwo mutegetsi mushasha wa Repubulika ya Kiislam muri ivyo birori. Ni nk'uko kandi ukutagaragara kwiwe kutigeze gutera ikibazo gikomeye mu binyamakuru nk'uko vyari vyagenze ubwa mbere.
Impamvu nyamukuru abavugizi ba reta batanga mu gusigura ukutaboneka kwiwe, ni iz'umutekano. Bavuga ko gusohora video yiwe vyoshobora gutuma aho ari hamenyekana, bigashira ubuzima bwiwe mu kaga.
Mu kwishura ibibazo ku gituma hatasohowe n'agace gato k'amajwi ya Mojtaba Khamenei, ibinyamakuru vya reta bivuga ko n'ijwi ubwaryo rishobora gutuma aho ari hamenyekana.
Ivyo ni ukuri. Hasuzumwe neza amajwi yafashwe, bishobora gutuma haboneka amakuru ngirakamaro, nk'ibiranga ibikoresho vyakoreshejwe mu gufata ayo majwi, ibiranga uburyo bw'umuyagankuba bwakoreshejwe, canke bimwe mu biranga umubiri n'ibindi vyose biri aho amajwi yafatiwe.
Ariko nimba impamvu nyamukuru zo guhisha ifoto n'amajwi vy'uwo mutegetsi ari iz'umutekano, hariho uburyo bwinshi bwo kuzikinga.
Nk'akarorero, inzego za reta zari gushobora kwirinda gukoresha ibikoresho vya none vya 'digital' mu gufata ayo majwi, ahubwo zigakoresha ivyo mu gihe c'imbere y'ubuhinga bwa 'digital', nk'amakaseti canke ibindi vyuma vya kera bifata amajwi.
Muri ubwo buryo nyene, kugira ngo ntihamenyekane ibishobora kuranga aho ayo majwi aba yafatiwe, vyari gushoboka kuyafatira ahantu hatandukanye cane n'aho uwo mukuru asanzwe aba, hanyuma amajwi, nk'akarorero akoresheje ikaseti yafashwe, akavugirizwa abumviriza bari kure.
Muri make rero, ibishikirizwa n'ibimenyeshamakuru vya reta ko impamvu yo kudashira ahabona ifoto canke amajwi vya Mojtaba Khamenei ari izijanye n'umutekano wiwe, bisa n'uko bitanyuze benshi. Ukwo abategetsi bagiye bagerageza gutanga insiguro nyinshi ku vyerekeye izo mpungenge z'umutekano ni ko vyatumye mbere haca havugwa vyinshi gusumba.
N'ubwo biri uko, Salar Velayatmadar, umwe mu bagize umurwi w'igihugu ujejwe ivy'umutekano mu nama nshingamateka, izo mvo z'umutekano arazishimangira.
Yavuze ko kudashira ahabona amajwi n'ifoto vy'uwo mutegetsi vyavuye ku « mpanuro z'abahinga mu vy'idini bo muri Najaf, Qom na Mashhad hamwe n'ingingo yafashwe n'abajejwe umutekano », kugira ngo « abansi ntibashobore kumugirira nabi bakoresheje uburyo budasanzwe hamwe n'ubumenyi bw'amayobera bwigishwa mu mashure ateye imbere cane, nka kaminuza y'ubumenyi bw'amayobera yo muri Tel Aviv. »
«Ubuyongozi» mu bihe bishasha
Ibivugwa n'abategetsi batandukanye muri reta ya Irani, aho bahuza ukutaboneka kwa Mojtaba Khamenei n'imvo z'umutekano, vyatumye bamwe n'abandi bashika ku ciyumviro c'uko uwo mutegetsi ashobora kuba atakiriho canke akaba yarakomeretse bikomeye mu gitero cagabwe ku nzu yiwe.
Kwemera ko kutaboneka kwiwe ku mugaragaro biterwa n'ingorane z'amagara yiwe vyongereza uburemere ku ciyumviro kimwe: ko kuba mu kibanza co hejuru cane muri reta bisaba, ku rugero rutari rumenyerewe, umurwi w'abantu bama hafi y'uwo mutegetsi, bamufasha kandi bakamwitaho igihe cose. Mu nyandiko za reta uwo murwi witwa «inzu y'ubuyobozi».
Mu bikorwa, ico ciyumviro gisigura ko abo bantu ba hafi bamye bavugana kenshi n'uwo mukuru, n'ubwo nyene umukuru w'igihugu yavuze ko amaze guhura na Mojtaba Khamenei incuro zibiri gusa kuva agizwe umuyobozi, mu gihe abandi bategetsi batigeze batanga amakuru nk'ayo.
Haciye igihe gito Masoud Pezeshkian atangaje ko yahuye na Mojtaba Khamenei, ibimenyeshamakuru bimwe bimwe vyo muri Iran vyatangake ko Ali Abdollahi, komanda wa Khatam al-Anbia, na we nyene yahuye n'wuo mutegetsi.
Ku rundi ruhande, birakwiye kwibukwa ko kutaboneka kw'uwo arongoye Repubulika ya Kiislam ku mugaragaro canke amakenga ku bijanye n'amagara yiwe, n'imiburiburi gushika ubu, bitatumye «uko ibintu bisanzwe vyifashe» n'ubutumwa busohorwa mw'izina ryiwe bitakaza inguvu canke ukwemerwa.
Akarorero kamwe, ni ubutumwa bwashizwe ahabona mw'izina ryiwe, inyuma y'uko Inama nkuru y'ico gihugu yemeje amasezerano hagati ya Iran na Amerika.
Uwo butumwa bwerekanye ko Mojtaba Khamenei yari afise iciyumviro gitandukanye «mu mizi» n'urwo rwandiko rw'amasezerano. Vyatumye abayemeje, kuva ku bakuru b'ingabo bo ku rwego rwo hejuru gushika ku barongoye inkingi zitatu za reta, bashikirwa n'igitutu gikomeye kivuye ku barwanya ibiganiro na Amerika.
Harageze n'igihe Masoud Pezeshkian aterwa ubwoba bwo kwicwa ku mugaragaro.