Uburusiya na Ukraine vyagabweho ibitero vyo kuri internet

Ukraine ni yo yabanje gutangaza ko habaye ingorane, aho yavuze ko umurwa mukuru Kyiv waburiwe ko hari akaga k’imyuka ishobora kubangamira amagara y’abantu. Inyuma y’umwanya muto, Uburusiya na bwo nyene bwatangaje ko ibitero nk’ivyo vyagabwe ku buhinga bwabwo.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Anne-Marie Niwemwiza, Bernard Bankukira, Gildas Yihundimpundu na Gisele Berwa

  1. Aha ni ho amakuru y'ikibiriraho agarukiye, ni ah'ubutaha.

  2. Ubwato 11 bwarahiriye muri Hormuz mu misi icenda iheze - IRGC

    Ubwato buriko buraka, mu muhora wa Hormuz.

    Ishami rya gisirikare ricungera ubutegetsi bwa kiislam muri Iran (IRGC) rivuga ko ubwato 11 butwara igitoro ari bwo bwafashwe n’umuriro mu muhora wa Hormuz mu misi icenda iheze.

    Mw’itangazo IRGC yashize ku rubuga rwa X, yavuze iti: «Kuva kw’igenekerezo rya 25 Gitugutu (10), umusi umukuru wa CENTCOM (bumwe mu buyobozi bw’igisirikare ca Amerika), Brad Cooper, yagendera mu buryo bwavuzweko cane umuhora wa Hormuz, gushika uno musi, haciye imisi icenda, ubwato 11 butwara igitoro bufatwa nk’ubwarenze ku mategeko bwarafashwe n’umuriro muri uwo muhora, kandi bumwe bwarazamye.»

    Muro ico gihe nyene, ibimenyeshamakuru vyo muri Irani biriko bivuga ko hari n’ubwato bwafashwe n’umuriro uno musi, inyuma yo guca ku gisasu co mu bwoko bwa ‘mine’ mu gice co mu buseruko bw’umuhora wa Hormuz.

    Irani na Reta Zunze Ubumwe za Amerika zompi zivuga ko ari zo zigenzura uwo muhora ufise akamaro kanini mu bijanye n’ubudandaji n’umutekano wo mu karere.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Amaduka yo mu bihugu 7 by’Uburayi yibasiwe n’ibitero by’ikoranabuhanga mu ma Frigo

    Abakozi bo mu maduka bambaye imipira itukura, barakura ibiribwa byangiritse mu ma Frigo nyuma y’igitero cy’ikoranabuhanga.
    Insiguro y'isanamu, Mu maduka menshi, ibiribwa byabaye ngombwa ko babikura mu ma Frigo nyuma y’igitero cy’ikoranabuhanga

    Amaduka manini acuruza ibiribwa mu bihugu birindwi by’u Burayi yibasiwe n’igitero cy’ikoranabuhanga (Cyber attack), byagize ingaruka ku bikoresho bikonjesha ibiribwa bizwi nka Frigo/Freezers).

    Amaduka agera kuri 40 ya Delhaize yo mu Bubiligi na Luxembourg yibasiwe, mu gihe andi maduka make yo muri Suwede, Ireland, u Buholandi, Estonia na Finland nayo yahuye n’iki kibazo.

    Sabcobel, ikigo cyo mu Bubiligi gikora bimwe mu bikoresho bikonjesha byibasiwe muri ibi bitero, cyatangaje ko ibice byabyo bikonjesha (evaporators) byahinduriwe imikorere bigashyirwa mu buryo bwo gushongesha urubura rwabifasheho, bituma ubushyuhe bwiyongera.

    Bikekwako ari uburyo bumwe bwakoreshejwe mu gitero cyabaye mu kwezi gushize, cyibasiye amaduka acuruza ibiribwa arenga amagana mu Bufaransa.

    Nk’uko ibitangaza makuru byo muri ako karere bibitangaza, ibiribwa bifite agaciro ka miliyoni z’amayero byabaye ngombwa ko bijugunywa.

    Stephan Moelans, umuyobozi mukuru wa Sabcobel, ikigo gicunga uburyo bwo gukonjesha bwa Delhaize, yabwiye ikigo ntaramakuru cya Belga ko icyo kibazo cyatewe n’igitero cy’ikoranabuhanga. Yavuze ko ikigo cyabo cyari cyamaze ijoro ryose n’igitondo gishaka uburyo bwo gukura ku muyoboro wa internet ibikoresho byari byibasiwe.

    Yongeyeho ko kuva ku gitero cyabereye mu Bufaransa mu ntangiriro z’Ukwezi kw'10, ikigo cyari kimaze iminsi gikora ibishoboka byose kugira ngo kirinde firigo z’abakiriya bacyo iki kibazo cy’umutekano muke mu ikoranabuhanga.

    Gusa yavuze ko ibyo bikoresho bisaba guhindurwa ho bimwe mu bice byabyo bifatika, aho kuba kuvugurura porogaramu zabyo gusa.

    Abantu bambaye imyenda y'umukara baterura ibicuruzwa byangiritse babishyira mu modoka itwara imyanda.
    Insiguro y'isanamu, Abakozi bo muri supermarket ya ICA i Stockholm, umurwa mukuru wa Suwede, bagaragajwe ku mafoto bari kujugunya imifuka irimo ibiribwa byari byamaze kwangirika.

    Amaduka menshi acuruza ibiribwa mu Burayi akoresha internet, ku buryo abakozi bashinzwe kuyabungabunga bashobora kuyagenzura no gukemura ibibazo byayo bari kure.

    Moelans yongeyeho ati:"Uburyo bworoshye ni ugucunga ibikoresho bikonjesha hifashishijwe umurongo wa internet urinzwe neza. Abakiriya bacu benshi bahise babukoresha nyuma y’igitero cyabereye mu Bufaransa."

    Kugeza ubu, ntiharamenyekana uwaba inyuma y’ibi bitero.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Afrika y’Epfo: Batanu batawe muri yompi inyuma y’uko umurimyi arashwe akongera agahohoterwa

    Abagabo babiri baryamye bubitse inda hasi, amaboko aboheye mu mugongo. Bakekwa kugira uruhara mu gitero c’ubunyamaswa cagabwe ku mworozi w’inka, mu ndwi iheze.

    Igipolisi co muri Afrika y’Epfo cataye muri yompi abantu batanu bakekwa kugira uruhara mu gitero c’ubugizi bwa nabi cagabwe ku mworozi w’inka, aho yakubaguwe akongera agasinzikarizwa ubuzima. Ico gitero cadondowe nk’igikorwa c’“ubunyamaswa budasiguritse”.

    Donovan Marx, w’imyaka 50, yatewe ku wa gatatu w’indwi iheze mu busuma bwo kumena inzu, mu karere ka Ventersdorp, mu ntara ya North West.

    Nk’uko igipolisi kibivuga, Marx yategerewe igihe yari atashe. Gishimangira ko bamukomerekeje, baramusogota, bongera bamuca amatwi.

    Iki gitero cashavuje abantu benshi muri Afrika y’Epfo, igihugu kimenyerewemwo ubugizi bwa nabi buri ku rugero rwo hejuru.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Uburusiya na Ukraine vyagabweho ibitero vyo kuri internet

    Umugabo yicaye impande y'inkingi z'inzu, yambaye agapira gasa n'inginagina k'amaboko magufi, n'inkofero yirabura, ariko araba muri terefone ngendanwa.

    Ukraine n’Uburusiya bivuga ko uburyo bwavyo bwo kuburira abanyagihugu bwagabweko ibitero bica kuri internet, imburi zitari zo zirarungikirwa abantu hirya no hino muri ivyo vihugu.

    Ukraine ni co gihugu cabanje gutangaza ko habaye ingorane. Igisirikare co mu kirere cavuze ko mu mwanya muto, igisagara ca Kyiv, umurwa mukuru w’ico gihugu, caburiwe ko hari akaga k’imyuka ishobora kubangamira amagara y’abantu.

    Haheze amasaha make, abategetsi b’Uburusiya na bo batangaje ko ubuhinga bwabo bwatewe n’abagerageje kubwinjiramwo batabifitiye uburenganzira.

    Vyavuzwe ko umurwi w’intasi wo kuri internet ufasha Ukraine gutata warungitse ubutumwa butari ubw’ukuri bwaburira ko Uburusiya bugiye guterwa hakoreshejwe amabombe ya nikleyere.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Umusi wa nyuma w'imyiyamamazo muri Amerika imbere y'amatora y'abagize ‘Congress’

    Igicapo c'ingoro y'amakoraniro ya "Congress" c'imirongo itukura n'iy'ubururu yerekana imigambwe ibiri nyamukuru
    Insiguro y'isanamu, Igicapo c'ingoro y'amakoraniro ya "Congress" c'imirongo itukura n'iy'ubururu yerekana imigambwe ibiri nyamukuru

    Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziri ku musi wa nyuma w’imyiyamamazo imbere y'amatora y'abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka (Congress) ategekanijwe ejo ku wa kabiri, aho umugambwe w'Abademokarate ushobora kwigarurira izi mpande zompi.

    Mu gikorwa co gushigikira abitoza kw’izina ry’umugambwe w’Abarepubulikani cabereye mu ntara za Iowa na Kansas nijoro ku wa Mungu, Donald Trump, yagerageje kwibagiza abatora ibibazo vy’iduga ry’ibiciro ribangamiye Abanyamerika, yibanda cane cane ku kwifatira mu gahanga abo mu mugamwe w'Abademokarate.

    Vyitezwe ko Trump aza gushikiriza ubutumwa bwiwe bwa nyuma bwo kwiyamamaza i Washington imbere y'uko amatora aba.

    Ku rundi ruhande, Abademokarate hirya no hino muri Amerika bariko bategura amakoraniro afise intego yo guhimiriza abanyagihugu kwitaba amatora ku bwinshi, mu cizere c’uko ibitigiri binini vy’abazoyitaba bishobora gutuma bayatsinda.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  7. Sudani yituye Inama Nkuru y’Umutekano ya ONU yagiriza Ethiopia ibitero vy’amadrone

    Ishusho yakuwe muri videwo ishirwa ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana ivyononekaye ku bitaro vya East Nile inyuma y’igitero (ifoto mbarankuru)
    Insiguro y'isanamu, Ishusho yakuwe muri videwo ishirwa ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana ivyononekaye ku bitaro vya East Nile inyuma y’igitero (ifoto mbarankuru)

    Sudani yashikirije ikirego mu Nama Nkuru y’Umutekano y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yagiriza Ethiopia uruhara mu bitero vy’indege zitajamwo abadereva (drone) ivuga ko vyavuye ku butaka bwayo.

    Ubushikiranganji bwa Sudani bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu bwatangaje ko ivyo bitero vyagabwe ku bibanza vya gisivire hamwe no ku bikorwa remezo nyamukuru birimwo ibigo ntanganguvu, bikaba vyarahitanye ubuzima bw’abantu.

    Sudani ivuga kandi ko Rapid Support Forces (RSF), umuhari w’inyeshamba uhanganye n’ingabo za reta muri iyo ntambara imaze igihe kirekire, iriko ikoresha ubutaka bwa Ethiopia mu bitero vyayo.

    Ku ruhande rwayo, Ethiopia yari imaze kwiyamiriza ibi birego, ivuga ko bitagira ishingiro.

    Ishirahamwe ONU rivuga ko abantu barenga igihumbi bamaze kwicwa mu bitero vy’amadrone muri Sudani kuva mu ntango z’uyu mwaka honyene.

    Ayandi makuru kuri Sudani:

  8. Uganda yatangiye gukura ingabo zayo muri Somalia nyuma y’imyaka 20 zihafasha mu bikorwa by’umutekano

    Generali Muhozi mu mpuzankano ya gisirikare
    Insiguro y'isanamu, Generali Muhoozi Kainerugaba, Umugaba Mukuru w’Ingabo za Uganda

    Uganda yatangiye ku mugaragaro igikorwa cyo gucyura mu byiciro zimwe mu ngabo zayo zari zimaze imyaka 20 zikorera muri Somalia mu rwego rwo gufasha ibikorwa byo kubungabunga umutekano muri icyo gihugu cyo mu ihembe rya Afurika.

    Itsinda rya mbere rigizwe n’abasirikare 109 bo mu Ngabo za Uganda (UPDF) ryavuye i Mogadishu, umurwa mukuru wa Somalia, ku wa gatanu.

    Uku gutaha kwabo gukurikiye itangazo rya Jenerali Muhoozi Kainerugaba, Umugaba Mukuru w’Ingabo za Uganda, wavuze ko igihugu cye cyatangiye gukura ingabo zacyo muri Somalia.

    Mu butumwa yashyize ku rubuga rwa X, Jenerali Muhoozi yagize ati: "Nk’uko twabisezeranyije, twatangiye gukura UPDF muri Somalia. Nyuma y’imyaka 20 yuzuyemo amaraso menshi n’ibitambo bikomeye, turimo gushyikiriza abavandimwe bacu b’Abanyasomaliya inshingano zo kwicungira umutekano."

    BBC yasabye umuvugizi w’agateganyo w’igisirikare cya Uganda, Chris Magezi,kugira icyo atangaza kuri iyi ngingo, ariko ntaragira icyo asubiza.

    Uganda ni cyo gihugu cya mbere cyo muri Afurika cyohereje ingabo muri Somalia binyuze mu butumwa bw’Umuryango wa Afurika Yunze Ubumwe muri Somalia (AMISOM).

    Ingabo zayo zafatanije n’Igisirikare cya Somalia mu kurwanya umutwe w’iterabwoba wa Al-Shabab, zifasha kwisubiza uduce tw’ingenzi no kurinda ibikorwaremezo bya Leta bifite akamaro gakomeye.

    Mu mwaka wa 2024, AMISOM yasimbuwe n'ubutumwa bw'umuryango w'ubumwe bwa Afurika bushinzwe gushyigikira no kubungabunga amahoro muri Somalia (AUSSOM).

    ubwo butumwa bwibanda cyane ku gushimangira ubushobozi bw’inzego z’umutekano za Somalia no gutegura ingabo z’icyo gihugu kugira ngo zibashe kwikorera inshingano zo kurinda umutekano w’igihugu cyabo.

    Icyakora, Uganda ntiyatangaje ko irangije burundu uruhare rwayo rwa gisirikare muri Somalia.

    Igikorwa kirimo kuba ubu ni ukugabanya umubare w’ingabo zayo zoherejweyo hakurikijwe amasezerano y’ubufatanye bwa gisirikare hagati ya Kampala na Mogadishu.

    Uganda izakomeza kugira ingabo ziri muri Somalia binyuze mu butumwa bw'umutekano bushyigikiwe n’umuryango w'ubumwe bwa Afurika.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Football: Inyuma yo kumaramazwa na Fleetwood, Arsenal yatsindiye Liverpool i Anfield

    Arteta yishima

    "Uyu musi utegerezwa kuba nyawo."

    Aya ni yo majambo umumenyereza wa Arsenal, Mikel Arteta, yavuze imbere y'uko umurwi wiwe utsinda ku ncuro ya mbere muri Premier League i Anfield, ikibuga ca Liverpool, inyuma y'imyaka 14, ku gitsindo ca Kai Havertz yinjije mu gice ca mbere c'urukino.

    Arteta ni we yari kizigenza wa Arsenal igihe yaherukira gutsinda Liverpool i Anfield, ku ntsinzi y'ibitsindo 2-0 mu 2012. Kuva ico gihe, Arsenal yari imaze gukina inkino16 zose ivyo gutsindira uwo murwi ku kibuga cayo ivyumva nk’umugani, imbere y’uru rukino rwabaye nijoro ku wa Mungu.

    Abakinyi ba Arteta, nk’uko basanzwe babikora, barerekanye ko ari uruhome rutoroshe kumena, mu guhagarika ibitero vy’urutavanako vya Liverpool, vyatumye bashika kuri iyi ntsinzi idasanzwe.

    Arsenal yari yagiye i Anfield inyuma yo kumaramazwa na Fleetwood Town, umurwi wo mu gice ca kane (League Two), mu gikombe ca Carabao ku wa Kabiri. Arteta yavuze ko yemera ko uko gutsindwa kubabaje kwababereye icigwa cotuma bagira ishaka ryo gushika ku ntsinzi idasanzwe kuri Liverpool.

    Yagize ati: "Ndanezerewe cane kandi ndavyishimiye. Haheze imyaka 14, kandi ico ni gihe kirekire.

    "Nizeye ko uyu musi twatumye abafana b’uno murwi bishima cane. Si kubera intsinzi gusa, ahubwo kandi n’ingene twayironse, ishaka twerekanye.

    "Cane cane iyo wibutse ivyabaye iminsi ine iheze, aho mutsindwa n’umurwi mwategerezwa gutsinda, mugaca musezererwa mu gikombe.

    "Muri rusangi, gutsinda umurwi ukomeye nk’uwu, kandi tugifise ibikomere vy'ivyabaye kuri Fleetwood, iki ni co cerekana umurwi ukwiriye intsinzi”.

    Imbere y'urukino rwa nijoro na Liverpool, umukinyi w’inyuma Gabriel yari yavuze ko Arsenal yari yiteze "urugamba rukomeye" n'"akajagari gakomeye".

    Ivyo yavuze vyarabaye ukuri, kuko Arsenal imaze kwinjiza ico gitsindo, Liverpool yarayisatiriye birakomera imbere y'uko igice ca mbere kirangira.

    Naho igice ca kabiri kitayigoye nk’ica mbere, Arsenal yabandanije kuzibira, Liverpool irabura aho ica kugira ngo itere umunyegori David Raya.

    Ubu Arsenal iri imbere n'amanota atatu, inyuma y'inkino icenda imaze gukina.

  10. Gahunda y'Umuryango w'Abibumbye muri Sahara y'Iburengerazuba igiye guhagarika imirimo yayo

    Umunyamabanga Mukuru wa ONU, Antonio Guterres, aravugira kuri mikoro icanye, yambaye ishati y'ubururu bw'ibucyeye, ikoti rtyirabura na karuvati irimo amabara y'ubururu bucyeye n'umukara
    Insiguro y'isanamu, Umunyamabanga Mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yavuze ko misiyo y'Umuryango w'Abibumbye muri Sahara y'Iburengerazuba igiye guhagarikwa, nyuma y'imyaka 35 ikora ibikorwa byo kubungabunga amahoro

    Gahunda y'Umuryango w'Abibumbye ishinzwe kubungabunga amahoro mu karere ka Sahara y'Iburengerazuba igiye guhagarikwa nyuma y'imyaka 35 ikorera muri ako gace.

    Ibi bije nyuma y'uko Akanama k'Umutekano ka ONU kananiwe kongera manda yayo, nk'uko Umunyamabanga Mukuru wa ONU yabitangaje ku cyumweru.

    Maroc, ivuga ko Sahara y'Iburengerazuba ari igice cyayo, yakiriye neza iki cyemezo. Gusa ku ruhande rwa Polisario Front, umutwe uharanira ubwigenge bw'ako karere ushyigikiwe na Algeria, bagaragaje impungenge zabo.

    Polisario Front imaze imyaka myinshi isaba ko Sahara y'Iburengerazuba iba igihugu cyigenga kuva ubwo Espagne, yari yarakolonije ako karere, yakavanagamo ubutegetsi mu 1976.

    Misiyo ya ONU izwi nka MINURSO yatangiye gukorera muri ako karere mu 1991, nyuma y'amasezerano yo guhagarika intambara yari yafashijwe kugerwaho n'Umuryango w'Abibumbye.

    Mu itangazo rye, Umunyamabanga Mukuru wa ONU Antonio Guterres yavuze ko tariki ya 1 Ugushyingo (11) ari bwo hatangiye icyiciro cyo gusesa iyi misiyo, aho ibikoresho n'umutungo byayo bizoherezwa mu bihugu byatanze ingabo zari ziyigize.

    Ihagarikwa rya MINURSO rije nyuma y'umwaka umwe Akanama k'Umutekano ka ONU kemeje umwanzuro wari washyigikiwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, wemera gahunda ya Maroc yo guha Sahara y'Iburengerazuba ubwisanzure bushingiye ku kwigenga mu gihe ikomeza kuba munsi y'ubusugire bwa Maroc.

    ONU yari yarabonye iyo gahunda nk'igisubizo gishoboka kurusha ibindi mu guhosha uwo mwuka w'amakimbirane.

    Uburusiya, bwari bwarifashe mu gutora uwo mwanzuro umwaka ushize, uyu mwaka bwakoresheje uburenganzira bwo kuwutambamira, ku wundi mwanzuro wari ushyigikiwe na Amerika.

    Uwo mwanzuro wari gukomeza gushyigikira gahunda ya Maroc ndetse ukagabanya ibikorwa by'ingabo za MINURSO.

    Nyuma yaho, Akanama k'Umutekano kanze n'umwanzuro wari watanzwe n'Uburusiya, bituma manda ya MINURSO irangira nta yindi nshya yemejwe.

    Uretse kugenzura iyubahirizwa ry'amasezerano yo guhagarika imirwano, MINURSO yari ifite n'inshingano zo gutegura amatora ya kamarampaka yagombaga guha abaturage amahitamo ku hazaza h'ako karere. Ariko ayo matora ntiyigeze aba kubera kutumvikana ku bagombaga kugira uburenganzira bwo gutora.

    Minisitiri w'Ububanyi n'Amahanga wa Maroc, Nasser Bourita, yabwiye ibitangazamakuru bya Leta ko igitekerezo cya kamarampaka cyakomeje kuvugwa muri MINURSO ari "igisigaratongo cy'ibihe byashize kitagihuye n'ukuri kw'iki gihe".

    Yavuze kandi ko Maroc yari yamenyeshejwe mbere ko Uburusiya bwari bugiye kuburizamo umwanzuro wa Amerika, ariko ko Rabat yabibonye nk'"amahirwe yo gusubiramo bimwe mu byari bisanzwe bigenga iki kibazo."

    Ingoro y'Umwami wa Maroc yatangaje ko kutavugururwa kwa manda ya MINURSO ari "intambwe ikomeye" ishobora gutuma ikibazo cya Sahara y'Iburengerazuba kigenda kivanwa mu biri kwigwaho n'Akanama k'Umutekano ka ONU.

    Ku ruhande rwa Algeria, Minisiteri y'Ububanyi n'Amahanga yatangaje ku wa gatandatu ko yababajwe cyane n'icyemezo cyo kutongera manda ya MINURSO, ishinja Leta Zunze Ubumwe za Amerika kubogamira cyane kuri Maroc muri iki kibazo.

    Andi makuru wasoma:

  11. DRC: Tshisekedi yavuze ko urubanza ku bo mu muryango we mu Bubiligi, ari 'umugambi mubisha' wo kumuharabika

    Perezida wa DRC, Felix Tshisekedi mu ikoti ry'ikijuju, ishati yera na karuvati y'ubururu. yambaye amadarubindi, arareba muri camera asa n'urimo kuvuga
    Insiguro y'isanamu, Perezida wa DRC, Felix Tshisekedi

    Ubwo yagiranaga ikiganiro n’abanyekongo baba mu Burusiya, Perezida Tshisekedi yavuze ko urubanza ruregwamo abo mu muryango we mu Bubiligi, ari ibikorwa byo kumuharabika byateguwe n’abatavuga rumwe na we, mu rwego rwo kwangiza isura ye, ibyo we yise umugambi mubisha kandi akongeraho ko ibyo agiye kubihagarika, nk’uko byatangajwe na Radio Okapi, iradiyo ikorera muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, ikorera muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

    Iyo radio isubiramo amagambo yavugiye muri icyo kiganiro yagiranye na bo mu lingala cyashizwe kuri konte y'ibiro by'umukuru w'igihugu ku rubuga rwa X, aho yagize ati:

    “Babonye ko nkunzwe cyane n’abaturage, maze bagambirira kumparabika. Babanje kuvuga ko nkura amafaranga menshi mu isanduku ya Leta nkayakoresha mu ngendo. Ariko Banki Nkuru ya Congo, yagaragaje ko ayo mafaranga aba yarateganyijwe mu ngengo y’imari.”

    Perezida wa RDC yavuze ko nyuma yaho abo batavuga rumwe na we bahise berekeza ibikorwa byabo ku muryango we.

    Yashinje by'umwihariko umwunganizi mu mategeko yavuze ko ari “umunyamategeko w’impimbano” hamwe n’uwahoze ari Perezida Joseph Kabila, kuba bari inyuma y’umugambi ugamije kumugeraho banyuze ku bo mu muryango we.

    Yagize ati: “Nyuma bahisemo kwibasira umuryango wanjye. Bafatanyije n’umunyamategeko, w’impimbano, umaze imyaka 30 akorana n’Abanyarwanda, bifatanya n’uwo twasimburanye ku butegetsi kugira ngo bagirire nabi umuryango wanjye, bizeye ko nanjye byangiraho ingaruka.”

    Ku bijyanye n’iperereza ryakozwe muri uru rubanza, Perezida Tshisekedi yavuze ko kugeza ubu nta kintu na kimwe gikomeye kiratangazwa cyabonetse muri ayo mafaranga yaketsweho cyangwa mu byo bakoreweho isaka.

    Yagize ati: “Kugeza uyu munsi ndacyategereje kumva icyo bavuga ko babonye muri ayo masaka yakozwe.”

    Mu rwego rwo guhangana n’ibi birego mu nkiko, Perezida wa RDC yavuze ko yamaze gukoresha itsinda ry’abunganizi mu mategeko kugira ngo batangire gusubiza ibirego mu buryo bw’amategeko.

    Yagize ati: “Twafashe itsinda ry’abavoka. Tugiye gusubiza inyuma abaturega.”

    Ku birego byabaye intandaro y’uru rubanza, birebana n’uko bamwe mu bagize umuryango we bakekwaho uruhare mu bucukuzi butemewe bw’amabuye y’agaciro muri Katanga, Perezida Tshisekedi yabiteye utwatsi.

    Yavuze ko abantu bagize uruhare mu gusahura umutungo kamere w’ako karere bazwi neza.

    Yavuze ko muri abo harimo uwahoze ari Perezida Joseph Kabila ndetse na Moïse Katumbi, wahoze ari guverineri wa Katanga akaba n’umwe mu banyapolitiki b’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, ubu akaba ari mu buhungiro.

    Aya magambo aje mu gihe uru rubanza ruregwamo bamwe mu bagize umuryango wa Perezida rukomeje guteza impaka nyinshi muri RDC ndetse rugatera umwuka utari mwiza hagati ya Kinshasa na Bruxelles.

    Andi makuru ushobora gusoma:

  12. Trump yaburiye Iran ko ishobora gusubira guterwa, na yo ivuga ko yiteguriye ‘intambara y’igihe kirekire’

    Trumo ariko arashikiriza ijambo

    Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yaburiye Irani ko igihugu ciwe “gishobora umusi umwe gukubita Tehran igasinzikara”, ariko akaba ata gihe yatanze.

    Trump yabivuze nijoro igihe yari mu myiyamamazo yabereye muri Iowa, imbere y’amatora y’abashingamateka ategekanijwe ejo aho bukera, kw’igenekerezo rya 3 Munyonyo (11), avuga ko atarahagarika inzira y’ibiganiro na Iran kuko ashaka, nk’uko yabivuze, “kwitonda no kugerageza gukingira ubuzima bw’abantu.”

    Perezida wa Amerika yongeyeko ati: “Hazogera igihe dutegerezwa kubatera bikomeye bagasinzikara cane.”

    Ku wa 8 Gitugutu (10) 2026, Trump yari yavuze ko Amerika itazotera Iran imbere y’amatora yo ku wa 3 Munyonyo, ashimangira ko impande zompi zari mu biganiro kandi ko vyariko biragenda neza.

    Trump yavuze ko ikibazo ca Iran yakiganiriyeko n’Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, mu gihe Tehran (ubutegetsi bwa Irani) yo yaburiye ko intambara iyo ari yo yose yosubira kwaduka yayo na Amerika ishobora kumara igihe kirekire kurusha iyaheruka.

    Trump yavuze ko ikiyago yagiranye na Netanyahu ku wa gatandatu cari “ikiyago ciza cane”, kandi ko ikibazo ca Iran kiri mu vyaganiriweko, ariko nta nsiguro yatanze.

    Utwigoro tw’ibiganiro vyo guhagarika intambara mu Buseruko bwo Hagati turabandanya, ariko tugaherekezwa n’amajambo y’iterabwoba ya Amerika na Israel avuga ibitero bishasha, mu gihe ibihugu vyompi biri mu gihe c’amatora ahambaye.

    Televiziyo ya reta ya Iran yasubiyemwo amajambo y’umuvugizi w’igisirikare, Mohammad Akrami Nia, avuga ati “intambara iyo ari yo yose yosubira kwaduka ishobora kumara igihe kirekire kurusha iyaheruka, kandi Perezida wa Amerika ntazoba ari we yishingira igihe izorangirira canke ukuntu izorangira.”

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  13. ‘Wamengo ni misire iriko irakoroka’ - Icenda bapfuye mw’isanganya ry’indege i Florida muri Amerika

    Umuriro

    Abantu icenda bose bari mu ndege y’ubudandaji bapfuye inyuma y’aho ikorokeye mu karere gatuwemwo n’abanyagihugu nijoro ku wa Mungu mu ntara ya Floride, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu.

    Iyo mpanuka yabereye hafi y’akarere ka Cresthaven, kari nko ku birometero 14 uvuye i Mar-a-Lago, ikigo co kuruhukiramwo ca Perezida Donald Trump kiri mu gace k’abatunzi ka Palm Beach, hafi isaha 12:50 z’umuhingamo ku masaha ya Amerika yo mu Buseruko, ni ukuvuga isaha imwe n’iminota 50 z’ijoro (19:50) mu masaha ya Gitega na Kigali.

    Amafoto yafashwe aho impanuka yabereye yerekana umwobo munini cane mw’ibarabara, n’imiriro yarurumba mu bice bitandukanye, ibice vy’iyo ndege yo mu bwoko bwa Learjet 60 hamwe n’ibimanyu vy’ibarabara bisanzagiye hirya no hino.

    Ikigo c’Amerika kijejwe kugenzura ivy’indege (FAA) cavuze ko iyo ndege yari yahagurutse iva i Austin muri Texas itera ija muri Bahamas.

    Ibinyamakuru vya Amerika hamwe n’umwihwezo w’urugendo rw’iyo ndege vyerekana ko yariko ihuruduka ku muvuduko udasanzwe imbere y’uko igwa hasi.

    Amashusho ataragenzurwa yahanahanywe ku mbuga nyagiro yerekana amashusho asa n’ayafashwe na kamera yo mu modoka akanya gato imbere y’uko iyi mpanuka iba. Muri ayo mashusho, imiduga yariko iragenda mw’ibarabara ryo mu micungararo, ubwo nyene iyo ndege ica iboneka ihurudukira hasi, ica iraturika.

    Buramatari wa Florida, Ron DeSantis, yabwiye abamenyeshamakuru ati: “Iyo uravye iyo videwo, birateye ubwoba cane. Wamengo ni misire iriko irakoroka, ubwo nyene haba igiturika gikomeye, ibisigarira bigasanzara hose.”

    DeSantis yavuze ko gushika ubu abari muri yo bataramenyekana, kandi ko ata makuru yari bwaboneke y’abantu boba bari aho iryo sanganya ryabereye, nimba muri bo hari abapfuye canke bakomeretse.

    Umushikiranganji akejwe ivyo gutwara abantu n’ibintu, Sean Duffy, yavuze ko iyo mpanuka ari “icago gikomeye cane”, avuga ko FAA yarungitse umurwi w’abahinga gufasha mu matohoza ariko akorwa n’Ikigo kijejwe gutohoza impanuka z’ugutwara abantu n’ibintu (NTSB).

    Urwego rw’akarere ka Palm Beach rujejwe gutabara mu gihe c’imiriro y’ivyaduka rwatangaje ko iki ari “icago kirimwo abantu benshi bahasize ubuzima”.

    Mu kiganiro n’abanyamakuru, DeSantis hamwe n’abategetsi bo muri ako karere bavuze ko abanyagihugu bagera kuri 600 hafi y’ahabereye iryo sanganya bahungishijwe ku bw’umutekano.

    Igihe iyo mpanuka yaba, havugwa n’imvura ivanze n’imituragaro ikomeye muri ako karere, mbere n’igihe hariko haba iki kiganiro n’abanyamakuru, imvura yari nyinshi.

    Perezida Donald Trump yari yagiye i Mar-a-Lago mu gitondo co ku wa Mungu, ariko yari yamaze kwurira indege nk’isaha imwe imbere y’uko iyo mpanuka iba.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  14. Mwaramutse

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’ikibiriraho.