Uganda yataye muri yompi uwahoze ari icegera c'umukuru w'igisirikare yari aherutse gukororwa amapete

Peter Elwelu mu mwambaro wa gisirikare.
Insiguro y'isanamu, Uganda yagiriza Peter Elwelu kwegeranya ibirwanisho no gutunganya ibikorwa vyo kurwanya reta
    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Uganda yataye muri yompi uwahoze ari icegera c'umukuru w'igisirikare akaba yabaye n'umuhanuzi (umujanama) wa Perezida, Peter Elwelu, inyuma y'uko yiketswe kugira uruhara mu bikorwa bigamije guhungabanya umutekano w'igihugu.

Umuvugizi w'imfatakibanza w'igisirikare ca Uganda, Chris Magezi, yavuze ko Elwelu, adondora nk'"uwagararije", yafashwe ku mugoroba wo ku wa mbere, kandi ko azogezwa muri sentare kugira imumenyeshe ibirego.

Ifatwa ryiwe rije inyuma y'imisi mike umukuru w'igisirikare ca Uganda, Jenerale Muhoozi Kainerugaba, atangaje ko yakoroye Lieutenant General Elwelu amapete, akamugira umusirikare wo ku rwego rwo hasi.

Peter Elwelu ntaco aravuga ku vyo yagirizwa.

Elwelu yamenyekanye cane mu mwaka wa 2016, igihe yahagararira ibikorwa vy'igisirikare vyahitanye abantu benshi, vyabereye ku kirimba c'umwami w'akarere yagirizwa - ico gihe - kurongora umurwi washaka kwiyonkora ku gihugu. Inyuma y'aho, yaciye agirwa umukuru w'igisirikare.

Mu nyuma, yaraduze mu mabanga gushika aho agirwa icegera c'umukuru w'igisirikare, imbere y'uko agenwa kuba umuhanuzi wa Perezida.

Muri Rusama (5) 2024, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zamufatiye ibihano ku vyaha bijanye n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu, harimwo ubwicanyi ndengerabutungane. Yakukurutse muri Myandagaro (8) 2025.

Ku wa mbere, umuvugizi w'igisirikare yavuze ko inzego z'umutekano zafatiye muri imwe mu nzu za Elwelu inkoho 15, impuzu z'igisirikare hamwe n'imodoka zibiri zo mu bwoko bwa pick-up.

Skip podcast promotion and continue reading
BBC Gahuza WhatsApp
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Magezi, afatiye kuri kamwe mu burere bwo mu buseruko bwa Uganda, yavuze ati: "Elwelu amaze igihe ari mu kinyegero kubera yagirizwa kugira uruhara mu bikorwa vyo guhungabanya inzego z'igihugu n'umugambi wo guhungabanya akarere ka Teso."

Mu ndwi iheze, Kainerugaba yagirije Elwelu kwegeranya ibirwanisho no gutunganya ibikorwa vyo kurwanya reta.

Yategetse uwo yahoze ari icegera c'umukuru wa gisirikare kwishikana ku nzego z'umutekano, yongera agabisha ko umuntu wese yomunyegeza azohura n'"ingaruka zikomeye".

Kainerugaba, umuhungu wa Perezida Yoweri Museveni akaba n'umukuru w'igisirikare ca Uganda, yagize ati: "Twarafatiye ibirwanisho n'amasasu vyinshi mu nzu yiwe. Afise amasaha makeyi yo kwishikana ku nzego z'umutekano imbere y'uko tumwita umugarariji, tugahangana na we nk'uko nyene."

Yavuze kandi ko abantu 20 bahoze mu gisirikare bakekwa kuba bafitaniye isano na Elwelu bafashwe.

Umuryango wa Elwelu warahakanye ivyo yagirizwa.

Umukenyezi wiwe, Patricia Apolot, yabwiye ibimenyeshamakuru vyo muri Uganda ko umugabo wiwe ata caha afise, kandi ko atokwiyumvira na rimwe gutanguza ibikorwa vy'ubugarariji.

Apolot yavuze ati: "Akunda Uganda, kandi indoto yiwe ni ukubona igihugu kirangwamwo amahoro."